Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 4

Kubera iki twokwubaha ubukuru?

Kubera iki twokwubaha ubukuru?

“Mutere iteka abantu b’uburyo bwose.”1 PETERO 2:17.

1, 2. (a) Ni urugamba uruhe turwana iyo dusabwe kugamburuka ubukuru? (b) Ni ibibazo ibihe tugiye kwihweza?

WOBA umaze kwihweza ingene umwana mutoyi yifata iyo bamusavye gukora ikintu adashaka? Umuravye mu maso woshobora guca ubona ko hari urugamba ruriko ruraba mu mutima wiwe. Arumva ivyo abavyeyi biwe bamubwira, kandi arazi ko akwiye kwubaha ubukuru bwabo. Ariko rero, ntashaka na gato kugamburuka. Urwo rugamba arimwo rurerekana ikintu gikunze kudushikira twese.

2 Kwubaha ubukuru ntivyama bitworohera. Vyoba rimwe na rimwe bikugora kwubaha abagufiseko ubukuru? Niba bigushikira, si we wenyene uriko urwana urwo rugamba. Tubayeho mu gihe aho ivyo kwubaha ubukuru biriko biratituka. Ariko rero, Bibiliya ivuga yuko dukeneye kwubaha abadufiseko ubukuru. (Imigani 24:21) Nkako, kubigenza gutyo ni ntahara nimba dushaka kwigumiza mu rukundo rw’Imana. Hari ibibazo rero bica bivyuka: Ni kubera iki hari igihe bitugora cane kwubaha ubukuru? Kubera iki Yehova adusaba kugamburuka, kandi ni igiki codufasha kubigira? Ubwa nyuma, twokwerekana gute ko twubaha ubukuru?

IGITUMA ARI URUGAMBA

3, 4. Icaha n’agasembwa vyatanguye gute, kandi ni kubera iki icaha gituma bitugora kwubaha ubukuru?

3 Reka twihweze muri make imvo zibiri zituma rimwe na rimwe bitugora cane kwubaha abadufiseko ubukuru. Ubwa mbere: turi abanyagasembwa. Ubwa kabiri: abadufiseko ubukuru na bo nyene ni abanyagasembwa. Icaha n’agasembwa vyatwandukiye kuva kera cane muri rya tongo ry’i Edeni, igihe Adamu na Eva bagarariza ubukuru bw’Imana. Icaha rero cazanywe n’ubugarariji. Kugeza n’ubu tuvukana agatima ko kugarariza.—Itanguriro 2:15-17; 3:1-7; Zaburi 51:5; Abaroma 5:12.

4 Kubera yuko turi abanyavyaha, benshi muri twebwe usanga vyoroshe ko tugira ubwibone n’ukwishira hejuru. Ukwicisha bugufi kwokwo ni kamere y’imbonekarimwe isaba akigoro gakomeye kugira tuyironke twongere tuyigumane. Naho twoba tumaze imyaka dukorera Imana tudahemuka, twoshobora gutwarwa n’ubwibone be n’ukudakurwa kw’ijambo. Rimbura nk’akarorero ivyerekeye Kora, uwihanganiye ingorane nyinshi ari kumwe n’abasavyi ba Yehova. Yamara rero yahavuye anohokera ubukuru burengeye ubwo yari afise, bituma yubahuka kugarariza Musa, uno akaba ari we muntu yatekereza kuruta abandi bose bariho ico gihe. (Guharūra 12:3; 16:1-3) Zirikana kandi ivyerekeye Umwami Uziya. Ubwibone bwatumye yinjira mu rusengero rwa Yehova maze akora igikorwa ceranda cari kigenewe gusa abaherezi. (2 Ngoma 26:16-21) Ubugarariji bw’abo bagabo bwarabakwegeye akarambaraye. Ivyabashikiye birakwiye kutubera imburi twese. Turakeneye kurwanya ubwibone kuko butuma bitugora kwubaha ubukuru.

