Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 110

Umusi wa nyuma Yezu aboneka ku rusengero

Umusi wa nyuma Yezu aboneka ku rusengero

MATAYO 23:25–24:2 MARIKO 12:41–13:2 LUKA 21:1-6

  • YEZU ABANDANYA GUTERA IVYATSI ABAKURU B’IDINI

  • URUSENGERO RUZOSAMBURWA

  • UMUPFAKAZI W’UMWORO ATANGA UDUCERI TUBIRI

Igihe Yezu ari ku rusengero ubwa nyuma, arabandanya gushira ku kabarore ubwiyorobetsi bw’abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarizayo, akavuga atarya umunwa ko biyorobeka. Akoresha imvugo ngereranyo, ati: “Mwoza inyuma igikombe n’isahani, mugabo imbere vyuzuye ubusahuzi n’ukurenza urugero. Wa Mufarizayo w’impumyi we, banza woze imbere igikombe n’isahani kugira ngo n’inyuma habone kuba heza.” (Matayo 23:25, 26) Naho Abafarizayo birinda cane guhumana no kuboneka nabi inyuma, ntibitwararika uko bari imbere kandi ntibatyorora umutima wabo w’ikigereranyo.

Ubwiyorobetsi bwabo buragaragarira kandi ku kuntu bitaho gushariza imva z’abahanuzi bavugishwa n’Imana. Yamara rero nk’uko Yezu abivuga, ni “abana b’abagandaguye abahanuzi.” (Matayo 23:31) Ivyo baravyerekanye mu kugerageza kwica Yezu.​—Yohani 5:18; 7:1, 25.

Yezu aca yerekana ibizoshikira abo bakuru b’idini nibatigaya. Agira ati: “Mwa nzoka mwe, mwa ruvyaro rw’imamba mwe, muzohunga mute urubanza rwa Gehena?” (Matayo 23:33) Gehena bisobanura ngo “Umwonga wa Hinomu.” Uwo mwonga ni wo batuririramwo umucafu, ico kikaba ari ikigereranyo kiboneka c’ugutikizwa kw’ibihe bidahera kugiye gushikira abo banyabwenge b’ivyanditswe n’abo Bafarizayo b’ababisha.

Abigishwa ba Yezu bazomuserukira babe “abahanuzi n’abantu b’inkerebutsi be n’abigisha b’abantu.” None bazofatwa gute? Yezu abwira abakuru b’idini ati: “Bamwe mu [bigishwa banje] muzobica, mubamanike, abandi na bo mubashishagurire mu masinagogi yanyu, mubahame mu gisagara no mu kindi; kugira ngo amaraso yose y’abagororotsi yavishijwe kw’isi aze kuri mwebwe, kuva ku maraso ya wa mugororotsi Abeli gushika ku maraso ya Zekariya . . . uwo mwagandagu[ye].” Abagabisha ati: “Ni ukuri ndabibabwiye: Ivyo vyose bizoza kuri iri yaruka.” (Matayo 23:34-36) Ivyo vyashitse mu 70 igihe ingabo z’Abaroma zasambura Yeruzalemu maze zikica Abayuda ibihumbi.

Ico kintu giteye akagongwe kirababaza Yezu. Avugana umubabaro ati: “Yeruzalemu, Yeruzalemu, wewe wica abahanuzi ugatera amabuye abagutumweko, ni kangahe nashatse gukoraniriza hamwe abana bawe, nka kurya inkokokazi ikoraniriza imiswi yayo munsi y’amababa yayo! Ariko ntimwabishatse. Ehe inzu yanyu murayitanywe.” (Matayo 23:37, 38) Abumva ayo majambo bategerezwa kuba bibaza “inzu” ariko aravuga iyo ari yo. Yoba ariko avuga urwo rusengero ruteye igomwe rw’i Yeruzalemu, urwo bisa n’uko rukingiwe n’Imana?

Yezu aca yongereko ati: “Ndabibabwiye: Kuva ubu ntimuzogenda mumbonye gushika muvuze muti: ‘Arahezagiwe uwuje mw’izina rya Yehova!’” (Matayo 23:39) Aho asubiyemwo amajambo yari yaravuzwe muri Zaburi 118:26 agira ati: “Hahezagirwe uwuje mw’izina rya Yehova; twarabahezagiye turi mu nzu ya Yehova.” Biragaragara ko urwo rusengero nirwamara gusamburwa ata wuzoruzamwo mw’izina ry’Imana.

Yezu aca aja mu gihimba c’urusengero kirimwo udusandugu tw’amashikanwa. Abantu barashobora gushiramwo amashikanwa bacishije mu minwa yatwo mitomito. Yezu arabona Abayuda batandukanye babigira, abatunzi “batererayo ibiceri vyinshi.” Yezu araheza akabona umupfakazi umwe w’umworo atiburiyeyo “uduceri tubiri dufise agaciro gatoyi cane.” (Mariko 12:41, 42) Nta gukeka ko Yezu azi ingene Imana ihimbarwa n’iryo shikanwa ryiwe.

Yezu arahamagara abigishwa biwe akababwira ati: “Ni ukuri, ndababwiye yuko uyu mupfakazi w’umworo yatiburiyeyo vyinshi gusumvya abo bose bariko batiburira amahera mu dusandugu two mw’ishikaniro.” Ivyo bishoboka gute? Asigura ati: “Bose batiburiyeyo ibivuye ku musesekara wabo, mugabo we, ku bukene bwiwe, yatiburiyeyo ivyo yari afise vyose, ivyari bimubeshejeho vyose.” (Mariko 12:43, 44) Ese ingene ivyiyumviro n’ibikorwa vy’uwo mupfakazi bitandukanye cane n’ivy’abakuru b’idini!

Ni ku wa 11 Nisani, kandi amasaha ariko aragenda. Yezu arava ku rusengero ubwa nyuma. Umwe mu bigishwa biwe aratangara ati: “Mwigisha, raba aya mabuye ingene ameze n’izi nyubakwa ingene zimeze!” (Mariko 13:1) Emwe, amabuye amwamwe y’urusengero ni manini cane, bikaba bituma ruboneka ko rukomeye kandi ruzoramba cane. Nta gukeka ko bitangaje rero kwumva Yezu avuga ati: “Urabona izo nyubakwa zihambaye? Nta buye rizogenda risigaye aha rigeretse ku rindi ridasenyuriwe hasi.”​—Mariko 13:2.

Yezu amaze kuvuga ivyo, we n’intumwa ziwe barajabuka Umwonga Kidironi maze bakaduga Umusozi w’imyelayo. Aragera ahantu ari kumwe na bane mu ntumwa ziwe ari bo Petero, Andereya, Yakobo na Yohani. Bari aho hantu, barashobora kuraba epfo bakabona rwa rusengero ruteye igomwe.