Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 25

«Ndungururije kwa Sezari!»

«Ndungururije kwa Sezari!»

Pawulo aratubera akarorero mu bijanye no kuburanira inkuru nziza

Bishingiye ku Vyakozwe 25:1–26:32

1, 2. (a) Ni ibiki vyashikiye Pawulo? (b) Ni ikibazo ikihe kivyuka ku bijanye n’uko Pawulo yungururije kwa Sezari?

 PAWULO aguma acunzwe bimwe bikomeye i Sezariya. Haciye imyaka ibiri agarutse i Yudaya, mu misi mikeyi gusa Abayuda baragerageje kumwica n’imiburiburi incuro zitatu. (Ivyak. 21:27-36; 23:10, 12-15, 27) Ivyo kumugandagura, gushika n’ubu abansi biwe biguma bibata ku w’amazi, ariko ntibarota bata hasi. Pawulo amaze kubona ko ari kabiri na rimwe agasubira kugwa mu vyara vyabo, aca abwira Buramatari w’Umuroma Fesito ati: «Ndungururije kwa Sezari!»​—Ivyak. 25:11.

2 None Yehova yoba yarashigikiye iyo ngingo Pawulo yafashe yo kwungururiza ku mwami w’abami w’Uburoma? Inyishu y’ico kibazo irahambaye kuri twebwe, abariko bashinga intahe bimwe bishitse ku vyerekeye Ubwami bw’Imana muri iki gihe c’iherezo. Turakeneye kumenya nimba ubwo buryo Pawulo yakoresheje na twebwe twobukoresha mu bijanye no «kuburanira inkuru nziza no gutuma yemerwa n’amategeko.»​—Flp. 1:7.

“Ahagarara imbere y’intebe y’imanza” (Ivyak. 25:1-12)

3, 4. (a) Ni kubera iki Abayuda basavye ko Pawulo atumwako akaza i Yeruzalemu, kandi ni gute yarusimvye? (b) Yehova ariko ashigikira gute abasavyi biwe bo muri iki gihe, nk’uko yabigiriye Pawulo?

3 Haciye imisi itatu Fesito yimitswe akaba buramatari w’Umuroma w’intara ya Yudaya, yaragiye i Yeruzalemu. a Ari aho i Yeruzalemu, yarumvirije abakuru b’abaherezi be n’abantu bakurubakuru bo mu Bayuda igihe bagiriza Pawulo ivyaha bikomakomeye. Bari bazi yuko uwo buramatari mushasha yabwirizwa kubana amahoro na bo be n’abandi Bayuda bose. Ni co gituma baciye binginga Fesito ngo atumeko Pawulo aze aho i Yeruzalemu, hanyuma amucire urubanza. Ariko rero, hari umugambi mubi wari inyuma y’ico kintu basavye. Abo bansi bariko bategura kwicira Pawulo mu nzira iva i Sezariya ija i Yeruzalemu. Yamara Fesito yaravyanse mu kuvuga ati: «Abakuru bo muri mwebwe bazoze rero tumanukane [i Sezariya] bamwagirize, nimba vy’ukuri hari ikibi yakoze.» (Ivyak. 25:5) Ivyo vyatumye Pawulo yongera kurusimba.

4 Mu biringo vyose Pawulo yasambishijwe, Yehova yaramushigikiye abicishije ku Mukama Yezu Kristu. Uribuka ko Yezu, abicishije mw’iyerekwa, yari yabwiye iyo ntumwa ati: «Gira umutima rugabo!» (Ivyak. 23:11) Muri iki gihe, abasavyi b’Imana na bo nyene barashikirwa n’ingorane kandi bakabwirwa amajambo yo kubatera ubwoba. Yehova ntadukingira ingorane zose zidushikira, ariko araturonsa ubukerebutsi be n’inkomezi kugira ngo twihangane. Dukwiye kwama nantaryo twiheka ku “bubasha burengeye ubusanzwe” butangwa n’Imana yacu yuzuye urukundo.​—2 Kor. 4:7.

