Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 21

«Ndera ku bijanye n’amaraso y’abantu bose»

«Ndera ku bijanye n’amaraso y’abantu bose»

Umwete Pawulo agaragaza mu busuku be n’impanuro aha abakurambere

Bishingiye ku Vyakozwe 20:1-38

1-3. (a) Vuga ukuntu bigenda ngo Eyutiko apfe. (b) Ni igiki Pawulo akora, kandi ivyo bihishura iki ku bimwerekeye?

 PAWULO ari kumwe n’isinzi ry’abantu mu cumba kimwe co hejuru i Tirowa. Aramara umwanya munini ariko arashikiriza ijambo abo bavukanyi, kuko buca agenda. Ni mu gicugu. Muri ico cumba, hari amatara menshi ariko araka, akaba ari yo atuma haba ubushuhe bwinshi, kumbure hakuzura n’imyotsi. Hari umusore yitwa Eyutiko yicaye kw’idirisha. Magingo Pawulo akibandanya kuvuga, Eyutiko arasinzira itiro rinini maze akagwa hasi avuye kw’igorofa igira gatatu!

2 Kubera ko Luka ari umuganga, ashobora kuba ari mu bantu ba mbere birukanga hanze gusuzuma uwo musore. Emwe, ntawokwirirwa arabaza ko Eyutiko agihema! Eyutiko «bamutora yapfuye.» (Ivyak. 20:9) Ariko haca haba igitangaro. Pawulo arita kuri uwo musore hanyuma akabwira iryo sinzi ati: «Nimureke guta umutwe kuko ari muzima.» Pawulo yari yatumye Eyutiko asubira kuba muzima!​—Ivyak. 20:10.

3 Ico gitangaro kirerekana ububasha bw’impwemu nyeranda y’Imana. Nta n’umwe yokwagirije Pawulo ivy’urwo rupfu rwa Eyutiko. Naho ari ukwo, Pawulo ntiyashatse yuko urupfu rw’uwo musore rusiga iceyi ico kiringo gihambaye canke ngo rutsitaze umuntu n’umwe mu buryo bw’impwemu. Biciye ku kuzura Eyutiko, Pawulo yasize ahojeje abagize ishengero kandi abakomeje cane kugira ngo barangure ubusuku bwabo. Bigaragara ko Pawulo yatahura cane yuko yari n’ico abazwa ku buzima bw’abandi. Ivyo biratwibutsa amajambo yiwe agira ati: «[Ndera] ku bijanye n’amaraso y’abantu bose.» (Ivyak. 20:26) Nimuze turimbure ukuntu akarorero ka Pawulo gashobora kudufasha muri ivyo.

«Afata urugendo aja i Masedwane» (Ivyak. 20:1, 2)

4. Ni ibintu ibihe bitoroshe Pawulo yari ahejeje gucamwo?

4 Nk’uko vyavuzwe mu kigabane c’imbere y’iki, Pawulo yari ahejeje guca mu bintu bitoroshe. Ubusuku yaranguriye i Efeso bwari bwatumye haba uruhagarara. Nkako, abahinguzi b’ifeza, abakesha uburaro n’uburamuko ku vy’ugusenga Arutemi, bari bagize uruhara mu ntureka yateye aho i Efeso. Mu Vyakozwe 20:1 havuga hati: «Iyo ntureka imaze guhwama, Pawulo atumako abigishwa, hanyuma amaze kubaremesha no kubasezera, afata urugendo aja i Masedwane.»

5, 6. (a) Pawulo ashobora kuba yamaze igihe kingana gute i Masedwane, kandi ni igiki yagiriye abavukanyi baho? (b) Pawulo yaguma abona gute abakirisu bagenziwe?