5. Ni gute abantu b’abanyagasembwa bakoresheje nabi ubukuru bwabo?

5 Ku rundi ruhande, abantu b’abanyagasembwa bafise ububasha baratumye ivyo kwubaha ubukuru bitituka cane. Benshi barabaye ba ruburakigongwe, barahahaza abandi canke baratwaza igikenye. Nkako, kahise ahanini karangwa n’abantu bagiye barakoresha nabi ububasha. (Soma Umusiguzi 8:9.) Nk’akarorero, Sauli yari umuntu mwiza kandi yicisha bugufi igihe Yehova yamucagura ngo abe umwami. Ariko rero, ubwibone n’ishari vyahavuye bimwizizira, aca atangura guhama Dawidi wa mugabo w’umwizigirwa. (1 Samweli 9:20, 21; 10:20-22; 18:7-11) Dawidi yahavuye aba mu bami beza cane bigeze gutwara Isirayeli. Ariko yarakoresheje nabi ububasha yari afise igihe yigarurira muka Uriya Umuheti, maze agategeka ko uwo mugabo ata co azira bamushira imbere ku rugamba kugira yicwe. (2 Samweli 11:1-17) Emwe, agasembwa karatuma abantu bibagora gukoresha neza ububasha. Igihe abafise ububasha batubaha Yehova hoho, ibintu bica bidabuka. Umutegetsi umwe w’Umwongereza, ahejeje kudondora ukuntu abapapa bamwebamwe bahamye abantu ku rugero runini, yanditse ko ububasha bwonona be n’uko ububasha ntayegayezwa bwonona gusumba. Dufise ivyo vyose ku muzirikanyi, nimuze turimbure iki kibazo: Ni kubera iki twokwubaha ubukuru?

NI KUBERA IKI TWOKWUBAHA UBUKURU?

6, 7. (a) Urukundo dukunda Yehova rutuma dukora iki, kandi kubera iki? (b) Ukuyoboka ni iki?

6 Imvo nyamukuru zituma twubaha ubukuru zishingiye ku rukundo: urukundo dukunda Yehova, urwo dukunda abantu nkatwe be n’urwo mbere twikunda. Kubera yuko dukunda Yehova kuruta ibindi vyose, dushaka kunezereza umutima wiwe. (Soma Imigani 27:11; Mariko 12:29, 30.) Turazi ko uburenganzira afise bwo gutegeka ijuru n’isi bwaharirijwe kw’isi kuva habaye ubugarariji bwo muri Edeni. Abantu benshi barashigikiye Shetani, gutyo baba bateye akagere ubutegetsi bwa Yehova. Tweho turahimbarwa cane no gushigikira ubutegetsi bwa Yehova. Amajambo akomeye dusanga mu Vyahishuwe 4:11 aradukora ku mutima cane. Emwe, turatahura neza ko Yehova akwiriye kuganza ijuru n’isi! Turashigikira ubusegaba bwiwe, tukemera ko adutegeka mu buzima bwacu bwa misi yose.

7 Ico cubahiro tumufitiye ntikigarukira ku kugamburuka vyonyene. Turagamburukira Yehova tubikunze kubera yuko tumukunda. Ariko rero, hari igihe kugamburuka usanga bitoroshe. Mu gihe nk’ico, nka kumwe kwa wa mwana twavuga mu ntango, bizokenerwa ko twiga kuyoboka. Turibuka ko Yezu yayobotse ivyo Se wiwe agomba mbere n’igihe kubigenza gutyo vyasa n’ibigoye cane. Yabwiye Se wiwe ati: “Ntihabe ukugomba kwanje, ahubwo habe ukugomba kwawe.”—Luka 22:42.

8. (a) Kuyoboka ubukuru bwa Yehova muri iki gihe akenshi bisaba iki? Yehova abona gute ico kintu? (b) Ni igiki codufasha kwumvira impanuro no kwemera indero? (Raba uruzitiro “ Umviriza impanuro kandi wemere indero.”)

8 Yehova ntavugana natwe imbonankubone muri iki gihe. Akoresha Ijambo ryiwe n’abantu bamuserukira aha kw’isi. Akenshi rero, twerekana ko tuyoboka ubukuru bwa Yehova mu kwubaha abantu yahaye ubukuru canke abo abaye araretse ngo batugireko ubukuru. Hamwe twogarariza abo bantu, nk’akarorero mu kwanka impanuro n’ugukosorwa bishingiye ku Vyanditswe batanga, ivyo vyobabaza Yehova. Igihe Abisirayeli bidogera Musa bakamugarariza, Yehova yabonye ko ari we ubwiwe bari babikoreye.—Guharūra 14:26, 27.

