Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 22

«Ivyo Yehova agomba nibibe»

«Ivyo Yehova agomba nibibe»

Kubera ko Pawulo yiyemeje gukora ivyo Imana igomba, araja i Yeruzalemu

Bishingiye ku Vyakozwe 21:1-17

1-4. Ni kubera iki Pawulo ariko aja i Yeruzalemu, kandi ni ibiki biraririye kumushikira?

 BOSE barababara igihe Pawulo na Luka bava i Mileto. Ese ingene Pawulo na Luka bibabera urugamba kwiyaka abakurambere b’i Efeso bikundira cane! Abo bamisiyonari babiri bahagaze ku gice c’ubwato c’amaja imbere. Imizigo yabo irimwo ivyo bazokoresha kuri urwo rugendo. Batwaye kandi intererano zegeranijwe zigenewe abakirisu b’i Yudaya bugarijwe n’ubukene, kandi si bo bazobona iyo ngabirano irashikiriye abo igenewe.

2 Akayaga karahuhutira mu bitambara vy’ubwato, na bwo bugaca buhaguruka bugatangura kugenda. Nya bagabo babiri hamwe n’abandi indwi bafadikanije urwo rugendo, baguma bitegereza abavukanyi babo bijiriwe bari ku nkengera y’ikiyaga. (Ivyak. 20:4, 14, 15) Pawulo n’abo bafadikanije urugendo baguma bapepera abo bagenzi babo gushika ubwato bushitse kure aho bataba bagishobora kubabona.

3 Pawulo yari amaze imyaka nk’itatu asenyera ku mugozi umwe n’abo bakurambere b’i Efeso. Ubu na ho, ayobowe n’impwemu nyeranda, ariko aja i Yeruzalemu. Arazi ku rugero runaka ibiraririye kumushikira. Imbere y’aho, yari yabwiye abo bakurambere ati: «Ngiye i Yeruzalemu nsunitswe n’impwemu, naho ntazi ibizonshikira ngezeyo. Ico nzi co ni uko mu gisagara no mu kindi impwemu nyeranda iguma imburira yuko nzopfungwa nkongera ngashikirwa n’amakuba.» (Ivyak. 20:22, 23) Naho Pawulo ageramiwe, yumva “asunitswe n’impwemu,” ivyo bikaba bisobanura ko ku ruhande rumwe abwirizwa gukurikiza ubuyobozi impwemu yamuhaye bumusaba kuja i Yeruzalemu, ku rundi ruhande na ho akaba afise umutima ukunze wo kubigira. Naho ubuzima bwiwe abuha agaciro, gukora ivyo Imana igomba ni co kintu gihambaye kuruta ibindi vyose kuri we.

4 Woba na we ari ko ubibona? Igihe twiyeguriye Yehova, turasezerana ata gufyina ko gukora ivyo agomba ari co kintu gihambaye kuruta ibindi vyose mu buzima bwacu. Turashobora kwungukira ku kurimbura akarorero k’iyo ntumwa y’intahemuka.

Barengana «izinga rya Shipure» (Ivyak. 21:1-3)

5. Pawulo na bagenziwe baciye he kugira ngo bashike i Tiro?

5 Ubwato Pawulo na bagenziwe barimwo bwagenda “bunyaruka ata handi buciye.” Ivyo bisobanura yuko nya bwato bwagenda burasunikwa n’imiyaga yabuturuka inyuma ku buryo baraye bashitse i Kosi. (Ivyak. 21:1) Bisa n’uko ubwo bwato bwaraye ng’aho i Kosi imbere y’uko bubandanya gushika i Rode be n’i Patara. Nya bavukanyi bageze i Patara, aho hakaba ari ku nkengera y’ikiyaga mu Bumanuko bwa Aziya Ntoya, baciye bafata ubwato bunini bwabashikanye i Tiro muri Fenisiya ata handi burinze guca. Kuri urwo rugendo, bararenganye “izinga rya Shipure risigara inyuma ibubamfu.” (Ivyak. 21:3) Ni kubera iki none Luka, umwanditsi w’igitabu c’Ivyakozwe, yavuze ayo makuru y’ido n’ido?

6. (a) Ni kubera iki ukuba Pawulo yarabonye izinga rya Shipure bishobora kuba vyaramuremesheje? (b) Ni iciyumviro ikihe ushobora gushikako igihe uzirikanye ku kuntu Yehova yaguhezagiye be no ku kuntu yagufashije?

