Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 20

Ijambo rya Yehova «ribandanya gukwiragira no gutsinda» naho rirwanywa

Ijambo rya Yehova «ribandanya gukwiragira no gutsinda» naho rirwanywa

Ukuntu Apolo na Pawulo bagira ico baterereye mu gutuma inkuru nziza iguma itsinda

Bishingiye ku Vyakozwe 18:23–19:41

1, 2. (a) Ni ikintu ikihe kigeramiye Pawulo na bagenziwe i Efeso? (b) Ni ibiki tuza kurimbura muri iki kigabane?

 AMABARABARA y’i Efeso ariko yumvikanamwo uruyogoyogo, induru, be n’imigere y’abantu isinzi bariko barirukanga. Hari abantu baremye akagwi, kandi hari uruhagarara rukomeye cane! Babiri mu bafadikanije urugendo n’intumwa Pawulo barafatwa maze bakagenda baraburutwa. Mu kanya isase, ibarabara ryagutse ririko inyubakwa z’amaduka ku mpande zompi risigara rigarara magingo nya bantu isinzi barakaye bariko basendanisha binjira mu kibuga amahero c’inkino co muri ico gisagara, igishobora kujamwo abarorerezi bashika ku 25.000. Abenshi muri bo ntibazi n’icatumye haba iyo ntureka, yamara bikeka ko urusengero rwabo be n’ikimanakazi Arutemi bikundira, bibangamiwe. Ni co gituma baca batangura gusemerera bisubiriza nk’abasaze, bati: «Arutemi y’Abanyefeso irahambaye!»​—Ivyak. 19:34.

2 Turasubiye kubona ukuntu Shetani agerageza gukoresha akagwi k’abantu b’inkazi kugira ngo abuze yuko inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana ikwiragizwa. Ariko ntiwumve, ibikorwa biranga ubukazi si co kintu conyene Shetani akoresha. Muri iki kigabane, turaza kurimbura amayeri atari make Shetani yakoresheje kugira ngo aburabuze igikorwa abakirisu bo mu kinjana ca mbere bariko bararangura, no kugira ngo asambure ubumwe bari bafitaniye. N’igihambaye kuruta, turaza kubona yuko amayeri yose yakoresheje ata co yashitseko, kuko «ijambo rya Yehova [rya]bandanya gukwiragira no gutsinda, bimwe bikomeye.» (Ivyak. 19:20) Ni ibiki none vyatumye abo bakirisu batahukana intsinzi? Ni birya nyene bituma tuyitahukana muri iki gihe. Ego ni ko, Yehova ni we atuma dutahukana iyo ntsinzi. Ariko rero, cokimwe n’abo bakirisu bo mu kinjana ca mbere, na twebwe tubwirizwa kugira ico dukoze. Dufashijwe n’impwemu ya Yehova, turashobora gutsimbataza kamere zizodufasha kurangura neza ubusuku bwacu. Reka tubanze twihweze akarorero ka Apolo.

“Yari umuhanga mu Vyanditswe” (Ivyak. 18:24-28)

3, 4. Ni igiki Akwila na Prisila basanze Apolo atazi, kandi bamufashije gute?

3 Igihe Pawulo yariko aja i Efeso mu rugendo rwiwe rwa gatatu rw’ubumisiyonari, hari Umuyuda yitwa Apolo yashitse muri ico gisagara. Yaturuka mu gisagara cari kizwi cane citwa Alegizandiriya co mu Misiri. Apolo yari afise kamere zimwezimwe zidasanzwe. Yari umuntu azi kuvuga neza. Ikigeretse kuri ivyo, “yari umuhanga mu Vyanditswe.” N’ikindi kandi, “yarurumba impwemu.” Apolo abigiranye umwete mwinshi, yaravugana ubutinyutsi imbere y’Abayuda mw’isinagogi.​—Ivyak. 18:24, 25.

