Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Isubiramwo ry’igice ca 2

Isubiramwo ry’igice ca 2

Nuganire ibibazo bikurikira n’uwukwigisha:

  1. Ni ibiki Imana izokorera amadini y’ikinyoma?

    (Raba Icigwa ca 13.)

  2. Soma Kuvayo 20:4-6.

    • Yehova yiyumva gute abonye abamusenga bakoresheje ibishushanyo?

      (Raba Icigwa ca 14.)

  3. Yezu ni nde?

    (Raba Icigwa ca 15.)

  4. Ni kamere izihe za Yezu ukunda cane?

    (Raba Icigwa ca 17.)

  5. Soma Yohani 13:34, 35 n’Ivyakozwe 5:42.

    • Abakirisu b’ukuri ni bande muri iki gihe? Ni ibiki bikwemeza ko ari abakirisu b’ukuri?

      (Raba Icigwa ca 18 n’ica 19.)

  6. Ni nde ayoboye ishengero kandi ariyobora gute?

    (Raba Icigwa ca 20.)

  7. Soma Matayo 24:14.

    • Ubwo buhanuzi buriko buranguka gute muri iki gihe?

    • Ni nde umaze kubwira inkuru nziza?

      (Raba Icigwa ca 21 n’ica 22.)

  8. Woba ubona ko kubatizwa ari umugambi mwiza wokwishingira? Kubera iki?

    (Raba Icigwa ca 23.)

  9. Wokwikingira gute Shetani n’amadayimoni yiwe?

    (Raba Icigwa ca 24.)

  10. Ni umugambi uwuhe Imana idufitiye?

    (Raba Icigwa ca 25.)

  11. Kubera iki abantu bashikirwa n’imibabaro kandi bagapfa?

    (Raba Icigwa ca 26.)

  12. Soma Yohani 3:16.

    • Ni igiki Yehova yakoze kugira adukize icaha n’urupfu?

      (Raba Icigwa ca 27.)

  13. Soma Umusiguzi 9:5.

    • Bitugendera gute iyo dupfuye?

    • Ni ibiki Yezu azokorera abantu amamiliyoni bapfuye?

      (Raba Icigwa ca 29 n’ica 30.)

  14. Kubera iki Ubwami bw’Imana ari yo ntwaro nziza kuruta intwaro zose z’abantu?

    (Raba Icigwa ca 31 n’ica 33.)

  15. Woba wemera ko Ubwami bw’Imana bwatanguye kuganza? Kubera iki? Bwatanguye kuganza ryari?

    (Raba Icigwa ca 32.)