Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 2

«Muzombera ivyabona»

«Muzombera ivyabona»

Ingene Yezu yateguye intumwa ziwe kugira ngo zibe imboneza mu gikorwa co kwamamaza

Bishingiye ku Vyakozwe 1:1-26

1-3. Yezu avana n’intumwa ziwe gute, kandi ni ibibazo ibihe bica bivyuka?

 INTUMWA ntizipfuza yuko ibihe zirimwo birangira. Mu mayinga aheze, izo ntumwa zari zagize umunezero mwinshi cane. Izuka rya Yezu ryaratumye ziva mu mwiheburo ukomeye zarimwo, ziraheza zigira umunezero udasanzwe. Ico gihe Yezu yari amaze imisi 40 abonekera abayoboke biwe akatari gake, abigisha ibindi bintu yongera abaremesha. Ariko kuri uwu musi ho, ni ubwa nyuma ababonekeye.

2 Magingo izo ntumwa zihagararanye na Yezu ku musozi w’Imyelayo, ziratega yompi ijambo ryose avuga. Arangije kuvuga, nya ntumwa zikaba zibona yuko akoresheje umwanya mutoyi cane nk’uwo gukubita urugohe, aciye atarika ibiganza maze arabahezagira. Hanyuma, aratanguye kuduga avuye kw’isi! Abayoboke biwe baramuhanga amaso uko aduga yerekeza mw’ijuru. Amaherezo, igicu kiramupfuka bigatuma badasubira kumubona. Naho agiye, bobo baguma bararamuye amaso baraba mw’ijuru.​—Luka 24:50; Ivyak. 1:9, 10.

3 Ico kintu kibaye kiratuma haba ihinduka rikomeye mu buzima bw’intumwa za Yezu. None ubu ga yemwe zigiye gukora iki ko Shebuja wazo, ari we Yezu Kristu, aduze mw’ijuru? Nta mazinda ko uwo Shebuja yaziteguye kugira ngo zibandanye igikorwa yari yatanguje. None yabamenyereje gute kugira ngo barangure ico gikorwa gihambaye? Boba barabishize mu ngiro? Kandi ivyo bigira ico bikoze gute ku bakirisu muri kino gihe? Ikigabane ca mbere c’igitabu c’Ivyakozwe kirimwo inyishu ziremesha z’ivyo bibazo.

«Ibimenyamenya vyinshi bibemeza» (Ivyak. 1:1-5)

4. Ni gute Luka atangura kwigana inkuru yo mu gitabu c’Ivyakozwe?

4 Luka atangura inkuru yiwe mu kuyiganira Tewofile, wa mugabo nyene yandikira Injili yiwe imbere y’aho. a Kugira ngo Luka yerekane neza ko ari ya nkuru ya mbere abandanirijeko, atangura kuvuga muri make ibintu vyabaye bivugwa mu nsozero y’Injili yanditse, akoresheje imvugo idasa n’iya mbere kandi agashiramwo n’ayandi makuru.

5, 6. (a) Ni ibiki vyari gufasha abayoboke ba Yezu kuguma bafise ukwizera gukomeye? (b) Ni mu buryo ki ukwizera kw’abakirisu bo muri iki gihe gushingiye ku «bimenyamenya vyinshi bibemeza»?

5 Ni igiki none cari gufasha abayoboke ba Yezu kuguma bafise ukwizera gukomeye? Mu Vyakozwe 1:3, dusoma duti: «Abaha ibimenyamenya vyinshi bibemeza ko ari muzima.» Muri Bibiliya, «umuganga mukundwa» Luka ni we wenyene yakoresheje imvugo ihindurwa ngo “ibimenyamenya bibemeza.” (Kol. 4:14) Yari imvugo yakoreshwa mu bitabu bivuga ibijanye n’ubuvuzi, ikaba ishaka kuvuga ibimenyamenya vyibonekeza, ntaharirizwa, vyo kwizigirwa. Ibimenyamenya nk’ivyo ni vyo Yezu yatanze. Yarabonekeye abayoboke biwe incuro nyinshi, rimwe na rimwe akabonekera umwe canke babiri, ahandi akabonekera intumwa zose, ikindi gihe na ho akaba yabonekeye abemera barenga 500. (1 Kor. 15:3-6) Vyari ibimenyamenya bibemeza koko!

6 Ukwizera kw’abakirisu b’ukuri bo muri kino gihe na kwo nyene gushingiye ku «bimenyamenya vyinshi bibemeza.» Hoba hari ibimenyamenya vyerekana ko Yezu yabaye ng’aha kw’isi, ko yapfuye azira ibicumuro vyacu, kandi ko yazutse? Cane nyene! Inkuru zo kwizigirwa dusanga mw’Ijambo ry’Imana ryahumetswe, ziganwa n’abavyiboneye turazisangamwo ibimenyamenya vyose bijijura dukeneye. Kurimbura izo nkuru tubijanishije n’isengesho birashobora gukomeza cane ukwizera kwacu. Niwibuke ko ibimenyamenya vyo kwizigirwa ari vyo bishobora kwerekana itandukaniro riri hagati y’ukwizera nyakuri be n’ugupfa kwemera nk’impumyi. Ukwizera nyakuri ni ntahara kugira ngo umuntu azoronke ubuzima budahera.​—Yoh. 3:16.

7. Ni akarorero akahe Yezu yasigiye abayoboke biwe mu bijanye no kwigisha be no kwamamaza?

7 Vyongeye, Yezu «[yarababwira] ivyerekeye Ubwami bw’Imana.» Nk’akarorero, yarasiguye ubuhanuzi butandukanye bwerekana ko Mesiya yobwirijwe kubabazwa, hanyuma akicwa. (Luka 24:13-32, 46, 47) Igihe Yezu yatomora uruhara yoranguye ari Mesiya, yaguma ashimika ku vyerekeye Ubwami bw’Imana, kuko ari we yagenywe ngo azobe Umwami wabwo. Ubwami ni bwo Yezu yama yigisha, kandi n’abayoboke biwe bo muri iki gihe ni bwo baguma bashimikako igihe bamamaza.​—Mat. 24:14; Luka 4:43.

«Mu mihingo ya kure cane y’isi» (Ivyak. 1:6-12)

8, 9. (a) Ni ivyiyumviro bibiri bitari vyo ibihe intumwa za Yezu zari zifise? (b) Yezu yabogoye gute ukuntu izo ntumwa ziyumvira, kandi ni icigwa ikihe abakirisu bo muri iki gihe bahakura?

8 Igihe intumwa zahurira ku musozi w’Imyelayo, bwari bwo bwa nyuma zikoranira hamwe na Yezu ng’aha kw’isi. Bamubajije babishashaye bati: «Mukama, ubu ni ho ugira usubize ubwami Isirayeli?» (Ivyak. 1:6) Muri ico kibazo kimwe gusa, intumwa zarahishuye ivyiyumviro bibiri bitari vyo zari zifise. Ubwa mbere, babona ko Ubwami bw’Imana bwosubijwe Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri. Ubwa kabiri, bari biteze ko Ubwami bwari bwarasezeranywe bwagira butangure kuganza, ni ukuvuga “ico gihe” nyene. None Yezu yabafashije gute kubogora ivyiyumviro vyabo?

9 Biboneka ko Yezu yari azi yuko ico ciyumviro ca mbere cari kigiye gukosorwa vuba bishoboka. Nkako, mu misi cumi itarenga abayoboke biwe bari bagiye kwibonera ivuka ry’ihanga rishasha, ari ryo Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu. Imana yari yimirije guhagarika imigenderanire yari ifitaniye na Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri. Ku bijanye n’iciyumviro ca kabiri na ho, Yezu yarabibukije abigiranye ubuntu ati: «Si ivyanyu kumenya ibihe canke ibiringo Data yashize munsi y’ububasha bwiwe.» (Ivyak. 1:7) Yehova ni we Ruheta mu bijanye no kugena ibihe. Imbere y’uko Yezu apfa, we ubwiwe yaravuze ko mbere n’Umwana atari azi “umusi n’isaha” iherezo ryoshikiyeko, yuko «Data gusa» ari we yari abizi. (Mat. 24:36) No muri iki gihe, hamwe abakirisu borazwa ishinga cane n’igihe iherezo ry’ivy’iyi si rizoshikira, mu vy’ukuri boba barajwe ishinga n’ibitabaraba.

