Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 46

Kubera iki ukwiye kwiyegurira Yehova maze ukabatizwa?

Kubera iki ukwiye kwiyegurira Yehova maze ukabatizwa?

Wiyegurira Yehova mu kumusezeranira mw’isengesho ko ari we wenyene uzokorera be n’uko uzoshira imbere ivyo agomba mu buzima bwawe. (Zaburi 40:8) Umaze kwiyegura uca ubatizwa. Igihe ubatijwe, uba weretse abandi ko wiyeguriye Yehova. Guhitamwo kwiyegurira Yehova ni ingingo ihambaye cane kuruta izindi zose wofata. None ko iyo ngingo izotuma ubuzima bwawe buhinduka, ni igiki gikwiye gutuma uyifata?

1. Ni igiki gituma umuntu yiyegurira Yehova?

Twiyegurira Yehova kubera ko tumukunda. (1 Yohani 4:10, 19) Bibiliya idusaba iti: “[Nukunde] Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose n’inkomezi zawe zose.” (Mariko 12:30) Twerekana ko dukunda Imana mu vyo tuvuga no mu vyo dukora. Nk’uko umusore n’inkumi bakundana amaherezo bubakana, ni ko n’urukundo dukunda Yehova rutuma tumwiyegurira maze tukabatizwa.

2. Ni imihezagiro iyihe Yehova aha Ivyabona vyiwe babatijwe?

Igihe ubatijwe, uba winjiye mu muryango wa Yehova uhimbawe. Uzokwibonera ibintu vyinshi vyerekana ko Yehova agukunda kandi uzorushiriza kumwiyegereza kuruta. (Soma Malaki 3:16-18.) Yehova azokubera Umuvyeyi. Vyongeye, uzokwironkera umuryango w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose, bakunda Yehova kandi bagukunda. (Soma Mariko 10:29, 30.) Naho ari ukwo, hari intambwe utegerezwa gutera imbere y’uko ubatizwa. Urakeneye kwiga ivyerekeye Yehova, kumukunda no kwizera Umwana wiwe. Amaherezo ubwirizwa kwiyegurira Yehova. Hamwe wotera izo ntambwe maze ukabatizwa, uzoshobora kubaho ibihe bidahera. Ijambo ry’Imana rivuga riti: ‘Ubu ikiriko kirabakiza ni ibatisimu.’1 Petero 3:21.

TWINJIRE MU MIZI

Nusuzume igituma bihambaye yuko wiyegurira Yehova maze ukabatizwa.

3. Twese dutegerezwa guhitamwo uwo tuzokorera

Muri Isirayeli ya kera, abantu bamwebamwe biyumvira ko bashobora gusenga Yehova hamwe n’imana y’ikinyoma Bayali. Ariko Yehova yararungitse umuhanuzi Eliya kugira akosore ico ciyumviro kitari co. Nimusome 1 Abami 18:21, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ni ingingo iyihe Abisirayeli babwirizwa gufata?

Cokimwe n’Abisirayeli, natwe dutegerezwa guhitamwo uwo tuzokorera. Nimusome Luka 16:13, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Kubera iki tudakwiye gusenga Yehova tumubangikanije n’ikindi kintu canke uwundi muntu?

  • Ni gute twokwereka Yehova ko twahisemwo kumukorera?

4. Nuzirikane ku rukundo Yehova agukunda

Yehova yaraduhaye ingabire nyinshi z’agaciro. None natwe ni igiki twomuha? Nimurabe iyo VIDEWO.

Ni ibintu bitandukanye ibihe bikwereka ko Yehova agukunda? Nimusome Zaburi 104:14, 15 na 1 Yohani 4:9, 10, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Ni ingabire izihe Yehova yaguhaye ukenguruka cane?

  • Izo ngabire zituma umubona gute?

Igihe turonse ingabire dukunda cane, duca twipfuza gukengurukira uwayiduhaye. Nimusome Gusubira mu vyagezwe 16:17, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Uravye ibintu vyose Yehova yaguhaye, ubona womuha iki?

5. Kwiyegurira Yehova birazana imihezagiro myinshi

Abantu benshi babona ko kuba ba rurangiranwa, kuronka akazi keza canke amahera ari vyo bituma baronka agahimbare. None ukwo kwoba ari ukuri? Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Naho uwo mukinyi yakunda umupira w’amaguru, kubera iki yawuhevye?

  • Kuba yahisemwo kwiyegurira Yehova aho kwihebera umupira w’amaguru, ubona yoba yafashe ingingo nziza? Kubera iki wishuye gutyo?

Imbere y’uko intumwa Paulo aba umukirisu, yari umuntu akomeye cane. Yari yarize amategeko y’Abayuda, ayigishwa n’umuntu azwi cane. Ariko yarabihevye vyose kugira abe umukirisu. None yoba yaricujije mu nyuma ku ngingo yari yarafashe? Nimusome Abafilipi 3:8, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Kubera iki Paulo yavuze ko ivyo yahora akora imbere y’uko aba umukirisu ari “ikigunguzi c’umwanda”?

  • Ni igiki yungutse?

  • Gukorera Yehova ubona vyotuma uhimbarwa? Kubera iki wishuye gutyo?

Igihe Paulo yaba umukirisu yarungutse ibintu vyinshi cane kuruta ivyo yari yarahevye

HARI ABAVUGA BATI: “Ntibikenewe ko umuntu yiyegurira Imana.”

  • Ubona vyoba bikenewe yuko wiyegurira Yehova?

INCAMAKE

Urukundo ruratuma twiyegurira Yehova maze tukabatizwa.

Wize iki?

  • Kubera iki Yehova abereye ko tumukunda n’umutima wacu wose kandi tukamusenga wenyene?

  • Ni imihezagiro iyihe Yehova aha Ivyabona vyiwe bamwiyeguriye?

  • Woba wipfuza kwiyegurira Yehova?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Raba igituma umuririmvyi hamwe n’umukinyi w’umupira bahisemwo kwiyegurira Yehova.

Urwaruka ruribaza: Nzokoresha gute ubuzima bwanje?—Ico bamwe bahisemwo (6:54)

Muri iyo videwo y’umuziki, nurabe umunezero abiyegurira Yehova bironkera.

Ngutuye Ubuzima (4:30)

Mu nkuru ivuga ngo “Naramaze imyaka nibaza nti: ‘Kubera iki turi ng’aha kw’isi?,’” nurabe ivyatumye umukenyezi umwe asuzuma ivyo yashira imbere.

“Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu” (Umunara w’Inderetsi, 1 Munyonyo 2012)