Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 18

Aho amahera akoreshwa mu bikorwa vy’Ubwami ava

Aho amahera akoreshwa mu bikorwa vy’Ubwami ava

IVYO IKI KIGABANE CIBANDAKO

Igituma abasavyi ba Yehova bashigikira igikorwa c’Ubwami mu vy’amahera n’ingene babigenza

1, 2. (a) Umuvukanyi Russell yishuye gute umupasitori yashaka kumenya iyo amahera Abatohoji ba Bibiliya bǎkoresha mu bikorwa vyabo yava? (b) Ni ibiki tuza kwihweza muri iki kigabane?

 IGIHE kimwe, hari umupasitori w’idini rimwe yegereye umuvukanyi Charles T. Russell amubaza iyo Abatohoji ba Bibiliya bakura amahera bakoresha mu bikorwa vyabo.

 Umuvukanyi Russell yamubwiye ati: “Ntitwigera dutoza amahera.”

 Nya mupasitori aca amubaza ati: “None amahera mukoresha muyakura he?”

 Russell yishuye ati: “Naho nokubwira ukuri gusanzwe rwose, ntiwovyemera. Iyo abantu baje mu makoraniro yacu, nta duseke babatembereza imbere. Ariko barabona ko hari amahera asohorwa. Baca bibwira bati: ‘Iyi ngoro iratwara amahera . . . Noterera gute uduhera na dukeyi?’ ”

 Yaciye araba umuvukanyi Russell atavyumva.

 Russell yaciye amubwira ati: “Nkubwije ukuri kudateye amazi. Barambaza koko bati: ‘Noterera gute udufaranga?’ Iyo umuntu yahezagiwe akagira ico aronse, aripfuza kugikoresha ku bw’Umukama. Ata co afise, twomuhatira iki ngo atange?” a

2 Nkako, umuvukanyi Russell yariko avuga “ukuri gutomoye.” Kuva kera na rindi, abasavyi b’Imana bamye batanga intererano ku bushake kugira bashigikire ugusenga kw’ukuri. Muri iki kigabane, turihweza uburorero bumwebumwe bwo muri Bibiliya be n’uburorero bwo mu bihe vya none. Uko twihweza ukuntu amahera akoreshwa mu bikorwa vy’Ubwami aboneka, umwe wese muri twebwe vyoba vyiza yibajije ati: ‘Noshigikira gute Ubwami?’

‘Umuntu wese afise umutima ukunze nazane intererano’

3, 4. (a) Ni igiki Yehova yizigiye ku bamusenga b’ukuri? (b) Abisirayeli bashigikiye gute iyubakwa ry’itaberenakulo?

3 Yehova arizigiye abamusenga b’ukuri. Arazi ko bahawe akaryo berekana bahimbawe ko bamwihebeye, mu gutanga ku bushake. Raba uburorero bubiri bwo mu gihe ca Isirayeli.

4 Yehova amaze gukura Abisirayeli mu Misiri, yababwiye ngo bubake ihema, ari yo taberenakulo, ryo gusengeramwo bogiye barimukana. Iryo hema n’ibikoresho vyaryo vyotwaye uburyo butagira uko bungana. Yehova yategetse Musa guha abantu akaryo ko gushigikira ico gikorwa mu kuvuga ati: “Umuntu wese afise umutima ukunze [nazane] intererano ya Yehova.” (Kuv. 35:5) None abantu bavyakiriye gute narirya bari bamaze igihe kirekire bakora cane “ibikorwa vy’ubushumba vy’ubwoko bwose”? (Kuv. 1:14) Barashigikiye ico gikorwa bimwe bitovugwa, baratanga babikunze inzahabu, ifeza, be n’ibindi bintu vy’agaciro, vyinshi muri vyo bakaba boba babikuye ku bari bahoze ari ba shebuja, ni ukuvuga Abanyamisiri. (Kuv. 12:35, 36) Abisirayeli batanze ibirengeye ivyari bikenewe ku buryo vyabaye ngombwa ko ‘babuzwa kugira ibindi bazanye.’​—Kuv. 36:4-7.

5. Abisirayeli bavyakiriye gute igihe Dawidi yabaha akaryo ko kugira ico baterereye mw’iyubakwa ry’urusengero?

5 Haciye nk’imyaka 475, Dawidi yaraterereye ku ‘bintu bimwegukira’ ivyo gufasha mu kwubaka urusengero rwobaye co kibanza ca mbere cogumye ari intimatima y’ugusenga gutyoroye kw’isi. Yaciye aha Abisirayeli bagenziwe akaryo ko gutanga mu kubaza ati: “Ni nde yitanze abikunze kugira ngo uyu musi [aze afise mu] kuboko kwiwe ingabirano igenewe Yehova?” Abantu baciye “bashikanira Yehova n’umutima ukwiye amashikanwa atangwa ku bushake.” (1 Ngo. 29:3-9) Dawidi yaratahura aho mu vy’ukuri izo ntererano zari zavuye; yavuze mw’isengesho yatuye Yehova ati: “Vyose biva kuri wewe, kandi ivyo mu kuboko kwawe [ni] vyo tuguhaye.”​—1 Ngo. 29:14.