10. Ni inyifato nziza iyihe intumwa zari zifise, kandi kubera iki dukwiye kuzigana?

10 Naho biri ukwo, turakwiye kwiyubara kugira ngo ntiduhave dusuzugura intumwa za Yezu. Zari zifise ukwizera gukomeye. Zaremeye gukosorwa zibigiranye ukwicisha bugufi. N’ikindi kandi, naho izo ntumwa zabajije ico kibazo kubera kwiyumvira ibitari vyo, carahishuye agatima keza zari zifise. Yezu yari yarahimirije akatari gake abayoboke biwe ati: «Mugume muri maso.» (Mat. 24:42; 25:13; 26:41) Bari barikanuye mu vy’impwemu, baguma bareretse babishashaye ibimenyamenya vyoberetse ko Yehova yari agiye kugira ico akoze. Ukwo ni ko na twebwe dukwiye kuguma tubona ibintu muri iki gihe. Nkako, birihutirwa cane ko turushiriza kubigenza gutyo narirya iki gihe tubayemwo ari igihe gihambaye c’«imisi ya nyuma.»​—2 Tim. 3:1-5.

11, 12. (a) Ni igikorwa ikihe Yezu yashinze abayoboke biwe? (b) Ni kubera iki vyari bibereye ko Yezu avuga ivyerekeye impwemu nyeranda mu bijanye n’igikorwa co kwamamaza?

11 Yezu yaribukije intumwa ziwe ikintu nyamukuru zari zikwiye kwitwararika. Yavuze ati: «Muzoronka ububasha impwemu nyeranda niyabazako, kandi muzombera ivyabona i Yeruzalemu n’i Yudaya hose n’i Samariya, no mu mihingo ya kure cane y’isi.» (Ivyak. 1:8) I Yeruzalemu, aho Yezu yiciwe, ni ho inkuru yerekeye izuka ryiwe yobanje gutangazwa. Ubwo butumwa, buvuye ng’aho bwociye bukwiragira i Yudaya hose, hanyuma i Samariya, amaherezo bugashika kure cane.

12 Birabereye kubona Yezu yabwiye abigishwa biwe ivyo kuja kwamamaza, amaze kuvuga ibijanye na wa muhango wo kurungika impwemu nyeranda ngo ibafashe. Iyo ni imwe mu ncuro zirenga 40 imvugo ngo «impwemu nyeranda» iboneka mu gitabu c’Ivyakozwe. Akatari gake ico gitabu ca Bibiliya gishimishije, kirerekana neza yuko tudashobora gushitsa ivyo Yehova agomba tudafashijwe n’impwemu nyeranda. Bihambaye rero yuko tuguma dusenga dusaba iyo mpwemu! (Luka 11:13) Muri iki gihe ni ho tuyikeneye kuruta ikindi gihe ico ari co cose.

13. Igikorwa abasavyi b’Imana bashinzwe muri kino gihe bagikora gushika hehe? Ni kubera iki dukwiye kugikorana umwete?

13 Muri iki gihe, imvugo ngo «mu mihingo ya kure cane y’isi» yarahinduye insobanuro yari ifise ico gihe. Ariko nk’uko ikigabane c’imbere y’iki kivyerekana, Ivyabona vya Yehova baremeye n’umutima wabo wose gukora ico gikorwa co gushinga intahe. Baratahura ko Imana igomba yuko abantu b’uburyo bwose bumva inkuru nziza y’Ubwami bwayo. (1 Tim. 2:3, 4) Woba nawe uriko urakora wivuye inyuma ico gikorwa ndokorabuzima? Emwe, nta handi hantu na hamwe woshobora kuronka igikorwa kimara akanyota nk’ico! Yehova azokuronsa ububasha ukeneye kugira ngo ukore ico gikorwa. Igitabu c’Ivyakozwe kizokubwira vyinshi ku bijanye n’uburyo burashe wokoresha be n’agatima wotsimbataza kugira ngo wererwe.

