Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 22

Ubwami bw’Imana bushitsa kw’isi ivyo Imana igomba

Ubwami bw’Imana bushitsa kw’isi ivyo Imana igomba

IVYO IKI KIGABANE CIBANDAKO

Ubwami bw’Imana bushitsa imihango yose Imana yatanze ku bijanye n’abantu be n’isi

1, 2. (a) Kubera iki rimwe na rimwe vyoshobora kutugora kubona ko ya Paradizo izobaho koko? (b) Ni igiki codufasha kurushiriza kwizera imihango Imana yatanze?

 UMUVUKANYI w’umwizigirwa arashitse ku makoraniro arushe kubera ibintu bitesha umutwe yiriwemwo. Yafashwe nabi na Shebuja asaba ibirenze, yateshejwe umutwe n’ingorane zo kwitwararika umuryango wiwe, kandi yiriwe atamerewe neza kubera ko umugore wiwe aremvye. Umuziki w’intango ng’uyo uratanguye, aciye yiruhutsa kandi akaryoherwa n’uko ari ku Ngoro y’Ubwami ari kumwe n’abo basangiye ukwizera. Urwo ruririmbo ruvuga ibijanye n’icizigiro co kuba mw’Iparadizo. Amajambo yarwo amusaba ngo abone mu bwenge ico kintu, abone ari muri iyo Paradizo. Asanzwe akunda urwo ruririmbo. Magingo we n’umuryango wiwe bariko bararuririmba, aciye yumva ico cizigiro ca kazoza kimuhumurije.

2 Ivyo vyoba bimaze kugushikira? Benshi muri twebwe biramaze kubashikira. Ariko tuvugishije ukuri, ubuzima bwo muri iyi si bwoshobora gutuma bitugora cane kubona ko ya Paradizo yimirije izobaho koko. Turi mu “bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira,” kandi iyi si tubayemwo nta ho isa isana n’iparadizo. (2 Tim. 3:1) Ni igiki codufasha kubona ko icizigiro cacu kizoranguka koko? Tumenyeshwa n’iki ko vuba Ubwami bw’Imana bugiye kuganza abantu bose? Reka twihweze bukeyi mu buhanuzi bwa Yehova abasavyi biwe babonye buranguka kera. Ubukurikira turaza kuraba ukuntu ubwo buhanuzi be n’ubundi nka bwo buriko buraranguka mu buryo buteye akamwemwe ubu. Ubwa nyuma, kubera ko ukwizera kwacu kuzoba kwakomejwe, turaza kwihweza ico ubwo buhanuzi busobanura ku bijanye na kazoza kacu.

Ingene kera cane Yehova yashikije imihango yiwe

3. Ni umuhango uwuhe wahojeje Abayuda baba mu bunyagano i Babiloni?

3 Ibaze ukuntu ubuzima bwari bumeze ku Bayuda baba mu bunyagano i Babiloni mu kinjana ca gatandatu Imbere ya Kristu. Benshi bakuriyeyo, cokimwe n’abavyeyi babo, kandi ubuzima bwari bugoye. Abanyababiloni barabatwenga kubera bizera Yehova. (Zab. 137:1-3) Abayuda b’intahemuka baramaze imyaka mirongo bumiye kuri iki cizigiro ciza cane: Yehova yari yarasezeranye ko yokwegeranije abasavyi biwe akabasubiza mu gihugu cabo. Yavuze ko ibintu vyobaye vyifashe neza cane muri ico gihugu. Mbere ico gihugu cobaye carasubiye kumera neza Yehova yakigereranije na rya tongo rya Edeni: cobaye iparadizo! (Soma Yesaya 51:3.) Biribonekeza ko iyo mihango yari igenewe gusubiriza umutima mu nda abasavyi b’Imana, ikabakuramwo ugukekeranya bashobora kuba bari bafise. Uti gute? Ehe bumwe muri ubwo buhanuzi.

