Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 27

«Gushinga intahe bimwe bishitse»

«Gushinga intahe bimwe bishitse»

Pawulo abandanya yamamaza inkuru nziza naho apfungiwe i Roma

Bishingiye ku Vyakozwe 28:11-31

1. Ni igiki Pawulo na bagenziwe bizigiye, kandi kubera iki?

 NI NKO mu 59 inyuma ya Kristu. Mu Kiyaga Mediterane, hari ubwato buvuye mw’izinga rya Malita buriko buja mu Butaliyano, bukaba buriko igishusho co ku mpanza ca «bene Zeyu,» kandi birashoboka ko ari ubwato bunini cane butwara ibiribwa vy’intete. Muri ubwo bwato harimwo intumwa Pawulo, uno akaba ari imbohe icunzwe, hamwe n’abakirisu bagenziwe ari bo Luka na Arisitariko. (Ivyak. 27:2) Abo bamamaji b’injili ntibameze nk’abariko bagendesha ubwo bwato, kuko bo batarondera gukingirwa n’ibimana bibiri, Castor na Pollux, ibivugwa yuko ngo ari amahasa y’ikimana c’Abagiriki citwa Zeyu. (Amakuru adufasha kwiga Ivyakozwe 28:11, nwtsty) Pawulo na bagenziwe basukurira Yehova, uwamenyesheje Pawulo yuko yoshingiye intahe ukuri i Roma kandi ko yorengutse imbere ya Sezari.​—Ivyak. 23:11; 27:24.

2, 3. Ubwato Pawulo arimwo buca he, kandi ni imfashanyo iyihe aronswa kuva agitangura urwo rugendo?

2 Haciye imisi itatu nya bwato bushitse i Sirakuza, kino kikaba ari igisagara ciza utoraba co muri Sisile gihakwa kuba igihambaye nka Atene be na Roma, burabandanya bugana i Regiyo mu Bumanuko bw’Ubutaliyano. Mu nyuma, bufashijwe n’umuyaga uhuhuta uvuye mu Bumanuko, nya bwato buragira urugendo rw’ibilometero 320 rwo kuva ng’aho i Regiyo gushika ku kivuko c’i Puteyoli mu Butaliyano (aho hakaba ari hafi y’igisagara ca Naples co muri iki gihe), bukaba bugenda bunyaruka cane kuruta ukwo bisanzwe biri, ku buryo bushikayo ku musi ugira kabiri.​—Ivyak. 28:12, 13.

3 Pawulo asigaje urugendo ruto kugira ngo ashike i Roma, aho aza kurenguka imbere y’Umwami w’abami Nero. Muri urwo rugendo rwose, «Imana y’uruhoza rwose» yagumye iri kumwe na Pawulo. (2 Kor. 1:3) Nk’uko tuza kubibona, Imana iguma ifasha Pawulo, kandi na we nyene ntatakaza umwete afitiye igikorwa ciwe c’ubumisiyonari.

‘Pawulo akengurukira Imana, yumva araremye’ (Ivyak. 28:14, 15)

4, 5. (a) Pawulo na bagenziwe bakiriwe gute i Puteyoli, kandi vyagenze gute ngo ahabwe umwidegemvyo mwinshi ukuraho? (b) N’igihe abakirisu baba bapfunzwe, ni gute ukwigenza neza kwabo gushobora kubagirira akamaro?

4 I Puteyoli, Pawulo na bagenziwe “bahasanze abavukanyi, abaciye babinginga ngo bagumane na bo imisi indwi.” (Ivyak. 28:14) Ese ukuntu ako ari akarorero keza utoraba k’ubwakiranyi bwa gikirisu! Nta gukeka ko abo bavukanyi b’abakiranyi bungukiye cane ku ndemesho zo mu buryo bw’impwemu Pawulo na bagenziwe babahaye. Vyagenze gute none Pawulo, uwari acunzwe, ngo ahabwe umwidegemvyo mwinshi ukuraho? Ni uko kumbure iyo ntumwa yari imaze kwizigirwa cane n’abasoda b’Abaroma bamucunga.

