Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 53

Nuhitemwo uburyo bwo kwinezereza buhimbara Yehova

Nuhitemwo uburyo bwo kwinezereza buhimbara Yehova

Yehova ni “Imana ihimbawe.” (1 Timoteyo 1:11) Yipfuza ko tubaho duhimbawe kandi tukaryohererwa ubuzima. Arahimbarwa igihe dufashe akanya ko kuruhuka. Muri iki cigwa turaza kubona ukuntu twokoresha uwo mwanya wo kuruhuka mu buryo butuma twumva duhimbawe ariko kandi buhimbara Yehova.

1. Ni ibiki dukwiye kwibuka igihe duhitamwo uburyo bwo kwinezereza?

Ushima gukora iki igihe uba uruhutse? Bamwe bashima kumara akanya muhira basoma ibitabu, bumviriza umuziki, baraba isinema canke bakoresha internet. Abandi bashima kumarana akanya n’abagenzi batembera canke binonora imitsi. Uburyo bwo kwinezereza ubwo ari bwo bwose duhitamwo, turakwiye kwiyemeza ko ‘bwemerwa ku Mukama.’ (Abanyefeso 5:10) Birahambaye ko ivyo tubitahura kubera ko uburyo bwo kwinezereza abantu benshi bahitamwo usanga burimwo ibintu Yehova yanka, nk’ubukazi, ubusambanyi canke ivy’amashetani. (Soma Zaburi 11:5.) Ni igiki none codufasha guhitamwo neza uburyo bwo kwinezereza?

Nitwahitamwo abagenzi bakunda Yehova, bazodufasha guhitamwo uburyo bwiza bwo kwisamaza. Nk’uko twabibonye mu cigwa giheze, “uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi.” Ku rundi ruhande, igihe tumarana umwanya n’abantu batitaho amategeko y’Imana ‘tuzokwibonerako.’—Imigani 13:20.

2. Kubera iki bihambaye ko dusuzuma umwanya tumara twinezereza?

Naho uburyo bwo kwinezereza twohitamwo bwoba ata co butwaye, turakwiye kuba maso ntibudutware umwanya munini. Atari ukwo, twohava dusanga tubuze umwanya wo gukora ibintu bihambaye. Bibiliya ituremesha “[kwicungurira] umwanya ubereye.”—Soma Abanyefeso 5:15, 16.

TWINJIRE MU MIZI

Reka turabe ingene twohitamwo neza uburyo bwo kwinezereza.

3. Niwirinde uburyo bwo kwinezereza butabereye

Kubera iki dukwiye guhitamwo twitonze uburyo bwo kwinezereza? Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Ni gute uburyo bwo kwisamaza bwo mu Buroma bwa kera bwari bufitaniye isano n’ubwo muri iki gihe?

  • Muri iyo videwo, ni ibiki Danny yamenye ku bijanye no kwisamaza?

Nimusome Abaroma 12:9, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Uwo murongo wogufasha gute guhitamwo uburyo bwo kwisamaza?

Ni ibintu bimwebimwe ibihe Yehova yanka? Nimusome Imigani 6:16, 17 n’Abagalatiya 5:19-21. Muhejeje gusoma icanditswe kimwekimwe cose, nimuce muganira kuri iki kibazo:

  • Muri ivyo bintu vyavuzwe muri iyo mirongo, ni ibihe dusanga mu buryo bwo kwinezereza bumenyerewe muri iki gihe?

 Ukuntu wohitamwo neza uburyo bwo kwinezereza

Niwibaze uti:

  • Ni ibiki? Hoba harimwo ibintu Yehova yanka?

  • Ryari? Vyoba bintwara umwanya wo gukora ibintu bihambaye?

  • Bande? Vyoba bituma nifatanya n’abantu badakunda Yehova?

Birahambaye ko twirinda ibintu biteye akaga uko bishoboka kwose. Ni co gituma twirinda uburyo bwo kwinezereza twicura ko bwoba butabereye

4. Nukoreshe neza umwanya wawe

Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Muri iyo videwo, naho ivyo uwo muvukanyi yaraba ata co vyari bitwaye, yari afise ingorane iyihe?

Nimusome Abafilipi 1:10, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ico canditswe codufasha gute guhitamwo neza umwanya twomara turiko turinezereza?

5. Nuhitemwo neza uburyo bwo kwinezereza

Naho hari uburyo bwo kwinezereza budahimbara Yehova, hari bwinshi bumuhimbara. Nimusome Umusiguzi 8:15 n’Abafilipi 4:8, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ni uburyo bwo kwinezereza ubuhe ukunda?

Urashobora kwinezereza mu buryo bwiza kandi ugahimbarwa

HARI ABAVUGA BATI: “Uburyo bwo kwinezereza burimwo ubukazi, ubusambanyi canke ivy’amashetani nta co butwaye. Igikuru ni ukutabikora.”

  • Wewe ubivugako iki?

INCAMAKE

Yehova yipfuza ko duhitamwo uburyo bwiza bwo kwinezereza kandi tugahimbarwa.

Wize iki?

  • Ni uburyo bwo kwinezereza ubuhe abakirisu bakwiye kwirinda?

  • Kubera iki bihambaye ko tuba maso ku mwanya tumara turiko turinezereza?

  • Kubera iki wipfuza guhitamwo uburyo bwo kwinezereza buhimbara Yehova?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Mu nkuru ivuga ngo ‘Naratsinze mbere ivyo kwinubana,’ nurabe igituma umugabo umwe yahinduye uburyo yahora yisamaza.

“Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu” (Umunara w’Inderetsi, 1 Ruhuhuma 2010)

Nurabe ingene inabibondo umwe yafashe ingingo nziza mu bijanye n’uburyo bwo kwinezereza burimwo ivy’amashetani.

Niwirinde uburyo bwo kwinezereza burimwo ivy’amashetani (2:02)