Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 128

Pilato na Herodi basanga ari intungane

Pilato na Herodi basanga ari intungane

MATAYO 27:12-14, 18, 19 MARIKO 15:2-5 LUKA 23:4-16 YOHANI 18:36-38

  • YEZU ASAMBISHWA NA PILATO NA HERODI

Yezu ntagerageza guhisha Pilato ko ari umwami. Ariko rero, Ubwami bwiwe nta kaga buteye ku baroma. Yezu avuga ati: “Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si. Iyo ubwami bwanje buba ari ubwo muri iyi si, abasuku banje bari kurwana ngo sinshikirizwe Abayuda. Ariko noneho, ubwami bwanje ntibukomoka ino.” (Yohani 18:36) Emwe, Yezu arafise Ubwami, ariko si ubwo muri ino si.

Pilato ntagarukiriza aho. Amubaza ati: “None rero wewe uri umwami?” Yezu aremera ko Pilato avuze ukuri mu kumwishura ati: “Wewe ubwawe uravuze ko ndi umwami. Iki ni co navukiye kandi iki ni co canzanye mw’isi: ni ukugira ngo nshingire intahe ukuri. Uwuri ku ruhande rw’ukuri wese yumviriza ijwi ryanje.”​—Yohani 18:37.

Imbere y’aho Yezu yari yabwiye Toma ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubuzima.” Ubu ho na Pilato arumvise ko icatumye Yezu aza kw’ isi kwari kugira ashingire intahe “ukuri,” ni ukuvuga ukuri kwerekeye Ubwami bwiwe. Yezu yiyemeje kuguma ari intahemuka kuri ukwo kuri naho yokuzira. Pilato amubaza ati: “Ukuri ni iki?” Ariko rero ntarindira inyishu y’ico kibazo. Abona ko ivyo yumvise bihagije kugira acire urubanza uwo mugabo.​—Yohani 14:6; 18:38.

Pilato aca agaruka kuri rya sinzi ririndiririye hanze. Biboneka ko Yezu ari hambavu yiwe igihe abwira abakuru b’abaherezi n’abari kumwe na bo ati: “Nta caha mbona muri uyu muntu.” Iyo ngingo irabashavuza maze bagakovya bati: “Agumura abantu mu kwigisha i Yudaya hose, kuva i Galilaya gushika n’ino hose.”​—Luka 23:4, 5.

Ishaka rirenze urugero ry’abo Bayuda riratangaza Pilato. Abonye ukuntu abakuru b’abaherezi n’abagabo b’inararibonye baguma basemerera, abaza Yezu ati: “Ntiwumva ivyo bariko barakwagiriza uko bingana?” (Matayo 27:13) Yezu aguma yinumiye. Pilato arajorerwa aravye ukuntu Yezu aguma atekanye kandi ariko yagirizwa ibintu vy’agacamutwe.

Abayuda bahejeje kuvuga ko Yezu ‘yatanguriye i Galilaya.’ Pilato arakurikirana ico ciyumviro maze akamenya ko Yezu ari Umunyagalilaya. Pilato aca abona ingene yohunga iryo banga ryo gucira urubanza Yezu. Herodi Antipa (umuhungu wa Herodi mukuru) ni we atwara Galilaya, kandi ari i Yeruzalemu muri ico kiringo ca Pasika. Pilato aca arungika Yezu kwa Herodi. Herodi Antipa ni we yacishije umutwe Yohani Umubatizi. Mu nyuma, igihe Herodi yumva ko Yezu yariko arakora ibitangaro, yarataye umutwe yibaza ko yoba ari Yohani yazutse mu bapfuye.​—Luka 9:7-9.

Herodi rero araryoherwa kuko yiteze kubona Yezu. Ariko rero ntaryohewe kubera yipfuza gufasha Yezu canke kubera yipfuza kumenya ko ivyo bamwagiriza ari ukuri. Ashaka kwimara amakenga kandi “yizigiye kubona ikimenyetso [Yezu] akoze.” (Luka 23:8) Ariko rero, Yezu ntamushirira aho ashaka. Muri make, ntiyishura Herodi ijambo na rimwe. Ivyo birababaza Herodi n’abasoda biwe, bigatuma ‘bamukengera.’ (Luka 23:11) Baca bamwambika impuzu yakaka hama bakamushinyaguriza. Herodi aca asubiza Yezu kwa Pilato. Herodi na Pilato bahora ari abansi, ariko baca baba abagenzi somambike.

Yezu agarutse, Pilato aca akoranya abakuru b’abaherezi, indongozi z’Abayuda hamwe n’abanyagihugu akababwira ati: “Namusambishirije imbere yanyu mugabo nta shingiro na rimwe nabonye muri we ry’ibirego mumurega. Nkako, na Herodi ni ukwo, kuko yamudusubije; kandi ehe nta kintu na kimwe gikwiriye kumwicisha yakoze. Ndamuhana rero hanyuma ndamurekure.”​—Luka 23:14-16.

Pilato arashashaye kurekura Yezu kuko yabonye neza ko ata kindi catumye abaherezi bamumurungikira atari ishari. Igihe Pilato agomba kurekura Yezu, araronka iyindi mvo yotuma abikora. Igihe yicaye ku ntebe y’imanza, umugore wiwe amutumako ati: “Ntiwiteranye n’uyo mugororotsi, kuko nacumukuye cane mu ndoto [kumbure ivuye ku Mana] uno musi kubera we.”​—Matayo 27:19.

Pilato ashobora gute kurekura uwo muntu ata co azira?