Raporo yo mu 2017 yose ifatiwe hamwe
Ibiro vy’amashami vy’Ivyabona vya Yehova: 90
Igitigiri c’ibihugu bitanga raporo: 240
Amashengero yose hamwe: 120.053
Abitavye Icibutso kw’isi yose: 20.175.477
Abihereje ku bimenyetso vy’Icibutso kw’isi yose: 18.564
Abamamaji bose hamwe *: 8.457.107
Incahagati y’abamamaji buri kwezi: 8.248.982
Iyongerekana ugereranije na 2016: 1,4
Ababatijwe bose hamwe *: 284.212
Incahagati y’abatsimvyi * bafasha buri kwezi: 1.249.946
Incahagati y’abatsimvyi buri kwezi: 439.571
Amasaha yo mu ndimiro yose hamwe: 2.046.000.202
Incahagati y’inyigisho * zayobowe buri kwezi: 10.071.524
Mu mwaka w’umurimo wa 2017, * Ivyabona vya Yehova basohoye amadolari arenga imiliyoni 202 (nk’amarundi arenga imiliyaridi 353) mu kubungabunga abatsimvyi badasanzwe, abamisiyonari n’abacungezi b’imizunguruko mu gikorwa bashinzwe co mu ndimiro. Kw’isi yose, Ivyabona bose hamwe bakorera ku biro vy’amashami ni 19.730. Bose bari mu Rwego rwo kw’isi yose rw’abasuku badasanzwe b’igihe cose b’Ivyabona vya Yehova.
^ ing. 7 Umwamamaji ni umuntu yigisha abigiranye umwete inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. (Matayo 24:14) Kugira umenye ivyo twisunga mu guharura, raba ikiganiro co kuri jw.org kivuga ngo “Kw’isi yose hari Ivyabona vya Yehova bangahe?”
^ ing. 10 Wipfuza kumenya ibisabwa kugira umuntu abatizwe mu Vyabona vya Yehova, raba ikiganiro co kuri jw.org kivuga ngo “Ushobora gute kuba Icabona ca Yehova?”
^ ing. 11 Umutsimvyi ni Icabona yabatijwe w’intangakarorero, yitanga akamara igitigiri kanaka c’amasaha buri kwezi ariko arigisha inkuru nziza.
^ ing. 14 Wipfuza ayandi makuru, nurabe ikiganiro co kuri jw.org kivuga ngo “Ivyigwa mutanga vya Bibiliya bigirwa gute?”
^ ing. 15 Umwaka w’umurimo wa 2017 watanguye ku wa 1 Nyakanga 2016, urangira ku wa 31 Myandagaro 2017.