IGIHIMBA CA 5
Ingene mwoguma mwumvikana n’incuti zanyu
“Nimwambare . . . ubuntu, ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi, ubwitonzi, n’ukwiyumanganya.”
Ukwabirana gutuma havuka umuryango mushasha. Naho uzokwama ukunda ukongera ukubaha abavyeyi bawe, uwo mwubakanye aba asigaye ari we akurutira abandi bose kw’isi. Bamwebamwe mu ncuti zawe hari aho ivyo vyobagora kwemera. Mugabo ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zirashobora kugufasha gukora ibintu ku rugero, kugira ngo ugume wumvikana n’incuti zawe uko wihatira gukomeza ubucuti bwo mu muryango wawe mushasha.
1 NUGUME UBONA INCUTI ZANYU MU BURYO BUBEREYE
ICO BIBILIYA IBIVUGAKO: “Tera iteka so na nyoko.” (Abanyefeso 6:2) Naho woba ufise imyaka ingahe, ubwirizwa kuguma wubaha abavyeyi bawe kandi ukabatera iteka. Nutahure ko uwo mwubakanye na we nyene akeneye kwitwararika abavyeyi biwe. “Urukundo ntirugira ishari.” Imigenderanire uwo mwubakanye afitaniye na bo ntikwiye rero gutuma wumva ko ugeramiwe.
ICO WOKORA:
-
Niwirinde imvugo zirimwo ukurenza urugero, nk’izi ngo “Ab’iwanyu imisi yose baransuzugura” canke ngo “Nyoko wawe ntiyigera ashima ivyo nkora”
-
Nugerageze kwishira mu kibanza c’uwo mwubakanye
2 NIMUBASHINGIRE UTURIMBI IGIHE BIKENEWE
ICO BIBILIYA IBIVUGAKO: “Umugabo azosiga se na nyina [yifatanye] n’umugore wiwe maze [babe] umubiri umwe.” (Itanguriro 2:24) Igihe wubatse urwawe, abavyeyi bawe boshobora kuguma biyumvamwo ko bakujejwe, kandi hari aho bokwipfuza kwitaho umubano wanyu kuruta uko babwirizwa.
Wewe n’uwo mwubakanye ni mwe mukwiye kurabira hamwe uturimbi mwobashingira kandi mukabibamenyesha mubigiranye urukundo. Murashobora kubabwiza ukuri mudacisha ku ruhande ariko mubigiranye urupfasoni. (Imigani 15:1) Ukwicisha bugufi, ubwitonzi n’ukwiyumanganya bizobafasha kugiranira n’incuti zanyu imigenderanire irangwa igishika, bibafashe no kubandanya ‘mubihanganira mu rukundo.’
ICO MWOKORA:
-
Nimba ubona ko incuti zibinjirira cane mu buzima, nubiyage n’uwo mwubakanye mutekanye
-
Nimwumvikane ukuntu muzotunganya ivyo bibazo