14, 15. (a) Abamarayika bavuze iki ku bijanye n’ukugaruka kwa Kristu, kandi bashaka kuvuga iki? (Raba kandi akajambo k’epfo.) (b) Ni mu buryo ki Kristu yagarutse nk’«ukwo nyene» yagiye?

14 Nk’uko vyavuzwe mu ntango z’iki kigabane, Yezu yaraduze avuye kw’isi maze ntihagira uwusubira kumubona. Yamara, za ntumwa 11 zagumye zihagaze ng’aho, zihanze amaso mw’ijuru. Abamarayika babiri bahavuye baseruka hanyuma barabakebura n’umutima mwiza, bati: «Bagabo b’i Galilaya, kubera iki muhagaze muraba mw’ijuru? Uyo Yezu akuwe muri mwebwe akajanwa mw’ijuru, azoza ukwo nyene mumubonye aja mw’ijuru.» (Ivyak. 1:11) None abo bamarayika boba bashaka kuvuga yuko Yezu azogaruka afise urya mubiri nyene, nk’uko abanyamadini bamwebamwe bavyigisha? Habe namba. None ivyo tuvyemezwa n’iki?

15 Abo bamarayika ntibavuze ko Yezu yogarutse afise ya shusho nyene, ahubwo bavuze ko yogarutse «ukwo nyene.» b None yagiye gute? Yezu yari yamaze kuzimangana igihe abo bamarayika bariko baravuga. Abo bantu bakeyi gusa, ni ukuvuga izo ntumwa zonyene, ni bo batahuye ko Yezu yari yavuye mu micungararo y’isi be n’uko yariko yerekeza kwa Se mw’ijuru. Kristu yogarutse nk’ukwo nyene. Kandi ni ko vyagenze. Muri iki gihe, abafise ugutahura kwo mu buryo bw’impwemu ni bo bonyene batahura ko Yezu ko Yezu aganza ari Umwami mu Bwami bw’Imana. (Luka 17:20) Turakwiye gutahura ibimenyamenya vyerekana ukugaruka kwiwe, hanyuma tukabibwira abandi kugira ngo na bo batahure ko iherezo ryegereje.

“Erekana uwo watoye” (Ivyak. 1:13-26)

16-18. (a) Twisunze Ivyakozwe 1:13, 14, amakoraniro ajanye no gusenga atwigisha iki? (b) Ni igiki dushobora kwigira ku karorero Mariya nyina wa Yezu yadusigiye? (c) Ni kubera iki amakoraniro ari ngirakamaro cane muri iki gihe?

16 Nta gukeka ko izo ntumwa «[zasubiye] i Yeruzalemu n’umunezero mwinshi.» (Luka 24:52) None izo ntumwa zashize gute mu ngiro ubuyobozi Kristu yazihaye be n’ivyo yazitegetse? Dusomye mu Vyakozwe 1:13, 14, dusanga izo ntumwa zikoraniye mu «cumba co hejuru,» kandi ukwo gukoranira hamwe kuratwigisha ivyigwa bihambaye. Ico gihe, amazu yo muri Palesitina akenshi wasanga afise icumba co hejuru, umuntu akaba yagishikamwo aciye ku ngazi yaba iri hanze. Birashoboka ko ico «cumba co hejuru» cari ku nzu ivugwa mu Vyakozwe 12:12, ya nyina wa Mariko. Ukwo biri kwose, ico cumba gishobora kuba cari giciye bugufi, kandi abayoboke ba Kristu ni co bakoraniramwo. None ni bande bari bahakoraniye kuri uwo musi, kandi bari baje gukora iki?

