Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 1

“Nimugende muhindure abantu abigishwa”

“Nimugende muhindure abantu abigishwa”

Incamake y’igitabu c’Ivyakozwe n’intumwa be n’isano gifitaniye n’igihe cacu

1-6. Niwigane inkuru yerekana ingene Ivyabona bamamaza mu bihe bitandukanye.

 ICABONA CA YEHOVA umwe akiri muto wo muri Gana yitwa Rebecca, yabona ko ishure yigako ari co cibare ciwe yamamazamwo inkuru nziza. Imisi yose yama afise mw’isakoshi yiwe y’ishure ibisohokayandikiro bivuga ivyerekeye Bibiliya. Mu gihe c’akaruhuko, yararondera uturyo two kubwira inkuru nziza abanyeshure bagenziwe. Rebecca yaratanguye kwiga Bibiliya n’abanyeshure bagenziwe batari bake.

2 Muri Madagaskari, izinga ryo mu Bumanuko bushira Ubuseruko bwa Afrika, hari abatsimvyi babiri bama bagira urugendo rw’ibilometero nka 25 baca mu karere gashushe kugira ngo bashike mu kigwati kiri kure y’ibindi. Muri ico kigwati barigisha Bibiliya abantu batari bake baba bashimishijwe.

3 Ivyabona bo muri Paragwe be n’ibindi Vyabona bitanze bakaza gukorera muri ico gihugu bavuye mu bihugu 15, barakoze ubwato bunini bushobora kubamwo abantu 12. Ivyo babigize kugira ngo bashikire abantu baba ku nkengera z’uruzi Paragwe be n’uruzi Paraná. Abo bamamaji b’Ubwami b’abanyamwete, bakoresheje ubwo bwato umuntu ashobora kubamwo, barakwiragije inkuru nziza mu turere batari gushobora gushikamwo iyo batabigenza gutyo.

4 Hariya kure cane mu Buraruko, muri Alaska, Ivyabona bo muri ako karere ntibagisha akaryo kadasanzwe ko kwamamaza mu ci, ico kikaba ari ikiringo ingenzi ziba zaje kuhagendera. Igihe ikirere caba gipfutse, haraza amato arimwo ingenzi nyinshi zituruka mu bihugu bitandukanye. Ivyabona bo muri ako karere baca baja ku kivuko bafise akantu kariko ibisohokayandikiro biryoheye ijisho bivuga ivyerekeye Bibiliya mu ndimi zitandukanye. Muri ako karere nyene, indege zarafashije cane kugira ngo bashike mu bigwati biri kure y’ibindi, ivyo bikaba vyatumye abantu b’Abalewute, Abatabasikani, Abatsimushiyani be n’Abatilinjite babwirwa inkuru nziza.

5 Uwitwa Larry wo muri Texas, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, yari afise icibare kidasanzwe. Cari ikigo yabamwo citwararika abarwaye. Larry ntiyarera amaboko naho yaguma yicaye muri mwene ka gakinga k’abarwaye bivuye kw’isanganya yagize. Yarabwira abandi ubutumwa bw’Ubwami, ushizemwo n’icizigiro afise gishingiye kuri Bibiliya c’uko umusi uri izina azosubira kugendagenda, igihe Ubwami buzoba buganza.​—Yes. 35:5, 6.

6 Umugwi umwe w’Ivyabona wo muri Birmaniya waragize urugendo rw’imisi itatu mu bwato uvuye i Mandalay kugira ngo witabe iteraniro ryabereye mu Buraruko bw’ico gihugu. Kubera yuko bari bashashaye kwamamaza inkuru nziza, bagiye bitwaje ibisohokayandikiro bivuga ivyerekeye Bibiliya baraheza babishikiriza abo bari bafadikanije urugendo. Igihe cose ubwo bwato bwaba buhagaze mu gisagara canke mu kigwati kinaka, abo bamamaji b’abanyamwete baca bururuka maze bakihutira kuja muri ako karere gushikiriza abantu nya bisohokayandikiro. Igihe nya bwato bwaba busubiye guhaguruka ngo bugende, ingenzi zaba zihejeje kubwurira zaca ziba icokwitwa icibare gishasha c’abo bamamaji b’Ubwami.

