Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGIHIMBA CA 26

Iparadizo igarukanwa!

Iparadizo igarukanwa!

Biciye ku Bwami burongowe na Kristu, Yehova areza izina ryiwe, akemeza ubusegaba bwiwe akongera agakuraho ikibi cose

IGITABU ca nyuma ca Bibiliya, na co kikaba citwa Ivyahishuwe, kiratuma abantu bose bagira icizigiro. Ico gitabu canditswe n’intumwa Yohani kirimwo urukurikirane rw’ibintu yeretswe bishika ku kiringo cavyo c’agaheta mu gihe c’iranguka ry’umugambi wa Yehova.

Mu vyo Yohani yerekwa ubwa mbere, Yezu, uwamaze kuzurwa, arakeza akongera agakosora amashengero atari make. Ivyo yerekwa ubukurikira biratwereka intebe y’ubwami yo mw’ijuru y’Imana, aho abona ibiremwa vy’impwemu biriko birashemeza Imana.

Uko umugambi w’Imana utera uja imbere, Umwagazi w’intama ari we Yezu Kristu, arahabwa umuzingo uhomeshejwe udushashara indwi. Igihe udushashara tune twa mbere tumaturwa, mw’isi haca haseruka abagendera ku mafarasi b’ikigereranyo. Uwa mbere ni Yezu ari kw’ifarasi yera kandi yambaye urugori rwerekana ko ari Umwami. Haca hakurikira abagendera ku mafarasi y’amabara atandukanye, mu buryo bw’ubuhanuzi bakaba bagereranya intambara, ikigoyi be n’ibiza, ivyo vyose bikaba biba mu misi ya nyuma y’ivy’iyi si. Imaturwa ry’agashashara kagira indwi rituma haba ukuvuza inzumbete indwi z’ikigereranyo, zino zikaba zitangaza imanza z’Imana. Ivyo bishikana ku vyago indwi vy’ikigereranyo biserura uburake bw’Imana.

Mw’ijuru harashingwa Ubwami bw’Imana budondorwa ko ari umwana w’umuhungu akivuka. Haraduka intambara, maze Shetani n’abamarayika biwe b’ababisha bakararirizwa kw’isi. Harumvikana ijwi rirenga rigira riti: “Haragowe isi.” Wa Mubesheranyi aragira ishavu ryinshi kuko azi yuko afise igihe gito.—Ivyahishuwe 12:12.

Yohani arabona Yezu mw’ijuru uwugereranywa n’umwagazi w’intama, kandi akabona ari kumwe n’abantu 144.000 batowe mu bantu. Abo bantu “bazoganza nk’abami hamwe na” Yezu. Gutyo rero, igitabu c’Ivyahishuwe kirerekana ko abandi bantu bagize rwa ruvyaro bose hamwe bazoba ari 144.000.—Ivyahishuwe 14:1; 20:6.

Abategetsi b’isi barakoranirizwa kuri Harumagedoni, ni ukuvuga “intambara yo kuri wa musi ukomeye w’Imana Mushoboravyose.” Baragwana n’umwe yicaye kw’ifarasi yera, ari we Yezu, uno akaba ayoboye ingabo zo mw’ijuru. Abo bategetsi bose b’iyi si barakurwaho. Shetani arabohwa, maze Yezu na bamwe 144.000 bakaganza isi “imyaka igihumbi.” Iyo myaka igihumbi iheze, Shetani arakurwaho.—Ivyahishuwe 16:14; 20:4.

None Ingoma y’imyaka igihumbi irongowe na Yezu be n’abazofadikanya na we kuganza izoba isobanura iki ku bantu bagamburuka? Yohani yandika ati: “[Yehova a]zohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzokwongera kubaho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizokwongera kubaho. Ibintu vya kera vyagiye.” (Ivyahishuwe 21:4) Isi izoba ibaye Iparadizo!

Gutyo rero, igitabu c’Ivyahishuwe kirasozera ubutumwa bwo muri Bibiliya. Biciye ku Bwami burongowe na Mesiya, izina rya Yehova rirezwa, ubusegaba bwiwe na bwo bukemezwa bimwe bishitse, ibihe bidahera!

—Bivugwa mu gitabu c’Ivyahishuwe.