Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGIHIMBA CA 3

Impanuro ngirakamaro zituma ubuzima burushiriza kumera neza

Impanuro ngirakamaro zituma ubuzima burushiriza kumera neza

NUFATE yuko hari umuganga aherutse kwimukira mu karere iwanyu. Mu ntango woshobora kumera nk’uwufise amakenga ku bimwerekeye. Ariko vyogenda gute hamwe bamwebamwe mu bagenzi bawe bamwituye ngo abafashe maze amagara yabo akarushiriza kumera neza bimwe bitangaje? Ubwo none na wewe ntiworimbura ivyo kuja kwisuzumisha kuri uwo muganga?

Hari ukuntu Ivyanditswe Vyeranda bimeze nk’uwo muganga. Abantu bamwebamwe usanga bafise amakenga ku bijanye no kubisuzuma. Ariko igihe bashize mu ngiro impanuro ziranga ubukerebutsi ziri muri vyo, ubuzima bwabo burarushiriza kumera neza bimwe bitangaje. Rimbura uburorero bumwebumwe.

Birafasha mu gutorera umuti ingorane zo mu mubano w’ababiranye

Uwitwa Sumiatun avuga ivyo yibuka ati: “Kuva mu ntango z’umubano wacu, nabona ko umunega wanje Dumas yanyirengagiza. Ndabigiranye ishavu, akenshi naramutukagura, nkamutera ibintu, eka mbere nkamukubitagura. Vyarashika nkashavura cane ku buryo ntakaza ubwenge.

“Igihe Dumas yatangura kwiga Ivyanditswe Vyeranda, naramutwenga. Ariko rero narumviriza mu mpisho ivyo yaba ariko ariga ndi mu kindi cumba. Umusi umwe, narumvise bariko barasoma ivyanditswe bimwebimwe, nk’iki kivuga giti: ‘Abagore bayobokere abagabo babo nk’uko bayobokera Umukama . . . Umugore . . . ategerezwa kugirira umugabo wiwe icubahiro kigera kure.’ (Abanyefeso 5:22, 33) Ayo majambo yarankoze ku mutima. Narasavye Imana ngo imbabarire kuba naratukagura umugabo wanje, kandi narayisavye ngo imfashe kuba umugore arushirije kumera neza. Bidatevye twe na Dumas twari dusigaye twigira hamwe Ivyanditswe.”

Dumas na Sumiatun

Ivyanditswe Vyeranda bivuga kandi biti: “Abagabo babwirizwa gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite.” (Abanyefeso 5:28) Sumiatun yigana ati: “Kwiga ivyo bintu vyaragize ico bidukozeko twempi. Naciye ntangura kuza ndazanira Dumas agakombe k’icayi igihe yaba atashe avuye ku kazi be no kumuyagisha neza. Dumas na we yararushirije kunkunda kandi yaramfasha udukorwa two mu rugo. Twempi twarihatiye ‘kuba abanyabuntu umwe wese kuri mugenzi we, kugira impuhwe z’ikibabarwe, no kubabarirana ata gahigihigi.’ (Abanyefeso 4:32) Ivyo vyatumye urukundo n’icubahiro dufitaniye birushiriza gukomera. Ubu tumaze imyaka irenga 40 twubakanye kandi duhimbawe. Impanuro ziranga ubukerebutsi zo mw’Ijambo ry’Imana zararokoye umubano wacu!”

Birafasha gucungera ishavu

Uwitwa Tayib avuga ati: “Narakaza ishavu. Narakunda kurwana kandi akenshi naratera ubwoba abandi nkoresheje inkoho. Narakubita kandi umugore wanje Kustriyah, nkamududagura hasi narakaye. Abantu benshi barantinya.

Kustriyah na Tayib barasengera hamwe imisi yose mw’ijoro

“Umusi umwe, narasomye amajambo ya Yezu agira ati: ‘Ndabahaye ibwirizwa rishasha: mukundane, nk’uko nabakunze.’ (Yohani 13:34) Narakozwe ku mutima cane, kandi naciye niyemeza guhindura ibintu. Igihe naba numva ngize ishavu ryinshi cane, naca nsenga Imana ngo imfashe kuguma ntekanye. Ishavu ryanje ryaca rihwama. Twe n’umukenyezi wanje twarashize mu ngiro impanuro iri mu Banyefeso 4:26, 27 igira iti: ‘Izuba ntirirenge mugishavuye, kandi ntimuhe ikibanza Shetani.’ Twarasomera hamwe Ivyanditswe tukongera tugasengera hamwe imisi yose mw’ijoro. Ivyo vyaratuma twibagira imikazo twaba twahuye na yo kuri uwo musi bikongera bigatuma turushiriza kwiyegerezanya.

“Ubu abantu bazi yuko ndi umugabo w’umunyamahoro. Umugore wanje n’abana banje barankunda kandi baranyubaha. Ndafise abagenzi benshi, kandi ndiyumvamwo ko niyegereje Imana. Ndi umugabo ahimbawe koko.”

Birafasha guheba ibiyayuramutwe

Uwu ni Goin

Uwitwa Goin avuga ati: “Narifatanya n’akagwi k’inkozi z’ikibi k’abakiri bato, nkanywa itabi cane, nkongera nkama ndara mw’ibarabara naborewe. Vyongeye naranywa nkongera nkagurisha ibiyayuramutwe, ivyitwa marijuwana be n’ivyitwa ecstasy bituma umuntu yumva aryohewe kandi afise inguvu, bino nkaba nabinyegeza mu gakoti kanje katatoborwa n’amasasu. Naho nasa n’inkazi nkongera nkakora nka yo, nama mfise ubwoba mu buzima.