5 Abasavyi ba Yehova bo muri iki gihe na bo nyene akenshi usanga baronswa umwidegemvyo udasanzwe be n’uduteka tudasanzwe igihe baba bapfungiwe mu mabohero canke mu makambi y’itunatuniro kubera ko bigenza rukirisu. Nk’akarorero muri Rumaniya, hari umugabo yari yaciriwe gupfungwa imyaka 75 kubera ubusuma, yatanguye kwiga Ijambo ry’Imana kandi aragira amahinduka akomeye mu bijanye n’ukuntu yari ameze. Urazi ico ivyo vyavuyemwo, abajejwe iryo bohero baciye bamushinga igikorwa co kuza araja gusumira abanyororo mu gisagara, atawumucunze! Ikiruta ivyo vyose, inyifato nziza tugaragaza iraninahaza Yehova.​—1 Pet. 2:12.

6, 7. Ni gute abavukanyi b’i Roma bagaragarije Pawulo na bagenziwe urukundo rudasanzwe?

6 Kuva i Puteyoli, Pawulo na bagenziwe bashobora kuba bagiye n’amaguru ibilometero nka 50 gushika i Kapuwa baciye mw’Ibarabara rya Apiyo rija i Roma. Iryo barabara rya rurangiranwa, iryari rishashemwo ibibuye bininibinini vy’ibirunga, ryatuma umuntu ariko aricamwo abona uturere tugize Ubutaliyano, kandi mu duce tumwetumwe twaryo, yarashobora kubona Ikiyaga Mediterane. Iryo barabara ryaraca kandi mu karere kuzuyemwo ibidengeri n’ibishanga kareha n’ibilometero nka 60 kuva i Roma gushika ku kaguriro ka Apiyo. Luka yanditse yuko igihe abavukanyi b’i Roma “bumva inkuru yabo,” bamwe baciye baza gushika kuri ka kaguriro, magingo abandi bari babarindiriye ahitwa Uburaro Butatu, kino kikaba ari ikibanza co kuruhukiramwo cari nko ku bilometero 50 uvuye i Roma. Mbega urukundo rudasanzwe!​—Ivyak. 28:15.

7 Akaguriro ka Apiyo nticari ikibanza kibereye aho ingenzi zaba zarushe zasanzaye zoruhukiyemwo. Umuryoshamvugo umwe w’Umuroma yitwa Horace akaba n’umwanditsi, avuga yuko ako kaguriro wasanga «kuzuyemwo abagendesha amato, kakabamwo n’abantu bononekaye bari bajejwe amazu y’indaro yaho.» Yavuze kandi ko «amazi yaho yashisha.» Eka mbere yaranse no kuhafungurira! Ariko rero, naho aho hantu hari hameze nabi ukuraho, abavukanyi bari baje bavuye i Roma baraharindiriye Pawulo na bagenziwe banezerewe, bakaba bari bazanywe no kugira ngo babaherekeze muri urwo rugendo bari basigaje.

8. Ni kubera iki Pawulo yakengurukiye Imana “aho aboneye” abavukanyi biwe?

8 Iyo nkuru ivuga iti: «Pawulo ababonye, akengurukira Imana, yumva araremye.» (Ivyak. 28:15) Emwe, aho iyo ntumwa iboneye abo bavukanyi yikundira, bamwe muri bo akaba ashobora kuba yari asanzwe abazi, yumvise akomejwe kandi ahumurijwe. Kubera iki none Pawulo yakengurukiye Imana? Yari azi ko urukundo ruzira ubwikunzi ruri mu bigize icamwa c’impwemu. (Gal. 5:22) No muri iki gihe, impwemu nyeranda iravyurira abakirisu umutima wo kwitangira abandi n’uwo guhoza ababa bakeneye guhozwa.​—1 Tes. 5:11, 14.

