Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 7

Numenyeshe «inkuru nziza yerekeye Yezu»

Numenyeshe «inkuru nziza yerekeye Yezu»

Filipo aratanga akarorero mu bijanye no kwamamaza Injili

Bishingiye ku Vyakozwe 8:4-40

1, 2. Akigoro ko guhagarika inkuru nziza mu kinjana ca mbere kavuyemwo iki?

 URUHAMO ruguma rurushiriza gukara, Sawuli na we agaca atangura «gutoteza» ishengero. Mu rurimi rwo mu ntango, iryo jambo «gutoteza» ritanga iciyumviro co gufata umuntu bunyamaswa. (Ivyak. 8:3) Abigishwa barahunga Yeruzalemu, kandi hariho abantu basa n’ababona ko Sawuli azokwererwa mu mugambi wiwe wo kurandurana n’imizi abakirisu. Ariko rero, ugushwiragira kw’abo bakirisu kuratuma haba ikintu kitari citezwe. Uti none ico kintu ni igiki?

2 Abasanzaye baratangura «[ku]menyesha inkuru nziza y’ijambo ry’Imana» mu turere bahungiyemwo. (Ivyak. 8:4) Iyumvire nawe! Nya ruhamo ntirwabaye rukibuza abigishwa kumenyesha inkuru nziza, ahubwo riho rwarafashije mu bijanye no kuyikwiragiza! Mu gutuma abo bigishwa basanzara, ababahama basanze ahubwo batumye igikorwa co kwamamaza Ubwami gishika mu turere twa kure batanabiciye n’ikanda. Nk’uko tuza kubibona, hariho ikintu nk’ico cabaye mu bihe vya none.

«Abari basanzaye» (Ivyak. 8:4-8)

3. (a) Filipo yari nde? (b) Ni kubera iki i Samariya hatari bwavugwe cane inkuru nziza, kandi ni igiki Yezu yari yaravuze ko cobaye muri ako karere?

3 Umwe muri abo bantu «bari basanzaye» yari Filipo. a (Ivyak. 8:4; raba uruzitiro ruvuga ngo « Filipo “umwigisha w’inkuru nziza.”») Filipo yahungiye i Samariya, igisagara kitari bwavugwemwo cane inkuru nziza, kubera yuko Yezu yari yategetse intumwa ziwe, ati: «Ntimuje ku bantu bo mu yandi mahanga, kandi ntimwinjire mu gisagara na kimwe c’Abasamariya. Ahubwo mugume muja ku ntama zazimiye zo mw’ihanga rya Isirayeli.» (Mat. 10:5, 6) Yamara rero, Yezu yari azi ko haciye igihe, i Samariya hoshinzwe intahe bimwe bishitse, kubera ko imbere y’uko aduga mw’ijuru, yavuze ati: «Muzombera ivyabona i Yeruzalemu n’i Yudaya hose n’i Samariya, no mu mihingo ya kure cane y’isi.»​—Ivyak. 1:8.

4. Abasamariya bakiriye gute inkuru nziza Filipo yamamaza, kandi ni igiki gishobora kuba caratumye bayakira gutyo?

4 Filipo yasanze akarere ka Samariya “keze, kageze kwimbura.” (Yoh. 4:35) Ubutumwa yashikiriza bwarahumuriza abantu babayo, kandi biroroshe gutahura igituma bwabahumuriza. Abayuda ntibacana uwaka n’Abasamariya, kandi benshi muri bo barabanka. Abasamariya bobo basanze ubutumwa bwerekeye inkuru nziza bubwirwa bose ata nkunzi. Ntaho bwari buhuriye n’ivyo Abafarizayo bemera, vyo gukumira abandi. Kubona Filipo yarabwiye inkuru nziza Abasamariya abigiranye umwete kandi ntagire nkunzi, vyarerekanye ko atari yarandukiwe n’agatima ko kwinuba abandi kari gashinze imizi mu bari basanzwe babakengera. Ntibitangaje rero kubona amasinzi y’Abasamariya «yaratega yompi» Filipo.​—Ivyak. 8:6.

5-7. Tanga uburorero bwerekana ingene abakirisu bashwiragiye bituma inkuru nziza ikwiragira.