4 Akwila na Prisila barumvise Apolo ariko arigisha. Nta gukeka ko bahimbawe cane no kumwumva ariko «[arigisha] neza ivyerekeye Yezu.» Ivyo yavuga ku vyerekeye Yezu nta mahinyu vyarimwo. Yamara rero, abo bakirisu bubakanye ntibatevye kubona ko hari ikintu gihambaye Apolo atari azi. «Yari azi gusa ibatisimu ya Yohani.» Uwo mugabo n’umugore bicisha bugufi, abari basanzwe bakora umwuga wo kujisha amahema, ntibatewe ubwoba n’uko Apolo yari umuntu azi kuvuga neza be n’uko yari yarize. Ahubwo riho, «[baramwikebukanije] baja kumusigurira neza inyigisho z’Imana.» (Ivyak. 18:25, 26) None uwo mugabo yari asanzwe azi kuvuga neza kandi yize, yavyakiriye gute? Biboneka ko yagaragaje imwe muri kamere zihambaye cane kuruta izindi umukirisu wese akwiye gutsimbataza, na yo akaba ari ukwicisha bugufi.

5, 6. Ni igiki catumye Apolo akoreshwa cane na Yehova, kandi ni igiki twokwigira ku karorero yadusigiye?

5 Kubera ko Apolo yemeye gufashwa na Akwila be na Prisila, yahavuye aba umusavyi wa Yehova abishoboye kuruta. Yaragize ingendo mu ntara ya Akaya, aho “yafashije cane” abemera. Vyongeye, igikorwa ciwe co kwamamaza caragize ico gikoze ku Bayuda bo muri iyo ntara baguma bashimika ku vy’uko Yezu atari we Mesiya yari yarasezeranywe. Luka avuga ati: “Yarahinyuza rwose Abayuda n’ishaka ryinshi, akabereka yuko Yezu ari we Kristu akoresheje Ivyanditswe.” (Ivyak. 18:27, 28) Ese ukuntu Apolo yabereye umuhezagiro amashengero! Nkako, ubusuku yaranguye buri mu vyatumye «ijambo rya Yehova» riguma ritsinda. Ni igiki none dushobora kwigira ku karorero ka Apolo?

6 Birahambaye cane rwose ko abakirisu batsimbataza kamere y’ukwicisha bugufi. Umwe wese muri twebwe yarahawe ingabirano yisangije, zaba ari izijanye n’ububangukirwe asanzwe afise, utuntu n’utundi azi, canke ubumenyi yaronse. Ariko rero, dukwiye kumenyekanira kuri ukwo kwicisha bugufi, aho kumenyekanira kuri izo ngabirano. Ahandi ho, izo ngabirano zohava zidukwegera akarambaraye. Twohava dusanga twasasiye indava ubwibone. (1 Kor. 4:7; Yak. 4:6) Niba twicisha bugufi vy’ukuri, tuzokwihatira kubona ko abandi baturuta. (Flp. 2:3) Ntituzoshavuzwa n’uko abandi badukosoye canke ngo twiyamirize kwigishwa na bo. Nta gukeka ko tutazokwumira n’ubwibone n’akantu ku vyiyumviro vyacu bwite, nitwamenya yuko bidahuje n’ukuntu impwemu nyeranda iriko irayobora ibintu. Yehova be n’Umwana wiwe bariteguriye kudukoresha igihe cose tuzoguma turi abantu bicisha bugufi.​—Luka 1:51, 52.

7. Ni gute Pawulo na Apolo badusigiye akarorero mu bijanye no kwicisha bugufi?

7 Ukwicisha bugufi kuraturinda kandi agatima ko guhiganwa. Woba ushobora kwiha ishusho y’ukuntu Shetani yari ashashaye gutuma abakirisu bo mu ntango bicamwo ibice? Uzi ukuntu yari gutamba agatarika iyo ba bagabo babiri b’abanyamwete, ari bo Apolo be n’intumwa Pawulo bareka agatima ko guhiganwa kakabiganzira, kumbure bakarondera n’ishari n’akantu kuba rurangiranwa mu mashengero! Vyari vyoroshe ko ivyo babigira. I Korinto, hari abakirisu bari batanguye kuvuga ngo «ndi uwa Pawulo,» abandi na bo ngo «ndi uwa Apolo.» Pawulo na Apolo boba none bararemesheje mwene ako gatima k’amacakubiri? Habe namba! Pawulo yaremeye abigiranye ukwicisha bugufi ko Apolo yaterereye agacumu k’ubumwe ku gikorwa, aramutera uduteka tw’umurimo. Apolo na we yarakurikije ubuyobozi Pawulo yamuha. (1 Kor. 1:10-12; 3:6, 9; Tito 3:12, 13) Ese ukuntu ako ari akarorero keza kadufasha muri iki gihe gusenyera ku mugozi umwe twicishije bugufi!