6 Pawulo ashobora kuba yaratunze urutoke iryo zinga, maze aca abiganira ivyabaye igihe yariko yamamarizayo. Igihe Pawulo yari ku rugendo rwiwe rwa mbere rw’ubumisiyonari, aho hakaba hari haciye imyaka hafi icenda, we hamwe na Barunaba be na Yohani Mariko, barahahuriye n’umupfumu umwe yitwa Elima yarwanije igikorwa cabo co kwamamaza. (Ivyak. 13:4-12) Kuba Pawulo yarabonye iryo zinga kandi akazirikana ku vyari vyarahabereye, bishobora kuba vyaramuremesheje vyongera biramuronsa inkomezi zo kwihanganira ivyari biraririye kumushikira. Na twebwe turashobora kwungukira ku kuzirikana ku bijanye n’ukuntu Imana yaduhezagiye ikongera ikadufasha kwihanganira ibigeragezo. Kuzirikana mwene ukwo kwoshobora gutuma twumva tumerewe nk’uko Dawidi yumvise amerewe igihe yandika ati: «Ibigeragezo vy’umugororotsi ni vyinshi, ariko Yehova arabimukiza vyose.»​—Zab. 34:19.

«Twararondeye abigishwa turabatora» (Ivyak. 21:4-9)

7. Pawulo n’abo bari bafadikanije urugendo bakoze iki bashitse i Tiro?

7 Pawulo yaratahura neza ko kwifatanya n’abakirisu bagenziwe vyari bihambaye cane, akaba ari co gituma yari ashashaye kuba ari kumwe na bo. Luka avuga yuko bashitse i Tiro, baciye “barondera abigishwa barabatora.” (Ivyak. 21:4) Kubera ko Pawulo n’abo bari bafadikanije urugendo bari bazi yuko aho i Tiro hariho abakirisu bagenzi babo, barabarondeye barabatora, kandi bishoboka ko bano baciye babaha indaro. Umwe mu mihezagiro ihambaye iva ku kumenya ukuri ni uw’uko aho twoja hose, dushobora kuhasanga abo dusangiye ukwizera batwakira neza. Abakunda Imana kandi bakaba bari mu nsengo y’ukuri barifitiye abagenzi mu mihingo yose y’isi.

8. Dukwiye gutahura gute ibivugwa mu Vyakozwe 21:4?

8 Mu kudondora ibijanye n’imisi indwi bamaze i Tiro, Luka aravuga ikintu gisa n’icozazanira umuntu akicumva, ati: «Biciye ku mpwemu [abavukanyi b’i Tiro] baguma babwira Pawulo kudahonyoza ikirenge i Yeruzalemu.» (Ivyak. 21:4) Yehova yoba none yari yahinduye ukuntu yabona ibintu? Yoba ico gihe yariko abuza Pawulo kuja i Yeruzalemu? Habe namba. Impwemu yari yarerekanye ko Pawulo yofashwe nabi i Yeruzalemu, ariko ntiyari yerekanye yuko yari akwiye kwirinda kuja muri ico gisagara. Bisa n’uko biciye ku mpwemu nyeranda, abo bavukanyi b’i Tiro bari baratahuye neza ko Pawulo yoshikiwe n’ingorane i Yeruzalemu. Ku bw’ivyo rero, barahimirije Pawulo ngo ntaje muri ico gisagara, kuko bari bamubabaye. Icipfuzo bari bafise co kumukingira ngo ntashikirwe n’ako kaga, carumvikana. Naho vyari ukwo, kubera ko Pawulo yari yiyemeje gukora ivyo Yehova agomba, yarabandanije urugendo rwiwe rwo kuja i Yeruzalemu.​—Ivyak. 21:12.

9, 10. (a) Aho Pawulo aboneye ko abavukanyi b’i Tiro bari bamubabaye, ni ikintu ikihe gisa n’ico ashobora kuba yaciye yibuka? (b) Ni iciyumviro ikihe ceze mw’isi ya kino gihe, kandi ni gute ivyo biteye kubiri n’ivyo Yezu yavuze?

