Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 14

Yezu atangura kurondera abigishwa

Yezu atangura kurondera abigishwa

YOHANI 1:29-51

  • YEZU ARONKA ABIGISHWA BA MBERE

Imbere y’uko asubira i Galilaya amaze imisi 40 mu gahinga, Yezu aragaruka kwa Yohani umwe yamubatiza. Yezu yegereye, Yohani aramwerekana maze akabwira abari aho ati: “Raba, Umwagazi w’intama w’Imana ukuraho igicumuro c’isi! Uyo ni umwe navuga ku bimwerekeye nti: ‘Inyuma yanje hariko haraza umugabo yandenganye, kubera ko yabayeho imbere yanje.’” (Yohani 1:29, 30) Naho Yohani asumba gatoyi Yezu, arazi ko Yezu yamutanze kubaho ari umumarayika mw’ijuru.

Amayinga makeyi imbere y’aho, igihe Yezu yaza kubatizwa, bisa n’uko Yohani atari azi neza ko Yezu ari we yobaye Mesiya. Yohani yiyemerera icese ati: “Na jewe sinari ndamuzi, mugabo icatumye nza mbatiza mu mazi kwari ukugira ngo ahishurirwe Isirayeli.”​—Yohani 1:31.

Yohani aca yiganira abariko baramwumviriza ivyashitse igihe yabatiza Yezu, ati: “Nabonye impwemu imanuka nk’inuma, ivuye mw’ijuru, hanyuma iguma kuri we. Na jewe sinari ndamuzi, mugabo Umwe nyene yandungika kubatiza mu mazi ni we yambwiye ati: ‘Uwo wese ubona impwemu imanuka kuri we ikamugumako, uwo ni we abatiza mu mpwemu nyeranda.’ Nanje narabibonye, kandi narashinze intahe yuko uwo ari we Mwana w’Imana.”​—Yohani 1:​32-34.

Bukeye, Yezu arasubira akegera Yohani ari kumwe n’abigishwa biwe babiri. Yohani rero avuga ati: “Raba, Umwagazi w’intama w’Imana!” (Yohani 1:​36) Ba bigishwa babiri ba Yohani Umubatizi baca bakurikira Yezu. Umwe muri bo yitwa Andereya. Uwundi na we biboneka ko ari umwe yandika ivyo bintu, na we nyene akaba yitwa Yohani. Uwo Yohani bisa n’uko ari mwene nyinabo wa Yezu, kuko ari umuhungu wa Salome. Biboneka ko Salome ari mwene wabo na Mariya, umugabo wiwe akaba yitwa Zebedayo.

Yezu ahindukiye akabona Andereya na Yohani bariko baramukurikira, ababaza ati: “Murondera iki?”

Na bo bamubaza bati: “Rabi, uba hehe?”

Yezu abishura ati: “Ingo, murahabona.”​—Yohani 1:​37-39.

Ni nk’isaha cumi zo ku mugoroba, kandi Andereya na Yohani bagumana na Yezu gushika uwo musi urangiye. Andereya araryoherwa cane ku buryo aja kwa mwene wabo Simoni yitwa kandi Petero, akamubwira ati: “Twabonye Mesiya.” (Yohani 1:​41) Andereya aca ajana Petero kuri Yezu. Mu nyuma biboneka ko Yohani na we nyene arondera mwene wabo Yakobo akamuzana kuri Yezu; ariko ico kintu kimwerekeye Yohani ntakivuga mu makuru yanditse.

Ku musi ukurikira, Yezu abona Filipo w’i Betsayida. Ico gisagara kiri mu buraruko hafi y’inkengera y’Ikiyaga c’i Galilaya, akaba ari ho Andereya na Petero bavuka. Yezu abwira Filipo ati: “Nkurikira.”​—Yohani 1:43.

Filipo aca arondera Natanayeli, uwo bita kandi Barutolomayo, akamubwira ati: “Twabonye umwe Musa yandika ivyiwe mw’Itegeko, n’Abahanuzi bakavyandika, ari we Yezu, wa mwana wa Yozefu, w’i Nazareti.” Natanayeli arakekeranya, akabwira Filipo ati: “Hari ikintu ciza cova i Nazareti?”

Filipo amuhimiriza ati: “Ingo urabe.” Yezu abonye Natanayeli ariko aregereza, avuga ati: “Raba, Umwisirayeli vy’ukuri, atarimwo ubuhendanyi.”

“atanayeli amubaza ati: “Jewe wamenye gute?”

Yezu amwishura ati: “Imbere y’uko Filipo aguhamagara, igihe wari munsi y’igiti c’umusukoni, nakubonye.”

Natanayeli yishura atangaye, ati: “Rabi, uri Umwana w’Imana, uri Umwami wa Isirayeli.”

Yezu amubwira ati: “Wemeye kubera ndakubwiye yuko nakubonye munsi y’igiti c’umusukoni? Uzobona ibiruta ivyo.” Nuko Yezu asezerana ati: “Ni ukuri kwose ndabibabwiye, muzobona ijuru ryuguruwe, n’abamarayika b’Imana baduga bongera bamanuka ku Mwana w’umuntu.”​—Yohani 1:​45-51.

Inyuma y’aho gatoyi, Yezu ava mu kiyaya ca Yorodani ari kumwe n’abigishwa biwe bashasha, hanyuma aja i Galilaya.