7. Abasavyi ba Yehova bakoresha uburyo ubuhe mu kuvuga ivyerekeye Ubwami? Baba bafise intumbero iyihe?

7 Cokimwe n’abo bavukanyi na bashiki bacu bavuzwe muri ubwo burorero bukeya, abasavyi ba Yehova b’abanyamwete bo hirya no hino kw’isi “barashinga intahe bimwe bishitse ku vyerekeye Ubwami bw’Imana.” (Ivyak. 28:23) Barava ku nzu bakaja ku yindi, bakayaga n’abantu mu mabarabara, bakabandikira amakete, canke bakabayagisha ku matelefone. Baba bari muri bisi, canke bagendagenda mu busitani, kibure baruhutse ku kazi, bararondera akaryo kose ko kuvuga ivyerekeye Ubwami bw’Imana babigiranye umwete. Naho uburyo bakoresha bwoshobora kuba butandukanye, bose baba bafise intumbero yo kwamamaza inkuru nziza aho hose bosanga abantu.​—Mat. 10:11.

8, 9. (a) Ni kubera iki iterambere ry’igikorwa co kwamamaza Ubwami twovuga ko ari igitangaro kidaseswa? (b) Ni ikibazo ikihe gitangaje gica kivyuka, kandi ni igiki dukwiye gukora kugira ngo turonke inyishu yaco?

8 None ga musomyi mukundwa, woba nawe uri muri ayo masinzi y’abamamaji b’Ubwami bariko bakora ico gikorwa mu bihugu birenga 235? Niba ari ukwo biri, uriko urafasha mu gutuma igikorwa gihimbaye co kwamamaza Ubwami gishika kure cane. Ubiravye, ivyo abasavyi ba Yehova bakora kw’isi yose biratangaje. Naho Ivyabona vya Yehova bahura n’intambamyi be n’ingorane bidasanzwe, ushizemwo mbere n’ukuburabuzwa n’abategetsi be n’uguhamwa imbonankubone, bariko barashinga intahe bimwe bishitse ku vyerekeye Ubwami bw’Imana mu kubwira inkuru nziza abantu bo mu mahanga yose.

9 Ikibazo gitangaje gica kivyuka ni iki: Ni kubera iki ata ntambamyi n’imwe, mbere n’ukurwanywa na Shetani, vyashoboye kubuza ico gikorwa co kwamamaza Ubwami kuguma gitera imbere nk’umuzinga? Kugira ngo turonke inyishu y’ico kibazo, turakwiye gusubiza amaso inyuma ku vyabaye mu kinjana ca mbere inyuma ya Kristu. Nakare, twebwe Ivyabona vya Yehova bo mu bihe vya none turiko tubandanya igikorwa catanguye muri ico gihe.

Igikorwa amahero

10. Ni igiki Yezu yihebeye, kandi ni igiki yari azi ku vyerekeye ico gikorwa?

10 Yezu Kristu, we yashinze ishengero rya gikirisu, yarihebeye igikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Ico gikorwa yakiranguye ubuzima bwiwe bwose. Igihe kimwe yavuze ati: «Ntegerezwa kumenyesha inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana no mu bindi bisagara, kuko ari co natumwe.» (Luka 4:43) Yezu yari azi ko igikorwa yari atanguje atoshoboye kugisozera cose ari wenyene. Gatoyi imbere y’uko apfa, yaramenyesheje yuko ubutumwa bw’Ubwami bwokwamamajwe «mu mahanga yose.» (Mrk. 13:10) None ivyo vyokozwe gute, kandi vyokozwe na bande?

