Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 3

Yehova arahishura umugambi wiwe

Yehova arahishura umugambi wiwe

IVYO IKI KIGABANE CIBANDAKO

Yehova agenda arahishura umugambi wiwe, ariko akawuhishurira gusa abamutinya

1, 2. Yehova yahishuye gute umugambi afitiye abantu?

 ABAVYEYI bitaho ibintu ntibakumira abana babo igihe baganira ivyo mu muryango. Ariko rero, bariyubara ku bijanye n’amakuru bababwira. Babahishurira gusa ivyo babona ko bashobora gutahura bivanye n’imyaka bafise.

2 Na Yehova yagiye arahishura buhorobuhoro umugambi afitiye umuryango w’abantu. Mugabo ivyo yabigira igihe yaba abona ko ari co gihe kibereye. Reka turabe muri make ukuntu Yehova yagiye arahishura ukuri kwerekeye Ubwami.

Kubera iki Ubwami bwari bukenewe?

3, 4. Yehova yoba yarashinze imbere y’igihe uko ivy’abantu vyogenze? Sigura.

3 Mu ntango, Ubwami burongowe na Mesiya ntibwari mu mugambi wa Yehova. Kubera iki? Kubera ko atashinze imbere y’igihe uko ivy’abantu vyogenze. Nakare, abantu yabaremanye umwidegemvyo wo kwihitiramwo. Ku bw’ivyo, yarabwiye Adamu na Eva umugambi afitiye abantu ati: “Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi kandi muyigabe.” (Ita. 1:28) Yehova yarabasavye kandi kwubahiriza ingingo mfatirwako ziwe zigenga iciza n’ikibi. (Ita. 2:16, 17) Adamu na Eva bari gushobora guhitamwo kuguma ari intahemuka. Iyo bo n’ababakomokako baguma ari intahemuka, ntitwokeneye Ubwami burongowe na Kristu kugira bushitse umugambi w’Imana. Ubu isi iba yuzuyeko abantu batunganye kandi bose basenga Yehova.

4 Ubugarariji bwa Shetani na Adamu na Eva ntibwatumye Yehova aheba umugambi yari afise wo kwuzuza isi umuryango w’abantu utunganye. Ahubwo yarahinduye uburyo bwo kuwushitsa. Umugambi wiwe ntumeze nk’igariyamoshi yo itegerezwa kujana inzira imwe kugira ishike iyo ija kandi ikaba ishobora kubuzwa kubandanya n’ivyo abandi bokora. Yehova amaze kuvuga umugambi wiwe, nta nguvu n’imwe kw’isi no mw’ijuru ishobora kuwubuza kuranguka. (Soma Yesaya 55:11.) Hagize ikigomba kuzibira inzira imwe, aca akoresha iyindi. a (Kuv. 3:14, 15) Abonye ko bibereye, aramenyesha abasavyi biwe b’intahemuka uburyo bushasha azokoresha mu kurangura umugambi wiwe.

5. Ubugarariji bwo muri Edeni bumaze kuba, Yehova yaciye agira iki?

5 Bwa bugarariji bwo muri Edeni bumaze kuba, Yehova yaciye ashinga umugambi wo gushiraho Ubwami. (Mat. 25:34) Ico gihe aho abantu batǎbona neza uko ivyabo vyogenze, Yehova yaratanguye guhishura igikoresho yokoresheje mu gutuma abantu basubira kumera nko mu ntango no mu gukuraho ingorane zatewe n’uko Shetani yagerageje kwigarurira ububasha. (Ita. 3:14-19) Ariko ntiyahishuriye icarimwe amakuru yose yerekeye ubwo Bwami.

