Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibimenyeshwa abitavye ihwaniro

Ibimenyeshwa abitavye ihwaniro

INAMA IDASANZWE

ISHURE RY’ABAMAMAJI B’UBWAMI Abatsimvyi bafise imyaka y’amavuka iri hagati ya 23 na 65 bipfuza kwagura ubusuku barangura, baratumiwe mu nama y’abipfuza kwitaba Ishure ry’abamamaji b’Ubwami, izoba ku wa mungu mu gihe c’akaruhuko. Aho iyo nama izobera be n’igihe izoberako bizotangazwa.

IBIMENYESHWA ABITAVYE IHWANIRO

ABAKIRA ABANTU Abakira abantu bashinzwe kugusahiriza. Turagusavye usenyere ku mugozi umwe na bo mu gukurikiza ubuyobozi baguhaye ku bijanye na parikingi, igikorwa cabo co gucungera uruja n’uruza rw’isinzi ry’abantu bahari, mu bijanye no gufatira abandi ibibanza, no mu bindi.

ABAKORA BAVYISHAKIYE Nimba ushaka gufasha mu bikorwa bijanye n’ihwaniro, turagusavye ubimenyeshe urwego rw’abakora bavyishakiye.

IBATISIMU Hatagize igihinduka, abazobatizwa bazobikirwa ibibanza imbere y’umukiruruko. Bakwiye kuba bicaye ng’aho imbere y’uko insiguro y’ibatisimu itangura, ino ikaba izoba ku wa gatandatu mu gitondo. Umwe wese akwiye kuzana isume n’ivyambarwa vyo kwinjirana mu mazi biranga urupfasoni.

INTERERANO Hariho ibintu vyatunganijwe ku mahera menshi kugira haboneke ivyicaro bibereye, ivyuma biduza amajwi, hamwe n’ibindi bintu vyinshi bituma kwitaba ihwaniro biryoha bikongera bikadufasha kwiyegereza Yehova. Intererano utanga uvyishakiye zirafasha gutuma haboneka amahera yasohowe kandi zigashigikira igikorwa kirangurirwa kw’isi yose. Kugira woroherezwe, udusandugu tw’intererano twanditseko mu ndome ziboneka neza usanga turi ahantu hose muri iki kibanza. Intererano zose zirashimwa cane rwose. Inama Nyobozi ibaye iragukengurukira ku kuntu uzotanga utitangiriye itama kugira ngo ushigikire ivyungura Ubwami.

IVYATAKAYE N’IVYATOWE Ibintu vyose vyatowe mugabo ntihaboneke nyenevyo bikwiye gushikirizwa Urwego rujejwe ivyatakaye n’ivyatowe. Nimba hari ikintu watakaje, shikira urwo rwego urabe ko hari ivyawe vyoba birimwo. Abana bazimiye, bakwiye gushikirizwa urwo rwego. Ariko rero ntirukwiye kubonwa nk’irerero ry’abana. Turagusavye ukurikirane abana bawe, kandi ugume ubiyegereje.

IVYICARO Turagusavye wubahirize abandi. Uribuka ko ibibanza bishobora kubikirwa gusa abo mu muryango wawe, abo mwazananye, abo mubana mu rugo, canke abo mwigana Bibiliya. Turagusavye ntushire ibintu ku vyicaro utabikiye abantu.

UGUTABARA ABARWAYE Turagusavye ugumize mu muzirikanyi yuko ivyo bigirirwa GUSA abakeneye gutabarwa VYIHUTIRWA.

Ryatunganijwe n’Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova