Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 120

Kwama ivyamwa no kuba abagenzi ba Yezu

Kwama ivyamwa no kuba abagenzi ba Yezu

YOHANI 15:1-27

  • UMUZABIBU W’UKURI N’AMASHAMI YAWO

  • INGENE TWOGUMA MU RUKUNDO RWA YEZU

Yezu yamye aremesha intumwa ziwe mu kiyago bagize badahishanya. Ijoro riritereye, kumbure sasita y’ijoro ikaba imaze kurenga. Ubu Yezu rero arabaha akarorero gakora ku mutima.

Atangura ati: “Ni jewe muzabibu w’ukuri, Dawe akaba ari we murimyi.” (Yohani 15:1) Akarorero atanga karasa n’ivyigeze kuvugwa kw’ihanga rya Isirayeli, rino rikaba ryitwa umuzabibu wa Yehova. (Yeremiya 2:21; Hoseya 10:1, 2) Ariko rero, Yehova agiye gushibura iryo hanga. (Matayo 23:37, 38) Yezu rero ariko yerekeza ku kintu gishasha. Ni we muzabibu Se wiwe amaze igihe arima kuva arobanujwe impwemu nyeranda mu 29. Ariko rero, Yezu arerekana ko atari we wenyene agereranywa n’uwo muzabibu.

Agira ati: “Ishami ryose ryo muri jewe ritama [Data] ararikura, iryama ryose na ryo akarityorora kugira ngo rirushirize kwama. . . . Nk’uko ishami ridashobora kwama riri ukwa ryonyene kiretse rigumye ku muzabibu, na mwebwe nyene ntimushobora kwama, kiretse mugumye mwunze ubumwe nanje. Ni jewe muzabibu, namwe mukaba amashami.”​—Yohani 15:2-5.

Yezu yasezeraniye abigishwa biwe b’intahemuka ko amaze kugenda azobarungikira umufasha, ari yo mpwemu nyeranda. Inyuma y’imisi 51, intumwa hamwe n’abandi bararonka iyo mpwemu, bagaca baba amashami y’uyo muzabibu. Kandi ayo “mashami” yose ategerezwa kuguma yunze ubumwe na Yezu. Uti kubera iki?

Asigura ati: “Uwuguma yunze ubumwe nanje, nanje nkaguma nunze ubumwe na we, uwo arama cane; kubera ko mutari kumwe nanje ata na kimwe mushobora gukora.” Ayo “mashami” ari bo bayoboke biwe b’intahemuka, bwokwamye cane mu kwigana kamere za Yezu, mu kubwira abandi ivy’Ubwami bw’Imana bivuye inyuma no mu kubafasha kugira babe abigishwa. Bite none mu gihe umuntu atagumye yunze ubumwe na Yezu maze ntiyame? Yezu asigura ati: “Iyo umuntu atagumye yunze ubumwe nanje, aratabwa hanze.” Ku rundi ruhande, Yezu avuga ati: “Nimwaguma mwunze ubumwe nanje n’amajambo yanje akaguma muri mwebwe, murasabe ico mushaka cose kandi kizobabera kuno.”​—Yohani 15:5-7.

Yezu aca agaruka ku kintu yari amaze kuvuga incuro zibiri, kikaba ari ukwubahiriza amabwirizwa yiwe. (Yohani 14:15, 21) Aramenyesha abigishwa ikintu cobafasha kumenya ko bariko barayakurikiza. Agira ati: “Nimwubahiriza amabwirizwa yanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nubahirije amabwirizwa ya Data, nkaguma mu rukundo rwiwe.” Ariko rero, ivyo ntibisaba gusa kugunda Yehova Imana n’Umwana wiwe. Yezu avuga ati: “Iri ni ryo bwirizwa ryanje: ko mukundana nk’uko nabakunze. Nta wufise urukundo ruruta uru: ko umuntu yigura abagenzi biwe. Muri abagenzi banje nimba mukora ico ndabategetse.”​—Yohani 15:10-14.

Mu masaha makeyi, Yezu araja kwerekana urukundo rwiwe mu kwigura abo bose bamwizera. Akarorero kiwe gakwiye gutuma abayoboke biwe na bo nyene bemera kwigura bagenzi babo. Urwo rukundo ni rwo rwobaranze nk’uko Yezu yari yabivuze ati: “Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje: nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.”​—Yohani 13:35.

Intumwa zirakwiye gutahura ko ari agateka kubona Yezu abita “abagenzi” biwe. Arasigura igituma ati: “Nabise abagenzi, kuko ibintu vyose numvise kuri Dawe nabibamenyesheje.” Ese ingene ari agateka gahambaye kuba abagenzi somambike ba Yezu no kumenya ivyo Se wiwe yamubwiye! Ariko rero, kugira ngo ubwo bucuti bushoboke, abigishwa biwe bategerezwa ‘kuguma bama.’ Nibabandanya kwama, Yezu abasezeranira ati: “Ico musaba Data cose mw’izina ryanje a[zokibaha].”​—Yohani 15:15, 16.

Urukundo abo bigishwa bafitaniye rwobafashije kwihanganira ibiri imbere. Yezu arababurira ko isi izobanka, ariko agaca abahumuriza ati: “Isi niyabanka, mumenye ko yanyanse imbere y’uko ibanka. Iyo muba ab’isi, isi yokunze cane icayo. Ariko kubera ko mutari ab’isi, . . . ni co gituma isi ibanka.”​—Yohani 15:18, 19.

Arabandanya abasigurira igituma isi izobanka, ati: “Ivyo vyose bazobibagirira kubera izina ryanje, kuko batazi uwandungitse.” Nkako, Yezu avuga ko ibitangaro yakoze bitsindisha abansi biwe. Agira ati: “Iyo ntaba narakoreye muri bo ibikorwa ata wundi n’umwe yakoze, nta gicumuro bobaye bafise; mugabo ubu jewe na Dawe baratubonye bongera baratwanka.” Mu vy’ukuri, kubona bamwanka birashitsa ivyari vyaravuzwe mu buhanuzi.​—Yohani 15:21, 24, 25; Zaburi 35:19; 69:4.

Yezu arongera kubemerera ko azobarungikira umufasha, ari yo mpwemu nyeranda. Abayoboke biwe bose barashobora kuronka iyo nguvu ikomeye kandi irashobora kubafasha kwama ivyamwa, ni ukuvuga “gushinga intahe.”​—Yohani 15:27.