9. Kubera iki urukundo dukunda abandi rutuma twubaha ubukuru? Tanga akarorero.

9 Turubaha ubukuru kandi kubera yuko dukunda abantu nkatwe. Uti gute? Dufate ko uri umwe mu basoda bagize igisirikare. Kugira ngo ico gisirikare cererwe canke mbere kibe kiramaze kabiri, ahanini bivana n’uko umusoda wese asenyera ku mugozi umwe n’abatwara inzego zaco, akabagamburukira kandi akabubaha. Bishitse ukagarariza, vyoshobora gutuma abasoda bagenzawe bose baja mu kaga. Ego ni ko, igisirikare c’abantu carakoze amabi menshi mw’isi. Ariko rero, ingabo za Yehova zozo zikora ivyiza gusa. Bibiliya iravuga incuro amajana ko Imana ari “Yehova nyen’ingabo.” (1 Samweli 1:3) Agaba isinzi rinini cane ry’abamarayika b’inkomezi. Rimwe na rimwe, Yehova agereranya abasavyi biwe bo kw’isi n’ingabo. (Zaburi 68:11; Ezekiyeli 37:1-10) Hamwe twogarariza abantu Yehova yahaye ubukuru, none ntitwoba dushize mu kaga abasoda bagenzi bacu bo mu buryo bw’impwemu? Igihe umukirisu agararije abakurambere bagenywe, abandi mw’ishengero boshobora kuhabonera. (1 Abakorinto 12:14, 25, 26) Igihe umwana agararije, abagize umuryango bose boshobora kuhabonera. Ku bw’ivyo rero, turerekana ko dukunda abantu nkatwe mu gutsimbataza agatima ko kwubaha no gusenyera ku mugozi umwe n’abafise ubukuru.

10, 11. Ni mu buryo ki icipfuzo kibereye dufise co kwironkera ivyiza gituma tugamburuka ubukuru?

10 Turubaha ubukuru kandi kubera yuko kubugamburuka ari twebwe bigirira neza. Igihe Yehova adusavye kwubaha ubukuru, akenshi aratubwira ivyiza tuzoronka tubigenjeje gutyo. Nk’akarorero, arasaba abana kugamburukira abavyeyi kugira ngo bazorambe bongere bagire ubuzima bwiza. (Gusubira mu vyagezwe 5:16; Abanyefeso 6:2, 3) Aradusaba kwubaha abakurambere b’ishengero kubera yuko tutabigize vyotuma ubucuti dufitaniye na we bwononekara. (Abaheburayo 13:7, 17) Vyongeye, aradusaba kugamburukira abatware kubera yuko ivyo bidukingira.—Abaroma 13:4.

11 Ntiwemera none yuko kumenya igituma Yehova adusaba kugamburuka bidufasha kwubaha ubukuru? Reka rero turabe ingene twokwerekana ko twubaha ubukuru mu mice itatu nyamukuru y’ubuzima bwacu.

KWUBAHA UBUKURU MU RUGO

12. Ni ibanga irihe Yehova yajeje umunega, kandi yorishitsa gute?

12 Yehova ubwiwe ni we yatanguje urugo. Kubera ko yama ari Imana y’urutonde, yaratunganije ivyo mu rugo kugira rushobore gukora neza. (1 Abakorinto 14:33) Yarahaye umunega ububasha bwo kuba umutwe w’urugo. Uwo munega arerekana ko yubaha Umutwe wiwe ari we Kristu Yezu, mu kwigana uburyo akoresha ubukuru bwiwe kw’ishengero. (Abanyefeso 5:23) Ku bw’ivyo, umunega ntakwiye kudohoka kw’ibanga ajejwe, ahubwo ategerezwa kuribangira ingata. Vyongeye, ntakwiye gutwaza igikenye canke ngo abe ruburakigongwe, ahubwo akwiye kurangwa n’urukundo, ukugira ibitegereka hamwe n’ubuntu. Aguma yibuka ko ubukuru bwiwe buri n’aho bugarukira, ko butigera busumba ubwa Yehova.

