Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 6

Umwana yari yarasezeranywe

Umwana yari yarasezeranywe

LUKA 2:21-39

  • YEZU ARAGENYERWA MU NYUMA AKAZANWA KU RUSENGERO

Yozefu na Mariya baguma i Betelehemu aho gusubira i Nazareti. Yezu amaze imisi umunani, aragenyerwa nk’uko amategeko Imana yahaye Abisirayeli abisaba. (Abalewi 12:​2, 3) Mu migenzo y’Abisirayeli, kuri uwo musi nyene ni ho bita izina umwana w’umuhungu. Umwana wabo bamwita Yezu nk’uko umumarayika Gaburiyeli yabibabwiye.

Ubu haciye ukwezi kurenga, Yezu akaba amaze imisi 40. None abavyeyi biwe ubu ho bamujana hehe? Bamudugana ku rusengero i Yeruzalemu, hakaba ari hafi y’aho baba. Amategeko Imana yahaye Abisirayeli avuga ko haciye imisi 40 umukenyezi yibarutse umuhungu, asabwa gutanga ikimazi co kwityorora ku rusengero.​—Abalewi 12:​4-8.

Ivyo Mariya arabikora. Ikimazi atanga kigizwe n’utunyoni tubiri. Ivyo biratwereka ukuntu ubutunzi bwa Yozefu na Mariya bwari bwifashe. Amategeko y’Imana yasaba ko hatangwa impfizi y’intama canke inyoni. Igihe uwo mukenyezi adashoboye kuronka intama, yarashobora gutanga intunguru zibiri canke inuma zibiri. Ivyo ni vyo Mariya ashikana kuko ari bwo buryo afise.

Aho ku rusengero, hari umutama yegera Yozefu na Mariya. Yitwa Simeyoni. Imana yaramumenyesheje yuko atopfuye atabonye Kristu, ari we Mesiya yasezeranywe na Yehova. Kuri uwo musi, impwemu nyeranda irayobora Simeyoni ku rusengero, akahasanga Yozefu na Mariya bafise umwana wabo. Simeyoni araterura uwo mwana.

Simeyoni agiteruye Yezu, arashimira Imana ati: “Ubu rero Mukama Segaba, uraretse umushumba wawe ngo yigire mu mahoro nk’uko ijambo ryawe ryabimenyesheje; kuko amaso yanje abonye uburyo bwawe bwo gukiza ubwo watunganije mu maso y’ibisata vyose, umuco wo gukura icitwikiro ku mahanga be n’ubuninahazwa bw’igisata cawe Isirayeli.”​—Luka 2:​29-32.

Yozefu na Mariya baratangara bumvise ayo majambo. Simeyoni arabahezagira maze akabwira Mariya ko umwana wiwe “ashiriweho ugutemba n’ukwongera kuvyuka kwa benshi muri Isirayeli” be n’uko umubabaro uzosogota Mariya mu mutima nk’inkota ikarishe.​—Luka 2:34.

Hari uwundi muntu ari ng’aho kuri uwo musi. Ni Ana umuhanuzikazi w’imyaka 84. Ntiyigera asiba ku rusengero. Muri ako kanya, aza aho Yozefu na Mariya n’umwana wabo Yezu bari. Ana aratangura gukengurukira Imana maze akabwira ivyerekeye Yezu abari aho bose bashaka kumwumviriza.

Ibaze ukuntu Yozefu na Mariya bahimbarwa n’ivyo bintu bibereye ku rusengero! Emwe, ivyo birabakura amazinda yuko umwana wabo ari umwe Imana yari yarasezeranye.