5. Fesito yavyifashemwo gute mu bijanye n’ikibazo ca Pawulo?

5 Haciye imisi nk’ingahe, Fesito “yaricaye ku ntebe y’imanza” i Sezariya. b Imbere yiwe hari hahagaze Pawulo be n’abamwagiriza. Mu kwiregura ku birego vy’irementanya yagirizwa, Pawulo yavuze ati: «Nta caha na kimwe nakoze haba ku bijanye n’amategeko y’Abayuda, urusengero canke Sezari.» Iyo ntumwa nta cayagira kandi yari ikwiriye kurekurwa. None Fesito yoruciye gute? Abitumwe n’uko yipfuza gutoneshwa n’Abayuda, yasavye Pawulo ati: «Woba wipfuza kuduga i Yeruzalemu ngo abe ari ho ucirirwa urubanza imbere yanje ku bijanye n’ivyo bintu?» (Ivyak. 25:6-9) Umve nawe ntuze ukuntu yari amusavye ikintu kitaranga ubukerebutsi! Mu gihe Pawulo yosubijwe i Yeruzalemu, abamwagiriza ni bo bociye bamucira urubanza kandi nta gukeka ko yociriwe urwo gupfa. Ico gihe, Fesito yari ahisemwo gushira imbere inyungu zo mu vya politike aho gushira imbere ubutungane nyakuri. Hari uwundi buramatari yatwaye imbere yiwe, ari we Ponsiyo Pilato, yakoze ikintu nk’ico mu rubanza rw’imbohe yari ihambaye cane. (Yoh. 19:12-16) Abacamanza bo muri iki gihe na bo nyene boshobora kurondera gushimisha abandi. Ni co gituma tudakwiye gutangara igihe amasentare agoretse imanza zerekeye abasavyi b’Imana.

6, 7. Ni kubera iki Pawulo yungururije kwa Sezari, kandi mu kubigenza gutyo, ni akarorero akahe yasigiye abakirisu b’ukuri bo muri iki gihe?

6 Icipfuzo Fesito yari afise co kwitonesha ku Bayuda cotumye Pawulo yicwa. Pawulo yaciye rero yikora ku burenganzira yahabwa no kuba yari afise ubwenegihugu bw’Uburoma. Yabwiye Fesito ati: «Mpagaze imbere y’intebe y’imanza ya Sezari, aho mbwirizwa gucirwa urubanza. Nta kibi na kimwe nakoreye Abayuda, nk’uko nawe uriko uravyibonera neza. . . . Ndungururije kwa Sezari!» Umuntu amaze kuvuga yuko yungururije kwa Sezari, akenshi ntivyahindurwa. Ivyo Fesito yarabishimitseko igihe yavuga ati: «Ko wungururije kwa Sezari, uzorenguka imbere ya Sezari.» (Ivyak. 25:10-12) Kuba Pawulo yarungururije ku mucamanza wo hejuru, ni akarorero abakirisu b’ukuri bo muri iki gihe bokurikiza. Igihe abarwanya Ivyabona vya Yehova bagerageje gutegura «ivyago bitwaje amategeko,» bano baca bikora ku buryo bwemewe n’amategeko kugira ngo baburanire inkuru nziza. c​—Zab. 94:20.

7 Inyuma y’imyaka ibiri irenga Pawulo yamaze apfunzwe ata co azira, yahavuye aronka akaryo ko kwiburanira i Roma. Ariko imbere y’uko aja i Roma, hari uwundi mutegetsi yipfuza kumubona.

Turunguruza iyo duciriwe urwa ngondagonde

‘Sinagambaraye’ (Ivyak. 25:13–26:23)

8, 9. Ni igiki catumye Umwami Agiripa agendera i Sezariya?

8 Haciye imisi nk’ingahe Pawulo abwiye Fesito yuko yungururije kwa Sezari, Umwami Agiripa na mushikiwe Berenise bashika «kuramutsa» uwo buramatari mushasha. d Mu gihe c’Inganji y’Uburoma, abategetsi bari bafise umugenzo wo kugira mwene izo ngendo zo kuramutsa ba buramatari baba baherutse kugenwa. Mu kuja gukeza Fesito kubera ayo mabanga yari aherutse gushingwa, nta gukeka ko Agiripa yariko agerageza gukomeza imigenderanire yabo yo mu vy’intwaro be n’ubugenzi bwabo, ivyobagiriye akamaro muri kazoza.​—Ivyak. 25:13.