5 Nk’uko vyagenze mu kinjana ca mbere, no muri iki gihe uruhamo ntirubuza abasavyi b’Imana kwamamaza inkuru nziza. Abagerageje incuro n’izindi kwomora abakirisu, harimwo no kubapfunga canke kubangaza, nta kindi vyashitseko atari ugutuma ubutumwa bw’Ubwami bushikira abantu bo mu karere baba bangarijwemwo. Nk’akarorero, mu gihe ca ya Ntambara ya kabiri y’isi yose, Ivyabona vya Yehova barashoboye gushinga intahe ikomeye mu makambi y’itunatuniro y’Abanazi. Umuyahudi umwe yahuriye n’Ivyabona muri ayo makambi, yigana ati: «Umutima rugabo Ivyabona vya Yehova bari bapfunzwe berekanye waratumye njijuka yuko ivyo bizera bishingiye ku Vyanditswe, bica bituma na jewe mba Icabona.»

6 Mu bihe bimwebimwe, mbere n’ababahama barabwiwe inkuru nziza, kandi bayakira neza. Nk’akarorero, igihe Icabona umwe yitwa Franz Desch yimurirwa mw’ikambi y’itunatuniro ry’i Gusen muri Otrishe, yariganye Bibiliya n’intwazangabo imwe yo mu gisoda c’Abanazi. Ese ukuntu abo bagabo babiri banezerewe cane igihe basubira guhurira kw’ihwaniro rimwe ry’Ivyabona vya Yehova haciye imyaka nk’ingahe, bompi ari abamamaji b’inkuru nziza!

7 Ikintu nk’ico carabaye igihe uruhamo rwatuma abakirisu bata izabo bagahungira mu bindi bihugu. Nk’akarorero mu myaka ya 1970, Ivyabona vya Yehova bo muri Malawi barashinze intahe ikomeye muri Mozambike igihe bangarizwa muri ico gihugu. N’igihe uruhamo rwaduka aho muri Mozambike, barabandanije kwamamaza. Uwitwa Francisco Coana avuga ati: «Ni ivy’ukuri ko bamwebamwe muri twebwe batawe muri yompi incuro zitari nke bahorwa kwamamaza. Ariko rero, tubonye ingene abantu batari bake bakira ubutumwa bw’Ubwami, twaca tubona neza ko Imana iriko iradufasha, nk’uko yafashije abakirisu bo mu kinjana ca mbere.»

8. Ni mu buryo ki amahinduka mu vya politike no mu vy’ubutunzi yatumye abantu benshi bumva inkuru nziza y’Ubwami?

8 Ariko ntiwumve, uruhamo si rwo rwonyene rwatumye abakirisu bongerekana mu tundi turere. Mu myaka mirongo iheze, amahinduka yabaye mu vya politike no mu vy’ubutunzi, na yo nyene yaratumye abantu bavuga indimi zitandukanye kandi bava mu bihugu bitandukanye babwirwa ubutumwa bw’Ubwami. Abantu bamwebamwe bo mu turere twasinzikajwe n’intambara be n’ubukene, barahungiye mu turere wasanga ibintu bikigendeka, hanyuma batangura kwigira Bibiliya aho mu buhungiro. Iyongerekana ry’impunzi ryaratumye haboneka uturere tubamwo abantu bavuga izindi ndimi. Woba nawe uriko urihatira kubwira inkuru nziza abantu «bo mu mahanga yose, imiryango yose, amoko yose n’indimi zose,» baba mu cibare ukoreramwo?​—Ivyah. 7:9.

«Nimumpe nanje ubwo bubasha» (Ivyak. 8:9-25)

«Aho Simoni aboneye ko abo intumwa zirambitseko ibiganza baca baronka impwemu, aca arondera kuziha amahera.»​—Ivyakozwe 8:18

9. Simoni yari nde? Ni igiki gisa n’icamukwegereye kuri Filipo?

9 Filipo yarakoreye ibitangaro vyinshi i Samariya. Nk’akarorero, yarakijije abari bafise ubumuga butandukanye yongera arirukana n’impwemu mbi. (Ivyak. 8:6-8) Hariho umugabo umwe yatangajwe cane n’izo ngabirano Filipo yari afise zo gukora ibitangaro. Yitwa Simoni, akaba yari umunyamageza yubahwa cane n’abanyagihugu ku buryo bavuga bati: «Uyu muntu ni we Bubasha bw’Imana.» Ico gihe, Simoni yariboneye ububasha nyabwo buva ku Mana, aravye ibitangaro Filipo yari ahejeje gukora, bica bituma acika uwemera. (Ivyak. 8:9-13) Ariko rero mu nyuma, ivyiwe vyahavuye bihinyuka. Uti gute?

