Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGIHIMBA CA 2 • IVYAKOZWE 6:8–9:43

«Havyuka uruhamo rukomeye kw’ishengero»

«Havyuka uruhamo rukomeye kw’ishengero»

IVYAKOZWE 8:1

Mbega abakirisu bo mu kinjana ca mbere boba barahagaritse gushinga intahe ku vyerekeye Ubwami bw’Imana ngo n’uko bariko bararwanywa cane? Habe namba. Muri iki gihimba, turaza kubona ukuntu uruhamo rukaze rwatumye nyabuna igikorwa co kwamamaza kirushiriza gutera imbere.