Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 19

Ivyabona vya Yehova boba ari abakirisu b’ukuri?

Ivyabona vya Yehova boba ari abakirisu b’ukuri?

Twebwe Ivyabona vya Yehova turemera ko turi abakirisu b’ukuri. Uti kubera iki? Ivyo twemera tubikura he? Kubera iki twitwa Ivyabona vya Yehova? Twerekana gute ko dukundana?

1. Ibintu Ivyabona vya Yehova bemera babikura hehe?

Yezu yavuze ko ‘Ijambo ry’Imana ari ukuri.’ (Yohani 17:17) Cokimwe na Yezu, ibintu Ivyabona vya Yehova bemera bamye babikura mw’Ijambo ry’Imana. Reka turimbure kahise k’abatohoji ba Bibiliya ari bo bahavuye bitwa Ivyabona vya Yehova. Nko mu 1870, hari umugwi w’abantu bipfuza kumenya ukuri batanguye kwigira hamwe Bibiliya kugira bamenye ico vy’ukuri yigisha. Ivyo bemera vyaba bishingiye kuri Bibiliya n’igihe ivyo vyaba bitandukanye n’ivyo amadini yigisha. Baciye batangura kubwira abandi ukwo kuri kwo muri Bibiliya. a

2. Kubera iki twitwa Ivyabona vya Yehova?

Yehova yita abasavyi biwe ivyabona vyiwe kubera ko babwira abandi ukuri ku bimwerekeye. (Abaheburayo 11:4–12:1) Nk’akarorero, mu bihe vya kera, Imana yabwiye abasavyi bayo iti: “Muri ivyabona vyanje.” (Soma Yesaya 43:10.) Yezu yitwa ‘Icabona Cizigirwa.’ (Ivyahishuwe 1:5) Ku bw’ivyo mu 1931 twaratanguye kwitwa Ivyabona vya Yehova. Kandi tubona ko ari agateka kwitwa iryo zina.

3. Ivyabona vya Yehova bigana gute urukundo rwa Yezu?

Yezu yarakunda cane abigishwa biwe ku buryo yababona nk’abo mu muryango wiwe. (Soma Mariko 3:35.) Muri ubwo buryo, Ivyabona vya Yehova bagize umuryango wunze ubumwe ukwiye kw’isi yose. Ni co gituma twitana abavukanyi. (Filemoni 1, 2) Vyongeye turagamburuka itegeko rivuga riti: “Mukunde umuryango wose w’abavukanyi.” (1 Petero 2:17) Ivyabona vya Yehova baragaragaza ko bakundana mu buryo bwinshi nko mu gufasha abo basangiye ukwemera bo hirya no hino kw’isi igihe bashikiwe n’ivyago.

TWINJIRE MU MIZI

Reka twihweze kahise k’Ivyabona vya Yehova maze tubone ibindi bimenyamenya vyerekana ko turi abakirisu b’ukuri.

Ivyo abakirisu b’ukuri bemera babikura muri Bibiliya kandi bakabibwira n’abandi

4. Ivyo twemera tubikura muri Bibiliya

Yehova yari yaravuze ko mu misi y’iherezo abantu borushirije gutahura ukuri kwo muri Bibiliya. Nimusome Daniyeli 12:4, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Uko abasavyi b’Imana “bazonyuragira irya n’ino,” ni ukuvuga uko bobandanije gusuzuma Bibiliya, hogwiriye iki?

Nurabe ingene umugwi mutoyi w’abatohoji ba Bibiliya bahora biga Ijambo ry’Imana. Umwe muri bo yari Charles Russell. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Muri iyo videwo, ni gute Charles Russell n’abo bari kumwe biga Bibiliya?

Wari ubizi?

