Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 17

Kumenyereza abasuku b’Ubwami

Kumenyereza abasuku b’Ubwami

IVYO IKI KIGABANE CIBANDAKO

Ingene amashure ya gitewokarasi ategura abasuku b’Ubwami kugira barangure ibikorwa bashingwa

1-3. Yezu yaguye gute igikorwa co kwamamaza, kandi ivyo bivyura ibibazo ibihe?

 YEZU yamaze imyaka ibiri yamamaza i Galilaya. (Soma Matayo 9:35-38.) Yaragendagenze mu bisagara vyinshi no mu bigwati vyinshi, yigisha mu masinagogi yongera yamamaza inkuru nziza y’Ubwami. Aho yamamaza hose, abantu amasinzi bararindiga baza kuri we. Yavuze ko ‘ivyimburwa ari vyinshi,’ ko rero hari hakenewe abandi bakozi.

2 Yezu yaratunganije ivyo kwagura igikorwa co kwamamaza. Gute? Mu kurungika intumwa ziwe 12 “kwamamaza ubwami bw’Imana.” (Luka 9:1, 2) Izo ntumwa zishobora kuba zaribajije ukuntu zari kurangura ico gikorwa. Imbere yo kuzirungika, yarazihaye abigiranye urukundo ikintu Se wiwe wo mw’ijuru yari yaramuhaye: ukumenyerezwa.

3 Hari ibibazo nka bingahe duca twibaza: Ni ukumenyerezwa ukuhe Yezu yahawe na Se wiwe? Ni ukumenyerezwa ukuhe Yezu yahaye intumwa ziwe? Muri iki gihe ho bite? Umwami Mesiya yoba yaramenyereje abayoboke biwe kurangura ubusuku bwabo? Nimba yarabamenyereje, yabamenyereje gute?

“Nk’uko Data yanyigishije ni ko mvuga”

4. Yezu yigishijwe na Se ryari kandi yamwigishirije he?

4 Yezu yariyemereye atomora ko yigishijwe na Se wiwe. Mu gihe c’ubusuku bwiwe, yavuze ati: “Nk’uko Data yanyigishije ni ko mvuga ivyo bintu.” (Yoh. 8:28) None yigishijwe ryari kandi yigishirijwe he? Biboneka ko Yezu, we Mwana w’imfura w’Imana, yatanguye kwigishwa hataraca n’igihe aremwe. (Kol. 1:15) Uwo Mwana yaramaze imyaka idaharurika ari iruhande ya Se wiwe mw’ijuru, yumviriza yongera yihweza uwo ‘Mwigisha Ahambaye.’ (Yes. 30:20) Ni co gituma uwo Mwana yigishijwe ibintu ntangere ku bijanye na kamere za Se wiwe, ibikorwa vyiwe, n’imigambi yiwe.

5. Se yigishije iki Umwana wiwe ku bijanye n’ubusuku yoranguye kw’isi?

5 Igihe kigeze, Yehova yarigishije Umwana wiwe ibijanye n’ubusuku yoranguye kw’isi. Zirikana ubuhanuzi budondora ubucuti bwari hagati y’uwo Mwigisha Ahambaye n’Umwana wiwe w’imfura. (Soma Yesaya 50:4, 5.) Ubwo buhanuzi buvuga ko Yehova yakangura Umwana wiwe “uko bukeye.” Iyo mvugo ngereranyo itanga iciyumviro c’umwigisha akangura umunyeshure wiwe kare mu gitondo kugira amwigishe. Igitabu kimwe gisigura ivya Bibiliya kivuga giti: “Yehova . . . ni nk’aho amutwara mw’ishure nka kurya kw’umunyeshure, akamwigisha ivyo ategerezwa kwamamaza n’ukuntu ategerezwa kuvyamamaza.” Muri iryo “shure” ryo mw’ijuru, Yehova yarigishije Umwana wiwe ‘ivyo ategerezwa kumenyesha n’ivyo ategerezwa kuvuga.’ (Yoh. 12:49) Se yarigishije kandi Umwana wiwe ukuntu yokwigisha. a Igihe Yezu yari kw’isi, yarakoresheje neza ukumenyerezwa yari yararonse, mu kurangura ubusuku bwiwe no mu kumenyereza abayoboke biwe kurangura ubusuku bwabo.

6, 7. (a) Ni ukumenyerezwa ukuhe Yezu yahaye intumwa ziwe, kandi ukwo kumenyerezwa kwazironkeje ibikwiye ngo zikore iki? (b) Ni ukumenyerezwa ukuhe Yezu yitwararitse kuraba ko abayoboke biwe bo muri iki gihe baronka?

