Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 135

Yiyereka abantu benshi amaze kuzuka

Yiyereka abantu benshi amaze kuzuka

LUKA 24:13-49 YOHANI 20:19-29

  • YIYEREKA ABIGISHWA KU NZIRA IJA I EMAWUSI

  • ASIGURIRA IVYANDITSWE ABIGISHWA BIWE

  • TOMA AHERA AMAZINDA

Ni ku wa mungu itariki 16 Nisani. Abigishwa baracavunitse umutima. Ntibatahura igituma basanze imva ya Yezu igaragara. (Matayo 28:9, 10; Luka 24:11) Mu nyuma kuri uwo musi, Kileyopa n’uwundi mwigishwa barava i Yeruzalemu bakaja i Emawusi nko ku bilometero 11.

Bagenda baraganira ku biherutse kuba. Umuntu batazi arabahamvya, akababaza ati: “Ivyo bintu mugenda muraharirako hagati yanyu ni ibiki?” Kileyopa yishura ati: “Woba wibana i Yeruzalemu uri kavamahanga ku buryo utazi ivyahabaye muri iyi misi?” Nya muntu na we ati: “Ibiki?”​—Luka 24:17-19.

Bamubwira bati: “Ivyerekeye Yezu Umunyanazareti. Twari twizigiye ko uyo muntu ari we abwirizwa kurokora Isirayeli.”​—Luka 24:19-21.

Kileyopa na mugenziwe baca bamugira ku muriri ivyabaye kuri uwo musi. Bamubwira ko hari abagore bagiye ku mva ya Yezu bagasanga iragaragara be n’uko babonekewe n’abamarayika bakababwira ko Yezu ari muzima. Bamubwira ko hariho n’abandi bagiye ku mva ‘bagasanga ibintu bimeze nk’uko nya bagore bari babivuze.’​—Luka 24:24.

Biraboneka ko abo bigishwa babiri bazazaniwe n’ivyo bintu vyabaye. Nya muntu batazi arabakosora adafyina, bikaba bibakora ku mutima cane. Ababwira ati: “Emwe mwa bantu b’imburabwenge kandi b’umutima uteba kwemera ibintu vyose abahanuzi bavuze! Mbega ntivyari bikenewe ko Kristu ashikirwa n’ivyo bintu hanyuma akinjira mu buninahazwa bwiwe?” (Luka 24:25, 26) Aca abasigurira n’ibindi vyanditswe vyinshi bifitaniye isano na Kristu.

Bose uko ari batatu barateba bagashika hafi y’i Emawusi. Abo bigishwa babiri bipfuza kumenya n’ayandi makuru, ni co gituma binginga nya muntu bati: “Gumana natwe, kubera ko buriko buragoroba kandi umusi ukaba umaze kwiterera.” Arabemerera hama bagasangira ibifungurwa. Nya muntu ahejeje gutura isengesho, akamanyura umukate maze akawubaha, baca bamumenya, mugabo agaca akamangana. (Luka 24:29-31) Ubu rero baramenye neza ko Yezu ari muzima!

Nya bigishwa babiri baca batangura kuganira bashwashwanutse ku vyo bahejeje kubona. Bavugana bati: “Mbega imitima yacu ntiyariko irarurumba igihe yariko avugana natwe ku nzira, igihe yariko adusigurira Ivyanditswe?” (Luka 24:32) Baranyaragasa bagasubira i Yeruzalemu, aho intumwa n’abandi bakoraniye. Imbere y’uko Kileyopa na mugenziwe bagira ico bavuze, abandi bababwira bati: “Mu vy’ukuri Umukama yazuwe kandi yiyeretse Simoni!” (Luka 24:34) Abo babiri baca babiganira ingene Yezu yabiyeretse. Emwe, na bo nyene bamwiboneye amaso mu yandi!

Ubu rero bose bagwa mu gahundwe. Baza babona Yezu aserutse mu cumba barimwo! Bisa n’ibisiga ubwenge kuko bari bugaye imiryango yose kubera ugutinya Abayuda. Ariko ng’uyo Yezu ahagaze hagati yabo! Ababwira atekanye ati: “Mugire amahoro.” Mugabo baratekewe n’ubwoba. Nk’uko vyigeze gushika imbere y’aho, “biyumvira ko babonye impwemu” canke umuzimu.​—Luka 24:36, 37; Matayo 14:25-27.

Kugira ngo Yezu abereke ko atari umuzimu canke ikindi kintu biyumvira, ahubwo ko afise umubiri w’inyama n’amaraso, abereka ibiganza n’ibirenge vyiwe maze akababaza ati: “Kubera iki muhagaritse umutima, kandi kubera iki inkeka ziza mu mitima yanyu? Raba ibiganza vyanje n’ibirenge vyanje, mubone yuko ari jewe ubwanje; nimunkorakore murabe, kubera ko impwemu itagira inyama n’amagufa nk’uku mubona ndabifise.” (Luka 24:36-39) Barahimbarwa cane kandi bagatangara naho bataranyurwa neza.

Kugira abafashe kwemera ko ari Yezu vy’ukuri bari kumwe, ababaza ati: “Hari ikintu mufise ng’aho co kurya?” Bamuha igipande c’ifi yokeje maze akakirya. Aca ababwira ati: “Aya ni ya majambo yanje nababwira nkiri kumwe namwe [imbere y’uko mpfa], yuko ibintu vyose vyanditswe mw’itegeko rya Musa no mu Bahanuzi no mu Mazaburi ku binyerekeye bitegerezwa kuranguka.”​—Luka 24:41-44.

Yezu yari yafashije Kileyopa na mugenziwe gutahura Ivyanditswe. Ubu na ho abigirira abakoraniye ng’aho bose. Ababwira ati: “Uku ni ko vyanditswe yuko Kristu yobabajwe hanyuma akazuka mu bapfuye ku musi ugira gatatu, be n’uko mw’izina ryiwe ukwigaya ku bwo kubabarirwa ibicumuro kwokwamamajwe mu mahanga yose​—guhera i Yeruzalemu, mubwirizwa kuba ivyabona vy’ivyo bintu.”​—Luka 24:46-48.

Nta wuzi igituma intumwa Toma atari ho yari kuri uwo musi. Mu misi ikurikira, abandi baramwiganira n’akamwemwe bati: “Twabonye Umukama!” Toma asubizayo ati: “Ntabonye mu biganza vyiwe aho imisumari yaciye, ngo ninjize urutoke aho imisumari yaciye, ngo nongere ninjize ukuboko mu rubavu rwiwe, sinzogenda nemeye.”​—Yohani 20:25.

Haciye imisi umunani, abigishwa bongera gukoranira hamwe biyugaranye, ariko ubu hoho na Toma ni ho ari. Yezu aboneka hagati yabo afise umubiri w’inyama, akabaramutsa ati: “Mugire amahoro.” Arahindukira akaraba Toma, akamubwira ati: “Shira urutoke rwawe ng’aha, urabe n’ibiganza vyanje, wongere ufate ukuboko kwawe ukwinjize mu rubavu rwanje, uheze ureke gukekeranya, ahubwo wemere.” Toma aratangara ati: “Mukama wanje kandi Mana yanje!” (Yohani 20:26-28) Emwe, aranyuzwe yuko Yezu ari muzima, akaba ari ikiremwa c’ububasha giserukira Yehova Imana.

Yezu amubwira ati: “Wemeye kubera umbonye? Hahirwa abemera batarinze kubona.”​—Yohani 20:29.