Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Raporo yo mu 2021 yose ifatiwe hamwe

Raporo yo mu 2021 yose ifatiwe hamwe
  • Ibiro vy’amashami vy’Ivyabona vya Yehova: 87

  • Igitigiri c’ibihugu bitanga raporo: 239

  • Amashengero yose hamwe: 119.297

  • Abitavye Icibutso kw’isi yose: 21.367.603

  • Abihereje ku bimenyetso vy’Icibutso kw’isi yose: 20.746

  • Abamamaji bose hamwe *: 8.686.980

  • Incahagati y’abamamaji buri kwezi: 8.480.147

  • Iyongerekana ugereranije na 2020: 0,7

  • Ababatijwe bose hamwe *: 171.393

  • Incahagati y’abatsimvyi * buri kwezi: 1.350.138

  • Incahagati y’abatsimvyi bafasha buri kwezi: 398.504

  • Amasaha yo mu ndimiro yose hamwe: 1.423.039.931

  • Incahagati y’inyigisho * zayobowe buri kwezi: 5.908.167

Mu mwaka w’umurimo wa 2021, * Ivyabona vya Yehova basohoye amadolari arenga imiliyoni 229 (nk’amarundi arenga imiliyaridi 455) mu kubungabunga abatsimvyi badasanzwe, abamisiyonari n’abacungezi b’imizunguruko mu gikorwa bashinzwe co mu ndimiro. Kw’isi yose, Ivyabona bose hamwe bakorera ku biro vy’amashami ni 20.595. Bose bari mu Rwego rwo kw’isi yose rw’abasuku badasanzwe b’igihe cose b’Ivyabona vya Yehova.

^ lup. 7 Umwamamaji ni umuntu yigisha abigiranye umwete inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. (Matayo 24:14) Kugira umenye ivyo twisunga mu guharura, raba ikiganiro co kuri jw.org kivuga ngo “Kw’isi yose hari Ivyabona vya Yehova bangahe?

^ lup. 10 Wipfuza kumenya ibisabwa kugira umuntu abatizwe mu Vyabona vya Yehova, raba ikiganiro co kuri jw.org kivuga ngo “Ushobora gute kuba Icabona ca Yehova?

^ lup. 11 Umutsimvyi ni Icabona yabatijwe w’intangakarorero, yitanga akamara igitigiri kanaka c’amasaha buri kwezi ariko arigisha inkuru nziza.

^ lup. 14 Wipfuza ayandi makuru, nurabe ikiganiro co kuri jw.org kivuga ngo “Ivyigwa mutanga vya Bibiliya bigirwa gute?

^ lup. 15 Umwaka w’umurimo wa 2021 watanguye ku wa 1 Nyakanga 2020, urangira ku wa 31 Myandagaro 2021.