6 Nk’uko twari twabivuze mu ntango, ni ukumenyerezwa ukuhe Yezu yahaye intumwa ziwe? Muri Matayo ikigabane ca 10 harerekana ko yabahaye ubuyobozi butomoye ku bijanye n’igikorwa co kwamamaza bugizwe n’ibi bikurikira: aho bari kwamamaza (umurongo wa 5, 6), ubutumwa boshikirije (umurongo wa 7), ivy’uko bokeneye kwizigira Yehova (umurongo wa 9, 10), ingene boganirije abantu (umurongo wa 11-13), ingene bovyifashemwo banse kubumviriza (umurongo wa 14, 15), be n’ukuntu bovyifashemwo bahamwe (umurongo wa 16-23). b Ukwo kumenyerezwa gutomoye Yezu yahaye intumwa ziwe kwarazironkeje ibikwiye vyose kugira zije imbere mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza mu kinjana ca mbere.

7 Bite ho muri iki gihe? Yezu we Mwami w’Ubwami bw’Imana yarashinze abayoboke biwe igikorwa gihambaye kuruta ibindi vyose co kwamamaza “iyi nkuru nziza y’ubwami . . . mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose.” (Mat. 24:14) Umwami yoba yaratumenyereje kurangura ico gikorwa gihambaye cane? Me! Uwo Mwami yaritwararitse ari mw’ijuru kuraba yuko abayoboke biwe bamenyerezwa ukuntu bokwamamaza hanze y’ishengero be n’ukuntu borangura amabanga adasanzwe mw’ishengero.

Kumenyereza abasuku kuba abamamaji b’inkuru nziza

8, 9. (a) Intumbero nyamukuru y’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi yari iyihe? (b) Ikoraniro tugira hagati mu ndwi ryagufashije gute kurushiriza kuba kirumara mu busuku urangura?

8 Ishirahamwe rya Yehova riramaze igihe kirekire rikoresha amateraniro, amahwaniro n’amakoraniro y’ishengero, nk’Ikoraniro ry’umurimo, kugira rimenyereze abasavyi b’Imana kurangura ubusuku. Ariko kuva mu myaka ya 1940, abavukanyi bajejwe amabanga bo ku cicaro gikuru baratanguye gutunganya ivyo kumenyereza biciye ku mashure atandukanye.

9 Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi. Nk’uko twabibonye mu kigabane c’imbere y’iki, iryo shure ryatanguye kugirwa mu 1943. Intumbero yaryo yoba yari iyo kumenyereza gusa abanyeshure gushikiriza ku makoraniro y’ishengero insiguro zigisha? Oya. Intumbero nyamukuru y’iryo shure yari iyo kumenyereza abasavyi b’Imana gukoresha ingabirano yabo yo kuvuga kugira bashemeze Yehova mu busuku. (Zab. 150:6) Iryo shure ryararonsa abavukanyi bacu na bashiki bacu bose bari muri ryo ibikwiye kugira barushirize kuba abasuku kirumara b’Ubwami. Ubu ukwo kumenyerezwa gutangwa biciye kw’ikoraniro tugira hagati mu ndwi.

10, 11. Ni bande ubu baja mw’Ishure rya Gileyadi, kandi ivyigwa bitangwa muri iryo shure bifise intumbero iyihe?

10 Ishure ry’ivya Bibiliya rya Gileyadi. Iryo Shure ryatanguye ku wa mbere, igenekerezo rya 1 Ruhuhuma 1943. Mu ntango ryari rigenewe kumenyereza abatsimvyi n’abandi bari mu murimo w’igihe cose kugira barangure umurimo w’ubumisiyonari aho ari ho hose kw’isi. Ariko kuva muri Gitugutu 2011, rijamwo gusa abasanzwe bari mu muce munaka w’umurimo udasanzwe w’igihe cose, nk’abatsimvyi badasanzwe, abacungezi b’ingenzi n’abagore babo, Abanyabeteli, n’abamisiyonari batararyitaba bakorera mu ndimiro.

11 None ivyigwa bitangwa mw’Ishure rya Gileyadi bifise intumbero iyihe? Umwigisha umwe amaze igihe kirekire yigisha muri iryo Shure yishura ati: “Gukomeza ukwizera kw’abanyeshure biciye ku kwiga mu buryo bwimbitse Ijambo ry’Imana no kubafasha gutsimbataza kamere zo mu vy’impwemu bakeneye, kugira bavyifatemwo neza mu ngorane bahura na zo iyo barungikwa gukorera. N’ikindi kandi, intumbero nyamukuru y’ivyigwa bitangwa muri iryo Shure ni ugutuma abanyeshure barushiriza kugira icipfuzo gikomeye co kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza.”​—Ef. 4:11.

12, 13. Ishure rya Gileyadi ryafashije gute mu gikorwa co kwamamaza kirangurirwa kw’isi yose? Tanga akarorero.

