Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 9

Ibiva mu gikorwa co kwamamaza—“Imirima ireze, igeze kwimbura”

Ibiva mu gikorwa co kwamamaza—“Imirima ireze, igeze kwimbura”

IVYO IKI KIGABANE CIBANDAKO

Yehova yaratumye imbuto z’ukuri kw’Ubwami zikura

1, 2. (a) Kubera iki abigishwa ba Yezu bazazaniwe? (b) Ni iyimbura bwoko ki Yezu ariko aravuga?

 ABIGISHWA ba Yezu barazazaniwe. Ahejeje kubabwira ati: “Raramure amaso yanyu murabe imirima: ireze, igeze kwimbura.” Bitegereje iyo Yezu aberetse, ntibabona imirima yeze, ariko babona imirima isa n’icatsi gitoto, iryo rikaba ari ibara rya sayiri iheruka kumera. Kumbure baribaza bati: ‘None ko hagisigaye amezi ngo iyimbura rigere, iryo yimbura avuze ni irihe?’​—Yoh. 4:35.

2 Ariko Yezu ntariko avuga iyimbura nka rirya dusanzwe tuzi. Ahubwo afatiyeho akaryo ko kwigisha abigishwa biwe ivyigwa bibiri bihambaye vyerekeye iyimbura ryo mu buryo bw’impwemu, ni ukuvuga ukwimbura abantu. Ivyo vyigwa ni ibihe? Kugira tubimenye, reka duce irya n’ino iyo nkuru.

Abatera akamo ngo bajeko bakore akabasezeranira n’umunezero

3. (a) Ni igiki gishobora kuba caratumye Yezu avuga ngo: “Imirima ireze, igeze kwimbura”? (Raba akajambo k’epfo.) (b) Yezu yatomoye gute ico yashaka kuvuga?

3 Yezu yagiranye ico kiyago n’abigishwa biwe mu mpera z’umwaka wa 30 hafi y’igisagara c’i Samariya citwa Sikara. Igihe abigishwa biwe binjira muri ico gisagara, we yasigaye kw’iriba. Ng’aho yarabwiye ukuri kwo mu vy’impwemu umugore umwe, uno akaba yaciye atahura ko inyigisho za Yezu zihambaye. Abigishwa biwe bagarutse, uwo mugore yaciye anyaragasa aja i Sikara kubwira ababanyi biwe ibintu bitangaje yari yize. Ivyo yababwiye vyarabashimishije cane ku buryo benshi muri bo baciye bihuta baja kuri nya riba kuraba Yezu. Birashoboka ko ico gihe, Yezu atereje amaso hirya ya nya mirima akabona isinzi ry’Abasamariya bariko baraza, ari ho yaciye avuga ati: “Murabe imirima: ireze, igeze kwimbura.” a Kugira rero Yezu atomore yuko atariko avuga iyimbura nka rirya dusanzwe tuzi ariko ko yariko avuga iyimbura ryo mu buryo bw’impwemu, yongeyeko ati: “Umushwabuzi ariko . . . yegeranya ivyamwa ku bw’ubuzima budahera.”​—Yoh. 4:5-30, 36.

4. (a) Ni ivyigwa bibiri ibihe bijanye n’iyimbura Yezu yigishije? (b) Ni ibibazo ibihe tugira twihweze?

4 Ni ivyigwa bibiri bihambaye ibihe bijanye n’iyimbura ryo mu buryo bw’impwemu Yezu yigishije? Ica mbere, igikorwa kirihutirwa. Igihe yavuga ngo “imirima ireze, igeze kwimbura,” yariko aratera akamo abayoboke biwe ngo bajeko bakore. Kugira yereke abigishwa biwe ko ibintu vyihutirwa rwose, yongeyeko ati: “Ubu umushwabuzi ariko araronka impembo.” Mu kuvuga ngo “ubu,” yariko yerekana ko iyimbura ryari rimaze gutangura, ko rero kitari igihe co gutebagana! Icigwa ca kabiri, abakozi baranezerewe. Yezu yavuze ko umubivyi n’umushwabuzi ‘bazonezeranwa.’ (Yoh. 4:35b, 36) Nk’uko nyene Yezu ategerezwa kuba yaranezerewe abonye ‘benshi mu Basamariya bamwizeye,’ ni ko n’abigisha biwe bonezerewe cane bariko barakora n’umutima wabo wose mw’iyimbura. (Yoh. 4:39-42) Iyo nkuru yo mu kinjana ca mbere irahambaye rwose kuri twebwe, kuko yerekana ibiriko biraba muri iki gihe c’iyimbura ryo mu buryo bw’impwemu rihambaye kuruta ayigeze kubaho yose. Iryo yimbura ryo mu gihe ca none ryatanguye ryari? Ni bande barigiramwo uruhara? Ryavuyemwo iki?

Umwami wacu aratuja imbere mw’iyimbura rihambaye kuruta ayigeze kubaho yose

5. Ni nde aja imbere abandi mw’iyimbura riba kw’isi yose, kandi ivyo Yohani yeretswe vyerekana gute ko ico gikorwa cihutirwa?

5 Mu vyo intumwa Yohani yeretswe, Yehova arahishura ko yashinze Yezu igikorwa co kuja imbere abandi mw’iyimbura ry’abantu riba kw’isi yose. (Soma Ivyahishuwe 14:14-16.) Muri iryo yerekwa, Yezu adondorwa afise urugori n’agakero. “Urugori rw’inzahabu ku mutwe [wa Yezu]” rwemeza ko aganza ari Umwami. “Agakero gakarishe [kari] mu kuboko kwiwe” kemeza ko ari Umwimbuzi. Mu kuvuga biciye ku mumarayika ko “ivyimburwa vy’isi vyeze neza,” Yehova aba ariko yerekana ko igikorwa cihutirwa. Mu vy’ukuri, ‘isaha yo gushwabura irashitse,’ nta vy’ugutebagana! Imana imaze gutegeka iti: “Rungika agakero kawe,” Yezu aca atuma agakero kiwe isi igashwaburwa, ni ukuvuga ko abantu bo kw’isi bashwaburwa. Iryo yerekwa riteye umunezero rirongera kutwibutsa ko ‘imirima yeze, igeze kwimbura.’ Iryo yerekwa ryoba ridufasha kumenya igihe iryo yimbura ryo kw’isi yose ryatanguye? Ego cane!

6. (a) “Igihe c’iyimbura” catanguye ryari? (b) ‘Iyimbura nyezina ry’isi’ ryatanguye ryari? Sigura.

6 Kubera ko ivyo Yohani yeretswe biri mu Vyahishuwe ikigabane ca 14 vyerekana Yezu wa Mwimbuzi yambaye urugori (umurongo wa 14), yari yaramaze rero kwimikwa, akaba yimitswe mu 1914. (Dan. 7:13, 14) Mu nyuma, Yezu arategekwa gutangura iyimbura (umurongo wa 15). Urwo rukurikirane rw’ibintu turarubona no muri wa mugani wa Yezu w’iyimbura ry’ingano, aho avuga ati: “Iyimbura ni insozero y’ivy’isi.” Ku bw’ivyo, igihe c’iyimbura be n’insozero y’ivy’isi vyatanguriye rimwe: mu 1914. Mu nyuma “mu gihe c’iyimbura,” iyimbura nyezina ryaratanguye. (Mat. 13:30, 39) Dutereje amaso inyuma tukaraba dufatiye aho tugeze mu bijanye n’igihe, turabona ko iyimbura ryatanguye haciye imyaka nk’ingahe Yezu atanguye kuganza. Ubwa mbere, kuva mu 1914 gushika mu ntango za 1919, Yezu yarakoze igikorwa c’ityorora mu bayoboke biwe barobanuwe. (Mal. 3:1-3; 1 Pet. 4:17) Maze mu 1919, ‘iyimbura ry’isi’ ryaratanguye. Yezu ntiyatebaganye, yaciye akoresha umushumba w’umwizigirwa yari aherutse kugenwa kugira afashe abavukanyi kubona ko igikorwa co kwamamaza cihutirwa. Reka turabe ivyabaye.

7. (a) Ni igiki abavukanyi bacu basuzumye bigatuma babona ko igikorwa co kwamamaza cihutirwa? (b) Abavukanyi bacu baremeshejwe gukora iki?

7 Muri Mukakaro 1920, Umunara w’Inderetsi wavuze uti: “Dusuzumye Ivyanditswe, biboneka ko ishengero ryatewe agateka kadasanzwe ko gushikiriza ubutumwa bw’Ubwami.” Nk’akarorero, amajambo y’ubuhanuzi ya Yesaya yarafashije abavukanyi kubona ko inkuru nziza y’Ubwami yategerezwa kumenyeshwa kw’isi yose. (Yes. 49:6; 52:7; 61:1-3) Ariko ntibari bazi ukuntu ico gikorwa coranguwe, mugabo bari bizigiye ko Yehova yobafashije. (Soma Yesaya 59:1.) Aho bimariye gutahurwa neza ko igikorwa co kwamamaza cihutirwa, abavukanyi bacu bararemeshejwe kwongereza ibikorwa vyabo. None bavyakiriye gute?