6. Kubera iki hakenerwa amahera mu kurangura igikorwa c’Ubwami muri iki gihe, kandi ni ibibazo ibihe bica bivyuka?

6 Yaba Musa canke Dawidi, nta n’umwe yagobereye abasavyi b’Imana gutanga. Ahubwo abantu batanze babikunze. Bite ho muri iki gihe? Turazi neza ko igikorwa c’Ubwami bw’Imana kiriko kirakorwa gisaba amahera. Bisaba uburyo bwinshi mu gusohora no mu gukwiragiza amabibiliya n’ibitabu bishingiye kuri Bibiliya, mu kwubaka no mu kubungabunga ibibanza vyo kugiriramwo amakoraniro n’inyubakwa z’amashami, be no mu gutabara mu buryo bwihuta abo dusangiye ukwizera igihe hateye ivyago. Ibibazo bihambaye bica bivyuka rero ni ibi: Amahera akenewe ava he? Abayoboke b’Ubwami boba bakeneye kugoberwa ngo batange?

“Ntuzokwigera usaba abantu canke ubatakambira ngo bawufashe”

7, 8. Kubera iki abasavyi ba Yehova badasaba abandi amahera canke ngo babatakambire bayabasaba?

7 Umuvukanyi Russell n’abo bari bafatanije igikorwa baranse kwigana bwa buryo bwo kurondera amahera bukoreshwa cane mu madini y’abiyita abakirisu. Mu nomero ya kabiri y’ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi, munsi y’agatwe kavuga ngo “Woba wipfuza ‘Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni’?” Russell yavuze ati: “Twemera ko ‘Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni’ ushigikiwe na YEHOVA, kandi magingo akiwushigikiye ntuzokwigera usaba abantu canke ubatakambira ngo bawufashe. Umwe avuga ngo: ‘Inzahabu zose n’ifeza zose zo mu misozi ni izanje,’ niyaba atakituronsa amahera akenewe, tuzoca tubona ko hageze ko duhagarika kuwusohora.” (Hag. 2:7-9) Ubu haciye imyaka irenga 130, Umunara w’Inderetsi n’ishirahamwe riwusohora biracadora!

8 Abasavyi ba Yehova ntibasaba amahera. Ntibatembereza utwo gushiramwo amahera canke ngo barungike amakete yo gusaba amahera. Eka mbere ntibagira ibikorane canke ibiteramo vyo kurondera amahera. Barashigikira ivyo Umunara w’Inderetsi haciye igihe kirekire uvuze uti: “Ntitwigeze tubona ko bibereye gusaba amahera y’Umukama, nk’uko ayandi madini abigira . . . Tubona ko gutoza amahera mu buryo butandukanye bukoreshwa mu gusaba amahera mw’izina ry’Umukama wacu bimubabaza, atavyemera, kandi ko bidatuma abayatanga canke igikorwa kirangurwa bihezagirwa.” b

“Umwe wese nagire nk’uko yavyiyemeje mu mutima wiwe”

9, 10. Ni imvo imwe iyihe ituma dutanga intererano tubikunze?

9 Twebwe abatwarwa b’Ubwami bo muri iki gihe si ngombwa ngo tugoberwe gutanga. Ahubwo turahimbarwa no gukoresha amahera yacu n’ubundi butunzi bwacu kugira dushigikire ibikorwa vy’Ubwami. Kubera iki dutanga tubikunze gutyo? Ehe imvo zitatu.

10 Imvo ya mbere: turatanga intererano ku bushake kubera ko dukunda Yehova kandi twipfuza gukora “ibihimbaye mu maso [yiwe].” (1 Yoh. 3:22) Yehova arahimbarwa koko n’uwumusenga atanga abikuye ku mutima. Reka twihweze amajambo intumwa Paulo yavuze ku bijanye n’ukuntu abakirisu batanga. (Soma 2 Abakorinto 9:7.) Umukirisu w’ukuri ntagonanwa canke ngo agoberwe gutanga. Ahubwo atanga kubera “yavyiyemeje mu mutima wiwe.” c Ivyo bisobanura ko atanga abanje kuzirikana ibikenewe be n’ico yofasha. Yehova arakunda cane umuntu nk’uyo, kuko “Imana ikunda uwutangana akamwemwe.” Iyindi Bibiliya ivuga iti: “Imana ikunda abantu bakunda gutanga.”

