Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 13

Ingene amadini y’ikinyoma asiga iceyi Imana

Ingene amadini y’ikinyoma asiga iceyi Imana

Ko Imana ari urukundo, kubera iki hari amabi menshi akorwa n’amadini avuga ko ayiserukira? Tubivuze muri make, ni kubera ko ayo madini ari ay’ikinyoma. Arasiga iceyi Imana. None yasize iceyi Imana gute? Mbega Imana yo ibibona gute? Vyongeye, ni igiki Imana izoyakorera?

1. Ni gute inyigisho z’amadini y’ikinyoma zisiga iceyi Imana?

Amadini y’ikinyoma yarafashe “ukuri kw’Imana [agukaba] ikinyoma.” (Abaroma 1:25) Nk’akarorero, amadini nka yose ntiyigisha abayoboke bayo izina ry’Imana. Ariko rero, Bibiliya ivuga ko dukwiye gukoresha izina ry’Imana. (Abaroma 10:13, 14) Abakuru b’amadini bamwebamwe bavuga ko iyo icago cadutse aba ari Imana yabishatse. Ariko ico ni ikinyoma cambaye ubusa. Imana ntiyigera iteza ibibi. (Soma Yakobo 1:13.) Ikibabaje, ni uko ivyo binyoma vyatumye abantu benshi bareka gukunda Imana.

2. Ni gute ibikorwa vy’amadini y’ikinyoma bisiga iceyi Imana?

Amadini y’ikinyoma ntafata abantu nk’uko Yehova ashaka. Bibiliya ivuga ko “ibicumuro [vy’amadini y’ikinyoma] vyarundanye gushika mw’ijuru.” (Ivyahishuwe 18:5) Amadini y’ikinyoma aramaze imyaka amajana yisuka mu vya politike, ashigikira intambara akongera agatuma abantu batagira uko bangana bicwa. Kubera ko indongozi zimwezimwe z’amadini ziba zishaka gutunga, zirasaba abayoboke bazo amahera. Ivyo bintu abo bakuru b’amadini bakora ni icerekana neza ko batazi Imana. Icibagiwe co ni ukugira uburenganzira bwo kuyiserukira.—Soma 1 Yohani 4:8.

3. Imana ibona gute amadini y’ikinyoma?

Nimba ubabazwa n’ibintu bikorwa n’amadini y’ikinyoma, wibaza ko Yehova wewe abibona gute? Yehova arakunda abantu bose, ariko arababazwa n’abakuru b’amadini bamusiga iceyi bakongera bagafata nabi abayoboke babo. Asezerana kuzokuraho amadini y’ikinyoma, ‘ntazokwigere yongera kuboneka.’ (Ivyahishuwe 18:21) Vuba, Imana igiye gukuraho amadini yose y’ikinyoma.—Ivyahishuwe 18:8.

TWINJIRE MU MIZI

Reka turabe ukuntu Imana ibona amadini y’ikinyoma. Turaza kandi kubona ibindi bintu amadini y’ikinyoma yakoze be n’igituma ivyo bitokubuza kwiga ivyerekeye Yehova.

4. Imana ntiyemera amadini yose

Abantu benshi bemera ko amadini ari nk’inzira zitandukanye ariko zose zigashikana ku Mana. None ukwo kwoba ari ukuri? Nimusome Matayo 7:13, 14, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Bibiliya yerekana ko inzira ija mu buzima imeze gute?

Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Bibiliya yerekana ko Imana yemera amadini angahe?

5. Amadini y’ikinyoma ntagaragaza urukundo nk’urw’Imana

Amadini yarasize iceyi Imana mu buryo bwinshi. Uburyo nyamukuru muri bwo, ni ukuntu yagize uruhara mu ntambara. Kugira ubone akarorero kamwe, nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Mu gihe c’Intambara ya kabiri y’isi yose, amadini menshi yavyifashemwo gute?

  • Ukwo kuntu yavyifashemwo wewe ubibona gute?

Nimusome Yohani 13:34, 35; 17:16, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Wibaza ko Yehova amererwa gute igihe abonye amadini ariko arisuka mu ntambara?

  • Amadini y’ikinyoma aragirizwa ibintu vyinshi bibi. Ni ibiki wewe ubona mu madini vyerekana ko yananiwe kwigana urukundo rw’Imana?

Amadini y’ikinyoma ntiyagaragaje urukundo nk’urw’Imana

6. Imana yipfuza gufasha abantu ngo bave mu madini y’ikinyoma

Nimusome Ivyahishuwe 18:4, a muce muganira kuri iki kibazo:

  • Kumenya ko Imana yipfuza gufasha abantu bahenzwe n’amadini y’ikinyoma bituma wiyumva gute?

7. Nubandanye kwiga ivyerekeye Imana y’ukuri

Ibintu amadini y’ikinyoma yigisha be n’ivyo akora vyoba bikwiye guhindura ukuntu ubona Imana? Dufate akarorero k’umwana yirengagije impanuro nziza se wiwe yamuhaye. Uwo mwana aromotse, agaca yisuka mu ngeso mbi. Se wiwe ntashima iyo nyifato y’umwana wiwe. Kubera iki kwoba ari ukurenganya uwo muvyeyi hamwe womwagiriza ko ari we yatumye uwo mwana wiwe agarariza?

  • Ubwo ntiwoba urenganije Yehova hamwe womwegekako ibintu bibi amadini y’ikinyoma ariko arakora, ugaca uhagarika kwiga Bibiliya?

HARI ABAVUGA BATI: “Sinkunda ivyerekeye Imana kubera ingorane nyinshi zihari ziterwa n’amadini.”

  • Nawe woba ari ko ubibona?

  • Kubera iki ibintu amadini y’ikinyoma akora bidakwiye guhindura ukuntu tubona Yehova?

INCAMAKE

Amadini y’ikinyoma yarasize iceyi Imana biciye ku vyo yigisha no ku bintu vy’agahomerabunwa akora. Imana izokuraho amadini y’ikinyoma.

Wize iki?

  • Ibintu amadini y’ikinyoma yigisha hamwe n’ivyo akora ubibona gute?

  • Yehova abona gute amadini y’ikinyoma?

  • Imana izokorera iki amadini y’ikinyoma?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Raba ukuntu amadini menshi cane adahimbara Imana mu buryo bubiri.

“Amadini yose yoba ashimwa n’Imana?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

Kubera iki Yehova ashaka ko tumusenga turi kumwe n’abandi?

“Vyoba ari ngombwa ko umuntu aja mw’idini?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

Umupatiri umwe yaravurugwa mu bwenge n’ibintu idini yarimwo ryakora. Ariko ivyo ntivyamubujije kwiga ukuri kwerekeye Imana.

“Icatumye umupatiri ahindura idini” (Be maso!, Ruhuhuma 2015)

Amadini aramaze imyaka amajana yigisha ibinyoma vyerekeye Imana bituma abantu biyumvira ko itabitwararika be n’uko ari ruburakigongwe. Nurabe bitatu muri ivyo binyoma.

“Ibinyoma vyatumye abantu badakunda Imana” (Umunara w’Inderetsi, 1 Munyonyo 2013)

a Kugira umenye igituma igitabu c’Ivyahishuwe kigereranya amadini y’ikinyoma n’umugore yitwa Babiloni Akomeye, raba Akajambo ko ku mpera ka 1.