Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 8

Bahunga umwami w’umubisha

Bahunga umwami w’umubisha

MATAYO 2:13-23

  • UMURYANGO WA YEZU UHUNGIRA MU MISIRI

  • YOZEFU YIMURIRA UMURYANGO WIWE I NAZARETI

Yozefu arakangura Mariya kugira amumenyeshe ubutumwa bwihuta. Umumarayika wa Yehova ahejeje kumubonekera mu ndoto, maze amubwira ati: “Haguruka, utore wa mwana na nyina wiwe uhungire mu Misiri, maze ugumeyo gushika ngize ijambo nkubarira; kuko Herodi agira arondere uwo mwana ngo amwice.”​—Matayo 2:13.

Muri iryo joro nyene, Yozefu, Mariya n’umwana wabo baca bahunga. Hari hageze ko bahunga kuko Herodi yamaze kumenya ko ba bagabo baragurira ku nyenyeri bamuhenze. Yari yabasavye ngo bagaruke kumuha amakuru, ariko baciye basubira inyuma batabikoze. Herodi ishavu riraniga. Kubera yuko agishaka kwica Yezu, aca atanga itegeko ryo kwica abana b’abahungu bose gushika ku bafise imyaka ibiri i Betelehemu no mu micungararo yaho. Iyo myaka ayishinga yisunze ivyo ba bagabo baragurira ku nyenyeri bamubwiye.

Urupfu rw’abo bana b’abahungu rurateye agahinda! Ntituzi abana bapfuye uko bangana, ariko amarira n’amaborogo y’abavyeyi bahekuwe arashitsa ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwashikirijwe na Yeremiya umuhanuzi w’Imana.​—Yeremiya 31:15.

Muri ico gihe, Yozefu n’umuryango wiwe bari bahungiye mu Misiri, kandi ni yo baca baguma. Umusi umwe mw’ijoro, umumarayika wa Yehova arasubira kubonekera Yozefu mu ndoto. Nya mumarayika amubwira ati: “Haguruka, utore wa mwana na nyina wiwe, ufate inzira uje mu gihugu ca Isirayeli, kuko abariko barondera ubuzima bw’uwo mwana bapfuye.” (Matayo 2:​20) Yozefu aca atahura ko umuryango wiwe ushobora gusubira mu gihugu c’amavukiro. Ivyo birashitsa ubundi buhanuzi bwo muri Bibiliya buvuga ko Imana yohamagaye Umwana wayo ngo ave mu Misiri.​—Hoseya 11:1.

Biboneka ko Yozefu ashaka ko umuryango wiwe uja kuba i Yudaya, kumbure hafi y’igisagara ca Betelehemu, aho bahoze baba imbere yo guhungira mu Misiri. Ariko aca yumva ko Arikelayo umuhungu w’umubisha asigwa na Herodi asigaye ari umwami wa Yudaya. Imana irongera ikaburira Yozefu mu ndoto. Nuko Yozefu n’umuryango wiwe bafata urugendo baja mu buraruko maze baba mu gisagara ca Nazareti mu karere ka Galilaya, kure y’intimatima y’ugusenga kw’Abayuda. Aho ni ho Yezu akurira, maze bigashitsa ubundi buhanuzi bugira buti: “Azokwitwa Umunyanazareti.”​—Matayo 2:23.