5 Igihe Pawulo yariko aja i Masedwane, yaramaze igihe kinaka ku kivuko c’i Tirowa. Pawulo yari yiteze ko Tito, uwo yari yarungitse i Korinto, yohamusanze. (2 Kor. 2:12, 13) Ariko rero, aho bigaragariye yuko Tito atoje, Pawulo yaciye abandaniriza urugendo rwiwe i Masedwane, kumbure amara umwaka umwe canke urenga ariko «[abwira] abaho amajambo menshi yo kubaremesha.» a (Ivyak. 20:2) Tito yahavuye ahambiriza Pawulo i Masedwane, aje azanye agakuru keza kerekana ukuntu Abakorinto bari bakiriye ikete rya mbere Pawulo yari yabandikiye. (2 Kor. 7:5-7) Ivyo vyatumye Pawulo aca abandikira irindi kete, na ryo rikaba ari Ikete rya kabiri ryandikiwe Abakorinto.

6 Biri n’ico bivuze kubona Luka akoresha imvugo ngo “kuremesha” mu kwigana ibijanye n’ingendo Pawulo yagize i Efeso n’i Masedwane, agiye kuramutsa abavukanyi. Ese ukuntu iyo mvugo yerekana neza ingene Pawulo yabona abakirisu bagenziwe! Pawulo ntiyari ameze nk’Abafarizayo, abasuzugura abandi bantu; wewe yabona ko abakorana na we ari intama. (Yoh. 7:47-49; 1 Kor. 3:9) Pawulo yaguma ababona muri ubwo buryo n’igihe vyaba ari ngombwa ko abaha impanuro zikomeye.​—2 Kor. 2:4.

7. Abahagarikizi mwʼishengero bashobora gute kwigana akarorero ka Pawulo muri iki gihe?

7 Muri iki gihe, abakurambere bo mu mashengero be n’abacungezi b’imizunguruko barihatira kwigana akarorero ka Pawulo. N’igihe co gukangira, babigira bafise intumbero yo gukomeza ababa bakeneye gufashwa. Abacungezi barihatira n’ikibabarwe cinshi kuremesha abavukanyi aho kubacira rubi. Umucungezi umwe w’umuzunguruko abumazemwo igihe yavuze ati: «Abavukanyi na bashiki bacu nka bose usanga bipfuza gukora ibigororotse, ariko akenshi baranyinyana n’ibintu bibabaza, ubwoba, be n’ukwumva ko ata co bishoboje.» Abahagarikizi mwʼishengero barashobora gukomeza mwene abo bakirisu bagenzi babo.​—Heb. 12:12, 13.

“Bategura umugambi wo kumugirira nabi” (Ivyak. 20:3, 4)

8, 9. (a) Ni igiki catumye umugambi Pawulo yari afise wo kuja i Siriya upfa? (b) Ni igiki gishobora kuba caratumye Abayuda bagirira inzika Pawulo?

8 Pawulo avuye ng’aho i Masedwane, yaciye aja i Korinto. b Haheze amezi atatu ari aho i Korinto, yaragize icipfuzo gikomeye co kuja i Kenkireya, aho yategekanya yuko yociye afatira ubwato akaja i Siriya. Avuye ng’aho i Siriya, yoshoboye guca aja i Yeruzalemu kugira ngo ashikirize imfashanyo abavukanyi baho bari bugarijwe n’ubukene. c (Ivyak. 24:17; Rom. 15:25, 26) Yamara rero, hari ikintu kitari citezwe caciye gituma umugambi wiwe upfa. Mu Vyakozwe 20:3 hagira hati: «Abayuda bari bateguye umugambi wo kumugirira nabi.»

9 Ntibitangaje rero kubona Abayuda baragiriye inzika Pawulo, kuko babona yuko ngo yahevye Imana. Imbere y’aho, ubusuku bwiwe bwari bwatumye Kirisipo, umuntu ahambaye wo mw’isinagogi y’i Korinto, acika umukirisu. (Ivyak. 18:7, 8; 1 Kor. 1:14) Ikindi gihe na ho, Abayuda b’i Korinto bari bagirije Pawulo imbere ya Galiyo, uno akaba yari buramatari w’intara ya Akaya. Yamara, Galiyo yari yiyamirije nya birego kuko yabona ko ata shingiro vyari bifise, ivyo bikaba vyarashavuje cane abansi ba Pawulo. (Ivyak. 18:12-17) Abayuda b’i Korinto bashobora kuba baramenye canke bariketse ko bidatevye Pawulo yofatiye ubwato i Kenkireya, maze baca baja inama yo kuhamutegera umutego. None yari gukora iki?