4. Yehova yakuye amazinda gute Abayuda ko bobayeho ata nkomanzi mu gihugu cabo?

4 Umutekano. Abo basavyi b’Imana bari mu bunyagano ntibosubiye mw’iparadizo nya paradizo, ariko bosubiye mu gihugu ca kure cari kimaze imyaka 70 ari umusaka, igihugu bakeyi muri bo ari bo bari barakibonye. Ico gihe, mu bihugu bivugwa muri Bibiliya, intambwe, amadubu, ingwe n’ibindi bikoko biryana vyari vyiraye. Serugo ashobora kuba yaribaza ati: ‘Nzokingira gute umugore wanje n’abana? Nzokingira gute intama zanje n’inka zanje?’ Vyari ibisanzwe ko bagira imyitwarariko nk’iyo. Ca uzirikana umuhango Imana yatanze uri muri Yesaya 11:6-9 n’ukuntu utegerezwa kuba warahumuriza. (Soma.) Yehova akoresheje ayo majambo meza cane aryoheye ugutwi, yarabakuye amazinda ko bo n’ibitungwa vyabo bokwibereyeho ata nkomanzi. Intambwe yoriye ivyatsi mu buryo bw’uko itoriye ibitungwa vy’Abayuda. Abizigirwa ntibotinye ivyo bikoko biryana. Yehova yasezeranye ko abasavyi biwe bokwibereye ata nkomanzi mu gihugu ca Yuda cobaye carasubiye kumera neza, mbere bakaba mu gahinga no mu mashamba.​—Ezk. 34:25.

5. Ni ubuhanuzi ubuhe bwafashije abagira basubire mu gihugu cabo kwizigira yuko Yehova yobaronkeje ku bwinshi ivyo bakeneye?

5 Ibifungurwa vyinshi. N’ibindi bibazo vyari kuvyuka. ‘Mbega nzoshobora kugaburira umuryango wanje muri ico gihugu cacu? Tuzoba he? Tuzoronka ico dukora? Mbe ho nitwakironka, coba kizoba ari ciza kuruta ubu buzima bw’amarushwa turimwo aha mu bunyagano, aho dutwarwa n’abatwigaruriye?’ Yehova abicishije ku buhanuzi yahumetse, n’ivyo bibazo yaritayeho kubitangira inyishu. Yasezeranye ko abasavyi biwe bagamburuka batokwigeze bakena imvura; ivyo vyotumye ubutaka bwimbuka umukate “unuze kandi utonyanga ivuta,” canke mu yindi mvugo, ibifungurwa vyinshi kandi vyiza. (Yes. 30:23) Na yo ku vyerekeye uburaro n’igikorwa gihimbaye, Yehova yasezeranye ku bijanye n’abasavyi biwe ati: “Bazokwubaka amazu bayiberemwo; emwe, bazotera imirima y’imizabibu birire ivyamwa vyayo. Ntibazokwubaka ngo uwundi ayibemwo; ntibazotera ngo uwundi abirye.” (Yes. 65:21, 22) Ni vyo, mu buryo bwinshi ubuzima bwobaye ari bwiza cane ugereranije n’ubunyagano barimwo muri Babiloni y’abapagani. Bite ho ku bijanye n’ingorane bari bafise zikomeye kuruta izindi, izari zaratumye bajanwa mu bunyagano?

6. Abasavyi b’Imana bari bamaze igihe bafise ingorane z’amagara izihe, kandi Yehova yasubirije umutima mu nda gute abagira basubire mu gihugu cabo?

6 Amagara yo mu vy’impwemu. Imbere cane yuko abasavyi b’Imana baja mu bunyagano, bari bararwaye mu vy’impwemu. Yehova abicishije ku muhanuzi Yesaya, yaravuze ingene bari bamerewe ati: “Umutwe wose urarwaye, kandi umutima wose uragoyagoya [canke, “urarwaye”].” (Yes. 1:5) Bari impumyi n’ibipfamatwi mu vy’impwemu, kuko baguma biziba amatwi ngo ntibumve impanuro ya Yehova kandi bagahumiriza ngo ntibabone umuco yatanga. (Yes. 6:10; Yer. 5:21; Ezk. 12:2) Nimba abo bagira basubire mu gihugu cabo bosubiye kugira ingorane nk’izo, ni igiki cari kubasubiriza umutima mu nda? Ubwo Yehova ntiyociye asubira kubaheba? Uwu muhango Yehova yatanze warasubiriza umutima mu nda koko: “Kuri uwo musi ibipfamatwi ntibizobura kwumva amajambo y’igitabu, kandi mu muzimagiza no mu mwiza amaso y’impumyi azobona.” (Yes. 29:18) Emwe, Yehova yovuye mu buryo bw’impwemu abasavyi biwe bari baratojwe indero bakigaya. Bagumye bamwumvira kandi bakamugamburukira, yobaronkeje ubuyobozi burokora ubuzima akongera akabaha umuco.