12 None Ishure rya Gileyadi ryafashije gute mu gikorwa co kwamamaza kirangurirwa kw’isi yose? Kuva mu 1943, abarenga 8.500 baramenyerejwe muri iryo shure, c kandi abamisiyonari bamenyerejwe muri iryo shure barakoreye mu bihugu birenga 170 vyo hirya no hino kw’isi. Abamisiyonari barakoresha neza ukumenyerezwa baronse, bagatanga akarorero k’umwete mu busuku kandi bakamenyereza abandi kugirira umwete ubusuku. Akenshi, abamisiyonari baragiye imbere mu gikorwa co kwamamaza mu turere turimwo abamamaji b’Ubwami bakeyi canke ata bariyo.

13 Ehe ivyabaye mu Buyapani, aho kwamamaza mu bantu mu buryo butunganijwe vyasa n’ivyahagaze mu gihe c’Intambara ya kabiri y’isi yose. Muri Myandagaro 1949, mu Buyapani hari abamamaji badashika na cumi. Ariko mu mpera z’uwo mwaka, abamisiyonari 13 baciye mw’Ishure rya Gileyadi baramamaza n’umwete mu Buyapani. N’abandi bamisiyonari bararungitsweyo. Abo bamisiyonari babanje gukorera canecane mu bisagara bininibinini, mu nyuma bimukira mu bindi bisagara. Bararemesha bivuye inyuma abo bigisha Bibiliya be n’abandi kuba abatsimvyi. Umwete abo bamisiyonari bagize waravuyemwo ivyiza vyinshi. Ubu, mu Buyapani hari abamamaji b’Ubwami barenga 216.000, kandi nka 40 kw’ijana muri bo ni abatsimvyi! d

14. Amashure ya gitewokarasi ni ikimenyamenya gikomeye c’iki? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Amashure amenyereza abasuku b’Ubwami.”)

14 Ayandi mashure ya gitewokarasi. Ishure ry’umurimo w’abatsimvyi, Ishure ry’ivya Bibiliya ry’abakirisu bubakanye, n’Ishure ry’ivya Bibiliya ry’abavukanyi batubatse yarafashije abayitavye kurushiriza kuba abantu bakomeye mu vy’impwemu no kuja imbere n’umwete mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza. e Ayo mashure yose ya gitewokarasi ni ikimenyamenya gikomeye c’uko Umwami wacu yaronkeje neza abayoboke biwe ibikwiye kugira barangure ubusuku bwabo.​—2 Tim. 4:5.

Kumenyereza abavukanyi kurangura amabanga adasanzwe

15. Abagabo bafise amabanga bigana gute Yezu?

15 Ibuka bwa buhanuzi bwa Yesaya buvuga ko Yezu yigishijwe n’Imana. Muri iryo “shure” ryo mw’ijuru, uwo Mwana yarize ‘ingene yokwishurisha ijambo ribereye uwurushe.’ (Yes. 50:4) Yezu yarashize mu ngiro iyo nyigisho. Igihe yari kw’isi, yararuhuriye “abacumukura n’abaremerewe.” (Mat. 11:28-30) Abagabo bajejwe amabanga barigana Yezu, bakaruhurira abavukanyi babo na bashiki babo. Ku bw’ivyo, harashizweho amashure atandukanye kugira afashe abavukanyi bakwije ibisabwa kurushiriza kuba kirumara mu gukorera abo basangiye ukwemera.

16, 17. Ishure ry’ubusuku bw’Ubwami rifise intumbero iyihe? (Raba kandi akajambo k’epfo.)

16 Ishure ry’ubusuku bw’Ubwami. Umugwi wa mbere w’iryo shure watanguye ku wa 9 Ntwarante 1959, i South Lansing muri New York. Abacungezi b’ingenzi be n’abasuku b’amashengero baratumiwe mu vyigwa vyamara ukwezi. Mu nyuma ivyo vyigwa vyarahinduwe mu zindi ndimi bikuwe mu congereza, maze iryo shure ritangura kuza riramenyereza abavukanyi bo kw’isi yose. f

Umuvukanyi Lloyd Barry ariko arigisha mw’Ishure ry’ubusuku bw’Ubwami mu Buyapani mu 1970

17 Ku bijanye n’intumbero y’Ishure ry’ubusuku bw’Ubwami, Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova co mu 1962 cavuze giti: “Muri iyi si aho abantu bacurumba muri vyinshi cane, umucungezi wo mw’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova ategerezwa kuba umuntu ashoboye gutunganya ubuzima bwiwe kugira yitwararike neza abo mw’ishengero bose kandi ababere umuhezagiro. Ariko kandi ntakwiye kuba umuntu yirengagiza umuryango wiwe bwite ngo ashire imbere ishengero, yamara ategerezwa gukoresha umuzirikanyi uroranye. Emwe, abasuku b’ishengero bo hirya no hino kw’isi bararonkejwe akaryo keza igitangaza ko guhurira hamwe kw’Ishure ry’ubusuku bw’Ubwami, kugira baronke ukumenyerezwa kuzobafasha gukora ivyo Bibiliya ivuga ko umucungezi akwiye kuba ashoboye kurangura!”​—1 Tim. 3:1-7; Tito 1:5-9.