10. Kuba Pawulo yahisemwo kudaca i Kenkireya, yoba yabitumwe n’ubwoba? Sigura.

10 Kugira ngo Pawulo yikingire yongere akingire imfashanyo yari yahawe ngo azishire abavukanyi, ivyo guca i Kenkireya yaciye abivamwo, ahitamwo kubandanya urugendo rwiwe aciye i Masedwane. Ego ni ko, guca i musozi na vyo nyene vyarimwo ingeramizi. Amabarabara ya kera akenshi wasanga yinyegejemwo abambuzi. Eka mbere no mu mazu y’indaro yo kuri ayo mabarabara ntihari ahantu ho kwizigirwa. Yamara rero, Pawulo yahisemwo kwemera gushikirwa n’izo ngeramizi zo mu mabarabara aho guhangana n’izari ziraririye kumushikira aciye i Kenkireya. Igishimishije ni uko yari afise abo bari bafatanije urwo rugendo rwiwe rw’ubumisiyonari. Hari harimwo Arisitariko, Gayo, Sekundo, Sopatero, Timoteyo, Tirofimo be na Tikiko.​—Ivyak. 20:3, 4.

11. Ni mu buryo ki abakirisu bo muri iki gihe bakora ibishoboka vyose kugira ngo bikingire, kandi ni akarorero akahe Yezu yadusigiye muri ivyo?

11 Nk’ukwo kwa Pawulo, abakirisu bo muri iki gihe barakora uko bashoboye kwose kugira ngo bikingire mu busuku. Mu mihingo imwimwe, bagenda mu migwimigwi, n’imiburiburi ari babiribabiri, aho kugenda umuntu ari wenyene. Bite ho ku bijanye n’uruhamo? Abakirisu barazi ko bategerezwa guhamwa. (Yoh. 15:20; 2 Tim. 3:12) Yamara rero, ntibiroha. Rimbura akarorero ka Yezu. Igihe kimwe i Yeruzalemu, abamurwanya baratoye amabuye ngo bayamutere, ariko yaciye «[yinyegeza], aca arasohoka ava mu rusengero.» (Yoh. 8:59) Mu nyuma, igihe Abayuda baja inama yo kumwica, «Yezu ntiyasubi[ye] gutembera ku mugaragaro mu Bayuda. Ahubwo yaciye ava ng’aho, aja mu karere kari hafi y’ubugaragwa.» (Yoh. 11:54) Yezu yarakora ibitegereka kugira ngo yikingire mu gihe kubigenza gutyo bitaba biteye kubiri n’ivyo Imana igomba. Abakirisu bo muri iki gihe ni ko na bo nyene babigenza.​—Mat. 10:16.

“Barahojejwe bimwe bitagira urugero” (Ivyak. 20:5-12)

12, 13. (a) Izuka rya Eyutiko ryagize ico rikoze gute kw’ishengero? (b) Ni icizigiro ikihe Bibiliya itanga gihoza ababura ababo muri iki gihe?

12 Biboneka ko inyuma y’aho Pawulo na bagenziwe baciriye mu ntara yose ya Masedwane, baciye bafata inzira zitandukanye. Bigaragara ko bose hamwe basubiye guhurira i Tirowa. d Iyo nkuru ivuga iti: «Mu misi itanu tuba turabashikiriye i Tirowa.» e (Ivyak. 20:6) Aho ni ho Pawulo yazuriye wa musore Eyutiko twavuga mu ntango y’iki kigabane. Iyumvire ukuntu abavukanyi bumvise bamerewe igihe babona uwo mukirisu mugenzi wabo Eyutiko asubiye kuba muzima! Iyo nkuru ivuga yuko «bahojejwe bimwe bitagira urugero.»​—Ivyak. 20:12.