10. (a) Ni ibiki Petero na Yohani bakoreye i Samariya? (b) Ni igiki Simoni yakoze aho aboneye ko Petero na Yohani barambitse ibiganza ku bigishwa bashasha baca baronka impwemu nyeranda?

10 Igihe intumwa zamenya ibijanye n’iterambere ryariko riraba i Samariya, zaciye zirungikayo Petero na Yohani. (Raba uruzitiro ruvuga ngo « Petero akoresha “impfunguruzo z’Ubwami.”») Aho izo ntumwa zibiri zishikiyeyo, zararambitse ibiganza ku bigishwa bashasha, umwe wese muri abo bigishwa aca aronka impwemu nyeranda. b Simoni abibonye, yaciye yumirwa. Yabwiye izo ntumwa ati: «Nimumpe nanje ubwo bubasha, kugira umuntu wese ndambitseko ibiganza ace aronka impwemu nyeranda.» Simoni yarahevye mbere abemerera amahera, yizigiye ko yari gushobora kugura iyo ngabirano nyeranda!​—Ivyak. 8:14-19.

11. Ni impanuro ikomeye iyihe Petero yahaye Simoni, kandi Simoni yayakiriye gute?

11 Petero yishuye Simoni amuhambarira ati: «Amahera yawe aragapfana nawe, kuko wiyumviriye ko ingabire ya gusa Imana itanga ushobora kuyigura amahera. Nta kintu na kimwe canke umugabane n’umwe ufise muri ibi bintu, kuko umutima wawe utagororotse imbere y’Imana.» Petero yaciye ahimiriza Simoni kwigaya no gusenga asaba kubabarirwa. Petero yavuze ati: «[Nu]takambire Yehova kugira ngo nimba bishoboka, ubabarirwe uwo mugambi mubi wo mu mutima wawe.» Biboneka ko Simoni atari umuntu mubi. Yari afise icipfuzo co gukora ibigororotse, yamara karaciyemwo ntiyabona ibintu mu buryo bubereye. Ni kwo guca yinginga izo ntumwa ati: «Nimutakambire Yehova ku bwanje, ntihagire na kimwe mu vyo muvuze kimbako.»​—Ivyak. 8:20-24.

12. Ijambo «simonia» ryerekeza ku ki? Ni gute amadini y’abiyita abakirisu yaguye muri uwo mutego?

12 Iyo mpanuro ikomeye Petero yahaye Simoni ni ingabisho no ku bakirisu bo muri kino gihe. Mu bisanzwe, ijambo ry’ikilatini «simonia» ryakomotse kuri ico kintu cashikiye Simoni. Iryo jambo «Simonia» ryerekeza ku kugura canke ku kugurisha ubukuru, canecane ubukuru bwo mu vy’idini. Kahise k’amadini y’abiyita abakirisu yuzuye ubuhuni, karerekana ko ibintu nk’ivyo vyagiye biraba muri ayo madini. Nkako, igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi co mu 1878 (The Encyclopædia Britannica), cavuze ko igihe cose aba Papa batowe, biboneka ko bariha amahera kugira baronke ubwo bukuru. Benshi ntibaterwa isoni no kubikora, mbere ntibanabihisha.

13. Ni mu buryo butandukanye ubuhe abakirisu bategerezwa kwirinda ka gatima ka Simoni?

13 Abakirisu bategerezwa kwirinda gukora ico caha Simoni yakoze. Nk’akarorero, ntibakwiye kurondera agateka kanaka ku bavukanyi basa n’abafise ububasha mw’ishengero mu kuza barabaha ingabire canke kubahayagiza birenze. Bisubiye, abavukanyi basa n’abafise ububasha mw’ishengero, barakwiye kwirinda cane gukundwakaza abifise. Iyo mice yompi iranga ka gatima ka Simoni. Mu vy’ukuri, abasavyi b’Imana bose barakwiye kwigenza nk’“abato,” bakarindira impwemu ya Yehova kugira ngo ibe ari yo ibagena mu duteka kanaka tw’umurimo. (Luka 9:48) Abagerageza «kwironderera ubuninahazwa,» nta kibanza bafise mw’ishirahamwe ry’Imana.​—Imig. 25:27.