9 Aho Pawulo yumviye ko abavukanyi bari bamubabaye, ashobora kuba yaciye yibuka yuko Yezu yigeze gushikirwa n’ikintu nk’ico nyene inyuma y’aho abwiriye abigishwa biwe ko yogiye i Yeruzalemu, agashikirwa n’ibintu vyinshi bibabaje, n’ukwicwa akicwa. Petero abitumwe n’ikibabarwe yari afitiye Yezu, yamubwiye ati: «Ntibikabe Mukama! Ivyo bintu ntibizogenda bigushikiye.» Yezu yaciye asubizayo ati: «Ja inyuma yanje Shetani! Uri igitsitaza kuri jewe, kuko utiyumvira ivyiyumviro vy’Imana, ahubwo wiyumvira ivy’abantu.» (Mat. 16:21-23) Yezu yari yiyemeje gukurikirana ingendo y’ukwitanga, ico kikaba ari co cari catumye Imana imurungika. Na Pawulo kwari ukwo. Nka kumwe kw’intumwa Petero, nta gukeka ko abo bavukanyi b’i Tiro ata mvo mbi bari babigiranye, ariko ntibari batahuye neza igomba ry’Imana.

Gukurikira Yezu bisaba kugira agatima ko kwitanga

10 Abenshi muri iki gihe usanga bakunda kwibabarira no kwiyorohereza mu buzima. Abantu muri rusangi usanga bironderera idini riborohereza kandi ritabasaba ibintu vyinshi. Igihushanye n’ivyo, Yezu yahimirije abantu kubona ibintu mu buryo ata ho busa busana n’ubwo. Yabwiye abigishwa biwe ati: «Nimba hari uwushaka kunkurikira, niyiyanke, yikorere igiti ciwe co kubabarizwako hanyuma agume ankurikira.» (Mat. 16:24) Gukurikira Yezu ni yo ngendo iranga ubukerebutsi kandi ibereye, yamara itoroshe.

11. Abigishwa b’i Tiro berekanye gute ko bari bafitiye igishika Pawulo be n’uko bari bamushigikiye?

11 Igihe c’uko Pawulo, Luka, be n’abandi bari kumwe babandanya urugendo nticatevye gushika. Inkuru yigana ukugenda kwabo irakora ku mutima cane. Irerekana igishika abavukanyi b’i Tiro bari bafitiye Pawulo be n’ukuntu bashigikira ubusuku bwiwe bimwe bikomeye. Abagabo, abagore be n’abana, bose baraherekeje Pawulo be na bagenziwe gushika ku kiyaga. Bose hamwe, barapfukamye maze barasenga, hanyuma barasezerana. Ivyo biheze, Pawulo, Luka, be n’abo bari kumwe baciye bafata ubundi bwato babandaniriza urugendo rwabo i Putolemayi, aho babonanye n’abavukanyi maze bagumana na bo umusi umwe.​—Ivyak. 21:5-7.

12, 13. (a) Ni ibiki bivugwa ku bijanye n’igikorwa Filipo yarangura adahemuka? (b) Ni mu buryo ki Filipo abera akarorero keza ba serugo bakirisu bo muri iki gihe?

12 Luka avuga yuko Pawulo n’abo bari bafadikanije urugendo baciye baja i Sezariya. Bashitseyo, “barinjiye mu nzu yʼumwigisha wʼinkuru nziza yitwa Filipo.” a (Ivyak. 21:8) Bategerezwa kuba barahimbawe no kubona Filipo. Imyaka hafi 20 imbere y’aho, i Yeruzalemu, yari yaragenywe n’intumwa kugira ngo asahirize mu gikorwa co kugabura ibifungurwa mw’ishengero rya gikirisu ryari riherutse gushingwa. Filipo yari amaze igihe kirekire yamamaza abigiranye umwete. Niwibuke ko igihe uruhamo rwatuma abigishwa basanzara, Filipo yaciye aja i Samariya maze aca atangura kwamamazayo. Mu nyuma, yarabwiye inkuru nziza ya nkone y’Umunyetiyopiya yongera arayibatiza. (Ivyak. 6:2-6; 8:4-13, 26-38) Ese ukuntu ako ari akarorero keza k’umuntu yakoreye Yehova adahemuka!

13 Filipo yari agifitiye umwete ubusuku. Muri ico gihe, Filipo yaba i Sezariya, akaba yari acitanga cane mu gikorwa co kwamamaza, ivyo Luka akaba avyerekana mu kumwita «umwigisha wʼinkuru nziza.» Tubwirwa kandi ko ico gihe yari afise abakobwa bane bavuga ubuhanuzi, ivyo bikaba vyerekana ko bakurikiza akarorero ka se. b (Ivyak. 21:9) Filipo ategerezwa rero kuba yarita ku rutare kugira ngo akomeze mu buryo bw’impwemu abo mu rugo rwiwe. Vyoba vyiza abavyeyi bakirisu bo muri iki gihe biganye akarorero kiwe, bakaja imbere abana babo mu busuku bakongera bakabafasha kurushiriza gukunda ico gikorwa co kwamamaza inkuru nziza.