7. Imihango Imana yahaye abasavyi bayo bari mu bunyagano yarangutse gute, kandi ni kubera iki iryo ranguka rikwiye gukomeza ukwizera kwacu?

7 Yehova yoba yarashikije imihango yatanze? Ivyabaye biratanga inyishu. Abayuda basubiye mu gihugu cabo bararonkejwe umutekano, ibifungurwa n’amagara meza mu vy’impwemu. Nk’akarorero, Yehova yarabakingiye amahanga yari abakikuje yabarusha inkomezi n’ubwinshi. Ibikoko biryana ntivyahoneje ibitungwa vyabo. Ni ivy’ukuri yuko abo Bayuda babonye iranguka ritoyi gusa ry’ubwo buhanuzi bujanye n’iparadizo bwanditswe n’abagabo bakeyi nka Yesaya, Yeremiya na Ezekiyeli, ariko iranguka abasavyi b’Imana babonye ryari riteye umunezero kandi ni ryo nyene bari bakeneye ico gihe. Uko tuzirikana ivyo Yehova yakoreye abasavyi biwe ico gihe, ukwizera kwacu kurarushiriza gukomera. Nimba iryo ranguka ritoyi ryo mu ntango ry’ubwo buhanuzi ryari riteye umunezero, hari akantu iranguka ryabwo rinini cane! Reka turabe ivyo Yehova yadukoreye muri iki gihe.

Ingene Yehova yatanguye gushitsa mu gihe cacu imihango yatanze

8. Muri iki gihe abasavyi b’Imana bibera mu “gihugu” bwoko ki?

8 Ubu abasavyi ba Yehova ntibagize ihanga nk’arya mahanga dusanzwe tuzi, eka kandi ntibaba mu gihugu kimwe co mu buryo bw’umubiri. Ahubwo abakirisu barobanuwe bagize ihanga ryo mu buryo bw’impwemu, ari ryo “Isirayeli y’Imana.” (Gal. 6:16) Bagenzi babo bo mu “zindi ntama” barifatanya na bo mu “gihugu” co mu buryo bw’impwemu, ari co karere baranguriramwo igikorwa, aho basengera Yehova Imana bunze ubumwe. Ukwo gusenga ni uburyo bwabo bwo kubaho. (Yoh. 10:16; Yes. 66:8) Ni “igihugu” bwoko ki none Yehova yaduhaye? Ni iparadizo yo mu vy’impwemu. Muri iyo paradizo, imihango Imana yatanze yo gutuma ibintu bisubira kumera nko muri Edeni yararangutse bimwe vy’igitangaza mu buryo bw’impwemu. Ehe uburorero bumwebumwe.

9, 10. (a) Ubuhanuzi bwo muri Yesaya 11:6-9 buriko buranguka gute muri iki gihe? (b) Ni igiki cerekana ko mu basavyi b’Imana harangwa amahoro?

9 Umutekano. Ubuhanuzi bwo muri Yesaya 11:6-9 buratwereka mu buryo bwiza igitangaza ingene ibikoko hagati yavyo be n’abantu n’ibitungwa vyabo bibana mu mahoro no mu mwumvikano. Ivyo vyoba biriko biraranguka mu buryo bw’impwemu muri iki gihe? Ego cane. Mu murongo wa 9, turabona igituma ivyo biremwa bitazogira inabi canke ngo bigire ico vyonona. Hagira hati: “Kuko isi izokwuzura koko ubumenyi bwa Yehova nk’uko amazi apfutse ikiyaga.” “Ubumenyi bwa Yehova” bwoba buhindura inyifato y’ibikoko? Oya, abantu ni bo bahinduka biciye ku kumenya Imana Musumbavyose no ku kwiga kwigana inzira zayo ziranga amahoro. Ni co gituma mw’iparadizo yacu yo mu vy’impwemu yo muri iki gihe twibonera iranguka riteye akamwemwe ry’ubwo buhanuzi. Abayoboke ba Kristu, bayobowe n’Ubwami bw’Imana, bariko biga kwiyambura kamere zabo z’ubukazi kandi z’ubunyamaswa, bakabana mu mahoro no mu mwumvikano n’abo basangiye ukwizera.

