Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 4

«Abantu batize kandi basanzwe»

«Abantu batize kandi basanzwe»

Intumwa zirakorana ubutinyutsi, Yehova na we akazihezagira

Bishingiye ku Vyakozwe 3:1–5:11

1, 2. Ni igitangaro ikihe Petero na Yohani bakoreye hafi y’irembo ry’urusengero?

 NI KU muhingamo, izuba na ryo rikaba ririko ryakira kw’isinzi ry’abantu. Abayuda b’abizigirwa be n’abigishwa ba Kristu bariko baza ari benshi mu bigo vy’urusengero. «Igihe co gusenga» kigira kigere. a (Ivyak. 2:46; 3:1) Petero na Yohani baragerageza guca muri iryo sinzi ry’abantu bakagenda berekeza kw’irembo ry’urusengero ryitwa Ryiza. Umusezi umwe akuze, yamugaye amaguru kuva akivuka, ariko asaba imfashanyo akoresheje ijwi ryumvikana kuruta uruyogoyogo rw’iryo sinzi ry’abantu be n’urwamo rw’ibirenge vyabo.​—Ivyak. 3:2; 4:22.

2 Petero na Yohani bariko baregereza, nya musezi na bo nyene arabasaba amahera nk’uko asanzwe abigira ku bahita bose. Izo ntumwa zirahagarara, bigatuma uwo mugabo yizigira ko hari ico agira aronke. Petero aca avuga ati: «Ifeza n’inzahabu nta vyo mfise, ariko ico mfise ndakiguha. Mw’izina rya Yezu Kristu Umunyanazareti, tambuka!» Iyumvire ukuntu iryo sinzi ry’abantu rijongoroka ribonye Petero afashe ukuboko uwo mugabo amugaye, maze ari bwo bwa mbere mu buzima bwiwe, agahagarara ntatembe! (Ivyak. 3:6, 7) Woba ushobora kwiha ishusho uwo mugabo ariko yitegereza amaguru yiwe yakize maze akagerageza gutambuka? Ntibitangaje kubona aca atangura gusimbasimba no gushemeza Imana n’ijwi rirenga!

3. Ni ingabire iyihe idasanzwe umugabo yahora amugaye be n’isinzi ry’abantu baronka?

3 Isinzi ry’abantu ririkugura rikiruka rigana aho Petero na Yohani bari kw’ibaraza rya Salomo. Muri ico kibanza nyene Yezu yigeze guhagararamwo yigisha, Petero arabamenyesha ico ivyo bintu bihejeje kuba bisobanura vy’ukuri. (Yoh. 10:23) Araronsa iryo sinzi ry’abantu be n’uwo mugabo yari amugaye ingabire irusha agaciro ifeza n’inzahabu. Iyo ngabire iraruta kure n’iyo gukizwa ku mubiri. Baronkejwe akaryo ko kwigaya, ibicumuro vyabo bigahanagurwa, bagacika abayoboke ba Yezu Kristu, «ya Mboneza y’ubuzima» yagenywe na Yehova.​—Ivyak. 3:15.

4. (a) Gukiza umuntu ku gitangaro vyatumye haba ukutumvikana ukuhe? (b) Ni ibibazo bibiri ibihe bica bivyuka?

4 Mbega umusi w’intibagirwa! Petero yakijije umuntu amugaye kandi ubu aratambuka. Abandi bantu ibihumbi n’ibihumbi bahawe akaryo ko gukira mu buryo bw’impwemu kugira ngo bagende nk’uko bibereye abakorera Imana. (Kol. 1:9, 10) Vyongeye, ibintu vyabaye kuri uwu musi biratuma haba ukutumvikana hagati y’abayoboke ba Kristu b’intahemuka be n’abantu bafise ububasha bogerageje kubabuza gushitsa itegeko Yezu yabahaye ryo kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami. (Ivyak. 1:8) Petero na Yohani, babonwa nk’«abantu batize kandi basanzwe.» Ariko none, ni igiki dushobora kwigira ku buryo bakoresheje mu kubwira inkuru nziza iryo sinzi no ku kuntu bayibabwiye? b (Ivyak. 4:13) Vyongeye, twokwigana gute izo ntumwa be n’abandi bigishwa igihe turiko turarwanywa?