“Agerageza kujijura abantu ku vyerekeye Ubwami bw’Imana” (Ivyak. 18:23; 19:1-10)

8. Pawulo yaciye hehe mu gusubira i Efeso, kandi kubera iki?

8 Pawulo yari yarasezeranye ko yosubiye i Efeso, kandi ntiyavuze amasigaracicaro. a (Ivyak. 18:20, 21) Ariko, raba ukuntu yasubiyeyo. Tumuheruka ari i Antiyokiya h’i Siriya. Kugira ngo ashike i Efeso, yari kugira urugendo rutoyi rwari kumushikana i Selesiya, maze agaca afata ubwato bwari kumushikanayo ata handi yiriwe araca. Aho gufata iyo nzira, yaciye «mu ntara zo hagati mu gihugu.» Hari abagereranije yuko urugendo Pawulo yagize rudondorwa mu Vyakozwe 18:23 no mu Vyakozwe 19:1 rwoba rwareha n’ibilometero nka 1.600! Ni kubera iki none Pawulo yahisemwo kugira urwo rugendo ruruhisha ukuraho? Kwari ukugira ngo ashitse intumbero yiwe yo “gukomeza abigishwa bose.” (Ivyak. 18:23) Cokimwe na za ngendo zibiri za mbere z’ubumisiyonari yagira, urugendo rwiwe rwa gatatu rwomusavye kugira akigoro gakomeye, ariko we yabona ko atariko aruhira ubusa. Abacungezi b’imizunguruko n’abakenyezi babo baragaragaza mwene ako gatima muri iki gihe. Ntidukenguruka none urukundo rwabo rwo kwitanga?

9. Ni kubera iki umugwi umwe w’abigishwa bari bakwiye gusubira kubatizwa, kandi ni igiki twokwigira ku nyifato bagaragaje?

9 Pawulo ashitse i Efeso, yasanze hari umugwi w’abigishwa 12 ba Yohani Umubatizi. Bari babatijwe biciye kw’ibatisimu ya Yohani, ino ikaba itari igikora. N’ikindi kandi, basa n’abari bazi bike canke ata na kimwe bari bazi ku vyerekeye impwemu nyeranda. Pawulo yarabafashije gutahura ibijanye n’ukubatizwa mw’izina rya Yezu, kandi nka kumwe kwa Apolo, baricishije bugufi bongera barerekana ko bashashaye kumenya n’ibindi vyinshi. Inyuma y’aho babatirijwe mw’izina rya Yezu, bararonse impwemu nyeranda be n’ingabirano zimwezimwe zo gukora ibitangaro. Biragaragara rero ko kuguma tujana n’ishirahamwe rya Yehova riguma ritera imbere nk’umuzinga, bituzanira imihezagiro.​—Ivyak. 19:1-7.

10. Ni kubera iki Pawulo yahevye kwigishiriza mw’isinagogi akimukira mu ngoro imwe y’ishure, gutyo aba adusigiye akarorero akahe mu busuku turangura?