9. Dushobora gute kugaragaza agatima nka kamwe ka ba bavukanyi baza gutegera Pawulo?

9 Nk’akarorero, impwemu nyeranda iratuma abakirisu bakira abacungezi b’imizunguruko, abamisiyonari be n’abandi basuku bari mu murimo w’igihe cose, benshi muri abo bakaba bagira vyinshi bahevye kugira ngo barushirize rwose gusukurira Yehova. Niwibaze uti: “Noba nshobora kugira n’ibindi nkoze kugira ngo nshigikire ishengero igihe umucungezi aba yatugendeye, kumbure nkamwakira n’umukenyezi wiwe nimba yubatse? Noba nshobora gutunganya ivyanje kugira ngo nkorane na bo mu ndimiro?” Ubigenjeje gutyo, woshobora kwironkera imihezagiro myinshi. Nk’akarorero, iyumvire umunezero abavukanyi b’i Roma bagize igihe bariko bumviriza Pawulo na bagenziwe babiganira bimwebimwe mu vyabonywe vyinshi biremesha.​—Ivyak. 15:3, 4.

«Uvugwa nabi hose» (Ivyak. 28:16-22)

10. Pawulo ivyiwe vyari vyifashe gute i Roma, kandi yakoze iki haciye igihe gitoyi ahashitse?

10 Aho amaherezo Pawulo na bagenziwe binjiriye i Roma, «Pawulo [yaremerewe] kwibana mu nzu ari kumwe n’umusoda amucunze.» (Ivyak. 28:16) Kugira ngo imbohe yaba yakoze ivyaha bitobito ntitoroke, akenshi bayibohera ku musoda yaba ayicunze hakoreshejwe iminyororo. Naho Pawulo, uwari asanzwe ari umwamamaji w’Ubwami, yari aboshwe muri ubwo buryo, nta gukeka ko umunyororo yari aboheshejwe utamubuza kuvuga. Ni co gituma haciye imisi itatu aruhutse ku bw’urugendo yari yagize, yakoranirije abantu bakurubakuru bo mu Bayuda i Roma kugira ngo abibwire yongere ababwire inkuru nziza.

11, 12. Igihe Pawulo yagira ico abwiye Abayuda bagenziwe, yagerageje gute gukuraho umwikeko uwo ari wo wose boba bari bamufiseko?

11 Pawulo yavuze ati: «Bagabo benewacu, naho ata kibi nakoreye ihanga ryacu canke ngo nkore ibiteye kubiri n’imigenzo ya ba sogokuruza, naragizwe imbohe i Yeruzalemu maze nshikirizwa Abaroma. Bamaze kunsambisha, barashatse kundekura kuko ata mvo yari ihari yotuma nicwa. Mugabo Abayuda bavyanse, vyaciye biba ngombwa ko nungururiza kwa Sezari. Ariko sinabigize kubera hari ico nashaka kwagiriza ihanga ryacu.»​—Ivyak. 28:17-19.

12 Mu kwita abo Bayuda ngo «benewacu,» Pawulo yariko aragerageza kurondera ico yohurijeko na bo, maze aheze akureho ivyo bari bamwikekako vyose. (1 Kor. 9:20) Vyongeye, yarabatomoreye ko atari yaje ng’aho, kugira ngo agire ikintu na kimwe yagiriza Abayuda bagenziwe, ariko ko yari yungururije urubanza rwiwe kwa Sezari. Ariko rero, ivy’uko Pawulo yari yungururije kwa Sezari, cari ikintu gishasha kuri abo Bayuda. (Ivyak. 28:21) Vyagenze gute ngo Abayuda b’i Yudaya ntibabe bari bwamenyeshwe ivy’ukwo kwunguruza kwa Pawulo? Igitabu kimwe kivuga giti: «Ubwato Pawulo yarimwo butegerezwa kuba buri mu mato ya mbere yashitse mu Butaliyano urushana rurangiye, kandi abari barungitswe n’abategetsi b’Abayuda b’i Yeruzalemu bashobora kuba batari bwashike, canke na ho ikete bari barungitse rikaba ritari bwashike.»

13, 14. Pawulo yinjije gute ubutumwa bw’Ubwami mu kiyago ciwe, kandi dushobora gute kumwigana?