Ntivyavuye ku «bubasha bwacu» (Ivyak. 3:11-26)

5. Ni ibiki twigira ku kuntu Petero yavugishije rya sinzi ry’abantu?

5 Petero na Yohani bari bahagaze imbere y’isinzi ry’abantu, bazi ko bamwe muri bo bashobora kuba bari baherutse gusemerera basaba ko Yezu amanikwa. (Mrk. 15:8-15; Ivyak. 3:13-15) Iyumvire ukuntu Petero vyamusavye umutima rugabo kugira avugane ubutinyutsi yuko wa mugabo yahora amugaye yakijijwe mw’izina rya Yezu. Petero ntiyagerageje kujoborora ukwo kuri. Yaravuze atarya umunwa yuko iryo sinzi ry’abantu ryari ryagize uruhara mw’iyicwa rya Kristu. Ariko rero, Petero ntiyagiriye inzika abo bantu, kubera ko bari «[ba]bikoze kubera ukutamenya.» (Ivyak. 3:17) Yabavugishije nk’abavukanyi biwe maze yibanda cane ku bintu vyiza bijanye n’ubutumwa bw’Ubwami. Baramutse bigaye kandi bakizera Kristu, «ibiringo vy’ukuruhurirwa» vyoje kuri bo bivuye kuri Yehova. (Ivyak. 3:19) Na twebwe nyene turakeneye kuvugana ubutinyutsi n’ukutarya umunwa igihe tubwira abantu ibijanye n’urubanza rw’Imana rwimirije. Naho ari ukwo, ntidukwiye kwigera tubabwira nabi canke ngo tubacire urubanza. Ahubwo riho, dukwiye kubona abo tubwira inkuru nziza ko bashobora kuzoba abavukanyi bacu, maze nka kumwe kwa Petero, tukibanda canecane ku bintu vyiza bijanye n’ubutumwa bw’Ubwami.

6. Petero na Yohani bagaragaje gute ukwicisha bugufi be n’ukwifata ruto?

6 Izo ntumwa zarifata ruto. Ntizavuze ko zakoze ico gitangaro ku bubasha bwazo. Petero yabwiye nya sinzi ati: «Kubera iki muduhanga amaso nk’aho umenga ububasha bwacu canke kuba twihebera Imana ni vyo vyatumye atambuka?» (Ivyak. 3:12) Petero be n’izindi ntumwa bari bazi yuko ivyiza vyose bashikako mu gikorwa cabo vyashoboka biciye ku bubasha bw’Imana, si ubwabo. Ni co gituma babigiranye ukwifata ruto bashemeje Yehova na Yezu mu vyo bakora vyose .

7, 8. (a) Ni ingabire iyihe dushobora guha abantu? (b) Umuhango ujanye n’“ugusubiza ibintu vyose mu buryo” uriko uranguka gute muri iki gihe?

7 Turakeneye kugaragaza ukwifata ruto mwene ukwo igihe turangura ca gikorwa co kwamamaza Ubwami. Ego ni ko, impwemu y’Imana ntironsa abakirisu bo muri iki gihe ububasha bwo gukiza abantu ku gitangaro. Naho ari ukwo, turashobora gufasha abantu kwizera Imana na Kristu no kuronka ya ngabire Petero yatanga, ni ukuvuga tukabaronsa akaryo ko kubabarirwa ibicumuro no kuruhurirwa na Yehova. Uko umwaka utashe, abantu ibihumbi amajana barakira iyo ngabire maze bakaba abigishwa ba Kristu babatijwe.

8 Mu vy’ukuri, tubayeho muri ca gihe Petero yavuga «ko ibintu vyose bisubizwa mu buryo.» Ijambo «Imana yavu[ze] biciye ku bahanuzi bayo beranda ba kera,» ryararangutse igihe Ubwami bwashingwa mw’ijuru mu 1914. (Ivyak. 3:21; Zab. 110:1-3; Dan. 4:16, 17) Gatoyi inyuma y’aho, Kristu yaciye atangura guhagarikira igikorwa co gusubizaho ugusenga kw’ukuri ng’aha kw’isi. Ivyo vyatumye abantu amamiliyoni bazanwa mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu, baraba abatwarwa b’Ubwami bw’Imana. Bariyambuye kamere ya kera, yononekaye, maze «[bambara] kamere nshasha yaremwe hisunzwe ivyo Imana igomba.» (Ef. 4:22-24) Kurya nyene impwemu nyeranda yafashije kugira wa musezi amugaye akire, ni ko n’ubu ifasha abantu bagahinduka mu buryo butangaje. Ntibiva ku bubasha bwabo. Nka kumwe kwa Petero, kugira ngo twigishe abandi, dutegerezwa gukoresha neza Ijambo ry’Imana kandi tukavugana ubutinyutsi. Igihe cose dushoboye gufasha abantu bagacika abigishwa ba Kristu, ntibiba bivuye ku bubasha bwacu, biba bivuye ku bubasha bw’Imana.