10 Budakeye na kabiri hari n’abandi bagize iterambere nk’iryo nyene. Pawulo yaramaze amezi atatu yigisha n’ubutinyutsi mw’isinagogi. Naho “yagerageza kujijura abantu ku vyerekeye Ubwami bw’Imana,” hari abikomantaje, maze baramurwanya bivuye inyuma. Aho guta umwanya yitwararika abo bantu bariko «bavuga nabi ya nzira yʼUmukama,» Pawulo yaciye atunganya ivy’uko yigishiriza mu ngoro imwe y’ishure. (Ivyak. 19:8, 9) Abipfuza gutera imbere mu vy’impwemu bari bakwiye kuva mw’isinagogi bakimukira muri iyo ngoro. Nk’uko kwa Pawulo, igihe tumenye ko umuntu twahora tuyaga atiteguriye kutwumviriza canke ashaka guharira gusa, twoshobora guhagarika ibiyago bimwebimwe twagirana na we. Haracariho abantu benshi cane bameze nk’intama bakeneye kwumva ubutumwa buremesha dushikiriza!

11, 12. (a) Ni akarorero akahe Pawulo yadusigiye mu bijanye no kuba abanyamwete be n’abantu bahuza n’ukuntu ibintu biba vyifashe? (b) Ni gute Ivyabona vya Yehova bihatira kuba abanyamwete n’abantu bahuza n’uko ibintu biba vyifashe igihe baba bariko baramamaza inkuru nziza?

11 Pawulo ashobora kuba yigishiriza muri iyo ngoro y’ishure ku musi ku musi nko kuva isaha 5 zo mu gitondo gushika nk’isaha 10 zo ku muhingamo. (Ivyak. 19:9) Bishoboka ko muri ayo masaha ari ho wasanga hatekanye cane kandi hashushe cane ku buryo abantu benshi baba bahagaritse imirimo yabo kugira ngo bivune umusase bongere baruhuke. Iyumvire nawe, nimba Pawulo yagiye arakurikiza neza urwo rutonde mu kiringo cʼimyaka ibiri yuzuye, yoba rero yamaze neza na neza amasaha arenga 3.000 ariko arigisha. b Ico ni ikindi kintu rero catumye ijambo rya Yehova ribandanya gukwiragira no gutsinda. Pawulo yari umunyamwete akaba n’umuntu yahuza n’uko ibintu vyaba vyifashe. Yarahinduye urutonde rwiwe kugira ngo ubusuku yarangura bushike ku nyota abantu bo muri ako karere. Uti none ivyo vyavuyemwo iki? Bibiliya ivuga iti: «Ababa mu ntara ya Aziya bose bumva ijambo ry’Umukama, baba Abayuda canke Abagiriki.» (Ivyak. 19:10) Ese ukuntu Pawulo yashinze intahe bimwe bishitse!

Turihatira gushikira abantu aho baba bari hose

12 Ivyabona vya Yehova bo mu bihe vya none na bo nyene ni abanyamwete bakaba n’abantu bahuza n’uko ibintu biba vyifashe. Turihatira gushikira abantu aho baba bari hose be n’igihe ico ari co cose dushobora kuhabasanga. Turamamaza inkuru nziza mu mabarabara, mu tuguriro, be n’aho bahagarika imiduga. Turashobora kuganiriza abantu kuri telefone canke biciye ku makete. Igihe turangura igikorwa c’inzu ku nzu na ho, turagira utwigoro dukomeye kugira ngo dushikire abantu mu masaha biba bishoboka rwose ko dusanga bari i muhira.

Ijambo rya Yehova «ribandanya gukwiragira no gutsinda» naho hariho impwemu mbi (Ivyak. 19:11-22)

13, 14. (a) Yehova yahaye Pawulo ubushobozi bwo gukora iki? (b) Ni ikosa irihe abahungu ba Seva bakoze, kandi ni gute abantu benshi bo mu madini y’abiyita abakirisu bagwa muri iryo kosa nyene?

13 Luka atumenyesha ko haciye hakurikira ikiringo kidasanzwe, kubera ko Yehova yaronkeje Pawulo ubushobozi bwo gukora «ibikorwa vy’ububasha kandi vy’akataraboneka.» Mbere n’impuzu za Pawulo be n’amatabuliya yiwe vyarajanwa ku barwayi, bagakira. Impwemu mbi zarirukanwa biciye kuri ubwo buryo nyene. c (Ivyak. 19:11, 12) Abantu benshi barajorejwe n’ukwo kuntu ingabo za Shetani zaneshejwe bimwe bikomeye, ariko si bose bavyakiriye neza.