13 Pawulo yaciye yinjiza mu kiyago ciwe ibijanye n’ubutumwa bwerekeye Ubwami mu kuvuga ikintu yari azi neza ko cotumye nya Bayuda bari bamugendeye baca bipfuza kumenya n’ibindi vyinshi. Yavuze ati: «Ni co gituma nasavye ko tubonana ngo tuganire, kuko mboheshejwe uyu munyororo kubera icizigiro ca Isirayeli.» (Ivyak. 28:20) Mu vy’ukuri, ico cizigiro cari gishingiye kuri Mesiya no ku Bwami yorongoye, nk’uko ishengero rya gikirisu ryavyamamaza. Nya bantu bakurubakuru b’Abayuda basubijeyo bati: «Twibaza ko vyoba vyiza twumvise ivyo wewe ubwawe utubwira, kuko tuzi ko uwo mugwi w’idini uvugwa nabi hose.»​—Ivyak. 28:22.

14 Igihe turonse akaryo ko kubwira abandi inkuru nziza, turashobora kwigana Pawulo mu gutuma bipfuza kumenya n’ibindi vyinshi, ivyo tukabigira mu gukoresha amajambo canke ibibazo bituma bazirikana. Ivyiyumviro vyiza twokoresha twoshobora kubisanga mu bitabu nka Comment raisonner à partir des Écritures, Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi be na Niwijukire gusoma no kwigisha. Woba uriko urakoresha neza ivyo bikoresho bifasha kwiga Bibiliya?

Uburyo twokwigana mu bijanye no «[gu]shinga intahe bimwe bishitse» (Ivyak. 28:23-29)

15. Ni ibintu bine ibihe bihambaye twigira ku kuntu Pawulo yamamaje inkuru nziza?

15 Ku musi bari bumvikanyeko, ba Bayuda baba i Roma baraje aho Pawulo yaba «ari benshi kuruta.» Pawulo yarabasiguriye nya bintu «kuva mu gitondo gushika ku mugoroba, abasigurira ivyo bintu mu kubabwira ivyerekeye Ubwami bw’Imana, ashinga intahe bimwe bishitse. Yabigize kugira abajijure ngo bemere Yezu, afatiye ku mategeko ya Musa no ku vyavuzwe n’abahanuzi.» (Ivyak. 28:23) Hariho ibintu bine bihambaye twigira ku kuntu Pawulo yamamaje inkuru nziza. Ubwa mbere, yarashimitse cane ku Bwami bw’Imana. Ubugira kabiri, yaragerageje gukwēgēra abariko baramwumviriza “akoresheje imvugo inyura.” Ubugira gatatu, yarazirikanye na bo afatiye ku Vyanditswe. Ubugira kane, yaragaragaje agatima ko kwitanga mu gushinga intahe «kuva mu gitondo gushika ku mugoroba.» Ese ukuntu ako ari akarorero keza dukwiye kwigana! Uti none ivyo vyavuyemwo iki? Luka avuga ati: «Bamwe batangura kwemera,» abandi ntibavyemera. Haciye haba ukutumvikana, maze nya bantu baca «batangura kugenda.»​—Ivyak. 28:24, 25a.

16-18. Ni kubera ki Pawulo atatangajwe n’ukuba hari Abayuda b’i Roma bakiriye nabi inkuru nziza, kandi dukwiye kuvyifatamwo gute igihe hari abiyamirije ubutumwa twamamaza?

16 Pawulo ntiyatangajwe n’ukuntu abo Bayuda bakiriye inkuru nziza, kuko vyari bihuje n’ivyo ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwari bwaravuze kandi ivyo akaba yari asanzwe abimenyereye. (Ivyak. 13:42-47; 18:5, 6; 19:8, 9) Ni co gituma Pawulo yabwiye nya Bayuda batari bakiriye neza inkuru nziza bari batanguye kugenda, ati: «Impwemu nyeranda ntiyihenze mu kubwira ba sogokuruza banyu biciye ku muhanuzi Yesaya iti: “Genda ubwire aba bantu uti: ‘Muzokwumva ariko nta na kimwe muzotahura, muzokwitegereza ariko nta na kimwe muzobona. Kuko umutima w’aba bantu udadaraye.’”» (Ivyak. 28:25b-27) Ijambo ryo mu rurimi rwo mu ntango rihindurwa ng’aha ngo «udadaraye» ritanga iciyumviro c’umutima «uriko ibinure vyinshi» ku buryo ubutumwa bw’Ubwami butamenera ngo buwinjiremwo. (Ivyak. 28:27) Ese ukuntu ivyo vyari bibabaje!