Yehova atangura guhishura ukuri kwerekeye Ubwami

6. Ni igiki Yehova yasezeranye, mugabo ni igiki atahishuye?

6 Muri bwa buhanuzi bwa mbere, Yehova yasezeranye ko hari “uruvyaro” rwofyonyoye ya nzoka. (Soma Itanguriro 3:15.) Ariko rero, ico gihe ntiyahishuye urwo ruvyaro n’uruvyaro rw’iyo nzoka urwo ari rwo. Nkako, Yehova yaramaze imyaka nka 2.000 ata kindi ahishuye kuri ivyo. b

7. Kubera iki Aburahamu yatowe, kandi ni icigwa gihambaye ikihe ivyo bitwigisha?

7 Yehova yahavuye atora Aburahamu ngo abe ari we uruvyaro rwasezeranywe rwokomotseko. Aburahamu yatowe kubera ko ‘yumvirije ijwi rya Yehova.’ (Ita. 22:18) Hari icigwa gihambaye ivyo bitwigisha, ari co c’iki: Yehova ahishurira gusa umugambi wiwe abantu bamutinya mu buryo burimwo ukumwubaha bigera kure.​—Soma Zaburi 25:14.

8, 9. Ni ibiki Yehova yahishuriye Aburahamu na Yakobo ku bijanye na rwa ruvyaro rwasezeranywe?

8 Igihe Yehova yavugana n’umugenzi wiwe Aburahamu biciye ku mumarayika, yarahishuye ari bwo bwa mbere iki kintu gihambaye rwose ku bijanye na rwa ruvyaro rwasezeranywe: rwobaye ari umuntu. (Ita. 22:15-17; Yak. 2:23) Ariko none, uwo muntu yofyonyoye gute ya nzoka? Ni nde yari iyo nzoka? Ivyo yohishuye mu nyuma vyotanze umuco kuri ivyo bibazo.

9 Yehova yashinze ko urwo ruvyaro rwasezeranywe rwokomotse kuri Yakobo umwuzukuru wa Aburahamu, wa muntu yerekanye ko yizera rwose Imana. (Ita. 28:13-22) Biciye kuri Yakobo, Yehova yarahishuye ko Uwasezeranywe yokomotse kuri Yuda umuhungu wa Yakobo. Yakobo yaramenyesheje ko uwo yokomotse kuri Yuda yoronse “agakoni k’ubutware,” ni ukuvuga inkoni igereranya ubukuru bwa cami, be n’uko ‘ibisata vy’abantu vyomugamburukiye.’ (Ita. 49:1, 10) Muri ayo majambo, Yehova yarerekanye ko uwo yasezeranywe yobaye umwami.

10, 11. Kubera iki Yehova yahishuriye umugambi wiwe Dawidi na Daniyeli?

10 Haciye nk’imyaka 650 Yuda abayeho, Yehova yarahishuriye Umwami Dawidi yakomoka kuri Yuda ibindi bintu ku bijanye n’umugambi wiwe. Yehova yavuze ko Dawidi yari “umuntu ahimbara umutima wiwe.” (1 Sam. 13:14; 17:12; Ivyak. 13:22) Kubera ko Dawidi yatinya Imana mu buryo burimwo ukuyubaha bigera kure, Yehova yarahisemwo kugiranira na we isezerano, amusezeranira ko hari uwomukomotseko yoganje ibihe bidahera.​—2 Sam. 7:8, 12-16.

11 Haciye nk’imyaka 500, Yehova yarakoresheje umuhanuzi Daniyeli kugira ahishure umwaka nyezina uwo yarobanuwe ari we Mesiya yobonekeyeko kw’isi. (Dan. 9:25) Yehova yabona ko Daniyeli ari “umuntu ahimbaye cane.” Kubera iki? Kubera ko Daniyeli yubaha cane Yehova kandi akamukorera adahemuka.​—Dan. 6:16; 9:22, 23.

12. Ni igiki Daniyeli yabwiwe gukora, kandi kubera iki?

12 Naho Yehova yakoresheje abahanuzi b’abizigirwa nka Daniyeli kugira bandike amakuru menshi yerekeye rwa ruvyaro rwasezeranywe ari rwo Mesiya, igihe Yehova yashinze c’uko abasavyi biwe batahura insobanuro yuzuye y’ivyo yabahumekeye kwandika nticari bwagere. Nk’akarorero, Daniyeli amaze kwerekwa ibijanye n’ishingwa ry’Ubwami bw’Imana, yabwiwe ngo abike ubwo buhanuzi nk’ubudomweko ikidodo gushika igihe Yehova yashinze kigeze. Ico gihe kigeze, ubumenyi nyakuri ‘bwogwiriye.’​—Dan. 12:4.