14. Kuba Pawulo yaragendera abakirisu bagenziwe vyavuyemwo iki, kandi ni uturyo nk’utwo utuhe turiho muri iki gihe?

14 Aho Pawulo yaca hose, yararondera abakirisu bagenziwe, maze akamara igihe ari kumwe na bo. Nta gukeka ko abavukanyi bo mu gisagara yaba agezemwo baba bashashaye kwakira uwo mumisiyonari na bagenziwe. Ukuba yaragendera abo bavukanyi nta gukeka ko vyatuma “bahanahana indemesho.” (Rom. 1:11, 12) No muri iki gihe uturyo nk’utwo turaboneka. Urashobora kwironkera ivyiza bihambaye wakiriye umucungezi w’umuzunguruko be n’umukenyezi wiwe mu nzu iwawe, naho yoba ibayabaye gute.​—Rom. 12:13.

“Niteguriye gupfa” (Ivyak. 21:10-14)

15, 16. Ni ubutumwa ubuhe Agabo yaje azanye, kandi ababwumvise bumvise bamerewe gute?

15 Pawulo akiri kwa Filipo, haraje uwundi mushitsi yubahwa cane, uwo na we akaba yari Agabo. Abari bakoraniye kwa Filipo bari bazi ko Agabo ari umuhanuzi, akaba yari yaravuze imbere y’igihe ibijanye nʼinzara ikomeye yateye ku ngoma ya Kolode. (Ivyak. 11:27, 28) Bashobora kuba bibajije bati: «Ni kubera iki Agabo aje ng’aha? Azanye ubutumwa nyabaki?» Bakiriko baramwitegereza badakoma urugohe, yaratoye umukaba wa Pawulo, uno ukaba wari igitambara kirekire cashobora gutekerwamwo amahera canke ibindi bintu. Agabo yarawibohesheje amaguru n’amaboko, maze aca afata ijambo. Ubutumwa yashikirije bwari buhambaye cane. Bwavuga buti: «Impwemu nyeranda ivuze iti: “Umugabo nyene uyu mukaba, uku ni ko Abayuda bazomuboha i Yeruzalemu, bamushikirize abanyamahanga”»​—Ivyak. 21:11.

16 Ubwo buhanuzi bwaremeje ko Pawulo yogiye i Yeruzalemu. Bwarerekanye kandi yuko impera n’imperuka Abayuda bomutanze ku «banyamahanga.» Ubwo buhanuzi bwarabujije amahoro abari ng’aho. Luka yandika ati: «Aho twumviye ivyo, twe n’abo twari kumwe dutangura kumwinginga ngo ntaduge i Yeruzalemu. Maze Pawulo yishura ati: “Murizwa n’iki? Kubera iki muriko mugerageza kunca intege ngo sinjeyo? Mumenye neza ko ntiteguriye gusa kuboherwa i Yeruzalemu, ariko niteguriye no gupfirayo ku bw’izina ry’Umukama Yezu.”»​—Ivyak. 21:12, 13.

17, 18. Pawulo yerekanye gute ko yari ashikamye ku mwiyemezo yari afise, kandi abavukanyi bavyakiriye gute?

17 Iyumvire nawe! Abo bavukanyi, ushizemwo na Luka, bariko binginga Pawulo ngo ntabandanye urwo rugendo. Muri abo bavukanyi, hari n’abariko bararira. Pawulo abitumwe n’ukwo kumwitwararikana urukundo, arababwirana ikibabarwe yuko bariko “bagerageza kumuca intege ngo ntajeyo,” canke ko bariko “bamurandura umutima,” nk’uko Bibiliya zimwezimwe zihindura ijambo ryo mu kigiriki ryakoreshejwe muri uwo murongo. Naho biri ukwo, aguma ashikamye ku mwiyemezo wiwe, kandi nk’uko vyari vyagenze igihe yari kumwe n’abavukanyi b’i Tiro, ntareka ngo ukwo kumwinginga be n’ayo marira bitume adohoka. Ahubwo riho, arabasigurira igituma ategerezwa kubandanya urugendo rwiwe. Ese ukuntu yagaragaje umutima rugabo n’ukwumira kw’ibanga! Nka kumwe kwa Yezu, Pawulo yagumye ashikamye ku mwiyemezo yari afise wo kuja i Yeruzalemu. (Heb. 12:2) Naho Pawulo atariko arondera kuba umumaratiri, biramutse bibaye, yobonye ko ari agateka kwicwa ahowe yuko ari umuyoboke wa Kristu Yezu.

