Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 23

“Nimwumve ukwiregura kwanje”

“Nimwumve ukwiregura kwanje”

Pawulo araburanira ukuri imbere y’imigwi y’abantu barakaye n’imbere y’Inama Nkuru

Bishingiye ku Vyakozwe 21:18–23:10

1, 2. Ni igiki gituma intumwa Pawulo agendera i Yeruzalemu, kandi ni ingorane izihe ziza kumushikira?

 TURI i Yeruzalemu! Pawulo arasubiye kugendagendera mu tubarabara twaho twuzuyemwo uruja n’uruza rw’abantu. Yeruzalemu iramaze imyaka amajana ari co kibanza co gusengeramwo Yehova kw’isi. Muri rusangi, abantu bo muri ico gisagara bariratira kahise kaco kadasanzwe. Pawulo arazi ko abakirisu benshi b’i Yeruzalemu bagishira umutima cane ku mategeko ya Musa kandi ntibihutire kwemera uburyo bushasha Yehova abigisha bwo kumusenga. Rero igihe Pawulo yari i Efeso, yarategekanije kuja i Yeruzalemu gufasha abakirisu baho. Yari yipfuza guha imfashanyo abavukanyi b’i Yeruzalemu ariko kandi yaripfuza no kubafasha gukosora ivyiyumviro vyabo. (Ivyak. 19:21) Yari yiyemeje kugendera ico gisagara naho yari yiteze gushikirwa n’ingorane.

2 None Pawulo aza guhura n’ingorane izihe aho i Yeruzalemu? Ingorane imwe ni iyiva ku bayoboke ba Kristu baho, kuko bamwe muri bo bahagaritswe umutima n’urukurukuru ruvugwa ku bimwerekeye. Ingorane zihambaye kuruta ziza guterwa n’abansi ba Kristu. Baraza kwagiriza Pawulo ibinyoma, bamukubite, bongere barondere ingene bomwica. Ivyo bintu bitoroshe biraza kandi kuronsa Pawulo akaryo ko kwiburanira. Ukwicisha bugufi, umutima rugabo be n’ukwizera agaragaza mu kuntu avyifatamwo muri izo ngorane, birabera akarorero keza cane abakirisu bo muri iki gihe. Reka tubirabe.

«Batangura kuninahaza Imana» (Ivyak. 21:18-20a)

3-5. (a) Ni inama iyihe Pawulo yitavye igihe yari i Yeruzalemu, kandi ni ibiki vyahavugiwe? (b) Ni ibintu ibihe twokwigira ku nama Pawulo yagiranye n’abakurambere b’i Yeruzalemu?

3 Umusi ukurikira Pawulo na bagenziwe baraye bashitse i Yeruzalemu, baraja kuraba abakurambere bafise ivyo bajejwe mw’ishengero. Nta n’umwe mu ntumwa zari zikiriho avugwa muri iyo nkuru, bikaba bishoboka ko ico gihe bose bari bavuye muri ico gisagara, bagiye gusukurira mu yindi mihingo y’isi. Ariko rero, Yakobo mwene wabo na Yezu ni ho yari akiri. (Gal. 2:9) Bishoboka ko Yakobo ari we yahagarikiye inama «abakurambere bose bari aho» bagiranye na Pawulo.​—Ivyak. 21:18.

4 Pawulo yararamukije abo bakurambere, hanyuma «atangura kubiganira ido n’ido ibintu Imana yakoreye mu mahanga biciye ku gikorwa yaranguye.» (Ivyak. 21:19) Turashobora kwiha ishusho y’ingene ivyo vyabaremesheje cane. Na twebwe muri iki gihe turahimbarwa cane no kwumva ingene igikorwa kiriko gitera imbere mu bindi bihugu.​—Imig. 25:25.

5 Muri ico kiganiro, Pawulo ashobora kuba yaravuze ibijanye n’imfashanyo yari yaje azanye azikuye i Buraya. Ukwo kwitwararika abandi kwagaragajwe n’abavukanyi bo mu turere twa kure gutegerezwa kuba kwarakoze ku mutima abo bakurambere. Emwe, iyo nkuru irerekana ukuntu abo bakurambere bakiriye ako gakuru keza Pawulo yabiganiye, iti: «Batangura kuninahaza Imana»! (Ivyak. 21:20a) Muri iki gihe, abavukanyi benshi barashikirwa n’ivyago vy’ivyaduka canke bakarwara indwara zibabaje cane, na bo nyene barakorwa ku mutima bimwe bigera kure igihe abakirisu bagenzi babo babagarukiyeko kandi bakabaremesha.

