Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

AMAKURU Y’INYONGERA

Kuramutsa ibendera, amatora n’ibikorwa bisubirira ivya gisirikare

Kuramutsa ibendera, amatora n’ibikorwa bisubirira ivya gisirikare

Kuramutsa ibendera. Ivyabona vya Yehova babona ko kwunamira ibendera canke kuriramutsa, akenshi bikaba bijana no kuririmba ururirimbo ruhayagiza igihugu, ari igikorwa co gusenga cerekana ko abantu batiteze ubukiriro bwabo ku Mana, ahubwo ko babuziga kuri leta canke ku bategetsi. (Yesaya 43:11; 1 Abakorinto 10:14; 1 Yohani 5:21) Umwe muri abo bategetsi yari Umwami Nebukadinezari wa Babiloni ya kera. Kugira ngo uwo mwami akomeye yerekane ubukuru bwiwe n’umwete afise mu vy’ugusenga, yarahagaritse igishusho amahero maze ategeka abanyagihugu kucunamira igihe hariko haravuzwa umuziki, uwari umeze nk’ururirimbo ruhayagiza igihugu. Ariko rero, Abaheburayo batatu ari bo Shaduraki, Meshaki na Abedinego baranse kwunamira ico gishusho, naho bari bazi ko bari guca bicwa.—Daniyeli, ikigabane ca 3.

Umuhinga mu vya kahise yitwa Carlton Hayes yanditse yuko muri iki gihe “ibendera risengwa.” Yongerako ati: “Abagabo barakura inkofero igihe ibendera ririko riraduga, abaryoshamvugo bagatunganya ivyese vyo kurishimagiza, abana na bo bakariririmbira.” Uwo muhinga avuga kandi ko abantu barenza urugero mu kwiratira igihugu usanga bafise imisi babona ko idasanzwe, nk’imisi mikuru y’ukwikukira kw’ibihugu vyabo. Usanga kandi bafise abantu bita ngo intwari hamwe n’ibibanza baha icubahiro kidasanzwe. Mu birori vy’igihugu vyabereye muri Brezile, umukuru wa Sentare nkuru ya gisirikare yaremeye icese ati: “Ibendera rirubahwa cane kandi rigasengwa . . . nka kurya nyene igihugu c’amavukiro gisengwa.” Igitabu kimwe (The Encyclopedia Americana) kivuga giti: “Ibendera ni ryeranda nka kurya kw’umusaraba.”

Ico gitabu nyene kivuga yuko indirimbo zihayagiza igihugu “ari uburyo bwo kwerekana ko twiyumvamwo igihugu c’amavukiro be n’uko kenshi usanga zirimwo ugusaba Imana ngo iyobore yongere ikingire abanyagihugu canke abategetsi babo.” Ku bw’ivyo, ntituba turengeje urugero tuvuze ko ibirori vyo guhayagiza igihugu birimwo ukuramutsa ibendera no kuririmba indirimbo z’igihugu bimeze nk’ugusenga. Nkako, igihe abanyeshure b’Ivyabona vya Yehova bo muri Amerika banka kwunamira ibendera canke kurahira ko batazokwigera bahemukira igihugu cabo, igitabu kimwe (The American Character) cavuze giti: “Mu manza zitari nke Sentare ntahinyuzwa yaciye, yaremeje ko ivyo birori bigirwa buri musi ari cokimwe n’ugusenga.”

Naho abasavyi ba Yehova bataja mu birori babona ko biteye kubiri n’Ivyanditswe, barubahiriza uburenganzira abandi bafise bwo kubijamwo. Barubaha ibendera ry’igihugu kandi bakemera icese ko abategetsi bemewe ari bo “bakuru bari hejuru” bakora nk’“umusuku w’Imana.” (Abaroma 13:1-4) Ni co gituma Ivyabona vya Yehova twumvira impanuro idusaba gusabira “abami n’abo bose bari mu kibanza co hejuru.” Ariko rero, ivyo tubikora “kugira ngo tubandanye kugira ubuzima butekanye kandi buri mu mahoro, turi n’ukwihebera Imana gukwiye kandi tudafyina.”—1 Timoteyo 2:2.