14 Hari «Abayuda bamwe baguma bagendagenda hose birukana amadayimoni» barondeye gukora ibitangaro nk’ivyo nyene Pawulo yakora. Bamwebamwe muri abo Bayuda baragerageje kwirukana amadayimoni mw’izina rya Yezu no mu rya Pawulo. Luka atubwira ko bamwe muri abo bantu bagerageje kubigenza gutyo ari abahungu indwi ba Seva, bo mu muryango w’abaherezi. Idayimoni imwe yari mu muntu yabwiye abo bahungu iti: «Ndazi Yezu, nkamenya na Pawulo. Mwebwe none muri bande?» Nya muntu yarimwo idayimoni yaciye atera abo bahumvyi, abasimbirako nka kurya kw’inyamaswa, hanyuma arabirukana, bagenda bari gusa bafise ibikomere. (Ivyak. 19:13-16) Iyo yari intsinzi idasanzwe «ijambo rya Yehova» ryari ritahukanye, kubera ko vyagaragaye neza yuko ububasha Pawulo yari yahawe ata ho bwari buhuriye na gato n’ubwo abo bayoboke b’idini ry’ikinyoma bari bafise. Muri iki gihe hariho abantu amamiliyoni bibwira bihenda yuko ngo gukora ibintu mw’izina rya Yezu canke kwiyita umukirisu, vyonyene bihagije. Ariko nk’uko Yezu yabivuze, abakora vy’ukuri ivyo Se agomba ni bo bonyene bafise icizigiro nyakuri ku bijanye na kazoza.​—Mat. 7:21-23.

15. Ku bijanye n’ubupfumu be n’ibintu bifitaniye isano na bwo, dushobora gute kwigana akarorero k’Abanyefeso?

15 Ukwo kuba abo bahungu ba Seva baracishijwe bugufi kwatumye abantu bose bumva batinye Imana ku buryo benshi muri bo bacitse abemera maze baravavanura n’ubupfumu. Imico kama y’Abanyefeso yari yuzuyemwo ivy’amageza. Ibiheko n’imitongero vyari bimenyerewe cane, akenshi hakaba hariho n’ibitabu vyavuga ivyo bintu. Ico gihe, Abanyefeso benshi baravyuriwe umutima wo kuzana ibitabo vyabo vy’amageza maze babituririra imbere ya bose, naho nyene biboneka ko vyari biciye nk’amamiliyoni mirongo y’amarundi. d Luka avuga ati: «Nuko ijambo rya Yehova ribandanya gukwiragira no gutsinda, bimwe bikomeye.» (Ivyak. 19:17-20) Ese ukuntu ukuri kwanesheje ikinyoma be n’amadayimoni bimwe bitangaje! Abo bantu b’ukwizera baradusigiye akarorero keza muri iki gihe. Na twebwe nyene turi mw’isi yuzuyemwo ivy’ubupfumu. Niba hari ikintu gifitaniye isano n’ivy’ubupfumu twoba dutunze, ese twobigenza nk’uko kw’abo Banyefeso, tukavavanura na co tudatebaganye! Nimuze tugume twitandukanije n’ivyo bintu bishisha, naho vyodusaba iki.

«Havyuka uruhagarara rukomeye» (Ivyak. 19:23-41)

«Bagabo, murazi neza ko uwu mwuga ari wo udutungishije.»​—Ivyakozwe 19:25

16, 17. (a) Vuga ukuntu Demetiriyo yatanguje intureka i Efeso. (b) Abanyefeso berekanye gute ko ari abantu b’ishaka rirenze urugero?