“Mu nyuma hari umuntu yanyeretse iki canditswe kigira giti: ‘Mwananje, ntiwibagire itegeko ryanje . . . kuko uzokwongerwa ubwinshi bw’imisi n’imyaka y’ubuzima be n’amahoro.’ (Imigani 3:1, 2) Nari nshashaye kubaho igihe kirekire kandi mu mahoro! Narasomye kandi amajambo avuga ati: ‘Ko . . . dufise iyo mihango ga bakundwa, twiyuhagire ubuhumane bwose bw’umubiri n’ubw’umutima, tunonosore ubweranda mu gutinya Imana.’ (2 Abakorinto 7:1) Naciye mpeba ibiyayuramutwe, ndahagarika kwifatanya na ka kagwi k’inkozi z’ikibi, maze ndatangura gukorera Imana.

“Ubu haheze imyaka irenga 17 mpevye ibiyayuramutwe. Ndafise amagara meza, umuryango uhimbawe, abagenzi beza, n’ijwi ryo mu mutima ryiza. Vyongeye, aho kurara mw’ibarabara naborewe, imisi yose mw’ijoro ndara ku gitanda mfise amahoro.”

Birafasha gutsinda ukwinubana gushingiye ku moko

Uwitwa Bambang avuga ivyo yibuka ati: “Nkiri umuyabaga, nari inkozi y’ikibi, kandi benshi mu bo nagirira nabi bari abantu bo mu bwoko bw’inkehwa nanka urunuka.

“Ariko rero, nahavuye ntangura kurondera Imana. Ukwo kurondera Imana kwanshikanye mu mugwi w’abantu bahurira hamwe kugira ngo bige Ivyanditswe Vyeranda. Muri uwo mugwi, abantu bo muri bwa bwoko nyene nanka urunuka barandamukije n’igishika! Narabonye kandi ko muri uwo mugwi, abantu bo mu bwoko butandukanye baja hamwe ata co binona kandi bahimbawe. Naratangaye! Naciye ntahura icanditswe kivuga giti: ‘Imana [nti]gira nkunzi, mugabo mw’ihanga iryo ari ryo ryose umuntu ayitinya kandi agakora ivy’ubugororotsi iramwemera.’—Ivyakozwe 10:34-35.

“Muri kino gihe, umutima wanje ntukirimwo ivyo kwinubana. Bamwebamwe mu bagenzi banje somambike ni abo muri bwa bwoko nigeze kuba nanka urunuka. Biciye ku Vyanditswe Vyeranda, Imana yaranyigishije gukundana.”

Bambang ubu arahimbarwa no kwifatanya n’abantu bo mu bwoko butandukanye

Birafasha guheba ubukazi

Uwitwa Garoga avuga ati: “Igihe nari nkiri umuyabaga, narapfunzwe incuro zitatu, incuro zibiri nkaba napfunzwe kubera ko nari nivye, incuro imwe na yo kubera yuko nari nacumise imbugita umugabo umwe ndabigiranye ubukazi. Mu nyuma, narifatanije n’umugwi w’abarwanyi maze ndica abantu benshi. Intambara irangiye, narabaye umukuru w’akagwi k’abasuma bitwaza ibirwanisho. Abancungera ubuzima twarajana iyo ngiye hose. Nari umuntu w’inkazi kandi ateye akaga.

Garoga ntakiri umuntu w’inkazi ariko asigaye ari umwigisha w’Ijambo ry’Imana yubahwa

“Maze, umusi umwe narasomye iki canditswe kigira giti: ‘Urukundo ruriyumanganya kandi rugira ubuntu. Urukundo ntirugira ishari, ntirwiyemera, ntirwivyimvya, ntirwigenza ukutabereye, ntirurondera inyungu zarwo bwite, ntirukaza ishavu. Ntiruza ruraharura ikibi rukorewe.’ (1 Abakorinto 13:4, 5) Ayo majambo yarankoze ku mutima. Narimukiye mu kandi karere, ndiga Ivyanditswe, nongera ndashira mu ngiro mu buzima bwanje impanuro bitanga.

“Ubu sinkiri inkazi. Ahubwo riho, abantu baranyubaha kuko ndi umwigisha w’Ijambo ry’Imana. Ubuzima bwanje burafise intumbero nyakuri.”

Ijambo ry’Imana riragira ububasha

Ivyo bintu vyabaye be n’ibindi bidaharurika birerekana ko “ijambo ry’Imana ari rizima kandi rigira ububasha.” (Abaheburayo 4:12) Impanuro ritanga ntizigoye gutahura, ni ngirakamaro, kandi zirakomeza.

Ivyanditswe Vyeranda vyoba bishobora kugufasha na wewe? Egome birashobora kugufasha naho woba uriko ushikirwa n’ingorane imeze gute. “Icanditswe cose cahumetswe n’Imana kandi ni ngirakamaro ku kwigisha, ku gukangīra, ku kugorora ibintu, ku gutoza indero mu bugororotsi, ngo umuntu w’Imana abe uwubishoboye neza, afise ibikenewe vyose ku bw’igikorwa ciza cose.”—2 Timoteyo 3:16, 17.

Ku bw’ivyo rero, nimuze twihweze inyigisho z’ishimikiro zimwezimwe dusanga mu Vyanditswe Vyeranda.