Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 16

Turakoranira hamwe ku bwo gusenga

Turakoranira hamwe ku bwo gusenga

IVYO IKI KIGABANE CIBANDAKO

Ingene amakoraniro yacu yatanguye, uko yateye imbere, be n’akamaro kayo

1. Ni imfashanyo iyihe abigishwa ba Yezu baronse igihe bakoranira hamwe, kandi kubera iki bari bayikeneye?

 GATOYI inyuma y’aho Yezu azukiye, abigishwa biwe barakoraniye hamwe kugira baremeshanye. Ariko barugaye umuryango kubera ko batinya abansi babo. Ubwoba bari bafise butegerezwa kuba bwaratanguye guhera igihe baza babona Yezu ari muri bo akavuga ati: “Nimuronke impwemu nyeranda”! (Soma Yohani 20:19-22.) Mu nyuma, abo bigishwa barasubiye gukoranira hamwe maze Yehova arabasukako impwemu nyeranda. Emwe, bari baronse inkomezi zobafashije gukora igikorwa co kwamamaza cari kibarindiriye!—Ivyak. 2:1-7.

2. (a) Yehova aturonsa inkomezi gute, kandi kubera iki tuzikeneye? (b) Kubera iki Ugusenga kwo mu muryango guhambaye cane? (Raba akajambo k’epfo be n’uruzitiro ruvuga ngo “ Ugusenga kwo mu muryango.”)

2 Na twebwe turashikirwa n’ingorane zisa n’izashikiye abavukanyi bacu bo mu kinjana ca mbere. (1 Pet. 5:9) Birashika bamwe muri twebwe bagatinya abantu. Kandi turakeneye inkomezi Yehova atanga kugira dushobore kwihangana mu gikorwa co kwamamaza. (Ef. 6:10) Nyinshi muri izo nkomezi Yehova azituronsa biciye ku makoraniro tugira. Nyinshi muri izo nkomezi Yehova azituronsa biciye ku makoraniro tugira. Ubu turafise akaryo ko kwitaba amakoraniro abiri aremesha buri ndwi: Ikoraniro ry’icese n’Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi, be n’ikoraniro ryo mu ndwi hagati ryitwa Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu. a Turagira kandi iyindi mitororokano ine mu mwaka: ihwaniro ry’akarere, amateraniro y’umuzunguruko abiri, n’Icibutso c’urupfu rwa Kristu. Kubera iki bihambaye cane ko twitaba ayo makoraniro yose? Amakoraniro yacu yo mu bihe vya none yatanguye gute kandi atera imbere gute? Ukuntu tubona ayo makoraniro bihishura iki ku bitwerekeye?

Kubera iki dukwiye gukoranira hamwe?

3, 4. Ni igiki Yehova asaba abasavyi biwe? Tanga uturorero.

3 Kuva kera na rindi Yehova yamye asaba ko abasavyi biwe bakoranira hamwe kugira bamusenge. Nk’akarorero, mu 1513 Imbere ya Kristu, Yehova yarahaye rya Tegeko ryiwe ihanga rya Isirayeli, kandi muri iryo Tegeko harimwo n’Isabato yohimbajwe ku ndwi ku ndwi kugira ngo umuryango umwumwe wose umusenge no kugira ngo wige iryo Tegeko. (Gus. 5:12; 6:4-9) Abisirayeli baramutse bakurikije ico kintu Yehova yari yarabategetse, imiryango yarakomera maze ihanga ryose rikaguma ridahumanye kandi rikomeye mu vy’impwemu. Igihe iryo hanga ryareka gukurikiza iryo Tegeko rikirengagiza ivyo ryasabwa, nko kwama rikoranira hamwe kugira risenge Yehova, ntiryabaye rigishimwa n’Imana.​—Lew. 10:11; 26:31-35; 2 Ngo. 36:20, 21.

4 Zirikana kandi akarorero Yezu yasize. Yarakunda kuja mw’isinagogi buri ndwi kw’Isabato. (Luka 4:16) Yezu amaze gupfa hanyuma akazuka, abigishwa biwe barabandanije kwama bakoranira hamwe naho nyene batari bakigengwa n’itegeko ry’Isabato. (Ivyak. 1:6, 12-14; 2:1-4; Rom. 14:5; Kol. 2:13, 14) Uretse ko kuri ayo makoraniro abakirisu bo mu kinjana ca mbere baharonkera inyigisho n’indemesho, baranashikanira Imana ibimazi vy’ishemezo biciye ku masengesho, ku nsasanuro, no ku ndirimbo.​—Kol. 3:16; Heb. 13:15.