Yehova yarakoresheje abagabo b’abizigirwa nka Daniyeli kugira bandike amakuru yerekeye Ubwami burongowe na Mesiya

Yezu ahishura umugambi w’Imana

13. (a) Rwa ruvyaro rwasezeranywe yari nde? (b) Yezu yatanze umuco gute kuri bwa buhanuzi bwo mw’ Itanguriro 3:15?

13 Yehova yarerekanye neza ko Yezu yari we rwa ruvyaro rwari rwarasezeranywe, umwe akomoka kuri Dawidi yoganje ari Umwami. (Luka 1:30-33; 3:21, 22) Igihe Yezu yatangura ubusuku bwiwe, ni nk’aho izuba ryari rirasiye abantu ngo bamenye ibijanye n’umugambi w’Imana. (Mat. 4:13-17) Nk’akarorero, Yezu yarakuyeho amakenga yose yari ahari ku bijanye na ya “nzoka” ivugwa mw’ Itanguriro 3:14, 15 iyo ari yo, mu kwita Shetani “umwicanyi” na “se w’ikinyoma.” (Yoh. 8:44) Mu vyo yahishuriye Yohani, yavuze ko “ya nzoka yo mu ntango . . . yitwa Mubesheranyi na Shetani.” c (Soma Ivyahishuwe 1:1; 12:9.) Yarerekanye kandi ingene we ruvyaro rwasezeranywe, amaherezo azoshitsa bwa buhanuzi bwo muri Edeni agafyonyora Shetani ntasubire kubaho.​—Ivyah. 20:7-10.

14-16. Abigishwa ba Yezu bo mu kinjana ca mbere boba bama batahura bimwe bishitse ukuri Yezu yahishura? Sigura.

14 Nk’uko twabibonye mu kigabane ca 1 c’iki gitabu, Yezu yaravuze cane ibijanye n’Ubwami bw’Imana. Ariko rero, ntiyama ahishura ibintu vyose abigishwa biwe bashaka kumenya. Naho yatanze amakuru manaka, mu nyuma ni ho abayoboke biwe batanguye gutahura neza ico ivyo Shebuja yari yarahishuye vyasobanura. Mbere vyarashika bakabitahura haciye ibinjana vyinshi. Ehe uburorero bukeyi.

15 Mu mwaka wa 33, Yezu yaramenyesheje neza ko abofashije Umwami w’Ubwami bw’Imana kuganza bokuwe mw’isi bakajanwa kuba mw’ijuru ari ibiremwa vy’impwemu. Ariko abigishwa biwe ntibaciye batahura ico kintu yabahishuriye. (Dan. 7:18; Yoh. 14:2-5) Muri uwo mwaka nyene, Yezu yarerekanye akoresheje ibigereranyo ko Ubwami bwoshinzwe haciye igihe kirekire aduze mw’ijuru. (Mat. 25:14, 19; Luka 19:11, 12) Abigishwa biwe ntibatahuye ico ciyumviro gihambaye cane, kuko mu nyuma amaze kuzuka bamubajije bati: “Iki gihe ni ho ugira usubize ubwami Isirayeli?” Ariko nta kindi Yezu yashimye kubahishurira ico gihe. (Ivyak. 1:6, 7) Yezu yarigishije kandi ko hobayeho “izindi ntama” zitobaye ziri mu “busho buto” bugizwe n’abofatanije na we kuganza. (Yoh. 10:16; Luka 12:32) Abayoboke ba Kristu bagiye gutahura neza iyo migwi ibiri iyo ari yo Ubwami bw’Imana bumaze gushingwa mu 1914.

16 Yezu yari gushobora kubwira abigishwa biwe ibintu vyinshi akiri kumwe na bo kw’isi, ariko yari azi ko batari gushobora kuvyihanganira. (Yoh. 16:12) Nta gukeka ko ubumenyi bwinshi bwerekeye Ubwami bwahishuwe mu kinjana ca mbere. Ariko ntihari bwagere ko ubwo bumenyi bugwira.