10 Nk’akarorero, muri iki gitabu twaraciye irya n’ino ikibazo kijanye n’uko abakirisu batagira aho bahengamiye, turabona ingene twashitse kuri ukwo gutahura gushingiye ku Vyanditswe, be n’ingene iyo mpagararo yacu yatumye duhamwa. Si ikintu kidasanzwe none kubona muri iyi si yuzuyemwo ubugizi bwa nabi hari “ihanga” rinini ry’abantu banka kugira uruhara mu bugizi bwa nabi bw’ubwoko bwose, naho mbere bobwirwa ko batabigize bicwa? Emwe, ico ni ikimenyamenya kidasanzwe cerekana ko abatwarwa b’Umwami Mesiya bibereye koko mu mahoro nk’amwe avugwa na Yesaya. Yezu yavuze ko abayoboke biwe bomenyekaniye ku rukundo bagiriranira. (Yoh. 13:34, 35) Mw’ishengero, Kristu arakoresha yihanganye “umushumba [wiwe] w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” mu kwigisha abakirisu bose b’ukuri kuba abantu b’abanyamahoro, bakundana kandi bitonda.​—Mat. 24:45-47.

11, 12. Ni inzara bwoko ki yishe isi muri iki gihe, yamara Yehova yaronkeje gute abasavyi biwe ibifungurwa vyinshi?

11 Ibifungurwa vyinshi. Isi irishwe n’ikigoyi co mu vy’impwemu. Bibiliya yatanze iyi mburi igira iti: “ ‘Ehe imisi iraje,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze: ‘nzorungika ikigoyi mu gihugu, ikigoyi atari ic’umukate, n’inyota atari iy’amazi, ahubwo ikigoyi n’inyota vyo kwumva amajambo ya Yehova.’ ” (Am. 8:11) Abenegihugu b’Ubwami bw’Imana boba na bo nyene bishwe n’ikigoyi? Ehe itandukaniro Yehova yavuze ko ryobaye hagati y’abasavyi biwe n’abansi biwe: “Raba! Abasavyi banje bazorya, mugabo mwebwe muzokwicwa n’inzara. Raba! Abasavyi banje bazonywa, mugabo mwebwe muzokwicwa n’inyota. Raba! Abasavyi banje bazonezerwa, mugabo mwebwe muzokwicwa n’ibimaramare.” (Yes. 65:13) Woba umaze kwibonera iranguka ry’ayo majambo?

12 Imfungurwa zo mu vy’impwemu ziguma zisukira zituzako nk’uruzi ruguma rwaguka kandi rwimbika. Ibitabu vyacu bishingiye kuri Bibiliya, ibintu vyo kwumviriza be n’amavidewo, tudasize inyuma amakoraniro yacu, amahwaniro yacu, be n’ibisohorwa kuri wa muhora wacu, ivyo vyose ni imipfunda myinshi y’imfungurwa zo mu vy’impwemu iguma yisukira muri iyi si yishwe n’inzara yo mu vy’impwemu. (Ezk. 47:1-12; Yow. 3:18) Ntuhimbarwa none no kwibonera mu buzima bwawe bwa misi yose iranguka ry’iyo mihango Yehova yatanze y’uko hobonetse ibifungurwa vyinshi? Woba witwararika gufungurira ku meza ya Yehova udahorereza?

Amashengero yacu aradufasha kugaburirwa neza mu vy’impwemu, gutekanirwa neza mu vy’impwemu no kugira amagara meza mu vy’impwemu