«Nimugende . . . muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa.»​—Matayo 28:19

11. Ni igikorwa gihambaye ikihe Yezu yashinze abigishwa biwe? Boshigikiwe gute kugira ngo bakirangure?

11 Inyuma y’aho Yezu apfiriye hanyuma akazuka, yarabonekeye abigishwa biwe araheza abashinga igikorwa gihambaye. Yababwiye ati: «Nimugende rero muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa, mubabatize mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’iry’impwemu nyeranda. Mubigishe kwubahiriza ibintu vyose nabategetse. Ehe ndi kumwe namwe imisi yose gushika kw’iherezo ry’ivy’iyi si.» (Mat. 28:19, 20) Ayo majambo ngo «ndi kumwe namwe» yerekana yuko Yezu yogumye abafashe mu mugongo muri ico gikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa. Bokeneye mwene ukwo gushigikirwa, kuko Yezu yari yaramenyesheje yuko “bokwanswe n’amahanga yose.” (Mat. 24:9) Hariho n’ikindi kintu abigishwa bokwitezeko imfashanyo. Gatoyi imbere y’uko Yezu aduga mw’ijuru, yarababwiye yuko impwemu nyeranda yobaronkeje ububasha kugira ngo bamubere ivyabona «mu mihingo ya kure cane y’isi.»​—Ivyak. 1:8.

12. Ni ibibazo ibihe bihambaye bivyuka? Ni kubera iki bihambaye cane ko tumenya inyishu zavyo?

12 Hariho rero ibibazo bihambaye bica bivyuka, na vyo bikaba ari ibi: Ubwo intumwa za Yezu be n’abandi bigishwa bo mu kinjana ca mbere boba barafatanye uburemere ico gikorwa? Abo bakirisu b’abagabo n’abagore bisa n’uko bari ku rushi, boba barashinze intahe bimwe bishitse ku vyerekeye Ubwami bw’Imana no mu gihe c’uruhamo rukaze? Ubwo vy’ukuri boba barashigikirwa na Yehova be n’impwemu yiwe nyeranda mu gikorwa cabo co guhindura abantu abigishwa? Ivyo bibazo be n’ibindi nk’ivyo, birishurwa mu gitabu co muri Bibiliya c’Ivyakozwe. Birahambaye cane ko tumenya inyishu zavyo. Uti kubera iki? Yezu yasezeranye yuko ico gikorwa cobandanije «gushika kw’iherezo ry’ivy’iyi si.» Ku bw’ivyo rero, ico gikorwa cerekeye abakirisu b’ukuri bose, ushizemwo na twebwe tubayeho muri iki gihe c’iherezo. Twipfuza cane kumenya inkuru yigana ivyabaye muri kahise iri mu gitabu c’Ivyakozwe.

Incamake y’igitabu c’Ivyakozwe

13, 14. (a) Ni nde yanditse igitabu c’Ivyakozwe, kandi ivyo yanditse yabironse gute? (b) Igitabu c’Ivyakozwe kirimwo ibiki?

13 Ni nde yanditse igitabu c’Ivyakozwe? Naho ico gitabu ubwaco kitigera kivuga izina ry’uwacanditse, ibivugwa mu mirongo yo mu ntango birerekana neza yuko uwacanditse ari na we yanditse Injili ya Luka. (Luka 1:1-4; Ivyak. 1:1, 2) Ni co gituma Luka, «umuganga mukundwa» akaba n’uwatohoza ivya kahise avyitondeye, kuva kera na rindi yamye abonwa ko ari we yanditse igitabu c’Ivyakozwe. (Kol. 4:14) Ico gitabu kivuga ivyabaye mu kiringo c’imyaka nka 28, kuva aho Yezu adugiye mw’ijuru mu 33 inyuma ya Kristu, gushika igihe intumwa Pawulo yapfungirwa i Roma nko mu 61 inyuma ya Kristu. Kuba Luka yishiramwo muri iyo nkuru, vyerekana yuko mu biringo bitari bike bivugwamwo ari ho yari ari. (Ivyak. 16:8-10; 20:5; 27:1) Kubera yuko Luka yari umushakashatsi yiyubara cane, nta gukeka yuko amakuru yanditse yayabwiwe na Pawulo, Barunaba, Filipo, be n’abandi bantu bavugwa muri iyo nkuru.