9 Fesito yarabwiye Agiripa ivyerekeye Pawulo, maze uwo mwami aca ashaka kumwumviriza. Bukeye, abo bategetsi babiri baricaye ku ntebe y’imanza. Ariko, ububasha bwabo be n’ukuba bari bambaye impuzu zica ibibatsi, ntivyari bitangaje kuruta amajambo iyo mbohe yari imbere yabo yagira ishikirize.​—Ivyak. 25:22-27.

10, 11. Pawulo yagaragarije gute Agiripa icubahiro, kandi iyo ntumwa yahishuriye uwo mwami amakuru ayahe y’ido n’ido ajanye na kahise kayo?

10 Pawulo abigiranye urupfasoni, yarakengurukiye Umwami Agiripa kubera ako karyo yari amuronkeje ko kwiburanira imbere yiwe, arerekana icese yuko uwo mwami yari umuhanga mu vy’imigenzo yose n’impari vyo mu Bayuda. Pawulo yaciye adondora kahise kiwe ati: «Nari mbayeho nkurikiza imigenzo y’Abafarizayo, umugwi w’idini urusha abandi Bayuda kwumira ku mategeko.» (Ivyak. 26:5) Pawulo akiri Umufarizayo, yari yiteze ukuza kwa Mesiya. Ico gihe rero, kubera ko yari umukirisu, yarerekanye abigiranye ubutinyutsi yuko Yezu Kristu ari we Abayuda bari bamaze igihe kirekire biteze. Pawulo yariko azira ico we hamwe n’abamwagiriza bemera, ni ukuvuga icizigiro bose bari bafise c’uko umuhango Imana yahaye ba sekuruza babo worangutse. Ivyo vyatumye Agiripa arushiriza kugira icipfuzo gikomeye co kwumviriza Pawulo. e

11 Mu kwigana ivyo yibuka ku bijanye n’ukuntu yahora afata bunyamaswa abakirisu, Pawulo yavuze ati: «Jeho nari nahoze mbona neza yuko mbwirizwa kurwanya cane izina rya Yezu Umunyanazareti. . . . Kubera ko nari ndabafitiye ishavu rirenze [ni ukuvuga abayoboke ba Kristu], naraheba nkabahama ndabasanze no mu bindi bisagara.» (Ivyak. 26:9-11) Pawulo ntiyariko arashikuza. Abantu benshi bari bazi ukuntu yahora ahama abakirisu n’ubukazi n’akantu. (Gal. 1:13, 23) Agiripa ashobora kuba yaribajije ati: “Ni igiki none cahinduye umuntu nk’uwu?”

12, 13. (a) Pawulo yadondoye gute ingene yahindutse akaba umukirisu? (b) Ni mu buryo ki Pawulo yasa n’uwariko «atera imigere ku mihunda»?

12 Amajambo Pawulo yaciye avuga yarishuye ico kibazo, na yo agira ati: «Igihe kimwe nari ku rugendo nja i Damasiko mfise ububasha nahawe n’abakuru b’abaherezi, hari n’igikorwa banshinze. Maze mu masasita ndi ku nzira ga mwami, nza mbona umuco urusha izuba gukayangana uvuye mw’ijuru, urabiriza irya n’ino yanje n’abo twari dufatanije urugendo. Twese tumaze kugwa hasi, numva ijwi rimbwira mu giheburayo riti: “Sawuli, Sawuli, umpamira iki? Erega kuguma utera imigere ku mihunda birakugirira nabi.” Mugabo mvuga nti: “Uri nde ga Mukama?” Umukama na we ati: “Ndi Yezu uriko urahama”.» f​—Ivyak. 26:12-15.

13 Ico gitangaro careretse Pawulo ko ari nk’aho yariko «atera imigere ku mihunda.» Pawulo yari yarigiriye nabi mu vy’impwemu mu kurwanya igomba ry’Imana nka kurya nyene igitwazi cosanga cigiriye nabi kikikomeretsa mu gihe cotera imigere kw’isonga rikarishe ry’umuhunda. Mu kwiyereka Pawulo ku nzira ija i Damasiko, Yezu, uwari amaze kuzuka, yaratumye uwo mugabo w’inziraburyarya ariko bigaragara yuko yabona ibintu mu buryo butari bwo, ahindura ukuntu yari asanzwe abona ibintu.​—Yoh. 16:1, 2.