8. Mu 1921, ni ibintu bibiri ibihe vyerekeye igikorwa co kwamamaza abavukanyi bacu batahuye?

8 Muri Kigarama 1921, Umunara w’Inderetsi wamenyesheje uti: “Wabaye umwaka w’akataraboneka; kandi mu 1921 abantu benshi cane barumvise ubutumwa bwerekeye ukuri kuruta mu yindi myaka yose y’imbere y’aho.” Ico kinyamakuru congeyeko giti: “Impinga iracari ndende. . . . Nimuze dukorane umunezero.” Urabona ko abavukanyi batahuye vya bintu bibiri nyene vyerekeye igikorwa co kwamamaza Yezu yereka intumwa ziwe: (1) Ko igikorwa cihuta, be n’uko (2) abakozi banezerewe.

9. (a) Mu 1954, Umunara w’Inderetsi wavuze iki ku bijanye n’igikorwa c’iyimbura, kandi kubera iki? (b) Ni iyongerekana irihe ry’abamamaji ryabaye hirya no hino kw’isi mu myaka 50 iheze? (Raba igicapo kivuga ngo “ Iyongerekana ryabaye hirya no hino kw’isi.”)

9 Mu myaka ya 1930, abavukanyi bamaze gutahura yuko isinzi rinini ry’izindi ntama bokwakiriye ubutumwa bw’Ubwami, igikorwa co kwamamaza cararushirije kwongerekana. (Yes. 55:5; Yoh. 10:16; Ivyah. 7:9) Havuyemwo iki? Igitigiri c’abamamaza ubutumwa bw’Ubwami caraduze kiva ku 41.000 mu 1934 gishika ku 500.000 mu 1953. Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Kigarama 1954 waciye uvuga bikwiriye uti: “Impwemu ya Yehova n’ububasha bw’Ijambo ryiwe ni vyo vyaranguye iri yimbura rihambaye ryo kw’isi yose.” b—Zek. 4:6.

 

IYONGEREKANA RYABAYE HIRYA NO HINO KW’ISI

Igihugu

1962

1987

2013

Ostraliya

15.927

46.170

66.023

Brezile

26.390

216.216

756.455

Ubufaransa

18.452

96.954

124.029

Ubutaliyano

6.929

149.870

247.251

Ubuyapani

2.491

120.722

217.154

Megizike

27.054

222.168

772.628

Nijeriya

33.956

133.899

344.342

Filipine

36.829

101.735

181.236

L.Z. za Amerika

289.135

780.676

1.203.642

Zambiya

30.129

67.144

162.370

 

INGENE ABIGA BIBILIYA BAGIYE BONGEREKANA

1950

234.952

1960

646.108

1970

1.146.378

1980

1.371.584

1990

3.624.091

2000

4.766.631

2010

8.058.359

Ivyovuye mw’iyimbura vyari vyaravuzwe mu bigereranyo bitomoye

10, 11. Muri wa mugani w’agatete ka sinapi, ni imice iyihe y’ikura ry’ako kabuto ishirwa ahabona?

10 Mu migani ibiri y’Ubwami Yezu yaciye, yarerekanye neza ivyovuye mu gikorwa c’iyimbura kiriko kiraba muri iki gihe. Reka twihweze wa mugani w’agatete ka sinapi n’umwe w’umwambiro. Tuza kwihweza canecane ukuntu iyo migani yarangutse mu gihe c’iherezo.

11 Umugani w’agatete ka sinapi. Umuntu aratera agatete ka sinapi. Karaheza kagakura kakaba igiti inyoni ziberamwo. (Soma Matayo 13:31, 32.) Ni imice iyihe y’ikura ry’ako kabuto ishirwa ahabona muri uwo mugani? (1) Ikura ryako rishika ku rugero rutangaje. “Akabuto kanzwinya kuruta imbuto zose” karakura kakaba igiti c’ “amashami manini.” (Mrk. 4:31, 32) (2) Ikura riraba koko. “[Nya kabuto] kamaze kubibwa, karakura.” Yezu ntavuga ngo: “Koshobora gukura.” Avuga ati: “Karakura.” Ikura ryako nta gishobora kurihagarika. (3) Nya giti kiriko kirakura kirakwegera ingenzi, kikaba ahantu ho kuba. ‘Inyoni zo mu kirere ziraza’ maze ‘zikibera mu gitutu caco.’ Iyo mice itatu ijanye gute n’iyimbura ryo mu buryo bw’impwemu ryo mu gihe ca none?