Amatora. Abakirisu b’ukuri barubahiriza uburenganzira abandi bafise bwo gutora. Ntibabuza abantu kuja mu matora, kandi barubaha abategetsi batowe. Ariko rero, baguma biyemeje kutaja muri politike. (Matayo 22:21; 1 Petero 3:16) None umukirisu yokora iki mu gihugu aho kwitaba amatora usanga ari itegeko canke igihe umuntu aca abonwa nabi cane atitavye amatora? Umukirisu mwene uwo, yishimikije iciyumviro c’uko Shaduraki, Meshaki na Abedinego bagiye mu kiyaya c’i Dura, yoshobora guhitamwo kuja mu kazu k’amatora niba ijwi ryiwe ryo mu mutima ribimukundiye. Ariko rero, yokwiyubara ntadohoke ku mwiyemezo wiwe wo kutagira aho ahengamiye. Akwiye kuzirikana ku ngingo ngenderwako zitandatu zikurikira:

  1. Abayoboke ba Yezu ‘si ab’isi.’—Yohani 15:19.

  2. Abakirisu baserukira Kristu n’Ubwami bwiwe.—Yohani 18:36; 2 Abakorinto 5:20.

  3. Ishengero rya gikirisu ryunze ubumwe biciye ku vyo ryemera, kandi abarigize bafitaniye urukundo nk’urwa Kristu.—1 Abakorinto 1:10; Abakolosayi 3:14.

  4. Abatora umutegetsi kanaka na bo nyene bari n’ico babazwa ku vyo akora.—Raba iciyumviro kiboneka mu majambo ari muri 1 Samweli 8:5, 10-18 no muri 1 Timoteyo 5:22.

  5. Igihe Abisirayeli basaba kuronswa umutware babonesha amaso, Yehova yabonye ko ico cari ikimenyetso cerekana ko bamuteye akagere.—1 Samweli 8:7.

  6. Abakirisu bategerezwa kugira umwidegemvyo wo kuvuga igihe babwira ivyerekeye intwaro y’Ubwami bw’Imana abantu bafise ivyiyumviro vya politike bitandukanye.—Matayo 24:14; 28:19, 20; Abaheburayo 10:35.

Ibikorwa bisubirira ivya gisirikare. Mu bihugu bimwebimwe usanga leta isaba abanse kuja mu gisoda gukora ibikorwa bisubirira ivyo vya gisirikare mu kiringo kinaka. Igihe duhanganye n’ico kibazo, turakwiye kwitura Yehova mw’isengesho, kumbure tukayaga n’umukirisu mugenzi wacu ahumuye, maze tugafata ingingo twisunze amakuru twaronse.—Imigani 2:1-5; Abafilipi 4:5.

Ijambo ry’Imana ridusaba “kugamburukira intwaro n’abakuru bwa batware, kuba abiteguriye igikorwa ciza cose, . . . [no] kuba abagira ibitegereka.” (Tito 3:1, 2) Dufise ivyo mu bwenge, twoshobora kwibaza duti: ‘Kwemera igikorwa gisubirira ica gisirikare vyoba bizotuma ndohoka ku mwiyemezo wo kutagira aho mpengamiye canke bigatuma ngira uruhara mu gusenga kw’ikinyoma?’ (Mika 4:3, 5; 2 Abakorinto 6:16, 17) ‘Gukora ivyo bikorwa vyoba bizotuma kurangura amabanga ya gikirisu njejwe bingora canke mbere bikambuza kuyashitsa?’ (Matayo 28:19, 20; Abanyefeso 6:4; Abaheburayo 10:24, 25) ‘Igihe nzoba ndi muri ivyo bikorwa, umwanya woba uzonkundira gukora vyinshi mu mirimo ya gikirisu, kumbure ngakora umurimo w’igihe cose?’—Abaheburayo 6:11, 12.

Igihe umukirisu azirikanye yitonze agasanga yopfuma akora ivyo bikorwa hako apfungwa, abandi bakirisu bakwiye kwubahiriza ingingo yafashe. (Abaroma 14:10) Mu gihe na ho asanze atokora ivyo bikorwa, na ho nyene abandi bakwiye kwubahiriza ingingo yiwe.—1 Abakorinto 10:29; 2 Abakorinto 1:24.