Benshi bari “bagifitiye umwete amategeko” (Ivyak. 21:20b, 21)

6. Ni ingorane iyihe Pawulo yamenyeshejwe?

6 Abo bakurambere baciye bamenyesha Pawulo ko i Yudaya hariho ingorane yari yatewe n’urukurukuru rwavugwa ku bimwerekeye. Bamubwiye bati: «Muvukanyi, urabona ko hari Abayuda ibihumbi n’ibihumbi bizera, kandi bose barafitiye umwete amategeko. Mugabo barumvise urukurukuru yuko umaze igihe wigisha Abayuda bose bo mu mahanga guheba amategeko ya Musa, ubabwira kutagenyera abana babo no kudakurikiza imigenzo yo kuva kera.» a​—Ivyak. 21:20b, 21.

7, 8. (a) Ni gute abakirisu benshi b’i Yudaya babona ibintu mu buryo butari bwo? (b) Ukwo kuntu abakirisu b’Abayuda babona ibintu, ni kubera iki bitasobanura ko bahevye Imana?

7 Ni kubera iki none abakirisu benshi cane bari bagifitiye umwete amategeko ya Musa kandi hari haciye imyaka irenga 20 ayo mategeko atagikora? (Kol. 2:14) Mu 49 inyuma ya Kristu, intumwa be n’abakurambere b’i Yeruzalemu bari bararungikiye amashengero ikete ryasigura yuko bitari ngombwa ko abakirisu bo mu mahanga bagenyerwa canke ngo bakurikize amategeko ya Musa. (Ivyak. 15:23-29) Ariko rero, iryo kete ntiryavuga ibijanye n’abakirisu b’Abayuda, benshi muri bo bakaba batatahura yuko amategeko ya Musa atari agikora.

8 Ukwo kuntu abo bakirisu b’Abayuda babona ibintu mu buryo butari bwo, vyoba none vyatuma bataba bakibereye kwitwa abakirisu? Habe namba. Ivyabo ntivyari bimeze nk’aho boba bari bahoze basenga ibimana vy’abapagani, maze ico gihe bakaba bari bakibandanya gukurikiza imigenzo y’idini bahoramwo kera. Amategako ya Musa abo bakirisu b’Abayuda babona ko ahambaye, yari yakomotse kuri Yehova. Ayo mategeko ubwayo, nta kabi kayo. Ariko rero, yari ayo mw’isezerano rya kera, narirya abakirisu bo muri ico gihe bagengwa n’isezerano rishasha. Ico gihe, ugusenga gutyoroye ntikwari kugishingiye ku kwubahiriza ivyari mw’isezerano rishingiye kuri ayo mategeko. Abo bakirisu bʼAbayuda bari bagifitiye umwete ayo mategeko ntibatahura neza ibijanye n’ishengero rya gikirisu, kandi ntibaryizigira. Bari bakeneye guhindura ukuntu babona ibintu, maze bakabaho bahuza n’ukuri kwagenda kurahishurwa intambwe ku yindi. b​—Yer. 31:31-34; Luka 22:20.

Urukurukuru bamwumvako cari ikinyoma(Ivyak. 21:22-26)

9. Pawulo yigisha iki ku bijanye nʼamategeko ya Musa?

9 Bite ho ku bijanye n’urukurukuru rwavuga yuko Pawulo yariko yigisha Abayuda bo mu mahanga «kutagenyera abana babo no kudakurikiza imigenzo yo kuva kera»? Pawulo yari intumwa ku Banyamahanga, kandi yabashikiriza ibijanye n’ingingo yashinzwe y’uko bitari ngombwa ko bakurikiza ivyo amategeko ya Musa yasaba. Vyongeye, yarashira ahabona amakosa y’abantu bose bagerageza kujijura Abanyamahanga bemeye ukuri ngo bagenyerwe, gutyo babe berekanye ko bubahiriza amategeko ya Musa. (Gal. 5:1-7) Pawulo yaranabwira inkuru nziza Abayuda bo mu bisagara yaba yagendeye. Nta gukeka ko yasigurira abakira neza inkuru nziza yuko urupfu rwa Yezu rwari rwatumye amategeko ya Musa ata igihe, be n’uko bobaye abagororotsi biciye ku kwizera kwabo, atari ku bikorwa bishingiye kuri ayo mategeko.​—Rom. 2:28, 29; 3:21-26.