Ubumenyi nyakuri bugwira mu “gihe c’iherezo”

17. Dutegerezwa gukora iki kugira dutahure ukuri kwerekeye Ubwami, ariko ni igiki kandi gikenewe?

17 Yehova yasezeraniye Daniyeli ko mu “gihe c’iherezo” benshi ‘bonyuragiye irya n’ino, kandi ko ubumenyi nyakuri’ bwerekeye umugambi w’Imana bwogwiriye. (Dan. 12:4) Abashaka ubwo bumenyi bategerezwa gukora cane kugira baburonke. Igitabu kimwe kivuga ko imero y’irivuga ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “kunyuragira” ritanga iciyumviro c’umuntu asuzuma igitabu yitonze. Ariko naho twosuzuma Bibiliya twitonze gute, ntidushobora gutahura neza ukuri kwerekeye Ubwami Yehova atadufashije kugutahura.​—Soma Matayo 13:11.

18. Abatinya Yehova bagaragaje gute ukwizera n’ukwicisha bugufi?

18 Nk’uko Yehova yagiye arahishura buhorobuhoro ukuri kwerekeye Ubwami gushika mu 1914, ni ko abandanya kuguhishura buhorobuhoro mu gihe c’iherezo. Nk’uko ikigabane ca 4 n’ica 5 c’iki gitabu bizovyerekana, muri iyi myaka irenga 100 iheze abasavyi b’Imana babwirijwe guhindura akatari gake uko batahura ibintu. Ivyo vyoba bisobanura ko badashigikiwe na Yehova? Uwokubesha! Arabashigikiye. Kubera iki? Kubera ko abatinya Yehova bagaragaje kamere zibiri akunda, ari zo ukwizera n’ukwicisha bugufi. (Heb. 11:6; Yak. 4:6) Abasavyi ba Yehova barizera ko ivyo yasezeranye mw’Ijambo ryiwe vyose bizoranguka. Bagaragaza ukwicisha bugufi mu kwemera ko batahuye ukutariko ingene ivyo yasezeranye vyorangutse. Ako gatima k’ukwicisha bugufi karagaragazwa mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ntwarante 1925, uwavuze uti: “Turazi ko Umukama ari we nyene asobanura ivyo avuga, ko azosobanurira abasavyi biwe Ijambo ryiwe mu buryo abona ko ari bwiza no ku gihe abona ko kibereye.”

“Umukama . . . azosobanurira abasavyi biwe Ijambo ryiwe mu buryo abona ko ari bwiza no ku gihe abona ko kibereye”

19. Ni igiki Yehova yatumye dutahura, kandi kubera iki?

19 Igihe Ubwami bw’Imana bwashingwa mu 1914, abasavyi b’Imana ntibari bazi neza ukuntu ubuhanuzi bwerekeye Ubwami bw’Imana bworangutse. (1 Kor. 13:9, 10, 12) Kubera ko dushashaye kubona ivyo Imana yasezeranye birangutse, hari igihe dushika ku vyiyumviro bitari vyo. Uko imyaka yagiye irarengana, hari ikindi kintu cavuzwe n’uwo Munara w’Inderetsi vyagaragaye ko kiranga ubukerebutsi. Wavuze uti: “Bisa n’uko inzira iranga ubukerebutsi twokurikiza ari iy’uko dutahura ubuhanuzi ari uko burangutse canke buriko buraranguka.” Narirya tugeze kure mu gihe c’iherezo, ubuhanuzi bwinshi bwerekeye Ubwami bw’Imana buramaze igihe buranguka kandi n’ubu buriko buraranguka. Kubera ko abasavyi b’Imana bicisha bugufi kandi bakemera gukosorwa, Yehova yaratumye turushiriza gutahura neza umugambi wiwe. Emwe, ubumenyi nyakuri bwaragwiriye!

Ibiryohorwa mu bijanye n’ukuntu abasavyi b’Imana batahura ibintu birabageza

20, 21. Ivyaryohowe ku bijanye n’ukuntu abakirisu bo mu kinjana ca mbere batahura ibintu vyagize ingaruka iyihe kuri bo?

