IGIHIMBA CA 6
Gushigikira Ubwami—Kwubaka ibibanza vyo gusengeramwo no gutabara abashikiwe n’ivyago
URIKO ugendagenda mu Ngoro y’Ubwami yanyu ariko ubona umenga si ho. Umaze igihe uhimbarwa cane n’iyo nyubakwa. Ushobora mbere kuba wibukana akamwemwe ingene wafashije kuyubaka mu myaka nk’ingahe iheze. Ariko hari ukuntu ubu uhimbawe mbere kuruta, kuko yagizwe aho gutabarira mu gihe gito abashikiwe n’ivyago. Inyuma y’aho mu karere kanyu habereye igihuhusi kigatera imyuzure kigatikiza n’ibintu, Komite y’ishami yaciye inyaragasa iratunganya ukuntu abashikiwe n’ivyago boronka ibifungurwa, ivyambarwa, amazi meza, n’izindi mfashanyo. Izo mfashanyo ziratondetswe neza. Abavukanyi na bashiki bacu baratonze umurongo, bariko baronswa ivyo bakeneye, kandi benshi muri bo bariko bakorora amosozi y’umunezero.
Yezu yavuze ko ikintu gihambaye coranze abayoboke biwe ari urukundo bobaye bafitaniye. (Yoh. 13:34, 35) Muri iki gihimba, tuzokwihweza ingene urukundo abakirisu bakundana ruriko rugaragarira mu bikorwa vy’ubwubatsi n’ivyo gutabara abashikiwe n’ivyago birangurwa n’Ivyabona vya Yehova. Urwo rukundo ni ikimenyamenya gikomeye cerekana ko tubayeho tuganzwa n’Ubwami burongowe na Yezu.
IBIRI MURI IKI GIHIMBA
IKIGABANE CA 19
Igikorwa c’ubwubatsi gitera iteka Yehova
Ibibanza vyo gusengeramwo biratera iteka Imana, mugabo hari n’ikindi kintu iha agaciro kuruta.
IKIGABANE CA 20
Ubusuku bwo gutabara
Ni igiki cerekana ko igikorwa cacu co gutabara kiri mu bigize igikorwa ceranda turangurira Yehova?