16 Ubu na ho dushikiriye rwa ruyeri rwa Shetani rudondorwa na Luka igihe yandika ati: «Havyuka uruhagarara rukomeye ku bijanye n’abagendera muri ya nzira yʼUmukama.» Luka ntiyariko arakuza inkuru. e (Ivyak. 19:23) Umucuzi umwe w’ifeza yitwa Demetiriyo yaragumuye abantu. Yarakwegereye ivyiyumviro vy’abahinguzi bagenziwe mu kubanza kubibutsa ko ugutunganirwa kwabo bagukesha urudandaza rw’ibigirwamana. Yaciye avuga ko ubutumwa Pawulo yamamaza bwari bugeramiye igikorwa cabo, kubera ko abakirisu batasenga ibigirwamana. Mu nyuma, yarafatiye ku vy’uko abo bagenziwe bari basanzwe ari abantu bishimira ubwenegihugu bwabo kandi biratira igihugu cabo, ababurira yuko ngo ikimanakazi cabo Arutemi be n’urusengero bacubakiye rwari ruzwi cane ico gihe, vyari bigiye «[kubonwa] ko ari ubusa.»​—Ivyak. 19:24-27.

17 Demetiriyo yarashitse ku co yarondera. Nya bacuzi b’ifeza baciye batangura gusemerera bati: «Arutemi y’Abanyefeso irahambaye!,» igisagara na co gica cuzura umuvurungano, bituma akagwi k’abantu b’ishaka rirenze urugero gakora bimwe twavuga mu ntango y’iki kigabane. f Pawulo, uwarangwa n’agatima ko kwitanga, yarashatse kuja mu kibuga c’inkino kugira ngo agire ico abwiye iryo sinzi ry’abantu, ariko abigishwa baramwinginze bashimitse ngo ntiyite muri ako kaga. Umugabo umwe yitwa Alegizandere yarahagaze imbere y’iryo sinzi hanyuma agerageza kugira ico avuze. Kubera ko yari Umuyuda, ashobora kuba yari ashashaye gusigura itandukaniro ryari hagati y’Abayuda be n’abo bakirisu. Ivyo yari kubasigurira vyose nta co vyari gushikako. Aho bamenyeye ko ari Umuyuda, baciye bamuzomera, mu kuguma basemerera mu kiringo c’amasaha nk’abiri, bati: «Arutemi y’Abanyefeso irahambaye!» Gushika n’ubu abantu baracagirira ishaka rirenze urugero idini barimwo. Biracatuma abantu bakora ibintu bitaranga ubukerebutsi na gato.​—Ivyak. 19:28-34.

18, 19. (a) Ni gute umukarani w’igisagara yahwamitse ka kagwi k’abantu kari kateye intureka i Efeso? (b) Ni mu buryo ki vyagiye birashika abasavyi ba Yehova bagakingirwa n’abategetsi bo mw’isi, kandi ni igiki twokora kugira ngo turonke ukwo gukingirwa?

18 Amaherezo, umukarani w’ico gisagara yahavuye ahwamika nya sinzi. Kubera ko uwo mutegetsi yari umuntu w’ububasha kandi w’inkerebutsi, yarasubirije umutima mu nda nya sinzi ry’abantu yuko urusengero rwabo be n’ikimanakazi cabo bitari bigeramiwe n’abo bakirisu, yuko urusengero rwa Arutemi Pawulo na bagenziwe ata co bari barugize, be n’uko hari hariho uburyo burashe bwo gutorera umuti ibibazo mwene ivyo. Bashobora rero kuba baciye banuma igihe yabibutsa ko bahakwa gushavuza Abaroma kubera ko bari bakoranije ikoraniro ritemewe n’amategeko kandi ryarimwo akajagari. Ivyo biheze, yaciye abasaba kuva aho hantu. Bitumwe n’ivyo bintu vyumvikana kandi bitomoye yababwiye, ishavu ryabo nta wamenye n’iyo ryaciye.​—Ivyak. 19:35-41.