20 Igihe Yehova atyoroye ukuntu dutahura ukuri, umutima wacu uragezwa. Ukwizera n’ukwicisha bugufi vyoba bizotuma twemera nya mahinduka? Abakirisu bariho hagati mu kinjana ca mbere baragejejwe muri ubwo buryo. Nk’akarorero, dufate ko uri umukirisu w’Umuyuda yariho ico gihe. Urubaha cane Itegeko rya Musa kandi urishimira kuba uri mu bagize ihanga rya Isirayeli. Uraronse rero amakete yahumetswe arungitswe n’intumwa Paulo avuga ko iryo Tegeko ritagikora be n’uko Yehova yahevye Isirayeli yo ku mubiri kugira atororokanye Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu igizwe n’Abayuda be n’Abanyamahanga. (Rom. 10:12; 11:17-24; Gal. 6:15, 16; Kol. 2:13, 14) Wari kuvyakira gute?

21 Abakirisu bicisha bugufi baremeye insobanuro yahumetswe Paulo yatanze maze barahezagirwa na Yehova. (Ivyak. 13:48) Abandi baranse ivyari vyaryohowe, barondera kwumira ku kuntu bo ubwabo batahura ibintu. (Gal. 5:7-12) Iyo abo bantu badahindura uko babona ibintu, akaryo ko gufadikanya na Kristu kuganza kari kubaca mu myanya y’intoke.​—2 Pet. 2:1.

22. Ubona gute ivyaryohowe mu bijanye n’ukuntu dutahura umugambi w’Imana?

22 Muri iyi myaka mirongo iheze, Yehova yararyohoye ukuntu dutahura Ubwami bw’Imana. Nk’akarorero, yaradufashije gutahura neza igihe abatwarwa babwo bazotandukanywa n’abatabwitaho nka kurya intama zitandukanywa n’impene. Yaratwigishije kandi igihe igitigiri cuzuye ca bamwe 144.000 kizokwira, aratwigisha ico vya bigereranyo vy’Ubwami Yezu yatanga bisobanura, be n’igihe uwa nyuma mu barobanuwe azojanwa mw’ijuru. d Wakira gute ivyo bintu vyatomowe? Vyoba bikomeza ukwizera kwawe? Woba ubona ko ari ikimenyamenya c’uko Yehova abandanya kwigisha abasavyi biwe bicisha bugufi? Ibivugwa ubukurikira muri iki gitabu bizotuma urushiriza kujijuka ko Yehova agenda arahishurira buhorobuhoro umugambi wiwe abamutinya.

a Izina ry’Imana ni imero y’irivuga ry’igiheburayo risobanura ngo “gucika ukuntu.” Izina Yehova risobanura ko ashitsa ivyo asezerana. Raba uruzitiro ruvuga ngo “Insobanuro y’izina ry’Imana,” mu kigabane ca 4.

b Naho muri iki gihe twobona umengo ico kiringo ni kirekire cane, dutegerezwa kwibuka ko igihe umuntu amara cigeze kuba ari kirekire kuruta aho. Kuva kuri Adamu gushika kuri Aburahamu habayeho gusa ibiringo vy’ubuzima bw’abantu bine vyinjiranyemwo. Ikiringo c’ubuzima ca Adamu cinjiranyemwo n’ica Lameki se wa Nowa. Ica Lameki cinjiranyemwo n’ica Shemu umuhungu wa Nowa. Ica Shemu cinjiranyemwo n’ica Aburahamu.​—Ita. 5:5, 31; 9:29; 11:10, 11; 25:7.

c Izina “Shetani” riboneka incuro 18 mu Vyanditswe vy’igiheburayo. Ariko mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu riboneka incuro zirenga 30. Birabereye kuba Ivyanditswe vy’igiheburayo bitashimitse kuri Shetani ariko bigashimika ku kwerekana Mesiya uwo ari we. Igihe Mesiya yashika, yarerekanye neza ukuntu Shetani ameze, ico kintu kikaba caranditswe mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu.

d Wipfuza ibiganiro vyerekana bimwebimwe mu vyaryohowe mu bijanye n’ukuntu dutahura ibintu, raba izi nomero zikurikira z’Umunara w’Inderetsi: 1 Munyonyo 1995, urupapuro rwa 15-20 (mu gifaransa ni uwo ku wa 15 Gitugutu 1995, urupapuro rwa 23-28); 15 Nzero 2008, urupapuro rwa 20-24; 15 Mukakaro 2008, urupapuro rwa 17-21; 15 Mukakaro 2013, urupapuro rwa 9-14.