10. Ni gute Pawulo yabona mu buryo buri ku burimbane ibijanye nʼamategeko ya Musa be n’ivy’ukugenyerwa?

10 Naho vyari ukwo, Pawulo yaragaragaje yuko atahura ababona ko gukurikiza imigenzo y’Abayuda imwimwe ata co vyari bitwaye, nk’uwabuza gukora kw’Isabato canke kurya ibifungurwa binaka. (Rom. 14:1-6) N’ikindi kandi, nta mategeko yerekeye ivyo kugenyerwa yabashingira. Nakare, yari yaragenyereye Timoteyo kugira ngo Abayuda ntibamwinube, kubera ko se wiwe yari Umugiriki. (Ivyak. 16:3) Kugenyerwa yari ingingo umuntu yifatira ku giti ciwe. Pawulo yabwiye Abagalatiya ati: «Kwaba ukugenyerwa canke ukutagenyerwa [nta] kamaro bifise. Igifise akamaro ni ukwizera gukora biciye ku rukundo.» (Gal. 5:6) Ariko rero, umuntu nta kwizera yobaye afise mu gihe yogenyerewe kugira ngo gusa yerekane ko yubahiriza amategeko ya Musa canke mu gihe yovuze yuko ari ngombwa ko abantu bagenyerwa kugira ngo bemerwe na Yehova.

11. Ni impanuro iyihe abakurambere bahaye Pawulo, kandi kuyikurikiza vyarimwo n’iki? (Raba kandi akajambo k’epfo.)

11 Naho urwo rukurukuru rutari rufise ishingiro, rwari rukivuruga umutwe abakirisu bʼAbayuda. Ni co gituma ba bakurambere bahaye Pawulo ubuyobozi bugira buti: «Turafise abagabo bane bagize indagano. Tora abo bagabo mujane, wihumanure uri kumwe na bo nk’uko bisabwa wongere ubarihire ivyo bazokenera, kugira bamobwe. Abantu bose bazoheza bamenye yuko urukurukuru bakwumviseko ari ibinyoma, ahubwo ko wigenza neza kandi ko ukurikiza amategeko.» c​—Ivyak. 21:23, 24.

12. Ni mu buryo ki Pawulo yagaragaje agatima ko kwiyorosha no gusenyera ku mugozi umwe n’abandi mu bijanye n’ukuntu yakiriye impanuro yahawe n’abakurambere b’i Yeruzalemu?

12 Pawulo yari gushobora kubwira abo bakirisu bʼAbayuda yuko ingorane itari ihagaze ku rukurukuru bamuvugako, ahubwo ko yari ihagaze ku mwete bari bafitiye Itegeko rya Musa. Mugabo yari afise umutima ukunze wo kwiyorosha akagira ivyo ahinduye, mu gihe gusa kubigenza gutyo bitotumye akora ibiteye kubiri n’ingingo ngenderwako z’Imana. Imbere y’aho yari yaranditse ati: «Ku bagabwa n’amategeko nacitse nk’uwugabwa n’amategeko, naho jewe ubwanje ntagabwa n’amategeko, kugira ndonke abagabwa n’amategeko.» (1 Kor. 9:20) Ico gihe, Pawulo yarasenyeye ku mugozi umwe n’abakurambere b’i Yeruzalemu, gutyo aba abaye «nk’uwugabwa n’amategeko.» Mu kubigenza gutyo, yaradusigiye akarorero keza muri iki gihe mu bijanye no gusenyera ku mugozi umwe n’abakurambere be no kutaguma dushimika ku vy’uko ibintu vyokorwa nk’uko dushaka.​—Heb. 13:17.

Pawulo yariyorosha igihe ata ngingo n’imwe yo mu Vyanditswe yaba ihonyanzwe. Weho bite?

«Ntakwiriye kubaho!» (Ivyak. 21:27–22:30)

13. (a) Ni kubera iki hari Abayuda bateye uruhagarara mu rusengero? (b) Pawulo yahakuye agatwe gute?