«Uratahura vy’ukuri ivyo uriko urasoma?» (Ivyak. 8:26-40)

14, 15. (a) Ya «nkone y’Umunyetiyopiya» yari nde, kandi Filipo yamenye gute aho iyo nkone yari iri? (b) Uwo Munyetiyopiya yakiriye gute ubutumwa Filipo yamushikirije? Ni kubera iki ibatisimu yiwe atari ikintu yakoze atabanje kuzirikana? (Raba akajambo k’epfo.)

14 Muri ico gihe, umumarayika wa Yehova yaciye ategeka Filipo gufata inzira iva i Yeruzalemu ija i Gaza. Nimba vyarashitse Filipo akibaza igituma ahawe iryo tegeko, yagiye kubitahura inyuma y’aho ahuriye n’inkone imwe y’Umunyetiyopiya yariko «[i]soma n’ijwi ryumvikana ivyanditswe n’umuhanuzi Yesaya.» (Raba uruzitiro ruvuga ngo « Yari “inkone” mu buryo ubuhe?», ruri ku rupapuro rwa 63.) Impwemu nyeranda ya Yehova yaravyuriye Filipo umutima wo kwegera umukogote w’uwo mugabo. Igihe Filipo yariko arirukanga hambavu y’uwo mukogote, yabajije nya Munyetiyopiya ati: «Uratahura vy’ukuri ivyo uriko urasoma?» Na we ati: «Nobitahura gute ntaronse uwumfasha?»​—Ivyak. 8:26-31.

15 Nya Munyetiyopiya yaciye asaba Filipo kwurira muri uwo mukogote. Emwe, abo bagabo bategerezwa kuba baragiraniye ikiyago kiryoshe cane! Kumenya «intama,» ari we «musavyi» w’Imana avugwa mu buhanuzi bwa Yesaya, vyari bimaze igihe kirekire ari ikinyegezwa. (Yes. 53:1-12) Yamara, igihe bariko baragenda, Filipo yarasiguriye iyo nkone y’Umunyetiyopiya yuko ubwo buhanuzi bwarangukiye kuri Yezu Kristu. Cokimwe na ba bantu babatizwa kuri Pentekoti yo mu 33 inyuma ya Kristu, nya Munyetiyopiya na we nyene, uwari yaramaze kwinjira idini ry’Abayuda, yaciye ubwo nyene atahura ico yari akwiye gukora. Yabwiye Filipo ati: «Ng’aya amazi. Ni igiki kimbuza kubatizwa?» Filipo yaciye ubwo nyene abatiza nya Munyetiyopiya! c (Raba uruzitiro ruvuga ngo « Kubatizwa mu “mazi.”») Ivyo birangiye, Filipo yaciye arungikwa i Ashidodi, abandanirizayo igikorwa co kwamamaza inkuru nziza.​—Ivyak. 8:32-40.

16, 17. Ni mu buryo ki abamarayika bagira uruhara mu gikorwa co kwamamaza muri kino gihe?

16 Muri iki gihe, abakirisu baratewe agateka ko gukora igikorwa nk’ico Filipo yakoze. Akenshi barabwira abantu ubutumwa bw’Ubwami akaryo kizanye, nko mu gihe baba bari ku rugendo. Mu biringo bitari bike, biragaragara ko iyo bahuye n’abantu b’imitima nziraburyarya atari ikintu kiba capfuye kwizana. Ivyo ntibitangaje kubera Bibiliya yerekana mu buryo butomoye ko abamarayika bariko barayobora igikorwa co kwamamaza kugira ngo ubutumwa bushikire abantu bo mu «mahanga yose, imiryango yose, indimi zose n’amoko yose.» (Ivyah. 14:6) Yezu yari yaravuze mu buryo budomako yuko abamarayika boyoboye ico gikorwa co kwamamaza. Muri ca kigereranyo yatanze cerekeye ingano n’icatsi kibi, yavuze yuko mu gihe c’iyimbura, ni ukuvuga kw’iherezo ry’ivy’iyi si, “abimbuzi bobaye abamarayika.” Yavuze kandi ko ivyo biremwa vy’impwemu «[vyokwegeranije] abantu bose batsitaza abandi n’abantu bose bakora ivy’ubugarariji, [bakabakura] mu Bwami bwiwe.» (Mat. 13:37-41) Muri ico gihe nyene, abamarayika bokwegeranije abohavuye baba ba samuragwa b’Ubwami, mu nyuma na ho bakegeranya «isinzi rinini» ry’abagize «izindi ntama,» izo Yehova yipfuza kuzana mw’ishirahamwe ryiwe.​—Ivyah. 7:9; Yoh. 6:44, 65; 10:16.

