Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGIHIMBA CA 6

Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi?

Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi?

IMANA yaremye isi kugira ngo ibe ahantu hatunganye abantu baba. Ijambo ryayo rivuga riti: “Amajuru ni aya Yehova, mugabo isi yayihaye abana b’abantu.”—Zaburi 115:16.

Imbere y’uko Imana irema umuntu wa mbere ari we Adamu, yarahisemwo agace gatoya k’isi kiswe Edeni maze ihatunganya umurima w’akaroruhore. Ivyanditswe bivuga ko uruzi Efurate na Tigiri (canke Hidekeli) zari zifise isôko muri Edeni. a Uwo murima wa Edeni vyiyumvirwa yuko wari uherereye mu Buseruko bwa Turukiya yo muri kino gihe. Egome, umurima wa Edeni warabayeho koko kw’isi!

Imana yararemye Adamu maze imushira mu murima wa Edeni “kugira awurime no kugira awitwararike.” (Itanguriro 2:15) Mu nyuma, Imana yararemeye Adamu umugore ari we Eva. Imana yategetse uwo mugabo n’umugore iti: “Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi kandi muyigabe.” (Itanguriro 1:28) Biratomoye ko Imana ‘itaremeye isi ubusa gusa, mugabo yayiremye ngo ibeko abantu.’—Yesaya 45:18.

Ariko rero, Adamu na Eva baragararije Imana mu kurenga kw’itegeko ryayo n’ibigirankana. Imana yaciye rero ibirukana muri wa murima wa Edeni. Iparadizo yaratakaye. Amabi yakwezwe n’igicumuro ca Adamu yarabandanije. Ivyanditswe bitubwira biti: “Igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe urupfu na rwo [ru]zanwa n’igicumuro, gutyo urupfu [ru]kwira ku bantu bose kuko bose bari baracumuye.”—Abaroma 5:12.

Yehova yoba yarahevye umugambi yari afise mu ntango, uno ukaba wari uw’uko isi iba iparadizo ibako abantu bahimbawe? Oya! Imana ivuga iti: “Ijambo ryanje riva mu kanwa kanje . . . [n]tirizogaruka kuri jewe hatagize ikivamwo, mugabo rizokora koko icampimbaye, kandi ata kabuza rizororanirwa mu co naritumye.” (Yesaya 55:11) Iparadizo izogarukanwa kw’isi!

Ubuzima buzoba bumeze gute mw’Iparadizo? Rimbura ibintu vyasezeranywe vyo mu Vyanditswe vyerekanwa ku mpapuro zibiri zikurikira.

a Mw’​Itanguriro 2:10-14 havuga hati: “Hari uruzi rwava muri Edeni rukanywesha nya murima, kandi aho ni ho rwatangura kwigaburira, rukaba nk’aho rucitsemwo imitwe ine. Izina ry’urwa mbere ni Pishoni . . . izina ry’uruzi rugira kabiri ni Gihoni . . . izina ry’uruzi rugira gatatu ni Hidekeli [ari rwo Tigiri]; ni rumwe rugenda mu buseruko bwa Ashuri. Uruzi rugira kane na rwo ni Efurate.” Aho uruzi rwa mbere n’urwa kabiri zari ziherereye be n’ukuntu zari zimeze ntibizwi.