Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 43

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kunywa inzoga?

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kunywa inzoga?

Hirya no hino kw’isi, abantu bafise ivyiyumviro bitandukanye ku bijanye n’inzoga. Bamwe barahitamwo kuzinywa igihe bateramiye hamwe n’abagenzi, abandi na bo bagahitamwo kutigera bazinywa. Hari n’abandi bazinywa gushika baborewe. None Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’inzoga?

1. Kunywa inzoga vyoba ari bibi?

Bibiliya ntibuza kunywa inzoga. Ahubwo igihe ivuga ibintu vyiza vyinshi Imana yaduhaye, iratubwira ko “umuvinyu unezereza umutima w’umuntu.” (Zaburi 104:14, 15) Bamwe mu bagabo n’abagore b’abizigirwa bavugwa muri Bibiliya baranywa inzoga.—1 Timoteyo 5:23.

2. Ni impanuro iyihe Bibiliya iha abahitamwo kunywa inzoga?

Yehova ariyamiriza kunywa inzoga birenze urugero no kuborerwa. (Abagalatiya 5:21) Ijambo ryiwe rivuga riti: “Ntube mu banywi b’umuvinyu ba cane.” (Imigani 23:20) Rero igihe duhisemwo kunywa, mbere n’igihe tuba turi twenyene, ntidukwiye kunywa birenze urugero ku buryo tutaba tugishoboye kwiyumvira neza, gucungera ivyo tuvuga be n’ivyo dukora canke kwitwararika amagara yacu. Nimba tutagishoboye gucungera urugero rw’inzoga tunywa, vyoba vyiza tuzihevye.

3. Twokwubahiriza gute ingingo abandi bafashe ku bijanye n’inzoga?

Umuntu uwo ari we wese abwirizwa kwihitiramwo kunywa canke kutanywa inzoga. Ntidukwiye gucira urubanza umuntu ahisemwo kunywa inzoga ku rugero. Ariko kandi ntidukwiye guhata umuntu adashaka kuzinywa. (Abaroma 14:10) Turahitamwo kutanywa inzoga igihe tubona yuko bishobora gutsitaza abandi. (Soma Abaroma 14:21.) Ntiturondera ‘akarusho kacu bwite, ahubwo turondera ak’uwundi.’—Soma 1 Abakorinto 10:23, 24.

TWINJIRE MU MIZI

Nurabe ingingo ngenderwako zogufasha guhitamwo nimba wonywa inzoga hamwe n’urugero rw’izo wonywa nimba usanzwe uzinywa. Nurabe kandi ico wokora nimba bikugora kwigerera.

4. Nuhitemwo nimba wonywa inzoga canke utozinywa

Yezu yabona gute ivyo kunywa inzoga? Kugira turonke inyishu, reka turabe igitangaro ca mbere yakoze. Nimusome Yohani 2:1-11, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Twisunze iki gitangaro, twigira iki ku kuntu Yezu yabona inzoga be n’abazinywa?

  • Ko Yezu ata ho yavuze ko kunywa inzoga ari bibi, umukirisu akwiye kubona gute uwuhitamwo kuzinywa?

Ariko rero, naho vyemewe ko umukirisu anywa inzoga, ntibisigura ko igihe cose ari vyiza kuzinywa. Nimusome Imigani 22:3, maze muce murimbura ingene ibintu bikurikira bishobora kugufasha guhitamwo nimba wonywa inzoga:

  • Igihe uriko uratwara imodoka canke uriko urakoresha imashini ishobora guteza isanganya.

  • Igihe wibungenze.

  • Igihe umuganga yaguhanuye ko wozireka.

  • Igihe bikugora kwigerera.

  • Igihe amategeko y’aho uba atakwemerera kunywa inzoga.

  • Igihe uri kumwe n’umuntu yafashe ingingo yo kuziheba kubera ko vyahoze bimugora kwigerera.

Woba woha abantu inzoga ku bugeni canke ku zindi manza? Kugira ubone icogufasha gufata ingingo, nimurabe iyo VIDEWO.

Nimusome Abaroma 13:13 na 1 Abakorinto 10:31, 32. Muhejeje gusoma icanditswe kimwekimwe cose, nimuce muganira kuri iki kibazo:

  • Ni gute gushira mu ngiro iyi ngingo ngenderwako bizogufasha gufata ingingo ihimbara Yehova?

Umukirisu umwumwe wese ni we yihitiramwo kunywa inzoga canke kutazinywa. Mbere n’igihe umukirisu yoba anywa inzoga, mu bihe bimwebimwe yoshobora guhitamwo kutazinywa

5. Nuhitemwo urugero rw’izo wonywa

Niwahitamwo kunywa inzoga, niwibuke iki kintu: Naho Yehova atabuza kunywa inzoga, ariyamiriza kunywa birenze urugero. Uti kubera iki? Nimusome Hoseya 4:11, 18, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ni ibiki vyoshika hamwe umuntu yonywa akarenza urugero?

Twokwirinda gute kunywa birenze urugero? Turakwiye kwifata ruto, tukamenya aho tugarukiriza. Nimusome Imigani 11:2, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Kubera iki ari vyiza kwishingira urugero ntarengwa rw’inzoga wonywa?

6. Ivyofasha umuntu guheba kunywa inzoga birenze urugero

Nurabe icafashije umugabo umwe guheba kunywa inzoga birenze urugero. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Muri iyo videwo, inzoga zatuma Dmitry yigenza gute?

  • Vyoba vyaramworoheye guheba inzoga?

  • Ni igiki cahavuye kimufasha guheba kunywa inzoga birenze urugero?

Nimusome 1 Abakorinto 6:9-11, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Kunywa birenze ni bibi ku rugero rungana gute?

  • Ni igiki cerekana ko umuntu anywa inzoga birenze ashobora guhinduka?

Nimusome Matayo 5:30, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Igihe Yezu yakoresha ikigereranyo kijanye no guca ukuboko, yashaka kuvuga ko hari igihe biba ngombwa ko tugira ivyo duhevye kugira duhimbare Yehova. Wokora iki nimba uriko urarwana urugamba rwo guheba kunywa inzoga birenze urugero? a

Nimusome 1 Abakorinto 15:33, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Hamwe wokwifatanya n’abantu banywa inzoga birenze urugero, vyokugirako ingaruka izihe?

HARI UWOBAZA ATI: “Kunywa inzoga vyoba ari bibi?”

  • Wokwishura gute?

INCAMAKE

Yehova yaduhaye inzoga kugira duhimbarwe, ariko ariyamiriza kunywa inzoga birenze urugero no kuborerwa.

Wize iki?

  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kunywa inzoga?

  • Ni ingaruka izihe ziva ku kunywa birenze?

  • Ni gute twokwubahiriza ingingo abandi bafashe ku bijanye no kunywa inzoga?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Ni gute imiyabaga yohitamwo neza mu bijanye no kunywa?

Nuzirikane imbere yo kunywa (2:31)

Umukirisu yoba yogira uruhara muri bimwe abantu bagira vyo kuduza ibirahuri hanyuma bakabikomanya?

“Ibibazo vy’abasomyi” (Umunara w’Inderetsi, 15 Ruhuhuma 2007)

Mu nkuru ivuga ngo “Nari ingunguru itobotse,” nurabe ingene umugabo umwe yahevye kunywa inzoga birenze urugero.

“Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu” (Umunara w’Inderetsi, 1 Rusama 2012)

a Abiziziwe n’inzoga, hari aho bokenera gufashwa n’abaganga bavyigiye kugira babihebe. Abaganga benshi bavuga ko abiziziwe n’inzoga, biba vyiza bazihevye burundu.