N’utwana twacu two muri Mozambike turakunda gutanga

11. Ni igiki gituma duha Yehova ingabirano nziza ishoboka?

11 Imvo ya kabiri: turatanga intererano kugira dukengurukire Yehova kubera imihezagiro myinshi aduhunda. Rimbura ingingo ngenderwako ituma umuntu azirikana iri muri rya Tegeko rya Musa. (Soma Gusubira mu vyagezwe 16:16, 17.) Igihe umugabo wese w’Umwisirayeli yaba yitavye ya misi mikuru itatu ya buri mwaka, yategerezwa gutanga ingabirano “bivanye n’umuhezagiro Yehova” yaba yaramuhaye. Ku bw’ivyo, imbere yo kwitaba umusi mukuru munaka, umugabo wese yabwirizwa guharura imihezagiro yaba yararonse kandi akabaza umutima wiwe kugira arabe ingabirano nziza kuruta izindi zose yojana. Na twebwe iyo tuzirikanye uburyo bwinshi Yehova yaduhezagiye, turumva tuvyuriwe umutima wo kumuha ingabirano nziza ishoboka. Ingabirano dutangana umutima wacu wose, ushizemwo n’intererano z’ivy’umubiri, yerekana ko dukenguruka cane imihezagiro Yehova yaducuncuburiyeko.​—2 Kor. 8:12-15.

12, 13. Intererano dutanga tubikunze zerekana gute ko dukunda Umwami, kandi umwe wese atanga ibingana iki?

12 Imvo ya gatatu: biciye ku ntererano dutanga ku bushake, turerekana ko dukunda Umwami Yezu Kristu. Uti gute? Raba ivyo Yezu yabwiye abigishwa biwe mw’ijoro rya nyuma ry’ubuzima bwiwe bwo kw’isi. (Soma Yohani 14:23.) Yavuze ati: “Nimba umuntu ankunda, azokwubahiriza ijambo ryanje.” Iryo “jambo” rya Yezu ririmwo rya tegeko yatanga ryo kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami mw’isi yose. (Mat. 24:14; 28:19, 20) Twubahiriza iryo “jambo” mu gukora ivyo dushoboye vyose, tugatanga umwanya wacu, inguvu zacu n’ivyo dutunze kugira duteze imbere igikorwa co kwamamaza Ubwami. Gutyo tuba twerekanye ko dukunda Umwami Mesiya.

13 Mu vy’ukuri, kubera ko turi abatwarwa b’Ubwami b’intahemuka, twipfuza kwerekana n’umutima wacu wose ko dushigikira Ubwami bw’Imana, mu gutanga intererano z’amahera. Ivyo tubigira gute? Iyo ni ingingo umwe wese yifatira. Umwe wese atanga uko ashoboye kwose. Ariko rero, benshi mu bo dusangiye ukwizera usanga bakenye. (Mat. 19:23, 24; Yak. 2:5) Mugabo mwene abo barashobora guhumurizwa no kumenya yuko Yehova n’Umwana wiwe baha agaciro n’intererano ntonto zitanganwa umutima ukunze.​—Mrk. 12:41-44.

Amahera aboneka gute?

14. Ivyabona vya Yehova bǎmaze imyaka myinshi batanga gute ibitabu vyabo?

14 Ivyabona vya Yehova bǎramaze imyaka myinshi baha abantu ibitabu bishingiye kuri Bibiliya ari uko babahaye intererano. Intererano basaba yaba ari ntoyi cane kugira ngo n’abantu badafise uburyo bashobore kuronka ibitabu. Ariko ntiwumve, bibonetse ko uwo bayaze ashimishwa ariko akaba atoshobora kuronka intererano, abamamaji b’Ubwami baramuha n’umutima ukunze igitabu. Baripfuza babikuye ku mutima guha ibitabu abantu b’imitima nziraburyarya bobisomye maze bakavyungukirako.

15, 16. (a) Ni ibiki Inama Nyobozi yatanguye guhindura mu 1990 ku bijanye n’ukuntu dutanga ibitabu vyacu? (b) Intererano zitangwa ku bushake zitangwa gute? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Intererano zacu zikoreshwa gute?”)

15 Mu 1990, Inama Nyobozi yaratanguye kugira ivyo ihinduye ku buryo dutanga ibitabu. Kuva muri uwo mwaka, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ibitabu vyose vyaratanguye gutangwa ku buntu. Ikete ryarungikiwe amashengero yose yo muri ico gihugu ryasigura riti: “Ibinyamakuru n’ibitabu bizohabwa abamamaji n’abantu bashimishijwe batarinze gusabwa intererano canke kwerekwa yuko kugira baronke igitabu canke ikinyamakuru bategerezwa kubanza gutanga intererano yinaka. . . . Abipfuza gutanga intererano bose ku bw’amahera asohorwa mu gikorwa cacu co kwigisha boshobora kuyitanga, ariko boshobora kuronka igitabu, batanga intererano canke batayitanga.” Iyo ntunganyo yarerekanye ko igikorwa cacu ari ikijanye n’ivy’Imana kandi ko gikorwa ku bushake yongera iratomora ko “tutari abagenda bacuruza ijambo ry’Imana.” (2 Kor. 2:17) Mu nyuma, iyo ntunganyo yarageragejwe mu mashami yo hirya no hino kw’isi.