14, 15. Ni ibiki Pawulo yavuze ku bijanye n’amahinduka yari yaragize mu buzima bwiwe?

14 Mu vy’ukuri, Pawulo yaragize amahinduka akomeye mu buzima bwiwe. Yabwiye Agiripa ati: «[Sina]gambaraye igihe nerekwa ivyo bintu bivuye mw’ijuru, ahubwo nahereye ku bantu b’i Damasiko hanyuma ab’i Yeruzalemu, abo mu karere kose ka Yudaya n’abo mu mahanga, ngenda ndababwira ubutumwa bw’uko bakwiye kwigaya bakiyegereza Imana, mu gukora ibikorwa vyerekana ukwigaya.» (Ivyak. 26:19, 20) Pawulo yari amaze imyaka n’iyindi ariko ashitsa igikorwa Yezu Kristu yari yamushinze muri rya yerekwa ryo ku mutaga. Uti none ivyo vyashitse ku biki? Abakiriye neza inkuru nziza Pawulo yamamaza barigaye ku bijanye n’ingeso yabo y’ubuhumbu kandi iranga uburyarya, maze barahindukirira Imana. Abo bantu baracitse abanyagihugu beza, baratuma mu mvugo no mu ngiro igihugu kirangwamwo umutekano n’ukwubaha amategeko.

15 Ariko rero, ivyo vyiza nta co vyari bivuze ku Bayuda barwanya Pawulo. Pawulo yavuze ati: «Ni co gituma Abayuda bamfatiye mu rusengero bakagerageza kunyica. Ariko mfashijwe n’Imana, ndabandanya gushinga intahe imbere y’abato n’abahambaye.»​—Ivyak. 26:21, 22.

16. Twokwigana gute Pawulo igihe tuba turiko tubwira abacamanza n’abategetsi ivyo twemera?

16 Twebwe abakirisu b’ukuri, dutegerezwa “kwama twiteguriye kuburanira” ukwizera kwacu. (1 Pet. 3:15) Igihe tuba turiko turabwira abacamanza n’abategetsi ivyo twemera, hari aho wosanga gukurikiza uburyo Pawulo yakoresheje mu kugira ico abwiye Agiripa na Fesito, bidufashije cane. Mu kubwirana urupfasoni abo bategetsi bo hejuru ukuntu ukuri kwo muri Bibiliya kwahinduye ubuzima bwacu be n’ubw’abakiriye neza ubutumwa dushikiriza, hari aho ivyo vyobakora ku mutima.

«Wonjijura nkaba umukirisu» (Ivyak. 26:24-32)

17. Fesito yavyifashemwo gute igihe Pawulo yariko ariburanira, kandi ni agatima akahe yagaragaje usanga kiraye muri iki gihe?

17 Abo bategetsi babiri bashobora kuba barakozwe ku mutima n’intahe ijijura Pawulo yashinze. Iyo nkuru iravuga ivyabaye iti: «Pawulo akiriko aravuga ivyo bintu yiregura, Fesito avuga n’ijwi rirenga ati: “Erega Pawulo urasaze! Ubumenyi bwinshi ufise buriko buragusaza!”» (Ivyak. 26:24) Ukwo kuntu Fesito yavyakiriye ni kwo abantu benshi muri iki gihe bakunda kuvyakira. Abenshi babona ko abigisha ivyo mu vy’ukuri Bibiliya ivuga ari abantu b’ishaka rirenze urugero mu vy’Imana. Abanyabwenge bo mw’isi usanga akenshi bibagora kwemera inyigisho yo muri Bibiliya yerekeye izuka ry’abapfuye.