12. Umugani w’agatete ka sinapi werekeye gute iyimbura ryo muri iki gihe? (Raba kandi igicapo kivuga ngo “ Ingene abiga Bibiliya bagiye bongerekana.”)

12 (1) Urugero ikura rishikako: Uwo mugani urashira ahabona ikura ry’ubutumwa bw’Ubwami n’iry’ishengero rya gikirisu. Mu 1919, abakozi b’abanyamwete baratororokanirijwe mw’ishengero rya gikirisu ryasubijwe umutamana. Ico gihe igitigiri c’abakozi cari gitoyi, ariko carakuze ningoga na ningoga. Mu vy’ukuri, iyongerekana ry’ico gitigiri kuva mu ntango z’imyaka ya 1900 gushika muri iki gihe, ryabaye iritangaje cane. (Yes. 60:22) (2) Riraba koko: Ikura ry’ishengero rya gikirisu nta cashoboye kurihagarika. Naho abansi b’Imana barunze kuri ako kabuto kanzwinya ukurwanywa gukomeye kumeze nk’ibitandara vyinshi bigerekeranye, kagumye gakura, karasunikira ku ruhande intambamyi zose. (Yes. 54:17) (3) Ahantu ho kuba: “Inyoni zo mu kirere” ziza zikibera muri ico giti zigereranya abantu amamiliyoni b’imitima nziraburyarya bo mu bihugu nka 240 bakiriye ubutumwa bw’Ubwami bakaba mu bagize ishengero rya gikirisu. (Ezk. 17:23) Aho mw’ishengero rya gikirisu bararonka imfungurwa zo mu vy’impwemu, bakaruhurirwa, bakongera bagakingirwa.​—Yes. 32:1, 2; 54:13.

Wa mugani w’agatete ka sinapi werekana ko abari mw’ishengero rya gikirisu bironkeye aho kuba kandi ko bakingiwe (Raba ingingo ya 11, 12)

13. Ni imice iyihe y’ikura wa mugani w’umwambiro ushira ahabona?

13 Umugani w’umwambiro. Umugore amaze gushira umwambiro mu gikandu, uratutumbisha ico gikandu cose. (Soma Matayo 13:33.) Ni imice iyihe y’ikura ishirwa ahabona muri uwo mugani? Reka twihweze ibiri. (1) Ikura riratuma haba ihinduka. Uwo mwambiro urakwiragira “gushika igikandu cose gitutumvye.” (2) Ikura rirakwiragira. Uwo mwambiro uratutumbisha “ingero zitatu nininini z’ifu” zose, ni ukuvuga igikandu cose. Iyo mice ibiri ijanye gute n’iyimbura ryo mu buryo bw’impwemu ryo mu gihe ca none?

14. Umugani w’umwambiro werekeye gute iyimbura ryo muri iki gihe?

14 (1) Ihinduka: Umwambiro ugereranya ubutumwa bw’Ubwami, igikandu c’ifu na co kikagereranya abantu. Nk’uko umwambiro utuma haba ihinduka mw’ifu vyompi bimaze kuvangana, ni ko n’ubutumwa bw’Ubwami butuma haba ihinduka mu mitima y’abantu iyo bamaze kwemera ubwo butumwa. (Rom. 12:2) (2) Ikwiragira: Ikwiragira ry’umwambiro rigereranya ikwiragira ry’ubutumwa bw’Ubwami. Umwambiro uranyengetera mu gikandu gushika ugikwiragiyemwo cose. Muri ubwo buryo nyene, ubutumwa bw’Ubwami bwarakwiragiye “gushika mu karere ka kure rwose k’isi.” (Ivyak. 1:8) Uwo muce w’uwo mugani werekana kandi ko no mu bihugu igikorwa cacu kibujijwe ubutumwa bw’Ubwami buzokwiragirayo, naho ibikorwa vyacu vyo kwamamaza muri utwo turere tw’isi bitokwibonekeza cane.

15. Amajambo ari muri Yesaya 60:5, 22 yarangutse gute? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Yehova yaratumye bishoboka” be n’uruvuga ngo “ Ingene ‘uwo hasi’ yacitse ‘ihanga rikomeye.’”)