14 None ico gitabu c’Ivyakozwe kirimwo ibiki? Mu ntango, Luka yanditse mu Njili yiwe ibijanye n’ivyo Yezu yavuze be n’ivyo yakoze. Ariko mu gitabu c’Ivyakozwe hoho, Luka atwiganira ivyo abayoboke ba Yezu bavuze be n’ivyo bakoze. Igitabu c’Ivyakozwe rero kivuga ivyerekeye abantu baranguye igikorwa kidasanzwe, naho abenshi muri bo babonwa ko ari abantu «batize kandi basanzwe.» (Ivyak. 4:13) Muri make, iyo nkuru yahumetswe n’Imana itubwira ukuntu ishengero rya gikirisu ryashinzwe be n’ukuntu ryagiye rirakura. Igitabu c’Ivyakozwe kirerekana ukuntu abakirisu bo mu kinjana ca mbere bamamaza inkuru nziza, ni ukuvuga uburyo bakoresha be n’ukuntu babona ico gikorwa. (Ivyak. 4:31; 5:42) Ico gitabu kirashira ahabona uruhara impwemu nyeranda yaranguye mu bijanye no gukwiragiza inkuru nziza. (Ivyak. 8:29, 39, 40; 13:1-3; 16:6; 18:24, 25) Igitabu c’Ivyakozwe kirashimika ku mutwe-shimikiro wa Bibiliya, na wo ukaba werekana ingene izina ry’Imana rizokwezwa biciye ku Bwami bw’Imana butegekwa na Kristu. Kirerekana kandi yuko naho abigishwa barwanijwe bimwe bikaze, bitabujije ko ubutumwa bw’Ubwami bukwiragira.​—Ivyak. 8:12; 19:8; 28:30, 31.

15. Gusuzuma igitabu c’Ivyakozwe bizotugirira akamaro akahe?

15 Mu vy’ukuri, gusuzuma ibiri muri ico gitabu c’Ivyakozwe birahimbaye kandi birakomeza ukwizera! Tuzokorwa ku mutima cane nitwazirikana ku karorero karanga ubutinyutsi n’umwete abayoboke ba Kristu bo mu ntango badusigiye. Bizotuvyurira umutima wo kwigana ukwizera kw’abo bantu bo mu kinjana ca mbere batubereye imboneza. Gutyo tuzorushiriza kuba abafise ibikwiriye kugira ngo dushitse igikorwa twashinzwe co “kugenda guhindura abantu abigishwa.” Iki gitabu uriko urasoma kigenewe kugufasha kwiga bimwe vyitondewe igitabu c’Ivyakozwe.

Igitabu kidufasha kwiga Bibiliya

16. Iki gitabu gifise intumbero zitatu izihe?

16 None muri rusangi iki gitabu gifise intumbero nyabaki? Iki gitabu gifise intumbero zitatu, na zo akaba ari izi: (1) gutuma turushiriza kujijuka yuko Yehova ariko arashigikira igikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa biciye ku mpwemu yiwe nyeranda, (2) gutuma turushiriza kugira umwete mu busuku turangura, mu kurimbura akarorero k’abayoboke ba Kristu bo mu kinjana ca mbere (3) no gutuma turushiriza kwubaha ishirahamwe rya Yehova be n’abaja imbere abandi mu gikorwa co kwamamaza no guhagarikira amashengero.

17, 18. Iki gitabu gitunganijwe gute? Ni ibintu ibihe bikiranga bizogufasha mu kwiyigisha Bibiliya?

