Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 15

Akora igitangaro ca mbere

Akora igitangaro ca mbere

YOHANI 2:1-12

  • UBUGENI BW’I KANA

  • YEZU AHINDURA AMAZI UMUVINYU

Haraciye imisi itatu Natanayeli abaye umwe mu bigishwa ba mbere ba Yezu. Yezu na bamwe muri abo bigishwa biwe bafashe inzira baja mu buraruko mu ntara ya Galilaya, ari na ho bakomoka. Bagiye mu gisagara c’i Kana, aho Natanayeli avuka. Ico gisagara kiri mu misozi mu buraruko bwa Nazareti, ari na ho Yezu yakuriye. Batumiwe mu bugeni bubera i Kana.

Na nyina wa Yezu yaje kuri ubwo bugeni. Kubera ko Mariya ari umugenzi w’abo bageni, bisa n’uko ariko arafasha kwitwararika abashitsi benshi bitavye urwo rubanza. Ntateba kubona ko umuvinyu ukeshe, agaca amenyesha Yezu ati: “Nta muvinyu bafise.”​—Yohani 2:3.

Ni nk’aho Mariya asavye Yezu ngo agire ico akoze kuko umuvinyu ukeshe. Yezu arakoresha imvugo yerekana ko atemeye ivyo asabwe, maze akishura ati: “Mpuriye ku ki nawe, ga mugore?” (Yohani 2:4) Kubera ko Yezu ari Umwami yagenywe n’Imana, ntahabwa amategeko n’incuti n’abagenzi, ahubwo igikorwa ciwe kiyoborwa na Se wo mw’ijuru. Mariya aca arekera ico kibazo mu maboko y’umwana wiwe, maze akabwira abasuku ati: “Ico ababwira cose, mugikore.”​—Yohani 2:5.

Ng’aho hari imibindi itandatu y’amazi ikozwe mu mabuye, umwe wose ukaba ushobora kujamwo amalitiro 40. Yezu abwira abateretsi ati: “Nimwuzuze iyo mibindi amazi.” Hanyuma ababwira ati: “Nimudaheko dukeyi rero, mushire umuhagarikizi w’ubukwe.”​—Yohani 2:​7, 8.

Umuhagarikizi w’ubukwe aratangazwa n’ingene uwo muvinyu uryoshe ariko ntazi ko wabonetse ku gitangaro. Aca ahamagara umukwe akamubwira ati: “Abandi bose babanza gutereka umuvinyu mwiza, hanyuma abantu bamaze kuborerwa bagatereka umuvinyu ubayabaye. Wewe wabitse umuvinyu mwiza gushika ubu.”​—Yohani 2:10.

Ico ni co gitangaro ca mbere Yezu akora. Abigishwa biwe bashasha babonye ico gitangaro, bararushiriza kumwizera. Inyuma y’ivyo, Yezu ari kumwe na nyina wiwe n’abo bavukana baja mu gisagara ca Kaperinawumu mu buraruko bushira uburengero bw’inkengera y’ikiyaga c’i Galilaya.