Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGIHIMBA CA 12

Niwerekane ko ufise ukwizera nyakuri!

Niwerekane ko ufise ukwizera nyakuri!

IMANA igabisha abasavyi bayo yuko bakwiye kwitega gushikirwa n’ibintu bigerageza ukwizera. Ijambo ryayo rivuga riti: “Mube maso. Umwansi wanyu Shetani agendagenda nk’intambwe iroha, arondera uwo arotsa.” (1 Petero 5:8) None Shetani yoshobora kugerageza gute gusenyura ukwizera kwawe?

Vyoba bimaze gushika bakakurwanya nk’uku?

Shetani yoshobora gukoresha abandi bantu, mbere n’abo mu muryango wawe, kugira ngo bakubuze gusuzuma Ivyanditswe Vyeranda. Mu bijanye n’ivyo, Yezu yari yaravuze ati: “Abansi b’umuntu bazoba abo mu rugo rwiwe bwite.” (Matayo 10:36) Abo mu muryango wawe be n’abagenzi bawe bibaza ko bakuronderera ineza boshobora kuba batazi ukuri kwiza igitangaza kuri mw’Ijambo ry’Imana. Canke na ho boshobora kuba batinya ico abandi biyumvira. Ariko rero, Ivyanditswe bivuga biti: “Kujugumira imbere y’abantu ni vyo bitega umutego, mugabo uwizigira Yehova azokingirwa.” (Imigani 29:25) Niwahagarika kwiga Ivyanditswe kugira ngo unezereze abantu, ubwo none ivyo bizonezereza Imana? Habe na gato! Ariko rero, igihe tugaragaje ukwizera nyakuri, Imana iradufasha. “Ntituri muri bamwe basubira inyuma ngo bahone, ahubwo turi muri bamwe bafise ukwizera ngo bazigamirwe ubuzima.”—Abaheburayo 10:39.

Niwibuke ivyashikiye Dumas, umwe yavugwa mu ntango y’aka gatabu. Umugore wiwe yabanje kumutwenga kubera ivyo yari yizeye. Ariko mu nyuma yarifatanije na we mu kwiga Ijambo ry’Imana. Muri ubwo buryo nyene, niwashishikara gukora ibigororotse, woshobora gutuma abagenzi bawe be n’incuti zawe babigenza gutyo nyene. Mu bihe bitari bike, umwe mu bagize umuryango atizera ‘yaragondojwe ata jambo rivuzwe biciye ku ngeso zitanduye’ be n’“icubahiro kigera kure” vyagaragajwe n’umuntu afise ukwizera nyakuri.—1 Petero 3:1, 2.

Shetani aragerageza kandi gutuma abantu biyumvira ko bafise vyinshi bakora ku buryo batokwiga Ivyanditswe. Yipfuza yuko imikazo yo mu buzima, ni ukuvuga imyitwarariko umuntu agira ku giti ciwe be n’ukwiganyira ku bijanye n’amahera, ‘binyoha iryo jambo’ ku bikwerekeye, kugira ngo ukwizera kwawe ‘gucike ikirumbirane.’ (Mariko 4:19) Niwirinde mwene ukwo kutabona kure! Ivyanditswe bivuga biti: “Kugira ngo baronke ubuzima budahera, ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’ubwerekeye uwo watumye, Yezu Kristu.” (Yohani 17:3) Ego cane, kugira ngo uzoronke ubuzima budahera mw’Iparadizo, birahambaye cane ko ubandanya kwiga ibindi vyinshi vyerekeye Imana na Yezu, ari we Mesiya!

Nusabe Imana igufashe

Zirikana ku bijanye na Musa, uwari mu bagize umuryango w’umwami wo mu Misiri. Yari gushobora kurondera itunga, ukuba rurangiranwa, be n’ububasha. Yamara, Musa yahisemwo “gufatanwa nabi n’abantu b’Imana aho kunezererwa igicumuro akanya gato.” Uti kubera iki? “Yagumye ashikamye nk’aho abona Umwe ataboneka.” (Abaheburayo 11:24, 25, 27) Egome, Musa yarizera Imana bimwe bikomeye. Yarashize ivyo Imana igomba imbere y’ivyo we ubwiwe yagomba, kandi Imana yaramuhezagiye cane. Niwabigenza gutyo nyene, na wewe Imana izoguhezagira.

Shetani yoshobora kugerageza kugucakira mu buryo butandukanye. Mugabo si ngombwa ngo agucakire. Ijambo ry’Imana riduhimiriza riti: “Murwanye Shetani, na we azobahunga.” (Yakobo 4:7) None ushobora gute kumurwanya?

Nugume wiga Ivyanditswe Vyeranda. Nusome Ijambo ry’Imana ku musi ku musi. Niwige ivyo ryigisha. Nushire mu ngiro impanuro ritanga. Niwabigenza gutyo, “[uzotora] umwambaro ukwiye w’ibirwanisho biva ku Mana,” bino bikaba bishobora kugufasha kunanira ibitero vya Shetani.—Abanyefeso 6:13.

Niwifatanye n’abantu bafise ukwizera nyakuri. Nurondere abandi bantu basoma Ivyanditswe Vyeranda, bakavyiga, bakongera bakabishira mu ngiro. Bene abo bantu ‘bariyumvirana kugira bavyuriranire ugukundana n’ibikorwa vyiza, bakaremeshanya.’ Bazogufasha gukomeza ukwizera.—Abaheburayo 10:24, 25.

Niwifatanye n’abandi bantu bafise ukwizera

Niwiyegereze Yehova. Nusabe Imana igufashe, wongere uyizigire. Ntiwigere wibagira ko Imana yipfuza kugufasha. ‘Nuterere amaganya yawe yose ku Mana, kuko ikubabara.’ (1 Petero 5:6, 7) ‘Imana ni inyizigirwa, ntizokureka ngo ugeragezwe ibirenze ivyo ushobora kwihanganira, mugabo hamwe na nya kigeragezo, izogucira kandi icanzo kugira ushobore kucihanganira.’—1 Abakorinto 10:13.

Shetani acokora Imana avuga yuko ata muntu n’umwe azobandanya kuyikorera igihe ivyo bituma ashikirwa n’ingorane. Ariko urafise akaryo ko kwerekana ko Shetani ari umubeshi! Imana ivuga iti: “Ba inkerebutsi . . . , unezereze umutima wanje, kugira ngo nshobore kwishura uwuncokora.” (Imigani 27:11) Egome, niwiyemeze kwerekana yuko ufise ukwizera nyakuri!