16 Intererano zitangwa ku bushake zitangwa gute? Mu Ngoro z’Ubwami z’Ivyabona vya Yehova, udusandugu tw’intererano usanga twarashizwe ahantu hadakwega amaso y’abantu. Abantu ubwabo boshobora gushira intererano zabo muri utwo dusandugu canke bakazirungikira rumwe mu nzego zemewe n’amategeko zikoreshwa n’Ivyabona vya Yehova. Buri mwaka, mu Munara w’Inderetsi haba harimwo ikiganiro cerekana ukuntu abantu bashobora gutanga intererano babikunze.

Ayo mahera akoreshwa gute?

17-19. Sigura ingene izi ntererano zikoreshwa: (a) igikorwa kirangurirwa kw’isi yose, (b) iyubakwa ry’Ingoro z’Ubwami kw’isi yose, (c) amahera akoreshwa ku bw’ibikenewe mw’ishengero.

17 Igikorwa kirangurirwa kw’isi yose. Ayo mahera akoreshwa mu kurangura igikorwa co kwamamaza kirangurirwa kw’isi yose. Aho twovuga nko mu bijanye no gusohora ibitabu bitangwa kw’isi yose, kwubaka no kubungabunga ibiro vy’amashami n’inyubakwa z’uburaro za Beteli, be no mu bijanye n’amashure atandukanye ya gitewokarasi. Vyongeye, hari amahera akoreshwa mu kwitwararika abamisiyonari, abacungezi b’ingenzi, n’abatsimvyi badasanzwe. Izo ntererano dutanga zirakoreshwa kandi mu gutabara mu buryo bwihutirwa abo dusangiye ukwizera iyo hateye icago c’icaduka. d

18 Iyubakwa ry’Ingoro z’Ubwami kw’isi yose. Ayo mahera akoreshwa mu gufasha amashengero kwubaka Ingoro y’Ubwami. Iyo izo ntererano zitanzwe, bituma haboneka amahera yo gufasha ayandi mashengero. e

19 Amahera akoreshwa ku bw’ibikenewe mw’ishengero. Ayo mahera akoreshwa mu bikorwa birangurirwa mu Ngoro y’Ubwami. Abakurambere boshobora gushikiriza iciyumviro c’uko hagira amahera arungikirwa ibiro vyabo vy’ishami kugira akoreshwe mu guteza imbere igikorwa kirangurirwa kw’isi yose. Muri ivyo bihe, barashikiriza ishengero umwiyemezo. Riwemeje, nya mahera aca arungikwa. Buri kwezi, umuvukanyi ajejwe amakonte y’ishengero arategura raporo y’ivy’amahera maze igasomerwa ishengero.

20. Wotera iteka Yehova gute ukoresheje “ibintu vyawe vy’agaciro”?

20 Turavye ibintu vyose bigirwa mu gukora igikorwa kirangurirwa kw’isi yose co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa, turavyurirwa umutima wo ‘gutera iteka Yehova dukoresheje ibintu vyacu vy’agaciro.’ (Imig. 3:9, 10) Mu bintu vyacu vy’agaciro harimwo inguvu zacu, ubwenge bwacu, n’ubutunzi bwacu bwo mu buryo bw’impwemu. Twipfuza koko gukoresha bimwe bishitse ubwo butunzi mu gikorwa c’Ubwami. Ariko niwibuke ko mu bintu vyacu vy’agaciro harimwo n’ibintu vy’umubiri dutunze. Nimuze twiyemeze gutanga ivyo dushoboye, igihe tubishoboye. Intererano dutanga ku bushake ziratera iteka Yehova kandi zikerekana ko dushigikira Ubwami burongowe na Mesiya.

a Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Mukakaro 1915, urupapuro rwa 218-219.

b Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Myandagaro 1899, urupapuro rwa 201.

c Umuhinga umwe avuga ko ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “yavyiyemeje” “rifise iciyumviro co gushinga imbere y’igihe.” Yongerako ati: “Naho gutanga uko bikujemwo birimwo umunezero, bitegerezwa gutegurwa kandi bikagirwa mu rutonde.”​—1 Kor. 16:2.

d Wipfuza ayandi makuru ajanye n’igikorwa co gutabara abashikiwe n’ivyago, raba ikigabane ca 20.

e Wipfuza amakuru ajanye n’ubwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami, raba ikigabane ca 19.