13. Wiboneye gute iranguka ry’umuhango Yehova yatanze w’uko amaso ahumye azohumuka n’amatwi azivye azozibuka?

13 Amagara yo mu vy’impwemu. Guhuma no kutumva mu vy’impwemu bireze muri iki gihe. (2 Kor. 4:4) Yamara Kristu ariko arakiza ubumuga n’indwara kw’isi yose. Woba umaze kubona amaso yahumye ahumuka, n’amatwi yazivye azibuka? Niwaba umaze kubona abantu baronka ubumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana, bakavavanura n’ibinyoma vy’amadini vyari vyarabahumishije bikongera bikabaziba amatwi ngo ntibabone kandi ntibumve ukuri, warabonye uwu muhango uranguka: “Kuri uwo musi ibipfamatwi ntibizobura kwumva amajambo y’igitabu, kandi mu muzimagiza no mu mwiza amaso y’impumyi azobona.” (Yes. 29:18) Kw’isi yose, abantu ibihumbi amajana buri mwaka bararonka uwo muti wo mu buryo bw’impwemu. Umuntu umwumwe wese ava muri Babiloni Akomeye akifatanya natwe gusenga Imana mw’iparadizo yacu yo mu buryo bw’impwemu, ni ikimenyamenya gitomoye cerekana ko imihango Yehova yatanze yarangutse!

14. Ni igiki twoguma tuzirikana bigatuma ukwizera kwacu gukomera?

14 Ikigabane kimwekimwe cose c’iki gitabu kirimwo ikimenyamenya gikomeye c’uko Kristu yazanye abayoboke biwe mw’iparadizo nyakuri yo mu vy’impwemu muri iki gihe c’iherezo. Nimuze tugume tuzirikana uburyo bwinshi turiko turahezagirwa muri iyo paradizo muri iki gihe. Tubigenjeje gutyo, tuzoguma turushiriza kwizera imihango Yehova yatanze ku bijanye na kazoza.

“Ubwami bwawe nibuze”

15. Ni kubera iki tutokekeranya yuko isi izoba iparadizo?

15 Kuva kera Yehova yari afise umugambi wo gutuma isi yose iba iparadizo. Yashize Adamu na Eva mw’itongo ry’iparadizo maze abategeka kwuzuza isi uruvyaro rwabo no kubungabunga ibiremwa vyose biri kuri yo. (Ita. 1:28) Aho kugamburukira Imana, Adamu na Eva barifatanije na Shetani mu bugarariji maze binjiza uruvyaro rwabo rwose mu gasembwa, mu gicumuro no mu rupfu. Yamara umugambi w’Imana ntiwigeze uhinduka. Ivyo ivuze vyama biranguka mu buryo bwuzuye. (Soma Yesaya 55:10, 11.) Ntidukekeranya rero yuko abakomoka kuri Adamu na Eva bazokwuzura iyi si kandi bakayiganza, bakitwararikana urukundo ibiremwa vya Yehova mw’iparadizo izoba ikwiye kw’isi yose. Ico gihe, bwa buhanuzi bwahabwa Abayuda bari mu bunyagano yuko bokwibereyeho nk’abari mw’iparadizo buzoranguka ubwa nyuma! Ehe uburorero.

16. Bibiliya idondora gute umutekano tuzogira mw’Iparadizo?

16 Umutekano. Impera n’imperuka, vya bintu biteye akamwemwe bivugwa muri Yesaya 11:6-9 bizoranguka bimwe vyuzuye no mu buryo bw’umubiri. Abagabo n’abagore n’abana bazoja aho ari ho hose kw’isi ata co binona. Nta kiremwa na kimwe, yaba umuntu canke igikoko, kizotera akaga. Niwihe ishusho igihe uzobona iyi si yose ari nk’iwawe, aho ushobora kwoga mu nzuzi, mu biyaga, no mu mabahari; ugaca mu misozi; kandi ugatembera mu turere turiko utwatsi turemvye ata nkomanzi. Bukwiriyeko, ntuzohagarika umutima. Amajambo ari muri Ezekiyeli 34:25 azoranguka ku buryo mbere bizoshoboka ko abasavyi b’Imana ‘bibera vy’ukuri mu gahinga mu mutekano, bisinzirire bibereye mu bibira.’

17. Kubera iki tutokekeranya ko Yehova azoturonsa ku bwinshi ivyo dukeneye igihe Ubwami bw’Imana buzoba buganza isi yose?