17 Abo Bayuda nta ho bari bahuriye n’abantu bo mu mahanga, kuko Pawulo yasozereye avuga ati: “Amahanga yoyo ntazobura kubwumviriza.” (Ivyak. 28:28; Zab. 67:2; Yes. 11:10) Nkako, iyo ntumwa yari izi neza ivyo yariko iravuga kubera ko we ubwiwe yari yariboneye Abanyamahanga benshi bakira neza ubutumwa bw’Ubwami.​—Ivyak. 13:48; 14:27.

18 Nk’uko kwa Pawulo, ese natwe tutobabazwa n’abakira nabi inkuru nziza. Kanatsinda, turazi ko hariho na bakeyi bazobona inzira ijana mu buzima. (Mat. 7:13, 14) Vyongeye, igihe abafise agatima kabereye bifatanije natwe mu gusenga kw’ukuri, ese twonezerwa tukongera tukabakirana umutima mwiza!​—Luka 15:7.

«Yarababwira ivyerekeye Ubwami bw’Imana» (Ivyak. 28:30, 31)

19. Ni gute Pawulo yakoresheje neza ikiringo cose yamaze mu nzu yarimwo?

19 Luka arangiriza inkuru yiwe kuri aya majambo vy’ukuri aremesha kandi aranga igishika ati: «[Pawulo] ahaguma imyaka ibiri yuzuye ari mu nzu apanze, kandi yarakira neza abantu bose baza kumuraba. Yarababwira ivyerekeye Ubwami bw’Imana akabigisha n’ivyerekeye Umukama Yezu Kristu, akavugana umwidegemvyo wose ata kimutangira.» (Ivyak. 28:30, 31) Ese ukuntu ako ari akarorero kadasanzwe mu bijanye no kugaragaza ubwakiranyi, ukwizera be n’umwete!

20, 21. Vuga abantu bamwebamwe bungukiye ku busuku Pawulo yaranguriye i Roma.

20 Umwe mu bo Pawulo yakiranye umutima mwiza ni Onezime, umushumba yari yatorotse shebuja i Kolosayi. Pawulo yarafashije Onezime aracika umukirisu, ivyo bica bituma Onezime aba “mwene wabo na Pawulo w’umwizigirwa kandi w’umukundwa.” Nkako, Pawulo yavuze yuko Onezime yari “umwana wiwe, uwo yabereye nka se.” (Kol. 4:9; Flm. 10-12) Onezime ategerezwa kuba yararemesheje cane Pawulo! a

21 Hari n’abandi bungukiye ku karorero keza ka Pawulo. Yandikiye Abafilipi ati: «Ivyanje vyahavuye bituma inkuru nziza itera imbere, aho kuba intambamyi. Ubu mu barinzi b’umwami bose no mu bandi bantu bose, nta n’umwe atazi ko mpfunzwe nzira Kristu. Benshi mu bavukanyi bakorera Umukama, ubu barakomejwe n’ipfungwa ryanje. Bararushirije kugira umutima rugabo wo kuvuga ijambo ry’Imana ata bwoba.»​—Flp. 1:12-14.

22. Ni mu buryo ki Pawulo atagishije akaryo yari afise igihe yari apfungiwe i Roma?

22 Pawulo yarakoresheje neza ikiringo cose yamaze apfungiwe i Roma, kuko yanditse amakete ahambaye ubu dusanga mu bitabu bigize Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu. b Ayo makete yaragiriye akamaro abakirisu yayandikiye bo mu kinjana ca mbere. Na twebwe turungukira ku makete ya Pawulo, kuko impanuro zahumetswe yanditse ari ngirakamaro muri iki gihe nko mu gihe zandikwa.​—2 Tim. 3:16, 17.

23, 24. Nka kumwe kwa Pawulo, ni gute abakirisu batari bake bo mu bihe vya none bagaragaje ukubona ibintu mu buryo bwiza naho bari bapfunzwe ku karenganyo?