13 Ego ni ko, muri iki gihe nta bantu bazurwa ku gitangaro. Ariko rero, ababuze ababo “barahozwa bimwe bitagira urugero” biciye ku cizigiro Bibiliya itanga c’uko hazobaho izuka. (Yoh. 5:28, 29) Zirikana kuri iki kintu: Kubera ko Eyutiko yari umunyagasembwa, yahavuye asubira gupfa. (Rom. 6:23) Yamara, abazozurwa mw’isi nshasha y’Imana bazoba bafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera! Vyongeye, abazurirwa kuganza bari kumwe na Yezu mw’ijuru baraheza bakambara ukudapfa. (1 Kor. 15:51-53) Abakirisu bo muri iki gihe, baba ari abarobanuwe canke abagize «izindi ntama,» barafise imvo yumvikana yo “guhozwa bimwe bitagira urugero.”​—Yoh. 10:16.

«Ku mugaragaro n’inzu ku nzu» (Ivyak. 20:13-24)

14. Ni ibiki Pawulo yabwiye abakurambere b’i Efeso igihe babonanira i Mileto?

14 Pawulo na bagenziwe barabandanije urugendo baja i Aso bavuye aho i Tirowa, hanyuma bashika i Mitileni, i Kiyo, i Samo, n’i Mileto. Pawulo yashaka gushika i Yeruzalemu imbere y’uko umusi mukuru wa Pentekoti utangura. Kwihutira gushika i Yeruzalemu imbere y’uko Pentekoti itangura, ni vyo vyatumye kuri urwo rugendo rwiwe ahitamwo ubwato butarinze guca i Efeso. Ariko kubera ko Pawulo yipfuza kuvugana n’abakurambere b’i Efeso, yarabasavye ko bohurira i Mileto. (Ivyak. 20:13-17) Aho nya bakurambere bashikiye, Pawulo yababwiye ati: «Murazi neza ingene nigenjeje muri mwebwe kuva umusi nahonyoza ikirenge mu ntara ya Aziya. Narashumbiye Umukama ndabigiranye ukwicisha bugufi kwinshi, hariko n’amosozi n’ibigeragezo vyanshikira kubera imigambi y’Abayuda yo kungirira nabi. Kandi nta kintu na kimwe c’ingirakamaro naretse kubabwira canke ngo ndeke kubigisha ku mugaragaro n’inzu ku nzu. Mugabo narashinze intahe bimwe bishitse imbere y’Abayuda n’Abagiriki yuko bakwiye kwigaya imbere y’Imana, bakizera Umukama wacu Yezu.»​—Ivyak. 20:18-21.

15. Ni ivyiza bimwebimwe ibihe biva ku kwamamaza inzu ku nzu?

15 Muri iki gihe, hariho uburyo bwinshi dukoresha kugira ngo dushikirize abantu inkuru nziza. Nka kumwe kwa Pawulo, turihatira gusanga abantu aho baba bari, haba ari ku bituro vy’amabisi, ku mabarabara acamwo abantu benshi, canke mu tuguriro. Mugabo, kwamamaza inzu ku nzu biguma ari bwo buryo nyamukuru twebwe Ivyabona vya Yehova dukoresha. Uti kubera iki? Kimwe coco, ni uko kwamamaza inzu ku nzu bironsa abantu bose akaryo kabereye ko kwumva ubutumwa bw’Ubwami mu buryo budahorereza, ivyo bikaba rero vyerekana yuko Imana itagira nkunzi. Biratuma kandi abantu b’umutima nziraburyarya bitwararikwa umwumwe wese ku giti ciwe bivanye n’ivyo aba akeneye. Vyongeye, ubusuku bw’inzu ku nzu burakomeza ukwizera kw’ababugiramwo uruhara, bukanatuma batsimbataza kamere y’ukwihangana. Nkako, ikintu kiranga abakirisu b’ukuri bo muri iki gihe ni umwete bagaragaza mu kwamamaza inkuru nziza «ku mugaragaro be n’inzu ku nzu.»