17 Ibifungurwa vyinshi. Sa n’uwubona igihe ubukene, ugufungura nabi, inzara, canke intambara uzoba ubaza. Ibifungurwa umukimba vyo mu vy’impwemu abasavyi b’Imana baronka muri iki gihe ni ikimenyamenya c’uko Umwami Mesiya azogaburira abatwarwa biwe mu mice yose. Igihe Yezu yari kw’isi, yarerekanye ku rugero rutoyi ko ashoboye gushitsa iyo mihango, kuko yagaburiye abantu ibihumbi bari bashonje akoresheje udukate dukeyi n’udufi dukeyi. (Mat. 14:17, 18; 15:34-36; Mrk. 8:19, 20) Igihe Ubwami bw’Imana buzoba buganza isi yose, ubuhanuzi nk’ubu buzoranguka mu buryo bw’umubiri: “Ntazobura gutanga imvura ku bw’imbuto yawe ubiba mu butaka, kandi bwa mwimbu w’ubutaka atange umukate, uwuzobwirizwa kuba unuze kandi utonyanga ivuta [canke, “ubutaka buzotanga ibifungurwa vyinshi kandi vyiza”]. Kuri uwo musi, ibitungwa vyawe bizorisha mw’iragiriro ryagutse.”​—Yes. 30:23.

18, 19. (a) Ubuhanuzi buri muri Yesaya 65:20-22 busobanura iki kuri wewe? (b) Ni mu buryo ki imisi yacu izoba “nk’imisi y’igiti”?

18 Muri iki gihe, abantu benshi ntibashobora kwiha ishusho bafise inzu yabo bwite nziza canke akazi keza kandi gahimbaye. Muri iyi si yononekaye, abenshi babona ko bamara umwanya munini bakora bagasaba, bo n’imiryango yabo ntibagire ico bahakura, ariko abatunzi n’abanyamwina bakaba ari bo bahatungira. Iyumvire ukuntu ibintu bizoba bimeze ubu buhanuzi nibwaranguka kw’isi yose: “Bazokwubaka amazu bayiberemwo; emwe, bazotera imirima y’imizabibu birire ivyamwa vyayo. Ntibazokwubaka ngo uwundi ayibemwo; ntibazotera ngo uwundi abirye. Kuko imisi y’abantu banje izoba nk’imisi y’igiti; kandi abo natoye bazokwinovora bimwe bishitse igikorwa c’amaboko yabo.”​—Yes. 65:20-22.

19 Kuba imisi yacu izoba “nk’imisi y’igiti” bisobanura iki? Iyo uhagaze munsi y’igiti kinini cane, hoba hari ukuntu uca wumva akoba uzirikanye imyaka myinshi kimaze ng’aho, kumbure kikaba cari kihari na ba sogokuruza bawe bataravuka? Vyoshika ukabona ko hamwe woguma uri umunyagasembwa nk’uko usanzwe uri, ico giti cobandanya kwiberaho mu mahoro igihe kirekire wewe warapfuye kera cane. Ese ukuntu ari umutima mwiza Yehova agaragaza kuba adukura amazinda yuko muri ya Paradizo igiye kuza, imisi yacu izoba myinshi cane kandi irangwa amahoro! (Zab. 37:11, 29) Hazogera aho tubona ko n’ibiti bimaze igihe kirekire ari nk’ivyatsi bimaze akanya isase, bikaza bikagenda ariko tweho tukabandanya kwiberaho ibihe bidahera.

20. Abatwarwa b’Ubwami b’intahemuka bazoshika gute ku kugira amagara atagira agahaze?

20 Amagara atagira agahaze. Muri iki gihe, indwara n’urupfu birashikira abantu bose. Mu buryo bunaka, twese turarwaye: twaranduye indwara yica yitwa igicumuro. Umuti wonyene uyivura ni inkuka y’incungu ya Kristu. (Rom. 3:23; 6:23) Muri ya Ngoma y’imyaka igihumbi, Yezu n’abazofatanya na we kuganza bazofasha abantu kwungukira bimwe vyuzuye kuri iyo nkuka, bagende bararandurana n’imizi amakanda yose y’igicumuro mu bantu b’abizigirwa. Ubu buhanuzi bwa Yesaya buzoranguka mu buryo bwuzuye: “Nta wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’ Abantu baba mu gihugu bazoba bahariwe ikosa ryabo.” (Yes. 33:24) Iyumvire igihe ata n’umwe azoba ari impumyi, igipfamatwi canke afise ubumuga. (Soma Yesaya 35:5, 6.) Nta ndwara izonanira Yezu kugikiza, yaba iyo ku mubiri, mu bwenge, canke mu mutima. Abatwarwa b’Ubwami b’intahemuka bazogira amagara atagira agahaze.

