Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Wewe wemera iki?

Wewe wemera iki?

Abanyamadini benshi bafata ibivugwa muri Bibiliya nk’uko vyanditse nyene, usanga bemera yuko isi be n’ibintu vyose biri kuri yo vyaremwe mu misi itandatu y’amasaha mirongibiribiri n’ane, ngo ubu hakaba haciye imyaka nk’ibihumbi bikeyi gusa ivyo bibaye. Abahakanamana bamwebamwe boshobora kukujijura yuko ata Mana iriho, bakakubwira yuko ngo Bibiliya ari igitabu c’inkuru z’ibitito be n’uko ngo ibinyabuzima vyose vyabayeho biciye ku bintu vyapfuye kwiyadukiza, ata n’umwe abiyoboye.

Abantu benshi cane usanga bari hagati y’ivyo vyiyumviro bibiri bidahuza. Kuba uriko urasoma kano gatabu, ni ikimenyamenya c’uko kumbure na wewe uri umwe muri abo. Ushobora kuba wemera Imana kandi ukaba wubaha Bibiliya. Ariko kandi, ushobora kuba uha agaciro ukuntu abanyasiyansi karuhariwe kandi bubahwa cane babona ibintu, bano bakaba batemera ko ubuzima bwabayeho biciye kw’irema. Niba uri umuvyeyi, ushobora kuba wibaza inyishu woha abana bawe hamwe bokubaza ibibazo ku vyerekeye inyigisho y’ivy’ihindagurika canke ku vyerekeye irema.

Intumbero y’aka gatabu ni iyihe?

Intumbero y’aka gatabu si iyo kunebagura ivyiyumviro vy’abantu bafata ibivugwa muri Bibiliya nk’uko vyanditse nyene canke ivy’abahitamwo kutemera Imana. Ahubwo riho, twizigiye ko aka gatabu kazotuma usubira gusuzuma ico ibintu bimwebimwe wemera bishingiyeko. Karatanga insobanuro yerekeye inkuru y’ivy’irema yiganwa muri Bibiliya kumbure utari bwigere urimbura. Vyongeye, karashimika ku gituma ivyo wemera ku bijanye n’ukuntu ubuzima bwatanguye kubaho biri n’ico bitwaye koko.

Woba ushobora kwemera ivyiyumviro vy’abavuga yuko ata Muremyi w’umunyabwenge ariho be n’uko Bibiliya atari iyo kwizigirwa? Canke na ho woba ushobora kwihweza ivyo mu vy’ukuri Bibiliya ivuga? Ni inyigisho izihe wewe ubona ko wokwizigira, canke wokwizera? Zoba ari izo muri Bibiliya canke zoba ari izitangwa n’abemera ivy’ihindagurika? (Abaheburayo 11:1) Ubona gute wihweje ivyo bimenyamenya?