Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 18

Yezu aja hejuru, Yohani akaja hasi

Yezu aja hejuru, Yohani akaja hasi

MATAYO 4:12 MARIKO 6:17-20 LUKA 3:19, 20 YOHANI 3:22–4:3

  • ABIGISHWA BA YEZU BABATIZA

  • YOHANI UMUBATIZI APFUNGWA

Yezu n’abigishwa biwe barava i Yeruzalemu bahejeje guhimbaza Pasika yo ku mpeshi mu mwaka wa 30. Ariko rero, ntibaca basubira iwabo i Galilaya ubwo nyene. Baja mu ntara ya Yudaya, bakabatiza abantu benshi. Haraciye umwaka Yohani Umubatizi ariko arakora igikorwa nk’ico, kandi bamwe mu bigishwa biwe baracari kumwe na we, kumbure mu kiyaya c’Uruzi Yorodani.

Yezu ubwiwe nta we abatiza, abigishwa biwe ni bo bakora ico gikorwa abahagarikiye. Gushika ubu, Yezu na Yohani bariko bigisha Abayuda bigaya kubera ko barenze ku mategeko Imana yabahaye.​—Ivyakozwe 19:4.

Ariko abigishwa ba Yohani baragira ishari, bakidogera Yezu bati: “Wa muntu [ni ukuvuga Yezu] yari kumwe nawe . . . ariko arabatiza, kandi bose bariko baja kuri we.” (Yohani 3:26) Yamara Yohani wewe ntagira ishari. Arahimbarwa kubona Yezu ariko araroranirwa, kandi ashaka ko n’abigishwa biwe bibahimbara. Yohani abibutsa ati: “Mwebwe ubwanyu muranshingira intahe yuko navuze nti: Sindi Kristu, ahubwo natumwe kwitangira imbere uwo.” Aca atanga ikigereranyo ku buryo bose batahura. Agira ati: “Uwufise umugeni ni we mukwe. Ariko umugenzi w’umukwe, iyo ahagaze amwumva, aragira akanyamuneza kenshi kubera ijwi rya nya mukwe. Ako kanyamuneza kanje rero karujujwe.”​—Yohani 3:28, 29.

Nka kurya kw’umugenzi w’umukwe, Yohani yarahimbawe amezi makeyi imbere y’aho, igihe yereka abigishwa biwe Yezu. Bamwe muri bo baciye bakurikira Yezu kandi mu nyuma bahavuye barobanuzwa impwemu nyeranda. Yohani yipfuza ko n’abo bigishwa bandi bakurikira Yezu. Nkako, intumbero ya Yohani ni ugucira inzira igikorwa ca Yezu. Yohani asigura ati: “Uwo ategerezwa kubandanya agwira, mugabo jewe nkabandanya ngabanuka.”​—Yohani 3:30.

Ku bijanye n’amamuko ya Yezu hamwe n’uruhara rudasanzwe yogize mu kurokora abantu, uwundi muntu yitwa Yohani, akaba yari aherutse kuba umwigishwa wa Yezu, yanditse ati: “Uwuva hejuru ari hejuru y’abandi bose. . . . Se arakunda Umwana kandi yashize ibintu vyose mu kuboko kwiwe. Uwizera Umwana arafise ubuzima budahera; uwugambararira Umwana ntazobona ubuzima, ahubwo uburake bw’Imana buguma kuri we.” (Yohani 3:31, 35, 36) Ese ingene abantu bakwiye kumenya ukwo kuri guhambaye!

Inyuma gato y’aho Yohani Umubatizi avugiye ko uruhara rwiwe n’igikorwa ciwe bitegerezwa kugabanuka, Umwami Herodi aramufata akamupfunga. Herodi yari yatwaye Herodiya, umugore wa mwene wabo Filipo. Yohani amaze kwiyamiriza ku mugaragaro ukwo kurenga ibigo, Herodi aca amuta mu mvuto. Yezu yumvise ko Yohani apfunzwe, we hamwe n’abigishwa biwe baca bava i Yudaya ‘bakinjira i Galilaya.’​—Matayo 4:12; Mariko 1:14.