Serugo mukirisu arigana uburyo Kristu akoresha ubukuru

13. Umukenyezi yoshitsa gute uruhara ajejwe mu rugo mu buryo buhimbara Yehova?

13 Umukenyezi ni umufasha w’umunega wiwe. Na we nyene arafise ubukuru mu rugo, kubera ko Bibiliya ivuga ibijanye n’“itegeko rya nyoko wawe.” (Imigani 1:8) Ariko ntiwumve, ubukuru bwiwe buri munsi y’ubw’umunega wiwe. Umukenyezi mukirisu arerekana ko yubaha ubukuru bw’umunega wiwe mu kumufasha gushitsa uruhara ajejwe rwo kuba umutwe w’umuryango. Ntamusuzugura, ntamwifatira canke ngo arondere kumuganza. Ahubwo nyabuna, aramushigikira kandi agasenyera ku mugozi umwe na we. Igihe umukenyezi adashimye ingingo umunega yafashe, yoshobora guserura iciyumviro ciwe abigiranye ukwubaha, ariko akaguma ayoboka. Niba umunega wiwe atari Icabona, yoshobora gushikirwa n’ibintu bigoye cane, yamara agumye ayoboka vyoshobora gutuma umunega wiwe yipfuza kumenya Yehova.—Soma 1 Petero 3:1.

14. Abana boshobora gute kunezereza abavyeyi babo be na Yehova?

14 Abana baranezereza umutima wa Yehova igihe bagamburukira abavyeyi babo. N’ikindi kandi, baratera iteka abavyeyi babo bakongera bakabanezereza. (Imigani 10:1) Abana barezwe n’umuvyeyi umwe barakurikiza iyo ngingo ngenderwako nyene y’ukugamburuka, bazi neza ko uwo muvyeyi ashobora kuba akeneye cane ko bamushigikira kandi bagasenyera ku mugozi umwe na we. Igihe abagize urugo bose bashitsa uruhara Imana yabajeje, usanga amahoro ari yose, umunezero na wo ari mwinshi. Ivyo biratera iteka Umwe imiryango yose ikomokako, ari we Yehova Imana.—Abanyefeso 3:14, 15.

KWUBAHA UBUKURU MW’ISHENGERO

15. (a) Mw’ishengero, twokwerekana gute ko twubaha ubukuru bwa Yehova? (b) Ni ingingo ngenderwako izihe zodufasha kugamburukira abatuja imbere? (Raba uruzitiro “ Mugamburukire ababaja imbere.”)

15 Yehova yaragenye Umwana wiwe ngo abe Umukuru w’ishengero rya gikirisu. (Abakolosayi 1:13) Yezu na we yaragenye “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” ngo yitwararike ivyo abasavyi b’Imana bo kw’isi bakenera. (Matayo 24:45-47) Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova ni yo igize “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.” Nk’uko vyari bimeze mu mashengero yo mu kinjana ca mbere, no muri iki gihe Inama Nyobozi iraha abakurambere ubuyobozi n’impanuro biciye ku makete canke ku bayiserukira, nk’abacungezi b’ingenzi. Igihe umwe wese muri twebwe yubashe ubukuru bw’abo bakurambere, aba agamburukiye Yehova.—Soma 1 Abatesalonika 5:12; Abaheburayo 13:17.

16. Ni mu buryo ki abakurambere bagenwa n’impwemu nyeranda?

16 Abakurambere n’abakozi b’ishengero ntibatunganye. Barakora amakosa cokimwe natwe. Yamara, abo bakurambere ni “ingabirano z’abagabo” zatanzwe kugira ngo zifashe ishengero kuguma rifitaniye ubucuti bwiza na Yehova. (Abanyefeso 4:8) Abakurambere bagenwa n’impwemu nyeranda. (Ivyakozwe 20:28) Uti gute? Abo bagabo bategerezwa kubanza gukwiza kamere zisabwa zanditswe mw’Ijambo ry’Imana ryahumetswe n’impwemu yayo. (1 Timoteyo 3:1-7, 12; Tito 1:5-9) N’ikindi kandi, igihe abakurambere bihweza niba umuvukanyi akwije ibisabwa, barasenga babigiranye ubwira ngo impwemu nyeranda ya Yehova ibayobore.

17. Mu bikorwa bashiki bacu barangura mw’ishengero, ni kubera iki bishika bakitwikira umutwe?

17 Mw’ishengero, vyoshika ntihaboneke abakurambere canke abakozi b’ishengero barangura ibikorwa basanzwe bitwararika, nk’ukuyobora ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro. Muri ico gihe, abandi bavukanyi babatijwe boshobora kubikora. Mu gihe ata muvukanyi n’umwe ahari, bashiki bacu babishoboye boshobora kurangura ivyo bikorwa. Ariko rero, igihe mushiki wacu arangura ibanga ryari rigenewe umuvukanyi yabatijwe, aritwikira umutwe. * (1 Abakorinto 11:3-10) Ico kintu ntigishira hasi abakenyezi. Ahubwo kirabaha akaryo ko kwerekana ko bubaha indinganizo ya Yehova ijanye n’ubukuru, haba mu rugo canke mw’ishengero.