Mu bihe bimwebimwe twarahinduye ingene dutahura ibintu. Uti kubera iki? Nka kurya umuco wo mu gatondo ugenda urongerekana gushika bukeye neza, Imana igenda iradufasha gutahura ukuri kw’Ijambo ryayo intambwe ku yindi. (Soma Imigani 4:18.) Rero naho Bibiliya itigera ihinduka, tugenda turaryohora ivyo twemera uko turushiriza kuyitahura.

5. Dukora ibihuye n’izina ryacu

Kubera iki twahavuye twitwa Ivyabona vya Yehova? Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Kubera iki bibereye ko twitwa Ivyabona vya Yehova?

Kubera iki Yehova yatoye abantu ngo bamubere ivyabona? Kubera ko bomenyekanishije yuko ari we Mana y’ukuri narirya hari ibinyoma vyinshi vyavuzwe ku bimwerekeye. Reka turabe bibiri muri ivyo binyoma.

Amadini amwamwe yigisha ko Imana ishaka ko dukoresha ibishushanyo mu gusenga. None kwoba ari ukuri? Nimusome Abalewi 26:1, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Bibiliya ibivugako iki? Yehova abona gute ibijanye no gukoresha ibishushanyo?

Abakuru b’amadini bamwebamwe bigisha ko Yezu ari we Mana. None kwoba ari ukuri? Nimusome Yohani 20:17, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Bibiliya ibivugako iki? Imana na Yezu boba bangana?

  • Kumenya ko Yehova yarungitse Ivyabona vyiwe kwigisha ukuri ku bimwerekeye no ku vyerekeye Umwana wiwe, bituma wiyumva gute?

6. Turakundana

Bibiliya igereranya abakirisu n’ibihimba vy’umubiri w’umuntu. Nimusome 1 Abakorinto 12:25, 26, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Abakirisu b’ukuri bakwiye gukora iki igihe bagenzi babo bari mu ngorane?

  • Ni ibiki umaze kwibonera vyerekana ko Ivyabona vya Yehova bakundana?

Iyo Ivyabona vya Yehova bo mu karere kanaka bagize ingorane, bagenzi babo bo hirya no hino kw’isi baca bihutira kubafasha. Kugira ubone akarorero kamwe nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Kuba Ivyabona vya Yehova bafasha abagenzi babo bashikiwe n’ivyago, vyerekana iki?

Abakirisu b’ukuri barafasha abari n’ivyo bakeneye

HARI ABAVUGA BATI: “Ivyabona vya Yehova ni idini ry’icaduka.”

  • Ni kuva ryari Yehova yatanguye kwita abasavyi biwe ivyabona vyiwe?

INCAMAKE

Ivyabona vya Yehova ni abakirisu b’ukuri. Tugize umuryango ukwiye kw’isi yose w’abasenga Imana. Ivyo twemera tubikura muri Bibiliya kandi tukamenyesha abandi ukuri kwerekeye Yehova.

Wize iki?

  • Kubera iki twahavuye twitwa Ivyabona vya Yehova?

  • Twerekana gute ko dukundana?

  • Woba wibaza ko Ivyabona vya Yehova ari abakirisu b’ukuri?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Raba akarorero kerekana ingene Ivyabona vya Yehova bashize ahabona inyigisho z’ikinyoma.

Abasavyi b’Imana baraninahaza izina ryayo (7:08)

Raba inyishu z’ibibazo ushobora kuba ufise ku vyerekeye Ivyabona vya Yehova.

“Ibibazo bikunze kubazwa ku vyerekeye Ivyabona vya Yehova” (igice co kuri jw.org)

Uwitwa Stephen yaranka cane abantu badasangiye ibara ry’urukoba ku buryo yabagurukirako akabakubita. Nurabe ikintu yabonye mu Vyabona vya Yehova catumye ahinduka.

“Natera mba mubi cane” (Umunara w’Inderetsi, 1 Mukakaro 2015)

a Kuva mu 1879, abasavyi ba Yehova barasohora ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi kugira basigure ivyo Bibiliya ivuga.