19 Ntibwari bwo bwa mbere n’ubwa nyuma umutegetsi w’umutima utekanye kandi atahura ibintu, akingira abayoboke ba Yezu. Nkako, intumwa Yohani yareretswe imbere y’igihe yuko muri iyi misi ya nyuma, abategetsi b’umutima mwiza bo muri ino si, abagereranywa n’isi Yohani yeretswe, bomize umwuzure ukomeye ugereranywa n’uruhamo Shetani ateza abayoboke ba Yezu. (Ivyah. 12:15, 16) Ivyo biramaze gushika. Akenshi usanga abacamanza bacisha aho ukuri kuri baravyuriwe umutima wo gukingira uburenganzira Ivyabona vya Yehova bafise bwo gukoranira hamwe kugira ngo basenge be n’ubwo kubwira abandi inkuru nziza. Ariko ntiwumve, inyifato ubwacu tugaragaza iragira ico iterereye kugira ngo ibintu bigende neza gutyo. Biboneka ko inyifato Pawulo yagaragaje yatumye abategetsi bamwebamwe b’i Efeso bamukunda kandi bakamwubaha, ku buryo bipfuza cane kumubona adora. (Ivyak. 19:31) Ese twokwama nantaryo tugaragaza inyifato izira uburyarya kandi yisoneye, maze ivyo bigatuma tubonwa neza! Kumbure ivyo vyoshobora kuvamwo ivyiza.

20. (a) Wumva umerewe gute ku bijanye n’ingene ijambo rya Yehova ryabandanije gutsinda mu kinjana ca mbere, n’ubu rikiriko? (b) Wiyemeje gukora iki ku bijanye n’intsinzi Yehova ariko atahukana muri iki gihe cacu?

20 Ntibishimishije none kuba twiboneye ukuntu “ijambo rya Yehova ryabandanya gukwiragira no gutsinda” mu kinjana ca mbere? Birashimishije kandi kubona ingene Yehova yatumye ritsinda muri iki gihe cacu. Woba woshima guterwa agateka ko kugira ico uterereye, naho coba ari gitoyi gute, muri mwene izo ntsinzi ijambo rya Yehova ritahukana? Nugire rero ivyo wigiye ku turorero twarimbuye. Niwame nantaryo wicisha bugufi, ugume ugendana n’ishirahamwe rya Yehova riguma ritera imbere, ugume uri umunyamwete, uvavanure n’ubupfumu, kandi ukore uko ushoboye kwose kugira ngo ushinge intahe nziza biciye ku nyifato ugaragaza izira uburyarya kandi yisoneye.

a Raba uruzitiro ruvuga ngo « Efeso, umurwa mukuru wa Aziya

b Igihe Pawulo yari i Efeso, yaranditse kandi Ikete rya mbere ry’Abakorinto.

c Izo mpuzu zishobora kuba twari udutambara Pawulo yapfunga mu ruhanga kugira ngo yikingire indugumba ntimuje mu maso. Kuba Pawulo yarambara n’amatabuliya muri ico gihe, vyerekana yuko ashobora kuba yarakora agatama umwuga wiwe wo kujisha amahema mu kiringo yaba atariko aramamaza, aho hakaba kumbure haba hakiri kare mu gitondo.​—Ivyak. 20:34, 35.

d Luka avuga ko nya bitabu vyari biciye ibiceri vy’ifeza 50.000. Niba ivyo biceri yariko aravuga yari amadenariyo, muri ico gihe vyosavye ko kugira ngo umukozi aronke ayo mahera, yokoze imisi 50.000, ni ukuvuga nk’imyaka 137 akora imisi indwi buri yinga.

e Hari abavuga ko Pawulo yariko yerekeza kuri ico kintu cabaye igihe yabwira Abakorinto ati: «Ubuzima bwacu bwari buduhagaritse umutima cane.» (2 Kor. 1:8) Ariko rero, ashobora kuba yari afise mu muzirikanyi ikindi kintu cari giteye akaga kuruta ico. Igihe Pawulo yandika yuko “yarwanye n’ibikoko i Efeso,” ashobora kuba yariko yerekeza ku bikoko vy’inkazi vyo mu kibuga kimwe c’inkino canke ku bantu barwanya ukuri. (1 Kor. 15:32) Izo nsobanuro zompi zirashoboka.

f Imigwi, canke amashirahamwe nk’ayo y’abahinguzi b’utugenegene wasanga ikomeye cane. Nk’akarorero, haciye nk’ikinjana ivyo bibaye, hari umugwi w’abakora igikorwa co kwotsa imikate wateye intureka nk’iyo nyene aho i Efeso.