«Ntidushobora kureka kuvuga» (Ivyak. 4:1-22)

9-11. (a) Indongozi z’Abayuda zakiriye gute ubutumwa Petero na Yohani bashikirije? (b) Ni igiki izo ntumwa ziyemeje gukora?

9 Harabaye uruyogoyogo rwinshi kubera insiguro Petero yashikirije no kubera wa mugabo yahoze amugaye yariko arasimbasimba yongera asemerera. Umukuru w’abarinzi b’urusengero, akaba yari ajejwe umutekano wo mu bigo vy’urusengero, be n’abakuru b’abaherezi baciye baza amaguru adakora hasi kuraba ibibaye. Bishoboka ko abo bagabo bari Abasadukayo, bakaba bari mu kagwi k’abantu batunze kandi bafise ububasha mu vy’intwaro barondera kubana amahoro n’Abaroma. Abasadukayo ntiberekwa amategeko yagiye arahanahanwa ku munwa yakundwa cane n’Abafarizayo, kandi ntibemera izuka. c Ese ukuntu barakajwe no gusanga Petero na Yohani bari mu rusengero, bariko bigisha babigiranye ubutinyutsi yuko Yezu yari yarazutse!

10 Kubera ishavu, abo bantu bariko barwanya Petero na Yohani baciye babafata babata mw’ibohero, maze bukeye bababurutira imbere ya sentare nkuru y’Abayuda. Kuri abo batware bibona ko ari incabwenge, Petero na Yohani bari «abantu batize kandi basanzwe» batari bafise uburenganzira bwo kwigisha mu rusengero. Nta shure rurangiranwa na rimwe ry’ivy’idini bari barizeko. Yamara, ukutarya umunwa kwabo be n’ubujijutsi bwabo vyatumye abagize iyo sentare batangara cane. Ni kubera iki none Petero na Yohani bigisha neza cane? Kimwe coco ni uko «bahoze bagendana na Yezu.» (Ivyak. 4:13) Shebuja yari yarabigishije abigiranye ububasha nyabwo, atari nka kumwe kwa ba banditsi.​—Mat. 7:28, 29.

11 Iyo sentare yategetse izo ntumwa guhagarika kwamamaza. Ico gihe, iyo sentare ivuze nta wasubizayo. Amayinga nk’angahe gusa imbere y’aho, igihe Yezu yarengutswa imbere y’iyo sentare nyene, abayigize batangaje bati: «Akwiye gupfa.» (Mat. 26:59-66) Ariko, Petero na Yohani ntibagize ubwoba. Igihe Petero na Yohani bari bahagaze imbere y’abo bagabo b’abatunzi bize bakaminuza kandi bubahwa cane, bavuze ata bwoba yamara babigiranye urupfasoni bati: «Nimba ari vyiza imbere y’Imana kubumvira aho kwumvira Imana, nimuruce namwe. Ariko twebwe ntidushobora kureka kuvuga ibintu twabonye n’ivyo twumvise.»​—Ivyak. 4:19, 20.

12. Ni ibiki vyodufasha kurushiriza kugira umutima rugabo n’ubujijutsi?

12 Woba ushobora kugaragaza umutima rugabo nk’uwo nyene? Uhora wumva umerewe gute iyo uronse akaryo ko kubwira inkuru nziza umutunzi, umuntu yize akaminuza canke yubahwa cane mu kibano iwanyu? Bite hoho hamwe abo mu muryango, abo mwigana canke abo mukorana bagucokoye baguhora ivyo wemera? Woba uca ugira ubwoba? Nimba ari ukwo biri, urashobora gutsinda ubwo bwoba. Igihe Yezu yari ng’aha kw’isi, yarigishije intumwa ukuntu zoburanira ivyo zemera umutima uri mu nda kandi zibigiranye urupfasoni. (Mat. 10:11-18) Yezu amaze kuzuka, yarasezeraniye abigishwa biwe yuko yogumye ari kumwe na bo «imisi yose gushika kw’iherezo ry’ivy’iyi si.» (Mat. 28:20) Biciye ku buyobozi Yezu atanga, «umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge» aratwigisha ukuntu twoburanira ivyo twemera. (Mat. 24:45-47; 1 Pet. 3:15) Ivyo abigira biciye ku nyigisho zitangirwa ku makoraniro, nk’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu, biciye no ku bitabu bishingiye kuri Bibiliya, nka vya biganiro bivuga ngo «Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya» biri ku rubuga rwa jw.org. Woba uriko urungukira kuri izo ntunganyo? Nimba ari uko biri, urashobora kurushiriza kugira umutima rugabo n’ubujijutsi. Vyongeye, nka kumwe kw’intumwa, ntuzokwemera ko hagira ikintu na kimwe kikubuza kubwira abandi ukuri kwiza igitangaza wubuye kandi wumvise ku vyerekeye Imana.