18. Pawulo yishuye gute Fesito, kandi ivyo vyatumye Agiripa asubizayo iki?

18 Ariko Pawulo yaciye yishura uwo buramatari ati: «Sinsaze, nyakwubahwa Fesito, ahubwo ivyo mvuga ni ukuri kandi biratumbereye. Ndiko mvugana umwidegemvyo kubera ko umwami ndiko ndabwira azi neza ivyo bintu . . . Mbega mwami Agiripa, uremera abahanuzi? Ndazi ko ubemera.» Agiripa yaciye asubizayo ati: «Mu mwanya mutoyi wonjijura nkaba umukirisu.» (Ivyak. 26:25-28) Ayo majambo y’umwami, yaba yayavuze abikuye ku mutima canke abigiranye agahemo, arerekana ko intahe Pawulo yashinze yagize ikintu kinini ikoze kuri uwo mwami.

19. Ni ingingo iyihe Fesito na Agiripa bashitseko ku bijanye n’ikibazo ca Pawulo?

19 Agiripa na Fesito baciye bahaguruka, berekana ko ivyo kwumviriza Pawulo birangiriye aho. «[Bakiriko] baragenda batangura kubwirana, bati: “Uyu muntu nta kintu na kimwe akora cotuma yicwa canke apfungwa.” Agiripa aca abwira Fesito ati: “Uyu muntu yari kurekurwa iyo ataba yungururije kwa Sezari.”» (Ivyak. 26:31, 32) Bari batahuye ko uwo mugabo yari ahagaze imbere yabo, ata co yazira. Bishoboka ko ico gihe baciye batangura kubona ryiza abakirisu.

20. Ni ivyiza ibihe vyavuye ku ntahe Pawulo yashinze imbere y’abategetsi bo hejuru?

20 Bisa n’uko ata mutegetsi n’umwe akomeye avugwa muri iyo nkuru yemeye inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Vyoba none biranga ubukerebutsi kuba intumwa Pawulo yararengutse imbere y’abo bategetsi? Cane nyene. Kuba Pawulo «[yararengukijwe] imbere y’abami na ba buramatari» i Yudaya, vyatumye inkuru nziza ishikira abategetsi b’Abaroma bitoshobotse ko bayibwirwa ico gihe. (Luka 21:12, 13) N’ikindi kandi, ivyamushikiye muri ukwo gusambishwa be n’ukuntu yagumye ari umwizigirwa, vyarakomeje ukwizera kw’abakirisu bagenziwe.​—Flp. 1:12-14.

21. Ni ivyiza ibihe bishobora kuva ku kubandanya dukora igikorwa c’Ubwami?

21 Ukwo ni ko bimeze no muri iki gihe. Kuba tubandanya gukora igikorwa c’Ubwami naho dushikirwa n’ingorane canke tukarwanywa, biratuma twibonera ivyiza bitari bike biva muri ico gikorwa. Turashobora gusanga tubwiye inkuru nziza abategetsi bitoroshe gushikira. Kuguma twihanganye tudahemuka vyoshobora kuremesha abavukanyi bacu na bashiki bacu, bikabavyurira umutima wo kurushiriza kugaragaza ubutinyutsi muri ca gikorwa co gushinga intahe bimwe bishitse ku vyerekeye Ubwami bw’Imana.

a Raba uruzitiro ruvuga ngo « Buramatari w’Umuroma Porukiyo Fesito

b Iyo «ntebe y’imanza» yari intebe iri ahantu hakirurutse. Ivyo vyatuma ingingo zose zifashwe n’umucamanza zibonwa ko ari ntabanduka kandi ko ata wohirahiriye ngo azivuguruze. Pilato yari yicaye ku ntebe y’imanza igihe yumviriza ivyo Yezu yagirizwa.

d Raba uruzitiro ruvuga ngo « Umwami Herodi Agiripa wa kabiri

e Kubera ko Pawulo yari umukirisu, yaremera Yezu ko ari we Mesiya. Abayuda bobo, kubera ko baterekwa Yezu, babona ko Pawulo ari umuntu yahevye Imana.​—Ivyak. 21:21, 27, 28.

f Ku bijanye n’uko Pawulo yavuze yuko yari ku rugendo «mu masasita,» incabwenge imwe mu vya Bibiliya yavuze iti: «Mu bisanzwe ingenzi yararuhuka ku mutaga igihe izuba ryaba rimena imbwa agahanga, kiretse igihe yaba yihutira ikintu kidasanzwe. Duca tubona rero ko Pawulo yariko akora yivuye inyuma ico gikorwa yari yiyemeje co guhama abakirisu.»