Abigishwa ba Yezu barakoraniye hamwe kugira bakomezanye bongere baremeshanye

5. Kubera iki twitaba amakoraniro ya buri ndwi be n’amateraniro n’amahwaniro ya buri mwaka? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Imitororokano ya buri mwaka ihuza abasavyi b’Imana.”)

5 Na twebwe nyene, igihe twitaba amakoraniro ya buri ndwi be n’amateraniro n’amahwaniro ya buri mwaka, tuba twerekanye ko dushigikiye Ubwami bw’Imana, turakomezwa n’impwemu nyeranda, kandi tukaremesha abandi biciye ku majambo tuvuga aserura ukwizera. N’igihambaye kuruta, turaronka akaryo ko gusenga Yehova biciye ku masengesho dutura, ku nsasanuro dutanga no ku ndirimbo turirimba. Amakoraniro yacu hari aho atoba ameze nk’ayo Abisirayeli n’abakirisu bo mu kinjana ca mbere bagira, ariko na yo nyene arahambaye. Amakoraniro yacu yo mu bihe vya none yatanguye gute kandi atera imbere gute?

Amakoraniro ya buri ndwi aremesha “ugukundana n’ibikorwa vyiza”

6, 7. (a) Amakoraniro yacu afise intumbero iyihe? (b) Ni gute kera imigwi itagira amakoraniro kumwe?

6 Igihe umuvukanyi Charles Taze Russell yatangura kurondera ukuri mw’Ijambo ry’Imana, yarabonye ko yari akeneye gukoranira hamwe n’abandi bari bafise intumbero nk’iyiwe. Mu 1879, Russell yanditse ati: “Jewe n’abo turi kumwe i Pittsburgh twaratunganije twongera turabandanya ivyigwa vya Bibiliya kugira tugire ubushakashatsi bw’Ivyanditswe, tukaba dukoranira hamwe imisi yose ku w’iyinga.” Abasomyi b’Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni bararemeshejwe gukoranira hamwe, kandi gushika mu 1881, amakoraniro yaragirwa i Pittsburgh muri Pensilivaniya imisi yose ku w’iyinga no ku wa gatatu. Umunara w’Inderetsi wo muri Munyonyo 1895 wavuze ko intumbero y’ayo makoraniro yari iyo “kwifatanya n’abandi bakirisu, gutsimbataza urukundo no gusangira,” be no gutuma abayitavye baremeshanya.​—Soma Abaheburayo 10:24, 25.

7 Imigwi y’Abatohoji ba Bibiliya yaramaze imyaka myinshi itagira amakoraniro kumwe be n’incuro zingana. Nk’akarorero, ikete umugwi umwe wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika warungitse maze rigasohorwa mu 1911, ryavuze riti: “Tugira n’imiburiburi amakoraniro atanu ku ndwi.” Bagira ayo makoraniro ku wa mbere, ku wa gatatu, ku wa gatanu, na kabiri ku w’iyinga. Irindi kete ryarungitswe n’umugwi umwe wo muri Afrika rigasohorwa mu 1914 ryavuze riti: “Tugira amakoraniro kabiri mu kwezi, kuva ku wa gatanu gushika ku w’iyinga.” Ariko rero, amakoraniro yacu yahavuye atangura kugirwa nk’uko tuyagira ubu. Reka twihweze muri make kahise k’ikoraniro rimwerimwe ryose.

8. Zimwezimwe mu nsiguro z’icese zo mu ntango zari zishingiye ku vyiyumviro ibihe?

8 Ikoraniro ry’icese. Mu 1880, haciye umwaka umuvukanyi Russell atanguye gusohora Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni, yarakurikije akarorero ka Yezu arafata urugendo rwo kwamamaza. (Luka 4:43) Muri ico gihe, umuvukanyi Russell yarashizeho icitegererezo c’ikoraniro ubu ryitwa Ikoraniro ry’icese. Mu gutangaza ivy’urwo rugendo, uwo Munara w’Inderetsi wavuze ko Russell “yohimbawe no kuremesha amakoraniro y’icese ku ciyumviro kivuga ngo ‘Ibintu bijanye n’Ubwami bw’Imana.’ ” Mu 1911, amashengero amaze gushingwa mu bihugu bitari bike, ishengero rimwerimwe ryose ryaremeshejwe kurungika abashikirizansiguro babishoboye mu turere two hirya no hino yaryo gushikiriza urukurikirane rw’insiguro zitandatu zishingiye ku vyiyumviro nk’ibi: urubanza, incungu. Insiguro imwimwe yose irangiye, haratangazwa uwuzoshikiriza insiguro mu ndwi ikurikira be n’umutwe wayo.