13 Ibintu ntivyagenze neza ku rusengero. Igihe umusi wo kurangiza indagano wari wegereje, Abayuda bo muri Aziya barabonye Pawulo, bamwagiriza yuko yazanye Abanyamahanga mu rusengero, maze baca batera imigumuko. Iyo umukomanda w’ingabo z’Abaroma adaca ahaseruka, Pawulo yari kwicwa n’amahiri. Nk’uko vyari bisanzwe bigirwa, uwo mukomanda w’Umuroma yaciye amujana mw’ibohero. Kuva uwo musi, hociye imyaka irenga ine kugira ngo Pawulo asubire kwidegemvya. Ariko ntiwumve, Pawulo yari akiri mu kaga. Igihe nya mukomanda yabaza Abayuda igituma bari bagavye igitero kuri Pawulo, baciye basemerera bamwagiriza ibintu bitandukanye. Nya mukomanda ntiyashoboye gutahura ikintu na kimwe kubera urwo ruhagarara. Ibintu vyahavuye birushiriza kwunyuka ku buryo vyabaye ngombwa ko Pawulo akurwa aho hantu. Igihe Pawulo be n’abasoda b’Abaroma bagire binjire ahari icicaro c’abasoda, Pawulo yaciye abwira nya mukomanda ati: “Ndakwinginze, unkundire ngire ico mbwira aba bantu.” (Ivyak. 21:39) Nya mukomanda yaremeye, hanyuma Pawulo aca atangura kuburanira ukwizera kwiwe abigiranye umutima rugabo.

14, 15. (a) Ni ibiki Pawulo yasiguriye Abayuda? (b) Ni ibiki wa mukomanda w’Umuroma yakoze kugira ngo amenye icatumye Abayuda bashavura?

14 Pawulo yatanguriye kuri aya majambo agira ati: “Nimwumve ukwiregura kwanje.” (Ivyak. 22:1) Pawulo yavuganye n’iryo sinzi ry’abantu mu giheburayo, ivyo bikaba vyaciye bituma barushiriza kumwumviriza batekanye. Yarabasiguriye mu buryo burashe igituma ico gihe yari umuyoboke wa Kristu. Ico gihe, Pawulo yaravuze abigiranye ubuhanga ibintu abo Bayuda bari kwisuzumira bakaraba ko ari ivy’ukuri. Pawulo yari yarigishijwe n’umuntu yari azwi cane yitwa Gamaliyeli, vyongeye yari yarahamye abayoboke ba Kristu, nk’uko bamwebamwe mu bari aho bashobora kuba bari bazi. Ariko rero, igihe yariko aja i Damasiko, Kristu uwari yarazutse, yaramubonekeye hanyuma avugana na we. Abari bafadikanije urugendo na Pawulo barabonye umuco ukayangana bongera barumva ijwi, yamara ntibatahura ivyariko biravugwa. (Ivyak. 9:7; 22:9) Inyuma y’ivyo, vyarabaye ngombwa ko abari kumwe na Pawulo bamujana gushika i Damasiko kubera ko ivyo yari yeretswe vyari vyatumye ahuma. Umugabo umwe yitwa Ananiya, uno akaba yari azwi neza n’Abayuda bo muri iyo ntara, yarahumuye Pawulo ku gitangaro.

15 Pawulo yabandanije yigana ko inyuma y’aho agarukiye i Yeruzalemu, Yezu yamubonekeye mu rusengero. Akimara kuvuga ivyo, ba Bayuda baciye bashangashirwa, maze basemerera bati: «Kura umuntu mwene uyo kw’isi, nakare ntakwiriye kubaho!» (Ivyak. 22:22) Kugira ngo nya mukomanda akure Pawulo mu vyara vya nya Bayuda, yaciye ategeka ko ajanwa ahari icicaro c’abasoda. Kubera ko nya mukomanda yari yiyemeje kumenya icari catumye nya Bayuda bagirira ishavu Pawulo, yamutegetse ko yokwitegurira gusambishwa hariko no gushishagurwa. Yamara Pawulo yarikoze ku burenganzira yahabwa n’amategeko, maze avuga yuko yari Umuroma. Muri iki gihe, abasavyi ba Yehova na bo nyene barakoresha uburenganzira bahabwa n’amategeko kugira ngo baburanire ukwizera kwabo. (Raba uruzitiro ruvuga ngo « Abaroma be n’itegeko ryabo,» be n’uruvuga ngo « Urugamba rugirwa mu bijanye n’amategeko muri iki gihe.») Aho nya mukomanda yumviye ko Pawulo yari Umuroma, yaciye atahura ko yari akwiye kurondera ubundi buryo bwo kuronka amakuru yiyongereye. Bukeye bwaho, yarajanye Pawulo mu nama idasanzwe yakoranije abagize Inama Nkuru, ari yo sentare nkuru y’Abayuda.