15 Nk’imyaka 800 imbere y’uko Yezu aca iyo migani, Yehova yaravuze mu mvugo y’intibagirwa biciye kuri Yesaya urugero iyimbura rya none ryo mu buryo bw’impwemu ryogezeko be n’umunezero ryoteye. c Yehova aradondora abantu “bavuye kure” barindiga baza mw’ishirahamwe ryiwe. Ubwiwe yibwirira “umugore,” uwugereranya muri iki gihe amasigarira y’abarobanuwe ari kw’isi, ati: “Uzobona, ukayangane koko, kandi umutima wawe uzodegedwa vy’ukuri, waguke, kuko ubutunzi bw’ikiyaga buzoza bukugana; amatunga y’amahanga azoza kuri wewe.” (Yes. 60:1, 4, 5, 9) Ese ukuntu ayo majambo ari ay’ukuri! Muri iki gihe, abamaze igihe kirekire bakorera Yehova barakayangana umunezero iyo bitegereje ingene igitigiri c’abamamaji b’Ubwami bo mu bihugu vyabo congerekanye kikava ku bamamaji bari ku rushi kigashika ku bamamaji ibihumbi n’ibihumbi.

Igituma abasavyi ba Yehova bose bari n’imvo yo kunezerwa

16, 17. Ni imvo imwe iyihe ituma ‘umubivyi n’umushwabuzi banezeranwa’? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Twarakoze ku mutima abantu babiri bo muri Amazone.”)

16 Ibuka ko Yezu yabwiye intumwa ziwe ati: “Umushwabuzi ariko . . . yegeranya ivyamwa ku bw’ubuzima budahera, kugira umubivyi n’umushwabuzi banezeranwe.” (Yoh. 4:36) None ‘tunezeranwa’ gute mw’iyimbura riba kw’isi yose? Mu buryo nka bungahe. Reka twihweze butatu.

17 Ubwa mbere, turanezerwa kubona uruhara Yehova arangura muri ico gikorwa. Iyo twamamaje ubutumwa bw’Ubwami, tuba tubivye imbuto. (Mat. 13:18, 19) Iyo dufashije umuntu akaba umwigishwa wa Kristu, tuba twimbuye icamwa. Kandi twese turagira umunezero mwinshi iyo twihweje n’ugutangara kwinshi ukuntu Yehova ariko aratuma imbuto z’Ubwami ‘zimera hanyuma zigakura.’ (Mrk. 4:27, 28) Imbuto zimwezimwe dukwiragiza zimera mu nyuma maze zikimburwa n’abandi. Ushobora kuba warashikiwe n’ivyashikiye mushiki wacu wo mu Bwongereza yitwa Joan haciye imyaka 60 abatijwe. Yavuze ati: “Narabonanye n’abantu, bambwira ko nateye urubuto mu mutima wabo igihe nababwira inkuru nziza imyaka nk’ingahe imbere yaho. Sinari nzi ko hari ibindi Vyabona bahavuye babigisha Bibiliya barabafasha kuba abasavyi ba Yehova. Ndanezerwa kubona urubuto nateye rwarakuze maze rurimburwa.”​—Soma 1 Abakorinto 3:6, 7.

18. Ni imvo yo kunezerwa iyihe ivugwa mu 1 Abakorinto 3:8?

18 Ubwa kabiri, tuguma turi abakozi banezerewe igihe tugumye twibuka ko Paulo yavuze ati: “Umuntu wese azoronka impembo yiwe bwite nk’uko yabize akuya [canke, “nk’uko igikorwa ciwe bwite kiri].” (1 Kor. 3:8) Impembo itangwa bivanye n’igikorwa, ntitangwa bivanye n’ivyavuye muri ico gikorwa. Ayo majambo arahumuriza koko abamamaza mu turere usanga abantu batakira inkuru nziza! Imana ibona ko Icabona wese agira uruhara atiziganya mu gikorwa co kubiba aba ariko ‘arama ivyamwa vyinshi,’ gutyo rero akaba afise imvo yo kunezerwa.​—Yoh. 15:8; Mat. 13:23.

19. (a) Ubuhanuzi bwa Yezu buri muri Matayo 24:14 bwerekeye gute umunezero tugira? (b) Dukwiye kuguma twibuka iki naho tutoba twashoboye guhindura umuntu umwigishwa?