16, 17. Pawulo yerekanye gute ko yari afise uburindutsi, kandi abakirisu bo muri iki gihe bigana gute akarorero kiwe?

16 Pawulo yarasiguriye abakurambere b’i Efeso ko atari azi ivyari birariye kumushikira asubiye i Yeruzalemu. Yababwiye ati: «Yamara rero simbona yuko ubuzima bwanje ari bwo buhambaye. Icompa gusa nkarangiza isiganwa ry’ubuzima n’igikorwa nahawe n’Umukama Yezu, co kwamamaza bimwe bishitse inkuru nziza ya bwa buntu buhebuje bw’Imana.» (Ivyak. 20:24) Pawulo abigiranye uburindutsi, yaranse ko hagira ikintu na kimwe kimubuza kurangiza igikorwa yari yarashinzwe, yaba ari amagara make canke ukurwanywa gukaze.

17 Muri iki gihe abakirisu na bo nyene barihanganira ingorane zitandukanye. Bamwe usanga igikorwa cabo kibujijwe na leta kandi bakaba bariko barahamwa. Abandi na bo, babigiranye umutima rugabo, usanga banyinyana n’indwara isinzikaza yo ku mubiri canke indwara iterwa n’umubabaro wo mu mutima. Abakirisu bakiri bato barahangana n’akosho k’urunganwe kw’ishure. Ivyabona vya Yehova baguma bashikamye nka kumwe kwa Pawulo, naho bashikirwa n’ibintu bimeze gute. Biyemeje «kwamamaza bimwe bishitse inkuru nziza.»

«Mwirinde ubwanyu, murinde n’ubusho bwose» (Ivyak. 20:25-38)

18. Ni gute Pawulo yagumye yirinze ngo ntiyagirwe n’amaraso, kandi abakurambere b’i Efeso boshoboye gute kubigenza gutyo?

18 Pawulo yaciye aronsa nya bakurambere b’i Efeso impanuro zitomoye, ivyo abigira mu kwitangako akarorero. Ubwa mbere, yarabamenyesheje yuko kumbure batosubiye kumubona. Yavuze ati: «[Ndera] ku bijanye n’amaraso y’abantu bose.» None abo bakurambere b’i Efeso bokwiganye gute Pawulo, gutyo bakaba birinze kwagirwa n’amaraso? Yababwiye ati: «Mwirinde ubwanyu, murinde n’ubusho bwose impwemu nyeranda yabagenyemwo ngo mube abahagarikizi, kugira muragire ishengero ry’Imana. Yariguze amaraso y’Umwana wayo bwite.» (Ivyak. 20:26-28) Pawulo yabagabishije ko «amabingira akaze» yokwinyegeje mu busho maze “akavuga ibigoramanze kugira ngo akwegere abigishwa inyuma yayo.” None abo bakurambere bari bakwiye gukora iki? Pawulo yabakebuye ati: «Mugume murikanuye . . . , kandi mwibuke yuko mu myaka itatu, ijoro n’umurango, ntigeze ndeka gukebura umwe wese muri mwebwe hariko n’amosozi.»​—Ivyak. 20:29-31.

19. Inyifato yo guheba Imana yatanguye mu mpera yʼikinjana ca mbere yari iyihe? Kandi yatumye haba iki mu binjana vyakurikiye?

19 Ayo «mabingira akaze» yatanguye kwibonekeza mu mpera z’ikinjana ca mbere. Nko mu 98 inyuma ya Kristu, intumwa Yohani yanditse ati: «Ariko n’ubu haramaze kuboneka ba antikristu benshi . . . Baratuvuyemwo, mugabo ntibari abacu. Iyo baba bari abacu bari kugumana natwe.» (1 Yoh. 2:18, 19) Mu kinjana ca gatatu, guheba Imana vyari bimaze gutuma habaho abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu; mu kinjana ca kane na ho ni ho Umwami w’abami Konsitantino yatangaza ko ubwo buryo bwo gusenga bwononekaye, ubwo yise ngo ni ubukirisu, bwemewe n’amategeko. Abakuru b’amadini “bavuze ibigoramanze” mu buryo bw’uko bafashe imigenzo ya gipagani bakayitirira iya gikirisu. Ingaruka zʼukwo guheba Imana ziracibonekeza mu nyigisho be no mu migenzo vyo mu madini y’abiyita abakirisu.