KWUBAHA UBUKURU BWO MW’ISI

18. Wosigura gute ingingo ngenderwako ziri mu Baroma 13:1-7?

18 Abakirisu b’ukuri barakurikiza neza ingingo ngenderwako ziri mu Baroma 13:1-7. (Soma.) Usomye ico canditswe, urashobora kubona ko “abakuru bari hejuru” bavugwa ari intwaro zo mw’isi. Mu gihe Yehova akiretse ubwo butegetsi bw’abantu, burarangura uruhara rukomeye mu gutuma habaho urutonde ku rugero runaka kandi bukaronsa abanyagihugu ibintu bimwebimwe bakenera. Twerekana ko twubaha abo bategetsi mu kugamburuka amategeko bashinga. Turitwararika kuriha amakori yose dusabwa, kwuzuza neza inkaratasi zose leta isaba no gukurikiza amategeko yose aturaba, ayaraba umuryango wacu, urudandaza rwacu canke ivyo dutunze. Ariko rero, ntituyobokera abategetsi b’isi igihe badusavye kugambararira Imana. Ahubwo riho, tubishura nka kumwe kw’intumwa za kera, duti: “Dutegerezwa kugamburukira Imana nka yo mutware aho kugamburukira abantu.”Ivyakozwe 5:28, 29; raba uruzitiro ruvuga ngo “ Nkwiye kugamburuka ubukuru bwa nde?”.

 

19. Ni ubundi buryo ubuhe twerekana ko twubaha abakuru bo mw’isi?

19 Turerekana kandi ko twubaha abakuru bo mw’isi mu kuntu twigenza. Rimwe na rimwe, twoshobora kwitura abajejwe intwaro. Intumwa Paulo yararengutse imbere y’abatware nk’Umwami Herodi Agiripa na Buramatari Fesito. Abo bagabo barakoze amakosa akomeye, ariko Paulo yarabubashe igihe yavugana na bo. (Ivyakozwe 26:2, 25) Turigana akarorero ka Paulo naho umutegetsi tuba turiko turavugana yoba ari umukuru w’igihugu canke nyumbakumi. Kw’ishure, urwaruka rukirisu rurihatira kwubaha muri ubwo buryo nyene abigisha, abarongoye ishure n’abandi bahakorera. Ariko ntiwumve, ntitwubaha gusa abashima ivyo twemera; turerekana icubahiro n’igihe tuvugana n’abaterekwa Ivyabona vya Yehova. Mu vy’ukuri, abo tudasangiye ukwemera barakwiye kwibonera yuko twubaha abandi.—Soma Abaroma 12:17, 18; 1 Petero 3:15.

20, 21. Ni ivyiza ibihe twironkera igihe twubaha ubukuru mu buryo bubereye?

20 Nimuze twame twubaha abandi. Intumwa Petero yanditse ati: “Mutere iteka abantu b’uburyo bwose.” (1 Petero 2:17) Igihe abantu bibonera yuko tububaha vy’ukuri, boshobora gukorwa ku mutima cane. Uribuka ko iyo kamere ari imbonekarimwe muri iki gihe. Kuyigaragaza rero ni uburyo bumwe bwo kwerekana ko twumvira itegeko Yezu yatanze rigira riti: “Mureke umuco wanyu wakire imbere y’abantu, kugira babone ibikorwa vyanyu vyiza hanyuma baninahaze So ari mw’ijuru.”—Matayo 5:16.

21 Muri iki gihe, abantu bicisha bugufi barahimbarwa n’ukuri kwerekeye Imana. Ku bw’ivyo, iyo twubashe ubukuru bwo mu rugo, ubwo mw’ishengero be n’ubwo mw’isi, vyoshobora gutuma bamwebamwe bifatanya natwe mu gusenga Imana. Mbega icizigiro ntangere! Ariko rero, naho ivyo bitoba, hari ikintu kimwe tuzi neza: kwubaha abantu birahimbara Yehova Imana kandi bikadufasha kwigumiza mu rukundo rwiwe. Hari iyindi mpera none yoza iruta iyo?

^ ing. 17 Amakuru y’inyongera “Kwitwikira umutwe vyogirwa ryari kandi kubera iki?”arihweza uburyo ngirakamaro bwo gushira mu ngiro iyo ngingo ngenderwako.