Ntiwemere ko hagira ikintu na kimwe kikubuza kubwira abandi ukuri kwiza igitangaza wize ku vyerekeye Imana

«Bashira ijwi hejuru babwira Imana» (Ivyak. 4:23-31)

13, 14. Dukwiye gukora iki igihe baturwanije, kandi kubera iki?

13 Aho Petero na Yohani barekuriwe bakava mw’ibohero, baciye ubwo nyene baja kubonana n’abandi bari bagize ishengero. Bose hamwe baciye «bashira ijwi hejuru babwira Imana,» bongera barasenga basaba ko bogira umutima rugabo kugira ngo babandanye kwamamaza. (Ivyak. 4:24) Petero yari azi neza ko mu gihe umuntu yogerageza gukora ivyo Imana igomba yishimikije ububasha bwiwe bwite, bitoba biranga ubukerebutsi na gatoyi. Amayinga nk’angahe imbere y’aho, kubera ukwiyizigira yabwiye Yezu ati: «Naho abandi bose botsitazwa n’ivyawe, jewe sinzokwigera ntsitara!» Yamara nk’uko Yezu yari yabivuze, Petero ntiyatevye kugwa mu mutego wo gutinya abantu maze arihakana uwo mugenzi wiwe akaba n’umwigisha. Ariko rero, Petero yaragize ico yigiye kw’ikosa yakoze.​—Mat. 26:33, 34, 69-75.

14 Kugira umwiyemezo si vyo vyonyene bishobora kugufasha kurangura igikorwa washinzwe co gushingira intahe Kristu. Igihe abakurwanya bagerageje gusenyura ukwizera kwawe canke kukubuza kwamamaza, nukurikize akarorero ka Petero na Yohani. Nusenge Yehova umusaba inkomezi. Nusabe abagize ishengero bagufashe. Niwiganire ingorane ufise abakurambere canke abandi bavukanyi bahumuye. Amasengesho abandi batura na yo nyene arashobora kugukomeza cane.​—Ef. 6:18; Yak. 5:16.

15. Ni kubera iki abigeze kumara igihe batamamaza batoca babona ko kabaye?

15 Niba warigeze gushikirwa n’umukazo bigatuma uhagarika kwamamaza mu kiringo kinaka, ntuce ubona ko kabaye. Niwibuke ko inyuma y’aho Yezu apfiriye intumwa zose zamaze igihe kinaka zarahagaritse igikorwa co kwamamaza, ariko bidatevye zarasubiye gukora ico gikorwa. (Mat. 26:56; 28:10, 16-20) Aho kureka ngo amakosa wakoze muri kahise aguce intege, ubona hari ivyo wokwigira kuri ayo makosa maze ukabikoresha kugira ngo ukomeze abandi?

16, 17. Ni ibiki dushobora kwigira kw’isengesho ry’abayoboke ba Kristu bari i Yeruzalemu?

16 None ni igiki twosenga dusaba igihe abategetsi baduhahaza? Uramenya yuko abigishwa batasavye gukingirwa ibigeragezo. Baribuka amajambo Yezu yari yaravuze ati: «Nimba barampamye, namwe bazobahama.» (Yoh. 15:20) Aho gusaba ngo bakingirwe ibigeragezo, abo bigishwa b’intahemuka basavye Yehova “kuraba” iterabwoba ry’ababarwanya. (Ivyak. 4:29) Biragaragara ko abo bigishwa babona ibihambaye kuruta ibindi. Baratahura ko uruhamo barimwo rwariko rushitsa ubuhanuzi. Nk’uko Yezu yari yarabigishije gusenga babisaba, bari bazi ko ivyo Imana igomba “vyokozwe kw’isi,” naho abategetsi bovuga iki.​—Mat. 6:9, 10.

17 Kugira ngo abo bigishwa bakore ivyo Imana igomba, basenze Yehova bati: «Ufashe abashumba bawe kuguma bavuga ijambo ryawe n’ubutinyutsi bwose.» None Yehova yaciye akora iki? Bibiliya igira iti: «Ahantu bari bakoraniye haranyiganyiga, maze bose uko bangana buzuzwa impwemu nyeranda, bavuga ijambo ry’Imana n’ubutinyutsi.» (Ivyak. 4:29-31) Nta kintu na kimwe gishobora kubuza ko ivyo Imana igomba biranguka. (Yes. 55:11) Naho ibintu vyoba bigoye gute canke abaturwanya bakaba bakomeye gute, mu gihe twoshira amajwi yacu hejuru dusenga Imana, turashobora gushira amazinda ko izoturonsa inkomezi zo kuguma tuvuga ijambo ryayo n’ubutinyutsi.