9. Ikoraniro ry’icese ryagiye rirahinduka gute uko imyaka yagiye irarengana, kandi ushobora gute gushigikira iryo koraniro?

9 Mu 1945, Umunara w’Inderetsi waratangaje ko hari hagiye gutangura isekeza ry’Ikoraniro ry’icese kw’isi yose ryo gushikiriza insiguro umunani zishingiye kuri Bibiliya zivuga ibijanye n’ “ingorane zihutirwa zo muri ibi bihe.” Imyaka mirongo yarahaciye abashikirizansiguro bagenywe bakoresha insiguro bahabwa n’umushumba w’umwizigirwa be n’izo baba baritunganirije. Ariko mu 1981, abashikirizansiguro bose bategetswe kuza barashikiriza insiguro zishingiye ku ncacagu amashengero yaronswa. b Gushika mu 1990, incacagu zimwezimwe z’insiguro z’icese zasaba ko haba uguhana ijambo n’abumviriza canke imyerekano; ariko muri uwo mwaka ubwo buyobozi bwarahinduwe maze insiguro z’icese zisigara zitangwa ata vyo guhana ijambo n’abumviriza canke imyerekano bigizwe. Irindi hinduka ryabaye muri Nzero 2008, igihe umwanya insiguro z’icese zimara wagabanywa ukava ku minuta 45 ukaja ku minuta 30. Naho ukuntu ikoraniro ry’icese rigirwa kwahindutse, insiguro z’icese ziteguwe neza zirabandanya gutuma turushiriza kwizera Ijambo ry’Imana no kutwigisha imice itandukanye y’Ubwami bw’Imana. (1 Tim. 4:13, 16) Woba utumira n’igishika cinshi abo usubira kugendera be n’abandi batari Ivyabona ngo baze kwumviriza izo nsiguro zihambaye zishingiye kuri Bibiliya?

10-12. (a) Ni amahinduka ayahe yagizwe ku Nyigisho y’Umunara w’Inderetsi? (b) Ni ibibazo ibihe vyoba vyiza wibajije?

10 Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi. Mu 1922, abavukanyi b’abasuku b’ingenzi barungikwa n’ishirahamwe gushikiriza insiguro mu mashengero no kuja imbere abandi mu gikorwa co kwamamaza, barasavye yuko hoza haragirwa ikoraniro ryo kwiga Umunara w’Inderetsi. Ico ciyumviro caremewe maze inyigisho z’Umunara w’Inderetsi ziratangura kugirwa, ubwa mbere zikaba zagirwa mu ndwi hagati canke ku w’iyinga.

Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi muri Gana mu 1931

11 Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ruheshi 1932 waratanze ubundi buyobozi bwerekana ukuntu iryo koraniro rikwiye kugirwa. Hisunzwe ukuntu iyo nyigisho yagirwa muri Beteli, uwo Munara w’Inderetsi wavuze ko umuvukanyi akwiye guhagarikira iryo koraniro. Abavukanyi batatu baricara imbere bakaza barakurakuranwa gusoma ingingo. Ibiganiro vyo muri ico gihe ntivyagira ibibazo, umurongozi akaba rero yasabwa gusaba abari mw’ikoraniro kubaza ibibazo ku vyo baba bariko bariga. Bamaze kubibaza, yaca abasaba gutanga inyishu zavyo. Iyo hakenewe ibitomorwa, uwo murongozi yasabwa guca atanga insobanuro “ngufi kandi itomoye.”