23 Igihe Pawulo yabohorwa, ivyo bikaba bitavugwa mu gitabu c’Ivyakozwe, yari amaze hafi imyaka ine aboshwe, ibiri akaba yayimaze i Sezariya, iyindi ibiri i Roma. c (Ivyak. 23:35; 24:27) Yamara, yagumye abona ibintu mu buryo bwiza, akora ivyo yari ashoboye vyose mu murimo w’Imana. Muri iki gihe, abasavyi ba Yehova batari bake na bo nyene ntibatakaje umunezero wabo canke ngo bahagarike kwamamaza inkuru nziza naho bapfunzwe ku karenganyo bahowe ukwizera kwabo. Raba ibijanye n’uwitwa Adolfo, yapfungiwe muri Esupanye azira impagararo abakirisu bafise yo kutagira aho bahengamiye. Umukuru umwe w’abasoda yavuze ati: «Wewe uradutangaza. Nta ko tutagize kugira ngo ntiworoherwe mu buzima, ariko uko twarushiriza kukugirira nabi, ni ko warushiriza kumwenyura no kuvuga amajambo meza.»

24 Haciye igihe, abarinzi b’ibohero barizigiye Adolfo gushika n’aho umuryango w’agasho yarimwo baguma bawuguruye. Abasoda baramugendera kugira ngo bamubaze ibijanye na Bibiliya. Hari umwe mu barinzi b’ibohero yakunda kuza gusomera Bibiliya mu gasho Adolfo yari apfungiwemwo, Adolfo na we agaca aguma amurerekeye kugira ngo ntibamubone. Umve nawe ntuze, imbohe ni yo yasigara icunze uwari ajejwe kuyicunga! Ese utwo turorero twiza tw’ivyo Vyabona bagumye ari abizigirwa twotuma natwe «[tu]rushiriza kugira umutima rugabo wo kuvuga ijambo ry’Imana ata bwoba,» naho twoba turi mu bihe bigoye gute.

25, 26. Mu myaka idashika na 30, ni ubuhanuzi butangaje ubuhe Pawulo yiboneye buranguka, kandi ivyo dushobora gute kubihuza n’igihe turimwo?

25 Intumwa ya Kristu iri mu nzu icungiwemwo “[ira]mamaza ubwami bw’Imana” ku bantu bose baza kuyiraba. Ese ukuntu iyo ari insozero yeza umutima y’igitabu c’Ivyakozwe! Mu kigabane ca mbere, dusoma ibijanye n’igikorwa Yezu yashinze abayoboke biwe igihe yavuga ati: «Muzoronka ububasha impwemu nyeranda niyabazako, kandi muzombera ivyabona i Yeruzalemu n’i Yudaya hose n’i Samariya, no mu mihingo ya kure cane y’isi.» (Ivyak. 1:8) Haciye imyaka idashika no kuri 30, ubutumwa bw’Ubwami bwari bumaze «[kwamamazwa] mu vyaremwe vyose biri munsi y’ijuru.» d (Kol. 1:23) Ese ukuntu ico ari ikintu cerekana ko impwemu y’Imana iri n’ububasha koko!​—Zek. 4:6.

26 Muri iki gihe, iyo mpwemu nyene ni yo ironsa ububasha amasigarira y’abavukanyi ba Kristu, be na bagenzi babo bo mu «zindi ntama,» kugira ngo babandanye “gushinga intahe bimwe bishitse ku vyerekeye ubwami bw’Imana” mu bihugu 240! (Yoh. 10:16; Ivyak. 28:23) Woba nawe uriko uragira uruhara bimwe bishitse muri ico gikorwa?

a Pawulo yashaka kuguma ari kumwe na Onezime aho i Roma, ariko ivyo vyobaye ari uguhonyanga itegeko ry’Abaroma be n’agateka ka shebuja wa Onezime, umukirisu yitwa Filemoni. Ni co gituma, Onezime yasubiye kwa Filemoni, agenda ajanye ikete Pawulo yandikiye Filemoni ryamuremesha kwakirana umushumba wiwe umutima mwiza, nka kurya nyene yokwakiriye umukirisu mugenziwe.​—Flm. 13-19.

d Raba uruzitiro ruvuga ngo « Inkuru nziza “yamamajwe mu vyaremwe vyose.”»