20, 21. Pawulo yagaragaje gute agatima ko kwitanga, kandi abakurambere bashobora gute kubigenza gutyo nyene muri iki gihe?

20 Uburyo Pawulo yari abayeho bwari butandukanye cane n’ubw’abo bantu bahavuye barondera kwungukira ku busho. Yarakora akazi kugira ngo aronke ikimubeshaho, ivyo akaba yabigira kugira ngo ntabere umuzigo ishengero. Pawulo ntiyitwararika abakirisu bagenziwe abitumwe n’agatima ko kurondera inyungu ziwe bwite. Pawulo yahimirije abakurambere b’i Efeso kugaragaza agatima ko kwitanga. Yababwiye ati: «Mufashe abagoyagoya. Mukwiye kandi kwibuka ya majambo y’Umukama Yezu, igihe ubwiwe yavuga ati: “Gutanga bizana umunezero kuruta guhabwa.”»​—Ivyak. 20:35.

21 Nka kumwe kwa Pawulo, abakurambere bakirisu bo muri iki gihe baragaragaza agatima ko kwitanga. Abajejwe ibanga ryo “kuragira ishengero ry’Imana” ntibameze nk’abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu, abo usanga barya imitsi abayoboke babo; bobo barangura amabanga bazezwa ata bwikunzi babigiranye. Ubwibone no guhahamira amaronko nta kibanza bifise mw’ishengero rya gikirisu, kuko abironderera «ubuninahazwa,» impera n’imperuka bazotaha zirayoye. (Imig. 25:27) Ukwita imbere nta kindi bishobora gushikanako umuntu atari uguteterwa.​—Imig. 11:2.

«Bose baraturikishije bararira.»​—Ivyakozwe 20:37

22. Ni igiki catumye abakurambere b’i Efeso bakunda cane Pawulo?

22 Urukundo nyakuri Pawulo yakunda abavukanyi biwe ni rwo rwatumye na bo nyene bamukunda cane. Nkako, igihe hari hageze ko agenda, «bose baraturiki[shije] bararira, bagumbira Pawulo bamusomana igishika.» (Ivyak. 20:37, 38) Mu vy’ukuri, abakirisu baraha agaciro kandi bagakunda abitanga ku bw’ineza y’ubusho ata bwikunzi babigiranye, nka kumwe kwa Pawulo. Igihe uzirikanye ku karorero keza ka Pawulo, ntuca ubona none ko atariko ariyemera canke ngo arenze urugero igihe yavuga ati: «[Ndera] ku bijanye n’amaraso y’abantu bose»?​—Ivyak. 20:26.

a Raba uruzitiro ruvuga ngo « Amakete Pawulo yandikiye i Masedwane

b Bishoboka ko igihe Pawulo yari agendeye i Korinto ari ho yandika ikete ryandikiwe Abaroma.

c Raba uruzitiro ruvuga ngo « Pawulo ashikiriza imfashanyo zo gutabara

d Ukuba Luka yishiramwo mu nkuru yo mu Vyakozwe 20:5, 6, bisa n’ivyerekana yuko we na Pawulo basubiye kubonanira i Filipi, aho hakaba ari ho Pawulo yari yamusize gatoyi imbere y’aho.​—Ivyak. 16:10-17, 40.

e Urugendo rwo kuva i Filipi gushika i Tirowa barugize mu misi itanu. Ivyo bishobora kuba vyatewe n’uko ico gihe hari imiyaga itorohereza ubwato barimwo, kubera ko urwo rugendo nyene baheruka kurugira mu misi ibiri gusa.​—Ivyak. 16:11.