17 Numenye ko iryo koraniro ritari ryitabwe n’intumwa gusa, eka kandi ntugire ngo bari abagabo gusa. Hari harimwo n’«abagore bamwebamwe,» ushizemwo na Mariya nyina wa Yezu. Aho ni ho hantu ha nyuma Mariya avugwa muri Bibiliya mu buryo budomako. Birabereye kubona Mariya yari muri iryo koraniro, akaba atari yaje arondera icubahiro, ariko yaje yicishije bugufi kugira ngo asengere hamwe n’abo basangiye ukwemera. Ategerezwa kuba yarahumurijwe no kubona ico gihe yari kumwe n’abandi bahungu biwe bane, bano bakaba batari bwabe abakirisu igihe Yezu yari akiri ng’aha kw’isi. (Mat. 13:55; Yoh. 7:5) Bari barahindutse kuva aho mwene wabo bari basangiye nyina apfiriye akazuka.​—1 Kor. 15:7.

18 Raba kandi igituma abo bigishwa bari bakoraniye hamwe. Bibiliya ivuga iti: «Abo bose bariko bakovya mu gusenga bahuje inama.» (Ivyak. 1:14) Gukoranira hamwe vyamye ari ikintu ntahara mu bijanye n’ugusenga. Dukoranira hamwe kugira ngo turemeshanye, twigishwe kandi duhabwe impanuro. N’ikiruta vyose, tubigira kugira ngo twifatanye n’abandi mu gusenga Data wa twese wo mw’ijuru Yehova. Amasengesho dutura be n’indirimbo zo kumushemeza turirimba muri ivyo biringo, biramuhimbara rwose kandi biratugirira akamaro cane. Ese tutokwigera duheba ayo makoraniro meranda kandi akomeza!​—Heb. 10:24, 25.

19-21. (a) Ni igiki twigira ku ruhara ruboneka Petero yaranguye mw’ishengero? (b) Ni kubera iki vyari bikenewe ko Yuda asubirizwa, kandi ni igiki twigira ku kuntu ico kibazo catorewe umuti?

19 Ico gihe hari ikibazo gihambaye cane cari gihanze abayoboke ba Kristu, kandi intumwa Petero yaragiye imbere abandi mu bijanye no kugitorera umuti. (Umurongo wa 15-26) Ntibihumuriza none kubona mu mayinga nk’angahe yari ahaciye kuva aho Petero yihakaniye Umukama wiwe incuro zitatu, yari yaragize iterambere riboneka? (Mrk. 14:72) Twese dufise impengamiro yo gukora icaha, kandi turakeneye kwama twibutswa yuko Yehova ari «mwiza kandi [y]iteguriye kubabarira» abigaya vy’ukuri.​—Zab. 86:5.

20 Petero yaratahuye yuko Yuda, ya ntumwa yagura Yezu, yari ikwiye gusubirizwa. None yosubiriwe na nde? Intumwa yosubiriye Yuda yategerezwa kuba ari umuntu yakurikiye Yezu mu kiringo cose yamaze arangura ubusuku bwiwe, akaba kandi yariboneye izuka ryiwe. (Ivyak. 1:21, 22) Ivyo birahuye n’umuhango Yezu ubwiwe yari yaratanze, ugira uti: «Mwebwe mwankurikiye muzokwicara ku ntebe z’ubwami 12, mucire imanza imiryango 12 ya Isirayeli.» (Mat. 19:28) Biragaragara ko Yehova yari yarategekanije yuko intumwa 12 zakurikiye Yezu mu gihe c’ubusuku yaranguye ng’aha kw’isi, ari zo zobaye «amabuye y’umushinge 12» ya Yeruzalemu Nshasha. (Ivyah. 21:2, 14) Ku bw’ivyo, Imana yaratumye Petero abona ko ubuhanuzi buvuga ngo «ibanga ryiwe ry’ubuhagarikizi nirihabwe uwundi,» bwerekeza kuri Yuda.​—Zab. 109:8.