21. Ni ibiki bizoshikira urupfu, kandi ni kubera iki ubona ko uwo muhango uhumuriza?

21 Bite ho ku bijanye n’ingaruka ikunze gushika y’indwara, ingaruka ata n’umwe ashobora kwirinda y’igicumuro, ari yo rupfu? Uwo ni we “mwansi wa nyuma” wacu, wa mwansi ateba agatura hasi abantu b’abanyagasembwa bose. (1 Kor. 15:26) Ariko none urupfu rwoba rushobora kunanira Yehova? Raba ivyo Yesaya yavuze: “Urupfu azorumira miyonzwa gushitsa ibihe bidahera, kandi Umukama Segaba Yehova azohanagura koko amosozi mu maso ha bose.” (Yes. 25:8) Nuse n’uwubona mu bwenge ico gihe. Nta vy’amaziko, ivy’amatongo y’abapfuye, canke ivy’amarira y’intuntu tuzosubira kwumva! Ahubwo hazoba amarira y’umunezero Yehova niyashitsa umuhango uteye akamwemwe yatanze wo kuzura abapfuye! (Soma Yesaya 26:19.) Inguma zitagira uko zingana zatewe n’urupfu zizoba zigiye zakira.

22. Ubwami bwa Mesiya nibwarangiza gushitsa kw’isi ivyo Imana igomba hazoca haba iki?

22 Mu mpera ya ya myaka igihumbi, Ubwami buzoba bwararangije gushitsa kw’isi ivyo Imana igomba, Kristu azoca rero ashikiriza ubutegetsi Se wiwe. (1 Kor. 15:25-28) Narirya abantu amaherezo bazoba bagiye baba abatunganye, bazoba biteguriye guhangana n’ikigeragezo ca nyuma Shetani niyarekurwa akava mu nyenga igereranya ukuba adashobora gukora ikintu na kimwe. Inyuma y’aho, Kristu azoheza afyonyore iyo nzoka y’ubugesera n’abayishigikira bose. (Ita. 3:15; Ivyah. 20:3, 7-10) Ariko abakunda Yehova badahemuka bose bazogira icizigiro ciza igitangaza. Kumbure nta majambo yobidondora neza kuruta ayo dusanga mu murongo umwe wo muri Bibiliya. Ayo majambo ni umuhango uvuga yuko abantu b’abizigirwa bazogira “umwidegemvyo w’ubuninahazwa w’abana b’Imana.”​—Rom. 8:21.

Ubwami bw’Imana buzoshitsa imihango yose Yehova yatanze ku bijanye n’abantu n’isi

23, 24. (a) Kubera iki imihango y’Imana izoranguka koko? (b) Wiyemeje gukora iki?

23 Iyo mihango si ivyizigiro canke ivyipfuzo bitagira ishingiro, canke indoto nsa. Imihango Yehova yatanze izoranguka koko. Kubera iki? Ibuka ya majambo ya Yezu twaciye irya n’ino mu kigabane ca mbere c’iki gitabu. Yigishije abayoboke biwe gusenga Yehova bati: “Ubwami bwawe nibuze. Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi nko mw’ijuru.” (Mat. 6:9, 10) Ubwami bw’Imana si ikintu umuntu yapfuye kwiyumvira. Burabaho koko! Ubu buraganza mw’ijuru. Buramaze ikinjana bushitsa imihango Yehova yatanze mu buryo twibonera neza mw’ishengero rya gikirisu. Ntitwokekeranya rero ko imihango yose Yehova yatanze izoranguka Ubwami bw’Imana nibwaza gukoresha ububasha bwabwo bwose kw’isi.

24 Turazi ko Ubwami bw’Imana buzoza. Turazi ko ijambo ryose ry’umuhango Yehova yavuze rizoranguka. Kubera iki? Kubera iki kintu: UBWAMI BW’IMANA BURAGANZA! Ikibazo rero umwe wese muri twebwe akwiye kwibaza ni iki: ‘Ubwami bw’Imana bwoba bunganza?’ Nimuze dukore uko dushoboye kwose ngo tubeho turi abatwarwa b’ubwo Bwami b’intahemuka ubu, kugira twungukire ku ntwaro yabwo itagira agahaze kandi igororotse!