17 Icerekana ko ivyo biriko biraba, ni uko bamwebamwe mu bo tuganiriza igihe turi mu ndimiro, batubwira yuko baba bamye basenga basaba Imana ngo ibafashe. Rimbura ivyashikiye abamamaji babiri b’Ubwami bari baherekejwe n’umwana akiri muto. Sasita iri mu kugera, igihe nya Vyabona babiri bagira bahagarike kwamamaza, nya mwana yari ashashaye bimwe bidasanzwe kuja ku muhana ukurikira. Erega, nya mwana utanka yaruhutse agiye kudodora kuri uwo muhana ari wenyene! Aho umukenyezi umwe akiri muto yugururiye umuryango, nya Vyabona babiri bakuze baciye bamwegera kugira ngo bamuyagishe. Baratangaye igihe nya mugore yababwira yuko yari ahejeje gusenga asaba Imana ko hogira umuntu aza iwe kugira ngo amufashe gutahura Bibiliya. Baciye batangura kwiga Bibiliya n’uwo mukenyezi.

«Mana, uko woba uri kwose, ndakwinginze umfashe»

18. Ni kubera iki tudakwiye kwigera dufata minenegwe ubusuku turangura?

18 Kubera ko uri mu bagize ishengero rya gikirisu, waratewe agateka ko gukorana n’abamarayika uko igikorwa co kwamamaza kirangurwa muri kino gihe kiguma gitera imbere gushika ku rugero kitari bwigere gishikako. Ntukigere rero ufata minenegwe ako gateka. Niwakomera kw’ibanga, uzokwironkera umunezero mwinshi niwaramuka ubandanije gutangaza «inkuru nziza yerekeye Yezu.»​—Ivyak. 8:35.

a Filipo avugwa ng’aha si Filipo ya ntumwa. Ahubwo nk’uko bivugwa mu kigabane ca 5 c’iki gitabu, ni Filipo wo muri ba «bagabo indwi bazwi neza» bagenywe kugira ngo batunganye ibijanye n’ukugabura ibifungurwa vya buri musi mu bapfakazi b’i Yeruzalemu bavuga ikigiriki be n’abavuga igiheburayo.​—Ivyak. 6:1-6.

b Muri rusangi, biboneka yuko ico gihe abigishwa bashasha barobanuzwa impwemu nyeranda canke bakayironka, igihe baba babatijwe. Ivyo vyatuma baca bagira icizigiro co kuzofadikanya na Yezu kuganza mw’ijuru ari abami n’abaherezi. (2 Kor. 1:21, 22; Ivyah. 5:9, 10; 20:6) Ariko ico gihe hoho, abo bigishwa bashasha ntibarobanujwe impwemu igihe babatizwa. Abo bakirisu bari baherutse kubatizwa baronse impwemu nyeranda be n’ingabirano zo gukora ibitangaro zijana na yo, inyuma y’aho Petero na Yohani babarambikiyeko ibiganza.

c Iyo si ingingo yafashe atabanje kuzirikana. Kubera ko uwo Munyetiyopiya yari yarinjiye idini ry’Abayuda, yari asanzwe afise ubumenyi bwo mu Vyanditswe, ushizemwo n’ubuhanuzi bwerekeye Mesiya. Ico gihe, bitumwe n’uko yari ahejeje kumenya ivyerekeye uruhara Yezu arangura mu mugambi w’Imana, yari ashoboye guca ubwo nyene abatizwa.