Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 115

Yezu yitegurira Pasika ya nyuma

Yezu yitegurira Pasika ya nyuma

MATAYO 26:1-5, 14-19 MARIKO 14:1, 2, 10-16 LUKA 22:1-13

  • BAHERA YUDA ISIKARIYOTI KUGIRA AGURE YEZU

  • INTUMWA ZIBIRI ZITEGURA PASIKA

Yezu arahejeje kwigisha za ntumwa zine ku Musozi w’imyelayo, akaba yariko arishura ikibazo cabo cerekeye igihe yokwimitswe mw’ijuru hamwe n’iherezo ry’ivy’iyi si.

Emwe, uwo musi w’itariki 11 Nisani warimwo ibikorwa vyinshi! Kumbure igihe bariko basubira i Betaniya kurarayo, Yezu abwira intumwa ziwe ati: “Murazi yuko mu misi ibiri hazoba pasika, kandi Umwana w’umuntu azogaburwa ngo amanikwe.”​—Matayo 26:2.

Biboneka ko umusi ukurikira, ni ukuvuga ku wa gatatu, Yezu awumara atekanye ari kumwe n’intumwa ziwe. Ku wa kabiri yari yahambariye abakuru b’idini yongera arashira ahabona ububisha bwabo. Bariko barondera kumwica. Ni co gituma atiyerekana ku wa 12 Nisani, kugira ntihagire ikimubuza guhimbaza Pasika ari kumwe n’intumwa ziwe izuba rirenze ku mugoroba ukurikira, igihe igenekerezo rya 14 Nisani rizoba ritanguye.

Ariko rero, abakuru b’abaherezi n’abagabo b’inararibonye ntibatekanye. Bakoraniye mu kigo c’umuherezi mukuru Kayifa. Uti kubera iki? Barashavuye kubera yuko Yezu amaze igihe abasesera agatabi. Ubu rero baja inama “yo gufata Yezu ku rwenge bakamwica.” None ivyo bazobikora ryari kandi gute? Bavuga bati: “Ntibibe ku musi mukuru, kugira ntihavyuke intureka mu bantu.” (Matayo 26:4, 5) Baratinya kubera yuko abantu benshi bakunda Yezu.

Muri ako kanya, abo bakuru b’idini bararonka umushitsi. Baratangara basanze ari Yuda Isikariyoti, umwe mu ntumwa za Yezu. Shetani yamushizemwo iciyumviro co kugurisha Shebuja! Yuda ababaza ati: “Mumpa iki ngo ndamugabure kuri mwebwe?” (Matayo 26:15) Bararyoherwa, “[bak]emera kumuha amafeza.” (Luka 22:5) None bamuha angahe? Bumvikana ibiceri 30 vy’ifeza. Emwe, n’umushumba yagurwa shekeli 30! (Kuvayo 21:32) Ivyo birerekana ko abo bakuru b’idini basuzugura Yezu, bakabona ko ata gaciro afise. Yuda aca atangura “kurondera akaryo keza ko kumugabura kuri bo ata sinzi riri hafi.”​—Luka 22:6.

Igenekerezo rya 13 Nisani ritangura ku wa gatatu izuba rirenze. Iryo ni ijoro rigira gatandatu ari na ryo rya nyuma Yezu amara i Betaniya. Bukeye, haraba imyiteguro ya nyuma ya Pasika. Bararondera umwagazi w’intama kugira ngo itariki ya 14 Nisani itanguye bace bawukerera bongere bawutare uko wakabaye. None izo mfungurwa bazozifungurira he kandi zizotegurwa na nde? Yezu ntiyatanze ayo makuru. Ku bw’ivyo, Yuda ntashobora kubibwira abakuru b’abaherezi.

Kumbure hakiri kare ku wa kane ku muhingamo, Yezu ararungika Petero na Yohani bavuye i Betaniya, akababwira ati: “Gende mudutegurire pasika turye.” Bamubwira bati: “Ni hehe ushaka ko tuyitegurira?” Yezu asigura ati: “Nimwinjira mu gisagara, murahwana n’umuntu yikoreye ikarabo ry’amazi. Mumukurikire mu nzu yinjiramwo. Muheze mubwire nyen’inzu muti: ‘Umwigisha akubwiye ati: “Icumba c’abashitsi kiri hehe, ico ndi buriremwo pasika ndi kumwe n’abigishwa banje?”’ Uwo muntu na we araheza abereke icumba cagutse co hejuru, kirimwo ivya nkenerwa. Muhategurire pasika.”​—Luka 22:8-12.

Nta gukeka ko nyene iyo nzu ari umwigishwa wa Yezu. Ashobora kuba azi ko Yezu ahava amusaba gukoresha iyo nzu ku bw’urwo rubanza. Izo ntumwa zibiri zishitse i Yeruzalemu zisanga vyose bimeze nk’uko Yezu yababwiye. Bararaba ko uwo mwagazi uteguye be n’uko ibindi bintu bitunganijwe neza kugira ngo abantu 13 bahimbaza iyo Pasika, ni ukuvuga Yezu n’intumwa ziwe 12, baronke ivya nkenerwa.