12 Mu ntango, buri shengero ryari ryemerewe guhitamwo ikiganiro co mu kinyamakuru benshi bipfuza kwiga. Ariko Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ndamukiza 1933 washikirije iciyumviro c’uko amashengero yose akoresha Umunara w’Inderetsi waba ugezweho. Mu 1937, haratanzwe ubuyobozi bw’uko iyo nyigisho ikwiye kugirwa ku w’iyinga. Ibindi bintu vyaryohowe bigatuma iryo koraniro rigirwa nk’uko rigirwa ubu vyasohowe mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Gitugutu 1942. Ubwa mbere, ico kinyamakuru catangaje ko ibibazo vyogiye biraboneka ku rupapuro rumwerumwe rwose rw’ibiganiro vyo kwiga amaja epfo, be n’uko ivyo bibazo ari vyo vyogiye birakoreshwa. Caciye kivuga ko iryo koraniro rikwiye kumara isaha imwe. Vyongeye, cararemesheje abatanga inyishu kuzitanga “mu majambo yabo bwite” aho kuzisoma mu ngingo. Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi irabandanya kuba ryo koraniro nyamukuru umushumba w’umwizigirwa acishako mu gutanga ibifungurwa vy’impwemu ku gihe kibereye. (Mat. 24:45) Umwe wese muri twebwe vyoba vyiza yibajije ati: ‘Noba ntegura inyigisho y’Umunara w’Inderetsi buri ndwi? Noba nihatira gutanga insasanuro nimba ndabishoboye?’

13, 14. Kahise k’Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero ni akahe, kandi ni igiki ukunda kuri iryo koraniro?

13 Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero. Mu ntango z’imyaka ya 1890, hamaze gusohorwa ibitabu nka bingahe vyo muri rwa rukurikirane rwiswe Umutwenzi w’Ikimpumbi, umuvukanyi H. N. Rahn, Umutohoji wa Bibiliya yaba mu gisagara ca Baltimore i Maryland muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, yaratanze iciyumviro c’uko hogirwa “Imigwi yo mu mutwenzi” yo kwiga Bibiliya. Mu ntango, ayo makoraniro yagizwe ku bwo kugerageza, akaba yakunda kubera mu mihana y’abantu. Ariko gushika muri Nyakanga 1895, iyo Migwi yo mu mutwenzi yaragirwa mu bisagara bitari bike vyo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bikagenda neza. Umunara w’Inderetsi wo muri ukwo kwezi watanze rero iciyumviro c’uko abatohoza ukuri bose bogira ayo makoraniro. Wavuze ko uwuhagarikira iryo koraniro akwiye kuba azi gusoma neza. Yategerezwa gusoma iryungane agaca arindira ko abari ng’aho bagira ico barivuzeko. Amaze gusoma iryungane rimwerimwe ryose ryo mu ngingo kandi bakariganirako, yaca asoma muri Bibiliya ivyanditswe vyatanzwe. Ikigabane cose kirangiye, umwe wese mu bari ng’aho yategerezwa gushikiriza incamake ngufi y’ico kiganiro.

14 Izina ry’iryo koraniro ryarahindutse incuro nka zingahe. Ryahavuye ryitwa Imigwi y’Abanyaberoya yo kwiga Bibiliya, rikaba ryiswe gutyo hisunzwe ba Banyaberoya bo mu kinjana ca mbere basuzuma Ivyanditswe bitonze. (Ivyak. 17:11) Mu nyuma iryo zina ryarahindutse riba Inyigisho y’igitabu y’ishengero. Ubu ryitwa Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero, kandi ishengero ryose rikoranira hamwe ku Ngoro y’Ubwami aho gukoranira mu migwi mu mihana y’abantu. Mu myaka n’iyindi, muri iyo nyigisho harakoreshejwe ibitabu bitandukanye, udutabu tutari tumwe, eka mbere n’ibiganiro vy’Umunara w’Inderetsi bitandukanye. Kuva mu ntango, ababa baryitavye baremeshwa kurigiramwo uruhara. Iryo koraniro ryaratumye turushiriza kugira ubumenyi bwo muri Bibiliya. Woba wama witegurira iryo koraniro kandi ukarigiramwo uruhara uko ushoboye kwose?

15. Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ryari rigenewe iki?

15 Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi. “Ku wa mbere ku mugoroba, igenekerezo rya 16 Ruhuhuma 1942, ab’igitsina-gabo bose bo mu muryango wa Beteli y’i Brooklyn baratumiwe kwiyandikisha mu ryahavuye ryitwa Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi.” Ivyo vyavuzwe na Carey Barber, ico gihe akaba yakorera ku cicaro gikuru c’i Brooklyn i New York. Umuvukanyi Barber, akaba yahavuye aba mu bagize Inama Nyobozi, yavuze ko iryo shure ari “kimwe mu bintu bihambaye kuruta ibindi vyose vyabaye mu vyo Yehova yagiriye abasavyi biwe bo mu bihe vya none.” Ivyo vyigwa vyarafashije cane abavukanyi kuryohora ubuhanga bwabo bwo kwigisha no kwamamaza ku buryo kuva mu 1943 agatabu Ivyigwa bijanye n’ubusuku bwa gitewokarasi kagiye kararonswa amashengero yo kw’isi yose. Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruheshi 1943 wavuze ko Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ryari rigenewe gufasha abasavyi b’Imana “kwimenyereza kuba Ivyabona bavyifatamwo neza mu kwamamaza Ubwami.”​—2 Tim. 2:15.

