Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igihimba ca 1

Imana yoba itwitaho?

Imana yoba itwitaho?

ISI ya kino gihe yuzuyemwo ingorane. Intambara, ivyago vy’ivyaduka, indwara, ubukene, ibiturire be n’ayandi mabi birasinzikaza abantu amamiliyoni. Na wewe nyene ushobora kuba ushikirwa n’ingorane zo mu buzima bwa misi yose. Ni nde none ashobora kudufasha? Hoba hari uwutwitaho?

Urukundo Imana idukunda rurakomeye kuruta urwo inabibondo akunda uruyoya rwiwe

Turashobora kwemera tudakeka yuko Imana itwitaho vy’ukuri. Mw’Ijambo ryayo Ryeranda, ivuga iti: “Mbega umugore yokwibagira umwana wiwe yonka, ntiyumvire ikigongwe umwana w’inda yiwe? Mbere abo bagore boshobora kwibagira, yamara jewe sinzokwibagira.” a

None kumenya ivyo ntibihumuriza? Urukundo rw’Imana rurakomeye kuruta kure n’iyo impuhwe zirangwa ikibabarwe inabibondo agirira uruyoya rwiwe, iyo ikaba ari imwe mu nyiyumvo zikomeye kuruta izindi zose abantu bafise. Imana ntizokwigera iduheba! Mu vy’ukuri, iramaze kudufasha mu buryo bwiza igitangaza. Uti gute? Mu kutwereka ikintu gishobora gutuma tubaho duhimbawe, ico na co kikaba ari ukwizera nyakuri.

Kugira ukwizera nyakuri bizotuma ugira agahimbare. Bene ukwo kwizera kuzogufasha kwirinda ingorane nyinshi be no gutorera umuti ingorane udashobora kwirinda. Kuzotuma kandi wiyegereza Imana, bitume ugira amahoro yo mu muzirikanyi no mu mutima. N’ikindi kandi, ukwizera nyakuri kurashobora gutuma ugira kazoza keza igitangaza, ni ukuvuga ukabaho ibihe bidahera mw’Iparadizo!

Ariko none ukwizera nyakuri ni iki? Kandi ushobora gute kukuronka?

a Raba Yesaya 49:15 mu Vyanditswe Vyeranda.