“Bari bafise ico babazwa n’Imana, si abantu” (Ivyak. 4:32–5:11)

18. Ni igiki abari bagize ishengero ry’i Yeruzalemu bagirira bagenzi babo?

18 Bidatevye, ishengero ryari riherutse gushingwa i Yeruzalemu ryarongerekanye rishika ku bantu barenga 5.000. d Naho abigishwa bakomoka ahantu hatandukanye, bari «bahuje umutima n’inama.» Bari bunze ubumwe mu kubona ibintu kumwe no mu kwiyumvira kumwe. (Ivyak. 4:32; 1 Kor. 1:10) Hari n’ibindi bintu abo bigishwa bakoze uretse gusenga Yehova bamusaba ngo ahezagire utwigoro twabo. Barashigikirana mu vy’impwemu, kandi igihe vyaba bikenewe barashigikirana no mu vy’umubiri. (1 Yoh. 3:16-18) Nk’akarorero, umwigishwa Yozefu, umwe intumwa zatazira Barunaba, yaragurishije itongo ryiwe hanyuma ata bwikunzi abigiranye aratanga amahera yose ryaguzwe. Ivyo yabigize mu ntumbero yo gufasha abari bavuye mu turere twa kure kuguma i Yeruzalemu igihe kitari gito kugira ngo bige vyinshi ku bijanye n’ivyo bari baherutse kwizera.

19. Ni kubera iki Yehova yishe Ananiya na Safira?

19 Umugabo umwe yitwa Ananiya n’umukenyezi wiwe Safira na bo nyene baragurishije itongo ryabo hanyuma baratanga intererano. Barabeshe bigira nk’aho batanze amahera yose nya tongo ryari ryaguzwe. Ariko “baragumije mu mpisho igice c’ayo bagurishije.” (Ivyak. 5:2) Yehova yarishe uwo mugabo n’umugore, atabahoye gutanga amahera adakwiye, ahubwo kubera batanze babigiranye imvo mbi kandi bakabesha. “Ntibahenze abantu, ahubwo bahenze Imana.” (Ivyak. 5:4) Nka kumwe kwa ba biyorobetsi Yezu yashira ku kabarore, Ananiya na Safira bitwararitse cane kuninahazwa n’abantu aho kwitwararika kwemerwa n’Imana.​—Mat. 6:1-3.

20. Uburyo bwo gutanga Yehova ashima ni ubuhe?

20 Muri iki gihe, Ivyabona amamiliyoni barashigikira igikorwa co kwamamaza kirangurirwa kw’isi yose mu gutanga intererano bavyishakiye. Ivyo babigirana umutima wo gutanga nk’umwe abigishwa b’abizigirwa bo mu kinjana ca mbere b’i Yeruzalemu bari bafise. Nta n’umwe ahatirwa gukoresha umwanya wiwe canke gutanga amahera yiwe kugira ngo ashigikire ico gikorwa. Mu vy’ukuri Yehova ntiyipfuza ko tumukorera tubigiranye umwikomo canke tugoberewe. (2 Kor. 9:7) Igihe dutanze, ico Yehova aha agaciro si ukuntu ivyo dutanze bingana, ahubwo ni imvo iba yatumye tubitanga. (Mrk. 12:41-44) Ntitukigere twipfuza kumera nka Ananiya na Safira, ngo dukorere Imana tubitumwe n’agatima ko kurondera inyungu zacu canke icubahiro. Ahubwo riho, nka kumwe kwa Petero na Yohani be na Barunaba, ese twokwama dukorera Yehova Imana tubitumwe n’urukundo nyakuri tumukunda be n’urwo dukunda abantu nkatwe.​—Mat. 22:37-40.

a Abantu basengera ku rusengero mu gihe co gutanga ibimazi vyo mu gitondo be n’ivyo ku mugoroba. Ikimazi co ku mugoroba catangwa «nk’isaha icenda» ku muhingamo.

c Raba uruzitiro ruvuga ngo « Umuherezi mukuru be n’abakuru b’abaherezi.»

d Mu 33 inyuma ya Kristu, i Yeruzalemu hashobora kuba hari Abafarizayo nka 6.000 gusa be n’Abasadukayo bari ku rushi. Iyo ishobora kuba ari iyindi mvo yatumye iyo migwi ibiri irushiriza kwumva ko ibangamiwe n’inyigisho zerekeye Yezu.