19 Ubwa gatatu, turanezerwa kubona igikorwa cacu gishitsa ubuhanuzi. Zirikana inyishu Yezu yahaye intumwa ziwe igihe zamubaza ziti: “Ni igiki kizoba ikimenyetso c’ukuhaba kwawe n’ic’insozero y’ivy’isi?” Yazibwiye ko kimwe mu bigize ico kimenyetso cobaye ari igikorwa co kwamamaza kw’isi yose. Yoba yariko avuga igikorwa co guhindura abantu abigishwa? Oya. Yavuze ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe.” (Mat. 24:3, 14) Rero, kwamamaza Ubwami, ari kwo kubiba imbuto, ni kimwe mu bigize ca kimenyetso. Ku bw’ivyo, uko twamamaza inkuru nziza y’Ubwami, tuguma twibuka ko naho tutoba twashoboye guhindura abantu abigishwa, tuba twashoboye gushinga “intahe.” d Ni vyo, uko abantu bavyakira kwose, turagira uruhara mu gushitsa ubuhanuzi bwa Yezu kandi turi n’agateka ko kuba turi “abakozi bakorana n’Imana.” (1 Kor. 3:9) Emwe, iyo ni imvo yumvikana yo kunezerwa!

“Kuva iyo izuba rirasira gushika iyo rirengera”

20, 21. (a) Amajambo yo muri Malaki 1:11 ariko aranguka gute? (b) Ni igiki wiyemeje gukora ku bijanye n’igikorwa c’iyimbura, kandi kubera iki?

20 Mu kinjana ca mbere, Yezu yarafashije intumwa ziwe kubona ko igikorwa c’iyimbura cari cihutirwa. Kuva mu 1919, Yezu yarafashije abigishwa biwe bo mu gihe ca none gutahura ukwo kuri nyene. Abasavyi b’Imana baciye bongereza ibikorwa vyabo. Mu vy’ukuri, nta washoboye guhagarika igikorwa c’iyimbura. Nk’uko umuhanuzi Malaki yari yarabivuze, muri iki gihe igikorwa co kwamamaza kiriko kirangurwa “kuva iyo izuba rirasira gushika iyo rirengera.” (Mal. 1:11) Egome, kuva iyo izuba riserukira gushika iyo rirengera, ni ukuvuga kuva mu buseruko gushika mu burengero, ababivyi n’abashwabuzi, aho boba baba hose kw’isi, barakorana bakongera bakanezeranwa. N’ikindi kandi, kuva izuba riserutse gushika rirenze, ni ukuvuga kuva mu gitondo gushika ku mugoroba, canke umusi wose, dukora tubona ko ibintu vyihutirwa.

21 Ubu dutereje amaso inyuma tukaraba mu myaka nka 100 iheze maze tukabona ukuntu umugwi mutoyi w’abasavyi b’Imana wakuze ukaba “ihanga rikomeye,” umutima wacu ‘uradegedwa vy’ukuri, ukaguka’ kubera umunezero. (Yes. 60:5, 22) Ese uwo munezero be n’urukundo dukunda Yehova we “Mukuru w’iyimbura” vyotuma umwe wese muri twebwe aguma agira uruhara mw’isozera ry’iyimbura rihambaye kuruta ayigeze kubaho yose!—Luka 10:2.

a Mu kuvuga ngo ‘imirima ireze,’ Yezu ashobora kuba yariko yerekeza ku makanzu yera iryo sinzi ry’Abasamariya bariko baza bashobora kuba bari bambaye.

b Wipfuza kumenya n’ibindi ku bijanye n’iyo myaka be n’imyaka mirongo yakurikiye, tukuremesheje gusoma igitabu Les Témoins de Jéhovah : Prédicateurs du Royaume de Dieu urupapuro rwa 425-520, ahavuga ivyo igikorwa c’iyimbura cashitseko kuva mu 1919 gushika mu 1992.

c Wipfuza kumenya n’ibindi ku bijanye n’ubwo buhanuzi bwiza cane, raba igitabu La prophétie d’Isaïe, lumière pour tous les humains II, urupapuro rwa 303-320, canke Umunara w’Inderetsi wo ku 1 Mukakaro 2002, urupapuro rwa 19-29.

d Abatohoji ba Bibiliya bo mu ntango bari basanzwe batahura ukwo kuri guhambaye. Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni wo ku wa 15 Munyonyo 1895 wavuze uti: “Naho twotororokanya ingano nkeyi cane, intahe ikomeye yerekeye ukuri irashobora n’imiburiburi gushingwa. . . . Bose barashobora kwamamaza injili.”