«Jewe ndi Umufarizayo» (Ivyak. 23:1-10)

16, 17. (a) Vuga ivyabaye igihe Pawulo yagira ico avuze imbere y’Inama Nkuru. (b) Igihe Pawulo yakubitwa, ni mu buryo ki yatanze akarorero mu bijanye no kwicisha bugufi?

16 Mu gutangura kwiburanira imbere y’Inama Nkuru, Pawulo yavuze ati: «Bagabo benewacu, ijwi ryo mu mutima nta kibi na kimwe rinyagiriza imbere y’Imana gushika uno musi.» (Ivyak. 23:1) Ata co arongerako, iyo nkuru ibandanya iti: «Umuherezi mukuru Ananiya aca ategeka abahagaze iruhande yiwe kumukubita ku munwa.» (Ivyak. 23:2) Mbega akagaye! Vyongeye, ese ukuntu ivyo vyerekanye urwo Pawulo yankwa, akaba ari nk’aho yagirijwe yuko ari umubeshi, kandi atari bwiregure! Ntibitangaje rero kubona Pawulo yaciye asubizayo ati: «Imana igiye kugukubita, wa ruhome rusize ishwagara. Wicaritswe no kuncira urubanza wisunze amategeko, ugaca uyarengako ugategeka ngo bankubite?»​—Ivyak. 23:3.

17 Emwe, hari abaciye bababara, batabitumwe n’uko hari uwari akubise Pawulo, ahubwo babitumwe n’ivyo Pawulo yaciye avuga! Bamubajije bati: «Urubahuka gutuka umuherezi mukuru w’Imana?» Mu kwishura, Pawulo yarabahaye icigwa mu bijanye no kwicisha bugufi be no kwubahiriza amategeko ya Musa. Yavuze ati: «Benewacu, sinari nzi ko ari umuherezi mukuru. Kuko vyanditswe ngo: “Ntugatuke umutware w’abantu bawe.”» d (Ivyak. 23:4, 5; Kuv. 22:28) Pawulo yaciye akoresha ubundi buryo. Kubera ko yari azi yuko iyo Nama Nkuru yari igizwe n’Abafarizayo be n’Abasadukayo, yaciye avuga ati: «Bagabo benewacu, jewe ndi Umufarizayo, umwana w’Abafarizayo. Ndiko ncirwa urubanza kubera icizigiro c’izuka ry’abapfuye.»​—Ivyak. 23:6.

Nka kumwe kwa Pawulo, turarondera ivyo twohurizako n’abo mu yandi madini igihe tuba turiko tubabwira inkuru nziza

18. Ni kubera iki Pawulo yavuze yuko ari Umufarizayo, kandi twoshobora gute kumwigana mu bihe bimwebimwe?

18 Kubera iki none Pawulo yavuze ko yari Umufarizayo? Ni uko yari «umwana w’Abafarizayo,» akaba yakomoka muri umwe mu miryango y’abo Bafarizayo. Ni co gituma benshi bari bakibona ko yari Umufarizayo. e None Pawulo yari gushobora gute guhuza ivyo we ubwiwe yemera be n’ivyo Abafarizayo bemera ku bijanye n’izuka? Bivugwa yuko Abafarizayo bemera ko hari ikintu kibandanya kubaho iyo umuntu apfuye, bakemera kandi ko nya kintu gica cimukira mu wundi muntu, igihe uwo yapfuye aba yari umugororotsi. Ivyo si vyo Pawulo yemera. Wewe yemera izuka, nk’uko Yezu yari yararyigishije. (Yoh. 5:25-29) Yamara rero, Pawulo n’Abafarizayo bahuriza ku cizigiro c’uko abapfuye bosubiye kubaho, ico kikaba cari ikintu Abasadukayo biyamiriza kubera ko batemera ibijanye n’ubuzima bwo muri kazoza. Twoshobora kuvyifatamwo nk’ukwo nyene igihe tuganira n’abagatolika canke abaporoti. Twoshobora kubabwira yuko na twebwe twemera Imana. Ego ni ko, bashobora kuba bemera yuko Imana ari Ubutatu, mu gihe twebwe twemera Imana ivugwa muri Bibiliya. Naho biri ukwo, twese turemera ko Imana iriho.

