Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGIHIMBA CA 1

Umuremyi aronsa umuntu Iparadizo

Umuremyi aronsa umuntu Iparadizo

Imana irarema ibintu vyose tubona kandi igatuma n’ubuzima bubaho kw’isi. Irarema umugabo n’umugore batunganye, ikabashira mw’itongo ryiza igitanganza, maze ikabaha amategeko bategerezwa kugamburuka

AYA majambo akurikira vyavuzwe ko ata yandi majambo meza atangurira igitabu yigeze kwandikwa yoza ayaruta. Agira ati: “Ubga mbere na mbere Imana yaremye ijuru n’isi.” (Itanguriro 1:1) Bibiliya ikoresheje iryo ryungane ryoroshe yamara rihambaye cane, iratubwira uwuvugwa cane mu Vyanditswe vyeranda vyose, na we akaba ari Yehova Imana Mushoboravyose. Umurongo wa mbere wo muri Bibiliya urerekana yuko Imana ari Umuremyi w’ibintu vyinshi cane tubona, harimwo n’uyu mubumbe tubako. Imirongo ikurikira irasigura yuko mu biringo birebire vyagiye birakurikirana, bino bikaba vyitwa imisi mu buryo bw’ikigereranyo, Imana yariko itegura isi tubako, kugira ngo itume ibintu vyose bitangaje bidukikije bibaho.

Umuntu ni we yabaye ikiremwa gihambaye kuruta ibindi vyose Imana yaremye kw’isi. Uwo muntu yaremwe mw’ishusho y’Imana, ivyo bikaba bisobanura ko ashoboye kugaragaza kamere nk’iza Yehova Imana, nk’urukundo n’ubukerebutsi. Imana yabumvye umuntu mu mukungugu wo hasi. Imana yamwise Adamu, hanyuma imushira mw’Iparadizo, aho hakaba hari mw’itongo ry’i Edeni. Imana ubwayo ni yo yateguye iryo tongo, iryuzuzamwo ibiti vyiza utoraba vy’ivyamwa.

Imana yarabonye ko uwo muntu yari akeneye umufasha. Imana ikoresheje rumwe mu mbavu za Adamu, yararukuyemwo umugore maze imuzanira uwo muntu ngo abe umukenyezi wiwe, uno akaba yahavuye yitwa Eva. Kubera akanyamuneza kenshi, Adamu yaciye avuga ano majambo ndyoshamvugo, ati: ‘Uyu ni igufa ryo mu magufa yanje, ni akara ko mu mara yanje.’ Imana yasiguye iti: “Ni co gituma umuntu azosiga se na nyina, akabana n’umugore wiwe akaramata, bakaba umubiri umwe.”—Itanguriro 2:22-24; 3:20.

Imana yahaye Adamu na Eva amategeko abiri. Ubwa mbere, yabategetse kurima no kubungabunga isi kandi amaherezo bakayuzuza uruvyaro rwabo. Ubwa kabiri, yababwiye kutarya icamwa co ku giti kimwe gusa co muri iryo tongo ryose uko ryangana, na co kikaba cari “igiti kimenyekanisha iciza n’ikibi.” (Itanguriro 2:17) Bopfuye baramutse bagambaraye. Biciye kuri ayo mategeko, Imana yararonkeje uwo mugabo n’umugore uburyo bwo kugaragaza ko bemera yuko ari yo Mutware wabo. Ukugamburuka kwabo kwogaragaje kandi ko bayikunda be n’uko bayikengurukira. Bari bafise imvo yumvikana yo kwemera ubutegetsi bwayo burangwa ubuntu. Nta kanenge abo bantu batunganye bari bafise. Bibiliya itubwira iti: “Imana yihweza ivyo yaremye vyose, kandi vyari vyiza cane.”—Itanguriro 1:31.

—Bivugwa mw’Itanguriro ikigabane ca 1 n’ica 2.