18 None abo bavukanyi bavyakiriye gute? Mw’ijambo rimwe, baramwubahirije. Dusoma duti: «Vyanse ko ateshwa, duca turareka kumubuza, tuvuga duti: “Ivyo Yehova agomba nibibe.”» (Ivyak. 21:14) Abagerageje kujijura Pawulo kugira ngo areke kuja i Yeruzalemu ntibagumye bamugobera ngo akore ibintu nk’uko bo bashaka. Barateze yompi Pawulo bongera bariyorosha, baremera icese ko ivyo vyari bihuye n’igomba rya Yehova, naho nyene kubigenza gutyo rwabaye urugamba kuri bo. Pawulo yari yatanguye urugendo rwohavuye rumushikana ku kwicwa. Vyari kworohera cane Pawulo iyo abo bavukanyi bamukunda cane batagerageza kumujijura ngo ahagarike urwo rugendo.

19. Ni icigwa ikihe gihambaye cane dukura ku vyashikiye Pawulo?

19 Turakura icigwa gihambaye cane ku vyashikiye Pawulo, na co kikaba ari iki: Ntitwigere tugerageza kujijura abandi ngo bareke kwitanga mu murimo w’Imana. Ico cigwa turashobora kugikoresha mu bintu vyinshi bitandukanye, atari gusa mu vyotuma umuntu ahasiga ubuzima. Nk’akarorero, igihe abavyeyi benshi bakirisu babona ko ari urugamba kureka abana bakava i muhira kugira ngo baje gusukurira Yehova mu turere twa kure, usanga biyemeza kutabaca intege. Uwitwa Phyllis, uno akaba aba mu Bwongereza, aribuka ingene yumvise amerewe igihe umukobwa wabo umwe rudende yaja gukorera umurimo w’ubumisiyonari muri Afrika. Phyllis yavuze ati: «Cari igihe giteye akababaro. Vyarangoye cane kwemera ko yari agiye gukorera kure yacu. Hamwe numva mbabaye, ahandi na ho nkumva ndavyishimiye. Narasenze cane ku bw’ico kintu. Ariko ni ingingo yari yifatiye, kandi sinigeze ngerageza kumujijura ngo ave kuri iyo ngingo. Nakare, nama nantaryo ndamwigisha gushira ivyungura Ubwami mu kibanza ca mbere! Ubu amaze imyaka 30 akorera mu mahanga, kandi nama nkengurukira Yehova buri musi kubona uwo mukobwa wanje aguma ari umwizigirwa.» Ese ukuntu ari vyiza cane kuremesha abakirisu bagenzi bacu kugira agatima ko kwitanga!

Ni vyiza kuremesha abakirisu bagenzi bacu bafise agatima ko kwitanga

«Abavukanyi batwakirana umunezero» (Ivyak. 21:15-17)

20, 21. Ni igiki cerekana ko Pawulo yari afise icipfuzo co kuba kumwe n’abo basangiye ukwizera, kandi kubera iki yari afise ico cipfuzo?

20 Imyiteguro irangiye, Pawulo yarabandanije urugendo rwiwe aherekejwe na nya bavukanyi, gutyo bakaba bari bagaragaje ko bamushigikiye n’umutima wabo wose. Aho Pawulo na bagenziwe baba bageze muri urwo rugendo bariko baja i Yeruzalemu, barifatanya n’abavukanyi be na bashiki babo baho. I Tiro, baraharondeye abigishwa barabatora, hanyuma bamara imisi indwi bari kumwe na bo. I Putolemayi, bararamukije abavukanyi, bongera bamara umusi bari kumwe na bo. I Sezariya na ho, baramaze imisi nk’ingahe kwa Filipo. Ubukurikira, hari abigishwa b’i Sezariya baherekeje Pawulo na bagenziwe gushika i Yeruzalemu, aho baciye bahabwa indaro n’umwigishwa wo mu ntango yitwa Munasoni. Luka avuga yuko aho amaherezo bashikiye i Yeruzalemu, “abavukanyi babakiranye umunezero.”​—Ivyak. 21:17.

21 Biragaragara ko Pawulo yipfuza kuba ari kumwe n’abo basangiye ukwizera. Iyo ntumwa yararemeshwa n’abavukanyi, ukwo akaba ari ko biri no muri iki gihe. Nta gukeka ko izo ndemesho Pawulo yahawe zamuronkeje inkomezi zo kwihanganira abantu bashangashiwe bamurwanya, barondera kumwica.

b Raba uruzitiro ruvuga ngo « Abagore boba bashobora kuba abasuku?»