18. Abasavyi b’Imana bose bungukira gute kw’Ishure ry’Ubusuku bw’Ubwami?

18 Abasavyi b’Imana bose barungukiye kw’Ishure ry’ubusuku bw’Ubwami. Gute? Igihe abakurambere n’abakozi b’ishengero bashize mu ngiro ivyo bize kuri iryo shure, cokimwe na Yezu, bararuhurira abo basangiye ukwizera. Ntubishima none igihe umukurambere canke umukozi w’ishengero yitwararikana akubwiye ijambo riranga umutima mwiza, aguteze ugutwi, canke akugendeye kugira akuremeshe? (1 Tes. 5:11) Emwe, abo bagabo bakwije ibisabwa ni umuhezagiro nyawo ku mashengero barimwo!

19. Ni ayandi mashure ayahe Komite nshingwanyigisho icungera, kandi ayo mashure agenewe iki?

19 Ayandi mashure ya gitewokarasi. Komite nshingwanyigisho y’Inama Nyobozi iracungera ayandi mashure amenyereza abavukanyi bafise amabanga mw’ishirahamwe. Ayo mashure agenewe gufasha abavukanyi bajejwe amabanga, nk’abakurambere b’amashengero, abacungezi b’ingenzi, abari muri Komite y’ishami, kurushiriza kurangura neza amabanga menshi bajejwe. Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya bitangwa biraremesha abo bavukanyi kuguma ubwabo bakomeye mu vy’impwemu no gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe mu vyo bakorera intama z’agaciro Yehova yabajeje.​—1 Pet. 5:1-3.

Umugwi wa mbere w’abitavye Ishure rimenyereza abasuku ryabereye muri Malawi mu 2007

20. Kubera iki Yezu yavuze ko twese turi “abigishijwe na Yehova,” kandi wiyemeje gukora iki?

20 Biribonekeza ko Umwami Mesiya yitwararitse kuraba ko abayoboke biwe bamenyerezwa neza. Ukumenyerezwa kwose kwahereye hejuru: Yehova yaramenyereje Umwana wiwe, Umwana wiwe na we amenyereza abayoboke biwe. Ni co gituma Yezu yavuze ko twese turi “abigishijwe na Yehova.” (Yoh. 6:45; Yes. 54:13) Nimuze twiyemeze kwungukira bimwe bishitse ku kumenyerezwa Umwami wacu yadushiriyeho. Nimuze kandi twibuke yuko intumbero nyamukuru y’ukwo kumenyerezwa kwose ari ukudufasha kuguma dukomeye mu vy’impwemu kugira turangure ubusuku bwacu bimwe bishitse.

a Ni igiki kitwereka ko Se yigishije Umwana kwigisha? Zirikana iki kintu: Kuba Yezu yarakoresheje ibigereranyo vyinshi mu kwigisha, vyarashikije ubuhanuzi bwanditswe hagisigaye ibinjana n’ibindi ngo avuke. (Zab. 78:2; Mat. 13:34, 35) Biribonekeza ko Uwo ubwo buhanuzi bukomokako, ari we Yehova, yashinze imbere y’igihe ko Umwana wiwe yokwigishije akoresheje ibigereranyo canke imigani.​—2 Tim. 3:16, 17.

b Haciye amezi, Yezu “[yaratoye] bandi mirongo irindwi abatuma babiribabiri” kwamamaza. Na bo nyene yarabamenyereje.​—Luka 10:1-16.

c Hari abagiye mw’Ishure rya Gileyadi incuro irenga imwe.

d Wipfuza kumenya n’ibindi ku bijanye n’ukuntu abamisiyonari baciye mw’Ishure rya Gileyadi bafashije mu gikorwa co mu ndimiro co kw’isi yose, raba igitabu Les Témoins de Jéhovah: Prédicateurs du Royaume de Dieu, ikigabane ca 23.

e Ayo mashure abiri ya nyuma yasubiriwe n’Ishure ry’abamamaji b’Ubwami.

f Ubu abakurambere bose barungukira ku vyigwa vyo mw’Ishure ry’ubusuku bw’Ubwami bimara ibihe bitandukanye kandi bikagirwa uko haciye imyaka mikeyi. Kuva mu 1984, abakozi b’ishengero na bo nyene baramenyerejwe kuri iryo shure.