21 None uwo muntu yatowe gute? Hagizwe ubupfindo, nk’uko vyari bisanzwe bigirwa mu bihe vya Bibiliya. (Imig. 16:33) Ariko rero, aho ni ho hantu ha nyuma Bibiliya ivuga ibijanye no kugira ubupfindo. Biboneka yuko impwemu nyeranda imaze gusukwa, ubwo buryo butabandanije gukoreshwa. Mugabo raba igituma ubupfindo bwakoreshejwe. Intumwa zasenze ziti: «Ewe Yehova, wewe uzi imitima ya bose, erekana muri aba bantu babiri uwo watoye.» (Ivyak. 1:23, 24) Bipfuza ko Yehova aba ari we amutora. Matiyasi, uwushobora kuba ari muri ba bigishwa 70 Yezu yarungika kwamamaza inkuru nziza, ni we yatowe. Ukwo ni ko Matiyasi yacitse uwo muri «bamwe cumi na babiri.» c​—Ivyak. 6:2.

22, 23. Ni kubera iki dukwiye kuyobokera no kugamburukira abatuja imbere mw’ishengero muri iki gihe?

22 Ico kintu cabaye kiratwibutsa ko bihambaye cane yuko mu basavyi b’Imana haba ugutunganya ibintu. No muri kino gihe, haratorwa abagabo babishoboye kugira ngo babe abahagarikizi mw’ishengero. Abakurambere bararimbura bitonze kamere zishingiye ku Vyanditswe abo bahagarikizi basabwa gushitsa, bakongera bagasenga basaba kuyoborwa n’impwemu nyeranda. Gutyo rero, ishengero rica ribona ko abo bagabo bagenywe n’impwemu nyeranda. Ku ruhande rwacu, turemera kuguma tuyobokera abatuja imbere kandi tukabagamburukira, gutyo tugatuma mw’ishengero haba agatima ko gusenyera ku mugozi umwe.​—Heb. 13:17.

Turemera kuguma tuyobokera abahagarikizi bagenywe kandi tukabagamburukira

23 Aho abo bigishwa bamariye gukomezwa n’ibiringo Yezu yaza arababonekera inyuma y’aho azukiye, hamwe n’ivyaryohowe mu bijanye n’uburyo bwo gutunganya ibintu, baciye baba abiteguriye neza guhangana n’ikintu cari kiraririye gushika. Ikigabane gikurikira kiraca irya n’ino ibijanye n’ico kintu gihambaye.

a Hari abiyumvira yuko Tewofile ashobora kuba yari umuntu yubahwa atari bwabe umukirisu, kubera yuko mu Njili Luka yanditse, uwo mugabo amwita ngo «nyakwubahwa Tewofile.» (Luka 1:3) Ariko rero mu gitabu c’Ivyakozwe hoho, Luka amwandikira akoresheje gusa amajambo ngo «ewe Tewofile.» Hari incabwenge zibona ko Tewofile yacitse umukirisu inyuma y’aho amariye gusoma Injili ya Luka, akaba ari co gituma zivuga yuko Luka yandikira uwo mugabo adakoresheje izina ry’icubahiro, ariko ko amwandikira nk’umukirisu mugenziwe.

b Muri ico canditswe, Bibiliya ikoresha ijambo ry’ikigiriki troʹpos, ryerekeza ku “kuntu,” aho gukoresha ijambo mor·pheʹ, risobanura “ishusho.”

c Pawulo yahavuye agenwa ngo abe «intumwa ku mahanga,» ariko ntiyigeze aharurwa muri bamwe 12. (Rom. 11:13; 1 Kor. 15:4-8) Ntiyari akwije ibisabwa kugira aterwe iryo teka ridasanzwe kubera ko atari yarakurikiye Yezu mu gihe c’ubusuku yaranguye ng’aha kw’isi.