17 None iki gitabu gitunganijwe gute? Uraza kubona yuko kigabuwe mu bihimba umunani. Buri gihimba usanga kirimwo igice kinaka c’igitabu c’Ivyakozwe. Ibigabane bica bikurikira ntibifise intumbero yo kurimbura ico gitabu c’Ivyakozwe umurongo ku wundi, ahubwo bifise intumbero yo kwerekana ivyigwa dukura ku bintu vyabaye bivugwa muri ico gitabu ca Bibiliya, bikongera bikadufasha kubona ukuntu twokwiyerekezako ivyo tuba twize. Mu ntango z’ikigabane kimwekimwe cose, hariho iryungane ryerekana iciyumviro nyamukuru co muri ico kigabane, hakaba n’icanditswe cerekana igice co muri ico gitabu c’Ivyakozwe tuza kwihweza.

18 Hariho ibindi bintu biranga iki gitabu bizogufasha cane kwiyigisha Bibiliya. Amashusho aryoheye ijisho yerekana ibintu vyabaye biteye umunezero bivugwa muri ico gitabu c’Ivyakozwe, azogufasha kubona mu bwenge ivyariko biraba igihe uzirikana ku nkuru yo muri Bibiliya iba iriko iriganwa. Ibigabane bitari bike usanga bifise utuzitiro turimwo amakuru yiyongereye y’ingirakamaro. Hariho utuzitiro turimwo amakuru yerekeye ubuzima bw’umuntu kanaka avugwa muri Bibiliya usanga bibereye ko twigana ukwizera kwiwe. Utundi na two usanga turimwo amakuru y’ido n’ido yerekeye abantu, ibibanza, ibintu vyabaye be n’imico bivugwa mu gitabu c’Ivyakozwe.

Niwamamaze mu cibare wahawe ubona yuko ibintu vyihutirwa

19. Ni ukwisuzuma nyabaki dukwiye kuza turagira?

19 Iki gitabu kirashobora kugufasha kwisuzuma utibesha. Naho woba umaze igihe kingana gute uri umwamamaji w’Ubwami, birabereye ko woza urafata akanya ugasuzuma ivyo ushira imbere mu buzima bwawe be n’ukuntu ubona ubusuku urangura. (2 Kor. 13:5) Niwibaze uti: “Mu busuku ndangura, noba nguma mbona ko ibintu vyihutirwa? (1 Kor. 7:29-31) Noba ndiko ndamamaza inkuru nziza ndabigiranye ukujijuka n’umwete? (1 Tes. 1:5, 6) Ubwo noba ndiko ndagira uruhara uko nshoboye kwose mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa?”​—Kol. 3:23.

20, 21. Ni kubera iki igikorwa twashinzwe cihutirwa cane? Dukwiye kwiyemeza gukora iki?

20 Ese tutokwigera twibagira ko twashinzwe gukora igikorwa gihambaye co kwamamaza inkuru nziza no guhindura abantu abigishwa! Uko umusi urenganye, ni ko ico gikorwa kirushiriza kuba icihutirwa. Iherezo ry’ivy’iyi si ririko riregereza ryihuta. Nta ho ubuzima bw’abantu benshi cane bwari bwigere buja mu kaga nko muri iki gihe. Hashobora kuba hariho abandi bantu bafise agatima kabereye batarakira ubutumwa dushikiriza, ariko tukaba tutazi uko bangana. (Ivyak. 13:48) Rero tujejwe ibanga ryo gufasha mwene abo bantu amazi atararenga inkombe.​—1 Tim. 4:16.

21 Birahambaye cane rero ko twigana abamamaji b’Ubwami b’abanyamwete bo mu kinjana ca mbere. Ese kwiyigisha iki gitabu uvyitondeye vyotuma urushiriza kwamamaza ubigiranye umwete n’ubutinyutsi! Ese kandi worushiriza kwiyemeza kubandanya “[u]shinga intahe bimwe bishitse ku vyerekeye Ubwami bw’Imana.”​—Ivyak. 28:23.