16, 17. Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ryoba ryigisha gusa ubuhanga bwo kuvuga? Sigura.

16 Mu ntango, benshi babona ko kuvugira imbere y’abantu benshi ari urupfu. Clayton Woodworth, se wiwe akaba yari yarapfunganywe n’umuvukanyi Rutherford n’abandi mu 1918 bahorwa ubusa, yaributse ukuntu yumvise amerewe igihe yiyandikisha ari bwo bwa mbere muri iryo shure mu 1943. Yavuze ati: “Vyarangora cane gushikiriza insiguro. Ururimi rwanje wamengo rwabaye rurerure, amate agakama, ijwi rikanka gusohoka neza.” Ariko Clayton yararushirije kuryohora ububangukirwe bwiwe, bituma aterwa uduteka twinshi two gushikiriza insiguro z’icese. Iryo shure ryaramwigishije n’ibindi uretse ubuhanga bwo kuvuga. Ryaramwigishije akamaro ko kwicisha bugufi no kwiheka kuri Yehova. Yavuze ati: “Nahavuye ntahura ko umushikirizansiguro atari we ahambaye. Ariko iyo yiteguye neza kandi akizigira Yehova aherejeko, abumviriza insiguro yiwe barahimbarwa kandi bakagira ico bahigiye.”

17 Mu 1959, bashiki bacu baratumiwe kwiyandikisha muri iryo shure. Mushiki wacu Edna Bauer aribuka igihe yumva iryo tangazo ari kw’iteraniro yari yitavye. Yavuze ati: “Ndibuka ukuntu ryatumye abavukanyikazi banezerwa cane. Uturyo twabo twari twiyongereye.” Uko imyaka yagiye irahera, abavukanyi na bashiki bacu benshi bariyandikishije mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi maze barigishwa na Yehova. Muri iki gihe, Yehova arabandanya kutwigisha biciye kw’ikoraniro tugira hagati mu ndwi.—Soma Yesaya 54:13.

18, 19. (a) Muri iki gihe turonka gute ubuyobozi budufasha kurangura igikorwa cacu? (b) Kubera iki turirimba ku makoraniro yacu? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Kuririmba ukuri.”)

18 Ikoraniro ry’umurimo. Kuva mu 1919, haragirwa amakoraniro yo gutunganya umurimo wo mu ndimiro. Ico gihe, si ishengero ryose ryayitaba. Yitabwa gusa n’ababa barasabwe kugira uruhara mu gikorwa co gutanga ibitabu. Ikoraniro ry’umurimo ryaramaze igice kinini c’umwaka wa 1923 rigirwa rimwe mu kwezi, kandi abagize ishengero bose babwirizwa kuryitaba. Mu 1928, amashengero yarahimirijwe kugira Ikoraniro ry’umurimo buri ndwi, kandi mu 1935, Umunara w’Inderetsi wararemesheje amashengero yose gushingira Ikoraniro ry’umurimo ku makuru yasohowe mu Gikorwa dukorera Ubwami (citwa ico gihe Umuyobozi mu nyuma naho kikitwa Umutangamakuru). Iryo koraniro ntiryatevye kuja mu rutonde rw’amakoraniro ishengero ryama rigira.

19 Muri iki gihe, ubuyobozi budufasha kurangura igikorwa cacu tuburonkera mw’ikoraniro tugira hagati mu ndwi. (Mat. 10:5-13) Nimba ukwije ibisabwa kugira uronke agatabu k’ikoraniro, woba ukiga kandi ugashira mu ngiro inama ziri muri ko iyo uri mu busuku?

Ikoraniro rihambaye kuruta ayandi yose aba mu mwaka

Kuva mu kinjana ca mbere Inyuma ya Kristu, abakirisu bamye bakoranira hamwe buri mwaka kugira bahimbaze Icibutso c’urupfu rwa Kristu (Raba ingingo ya 20)

20-22. (a) Kubera iki twibuka urupfu rwa Yezu? (b) Kwitaba Icibutso buri mwaka bikugirira akamaro akahe?

