Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibimenyeshejwe abitavye ihwaniro

Ibimenyeshejwe abitavye ihwaniro

ABAKIRA ABANTU Abakira abantu bajejwe kugusahiriza. Turagusavye usenyere ku mugozi umwe na bo mu gukurikiza ubuyobozi baguha mu bijanye na parkingi, kwitwararika uruja n’uruza rw’isinzi ry’abantu bahari, gufatira abandi ibibanza no mu bindi.

ABAKORA BAVYISHAKIYE Nimba ushaka gufasha mu bikorwa bijanye n’ihwaniro, turagusavye ubimenyeshe Urwego rw’abakora bavyishakiye.

GUTABARA ABARWAYE Turagusavye wibuke yuko ivyo bigirirwa abakeneye gutabarwa vyihutirwa bonyene.

IBATISIMU Ata gihindutse, ababatizwa bazobikirwa ibibanza imbere y’umukiruruko. Bakwiye kuba bicaye ng’aho imbere y’uko insiguro y’ibatisimu itangura, ikaba izoshikirizwa ku wa gatandatu mu gitondo. Umwe wese akwiye kuzana iswime n’ivyambarwa vyo kwinjirana mu mazi biranga urupfasoni.

INTERERANO Harakoreshejwe amahera menshi kugira haboneke ikibanza kibereye, ivyuma biduza amajwi n’ibindi bintu vyinshi bituma ihwaniro rituryohera rikongera rikadufasha kwiyegereza Yehova. Intererano utanga uvyishakiye zirafasha gutuma haboneka ayo mahera yasohowe kandi zigashigikira igikorwa c’Ubwami kw’isi yose. Kugira bikworohere, udusandugu tw’intererano twanditseko mu ndome ziboneka twarashizwe hirya no hino muri iki kibanza. Urashobora no gutanga intererano uciye kuri donate.pr418.com. Intererano iyo ari yo yose wotanga turayikenguruka. Inama Nyobozi ibaye iragushimira ku kuntu ushigikira igikorwa c’Ubwami utitangiriye itama.

IVYATOWE Ibintu vyose vyatowe bikwiye gushikirizwa Urwego rujejwe ivyatowe. Nimba hari ikintu watakaje, nushikire urwo rwego urabe ko hari ivyawe vyoba birimwo. Abana bazimiye bakwiye gushikirizwa urwo rwego. Ariko rero, ntirukwiye kubonwa nk’irerero ry’abana. Turagusavye ukurikirane abana bawe kandi ugume ubiyegereje.

IVYICARO Turagusavye wubahirize abandi. Uribuka ko ata bandi ukwiye kubikira ibibanza kiretse abo mu muryango wawe, abo mwazananye, abo mubana mu rugo canke abo mwigana Bibiliya. Turagusavye ntushire ibintu ku vyicaro utabikiye abantu.

INAMA IDASANZWE

Ishure ry’abamamaji b’Ubwami: Abatsimvyi bafise imyaka iri hagati ya 23 na 65 bipfuza kwagura igikorwa cabo, baratumiwe mu nama y’abipfuza kwitaba Ishure ry’abamamaji b’Ubwami, izoba ku wa mungu mu gihe c’akaruhuko. Aho iyo nama izobera n’igihe izoberako bizotangazwa.

Ryatunganijwe n’Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova

© 2020 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania