Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 116

Icigwa c’ukwicisha bugufi kuri Pasika ya nyuma

Icigwa c’ukwicisha bugufi kuri Pasika ya nyuma

MATAYO 26:20 MARIKO 14:17 LUKA 22:14-18 YOHANI 13:1-17

  • YEZU ASANGIRA PASIKA YA NYUMA N’INTUMWA ZIWE

  • ATANGA ICIGWA MU KWOZA IBIRENGE INTUMWA

Petero na Yohani baramaze gushika i Yeruzalemu gutegura Pasika nk’uko Yezu yabibasavye. Mu nyuma Yezu n’izindi ntumwa cumi barabakurikira. Ni ku muhingamo, kandi izuba ririko rirarenga igihe Yezu n’intumwa ziwe bamanuka Umusozi w’imyelayo. Ni ryo rya nyuma Yezu yitegereza Yeruzalemu ari aho hantu imbere y’uko azuka.

Bidatevye, Yezu n’intumwa ziwe barashika mu gisagara maze bakaja kuri ya nzu bahava bahimbarizamwo Pasika. Baraduga ingazi baja mu cumba cagutse co hejuru. Basanga ibintu vyose vyateguwe ku buryo bashobora guhimbaza Pasika ari bonyene. Yezu si we abonye ico kiringo kirashitse. Avuga ati: “Naripfuje cane kurya iyi pasika ndi kumwe namwe imbere y’uko mbabazwa.”​—Luka 22:15.

Umugenzo wo guhanahana ibikombe vy’umuvinyu mu gihe co guhimbaza Pasika uramaze imyaka myinshi utanguye. Ubu rero Yezu yakira kimwe muri ivyo bikombe, agashimira Imana hama akavuga ati: “Akire iki mugihanahane hagati yanyu; kuko ndabibabwiye: Kuva ubu sinzokwongera kunywa ku kinyobwa c’umuzabibu kugeza ubwami bw’Imana bushitse.” (Luka 22:17, 18) Biraboneka ko urupfu rwiwe rwegereje.

Mu gihe bariko barihereza imfungurwa za Pasika, hari ikintu kidasanzwe kiba. Yezu arahaguruka, agashira ku ruhande umutamana wiwe, agatora igitambara. Araheza agashira amazi mw’ibesani iri iruhande yiwe. Mu bisanzwe, nyene kwakira abashitsi ni we yitwararika ko abashitsi biwe bozwa ibirenge, kumbure bikagirwa n’umushumba. (Luka 7:44) Ubu hoho abari ng’aho bose ni abashitsi. Ku bw’ivyo, Yezu ni we aca yibwiriza gukora ico gikorwa. Uwo ari we wese mu ntumwa yari kwibwiriza kubikora, ariko nta n’umwe abigira. Vyoba vyatumwe n’agatima ko guhiganirwa ubukuru kakiri muri bo? Uko biri kwose, bararya ivyatsi kubona Yezu ari we aboza ibirenge.

Yezu ashikiriye Petero, uno aranka akagira ati: “Oya ntuzogenda unyogeje ibirenge.” Yezu asubizayo ati: “Ntakwogeje, nta co uzoba usangiye nanje.” Petero arakorwa ku mutima maze akishura ati: “Mukama, ntibibe ibirenge vyanje gusa ahubwo n’amaboko be n’umutwe.” Ese ukuntu atangara igihe Yezu amwishuye ati: “Uwiyuhagiye nta kindi aba akeneye kwozwa atari ibirenge, mugabo aba atyoroye wese. Kandi mwebwe muratyoroye, ariko si mwese.”​—Yohani 13:8-10.

Yezu araboza ibirenge bose uko ari 12, ushizemwo na Yuda Isikariyoti. Arasubira akambara wa mutamana, agasubira ku meza maze akababaza ati: “Murazi ico ndabagiriye? Mwebwe munyita ‘Mwigisha’ na ‘Mukama,’ kandi muvuga vyo, kuko ari ko ndi. Nimba rero jewe, naho ndi Umukama n’Umwigisha, ndabogeje ibirenge, na mwebwe mubwirizwa kwozanya ibirenge. Kuko ndabahaye icitegererezo, kugira ngo nk’uko ndabagiriye, abe ari ko namwe mugiriranira. Ni ukuri kwose ndabibabwiye: Umushumba ntaruta shebuja, eka n’uwatumwe ntaruta uwamurungitse. Nimba muzi ivyo bintu, muzoba muhiriwe mubikoze.”​—Yohani 13:12-17.

Mbega icigwa ciza igitangaza cerekeye ukwicisha bugufi! Abayoboke ba Yezu ntibakwiye kurondera ibibanza vy’imbere, bibaza ko bahambaye ku buryo abandi babakorera. Ahubwo bakwiye kwigana akarorero ka Yezu, atari mu kwoza abandi ibirenge, ahubwo mu kwemera gukorera abandi bicishije bugufi kandi batagira nkunzi.