20 Yezu yategetse abayoboke biwe kwibuka urupfu rwiwe gushika ashitse. Nk’uko Pasika yahimbazwa uko umwaka utashe, n’Icibutso c’urupfu rwa Kristu gihimbazwa ku mwaka ku mwaka. (1 Kor. 11:23-26) Iryo koraniro riritabwa n’abantu amamiliyoni buri mwaka. Abarobanuwe ribibutsa agateka batewe ko gufatanya na Kristu kuganza mu Bwami bw’Imana. (Rom. 8:17) Abo mu zindi ntama na bo rituma barushiriza kwubaha Umwami w’Ubwami bw’Imana no kuba intahemuka kuri we.​—Yoh. 10:16.

21 Umuvukanyi Russell n’abo bari bafatanije igikorwa baratahuye akamaro ko guhimbaza Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba bongera baramenya ko zikwiye guhimbazwa rimwe gusa mu mwaka. Umunara w’Inderetsi wo muri Ndamukiza 1880 wavuze uti: “Benshi muri twebwe hano i Pittsburgh turamaze imyaka nk’ingahe dufise akamenyero ko . . . guhimbaza Pasika [Icibutso] kandi tukihereza ku bimenyetso bigereranya umubiri n’amaraso vy’Umukama wacu.” Amahwaniro ntiyatevye kugiranwa n’Icibutso. Mu 1889 ni ho ibiharuro bijanye n’ico kintu vyazigamwa ari bwo bwa mbere, hakaba hari abantu 225, habatizwa 22.

22 Ubu ntitukigirira hamwe ihwaniro n’Icibutso, mugabo turatumira abo mu karere iwacu bose kwifatanya natwe mu Ngoro y’Ubwami canke mu nyubakwa tuba twakotesheje. Mu 2013, abantu barenga imiliyoni 19 baributse urupfu rwa Yezu. Emwe, turafise agateka kadasanzwe ko kwitaba Icibutso no kuremesha abandi kwifatanya natwe muri iryo joro ryeranda kuruta ayandi yose! Buri mwaka, woba utumira n’igishika cinshi ku Cibutso abantu benshi bashoboka?

Ukuntu tubona ayo makoraniro bihishura iki?

23. Ubona gute ugukoranira hamwe kwacu?

23 Abasavyi ba Yehova b’intahemuka ntibabona ko itegeko ryo gukoranira hamwe ari umuzigo. (Heb. 10:24, 25; 1 Yoh. 5:3) Nk’akarorero, Umwami Dawidi yarakunda kuja mu nzu ya Yehova gusenga. (Zab. 27:4) Canecane yamusenga yifatanije n’abandi bakunda Imana. (Zab. 35:18) Zirikana kandi akarorero ka Yezu. N’igihe yari akiri muto, yaripfuza cane kuba ari mu nzu ya Se wiwe yo gusengeramwo.​—Luka 2:41-49.

Nimba dufise icipfuzo kigera kure co gukoranira hamwe, bihishura ko tubona yuko Ubwami bw’Imana bubaho koko

24. Igihe twitavye amakoraniro, ni uturyo utuhe turonka?

24 Igihe twitavye amakoraniro, tuba twerekanye ko dukunda Yehova be n’uko twipfuza gukomeza abo dusangiye ukwemera. Tuba kandi twerekanye ko dushashaye kwiga ukuntu twobaho turi abatwarwa b’Ubwami bw’Imana, kuko ku makoraniro, ku materaniro no ku mahwaniro yacu ari ho canecane tuvyigira. N’ikindi kandi, amakoraniro yacu araturonsa ubuhanga n’inkomezi dukeneye kugira tubandanye kurangura kimwe mu bikorwa bihambaye kuruta ibindi vyose biriko birangurwa n’Ubwami bw’Imana muri iki gihe, na co kikaba ari igikorwa co guhindura abantu abigishwa b’Umwami Yezu Kristu no kubamenyereza. (Soma Matayo 28:19, 20.) Vy’ukuri, nimba dufise icipfuzo kigera kure co gukoranira hamwe, bihishura ko tubona yuko Ubwami bw’Imana bubaho koko. Nimuze twame duha agaciro amakoraniro yacu!

a Uretse amakoraniro y’ishengero tugira ku ndwi ku ndwi, umuryango umwumwe wose canke umuntu ku giti ciwe araremeshwa gutegekanya umwanya wo kwiyigisha canke kugira ugusenga kwo mu muryango.

b Gushika mu 2013, hari hamaze kuboneka incacagu z’insiguro z’icese zirenga 180.