19. Ni kubera iki inama abagize Inama Nkuru barimwo yadutsemwo umuvurungano?

19 Amajambo ya Pawulo yatumye abagize Inama Nkuru bacanamwo. Iyo nkuru ivuga iti: «Haduka induru ikomeye, hanyuma bamwe mu banditsi bo mu mugwi w’Abafarizayo barahaguruka batangura guharira bimwe bikaze, bavuga bati: “Nta kibi na kimwe tubona muri uyu muntu. Hamwe wosanga impwemu yavuganye na we canke umumarayika . . . ”» (Ivyak. 23:9) Kuvuga yuko umumarayika ashobora kuba yari yavuganye na Pawulo cari ikintu Abasadukayo baterekwa, kubera ko batemera ko abamarayika babaho! (Raba uruzitiro ruvuga ngo « Abasadukayo be n’Abafarizayo.») Hahavuye haba uruhagarara rukomeye ku buryo wa mukomanda w’ingabo z’Abaroma yaciye yongera guhungisha iyo ntumwa. (Ivyak. 23:10) Naho vyagenze ukwo, Pawulo yari akiri mu kaga. None ni ibiki vyari bigiye gushikira iyo ntumwa? Turaza kubimenya mu kigabane gikurikira.

a Amashengero menshi ategerezwa kuba yagirira amakoraniro mu mazu y’abavukanyi kugira ngo abakirisu b’Abayuda benshi ukuraho bitwararikwe neza mu vy’impwemu.

b Haciye imyaka mikeyi, intumwa Pawulo yarandikiye ikete Abaheburayo, aho yerekanye ko isezerano rishasha ryaruta irya kera. Muri iryo kete, yarerekanye neza ko isezerano rishasha ryari ryatumye irya kera rita igihe. Uretse ko Pawulo yahaye abo bakirisu bʼAbayuda ibimenyamenya bijijura bokoresheje mu kwishura abo Bayuda baguma bumiye ku mategeko ya Musa, nta gukeka ko ivyiyumviro bikomeye yatanze vyakomeje ukwizera kw’abakirisu bamwebamwe bari bacibanda cane kuri ayo mategeko.​—Heb. 8:7-13.

c Incabwenge zivuga yuko abo bagabo bari baragize indagano y’Ubunaziri. (Guh. 6:1-21) Ego ni ko, amategeko ya Musa, ayo Abayuda bisunga mu kugira indagano y’Ubunaziri, yari amaze guta igihe. Yamara rero, Pawulo ashobora kuba yabonye yuko abo bagabo ata kibi bobaye bakoze baramutse bashikije ico basezeraniye Yehova. Ni co gituma atobaye agize nabi arishe ivyo bosohoye kandi akajana na bo. Ntituzi neza indagano abo bagabo bari bagize iyo ari yo. Yamara rero, ukwo iyo ndagano yobaye iri kwose, ntivyobaye bibereye ko Pawulo ashigikira ibijanye no gutanga ikimazi c’igitungwa (nk’uko Abanaziri babigira), yizigiye yuko ico kimazi cobakuyeko igicumuro. Ikimazi gitunganye Kristu yatanze cari carahinduye ubusa agaciro k’impongano iyo ari yo yose ka mwene ivyo bimazi. Uko biri kwose, nta mazinda dufise yuko Pawulo yokwirinze gukora ikintu cose cobaye giteye kubiri n’ijwi ryiwe ryo mu mutima.

d Hari abavuze yuko Pawulo atabona neza, akaba ari co gituma atashoboye kumenya umuherezi mukuru uwo ari we. Canke, ashobora kuba yari amaze igihe kirekire cane atari i Yeruzalemu ku buryo atashobora kumenya uwari umuherezi mukuru ico gihe. Kumbure na ho, Pawulo ashobora kuba gusa atabonye neza uwatanze nya tegeko ryo kumukubita kubera ko hari abantu benshi.

e Mu 49 inyuma ya Kristu, igihe intumwa be n’abagabo b’inararibonye bariko bararimbura nimba Abanyamahanga bari canke batari bakwiye kwubahiriza amategeko ya Musa, bamwe mu bakirisu bari ng’aho bari «bo mu mugwi w’idini w’Abafarizayo bari basigaye bizera.» (Ivyak. 15:5) Biboneka yuko hari ukuntu abo bakirisu bari bakibonwa ko ari Abafarizayo.