Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 40

Icigwa cerekeye ukubabarira abandi

Icigwa cerekeye ukubabarira abandi

LUKA 7:36-50

  • UMUGORE W’UMUCUMUZI ASUKA AMAVUTA KU BIRENGE VYA YEZU

  • IKIGERERANYO C’UMUNTU YAHEBEWE UMWENDA

Bivanye n’ukuntu umutima wabo umeze, abantu bakira mu buryo butandukanye ivyo Yezu avuga n’ivyo akora. Ivyo biribonekeza ku muhana umwe w’i Galilaya. Umufarizayo yitwa Simoni aratumira Yezu ku nzimano, kumbure kugira yihweze neza uwo muntu akora ibitangaro biraho. Yezu aremera, kumbure kugira abwire inkuru nziza abari ng’aho, nk’uko nyene yabigize igihe yemera gusangira n’abatozakori n’abanyavyaha.

Ariko rero, Yezu ntiyakiranwa iteka n’igishika nk’uko bigirirwa bashitsi. Kubera yuko amabarabara yo muri Palestina yuzuye inkungugu, ibirenge birashuha bikongera bigacafura igihe umuntu atembera muri yo yambaye isandali. Ni co gituma hari umugenzo wo kwoza ibirenge abashitsi n’amazi apfutse. Ivyo Yezu ntabigirirwa, kandi ntibanamusoma nk’uko bisanzwe bigirwa mu kwakira abashitsi. Hariho kandi umugenzo wo gusuka amavuta ku mutwe w’umushitsi mu kumwereka ko yisanze. Ivyo na vyo nyene Yezu ntabigirirwa. Umve nawe ingene yakirwa!

Abashitsi baraja ku meza maze bakabazimana. Mu gihe bariko barihereza ibifungurwa, umugore umwe aromboka akinjira aho bari atatumiwe. Mu gisagara ‘birazwi ko ari umucumuzi.’ (Luka 7:37) Naho twese turi abacumuzi kubera tudatunganye, biboneka ko uwo mugore abayeho mu buhumbu, kumbure mu gukora ubumaraya. Ashobora kuba yarumvise inyigisho za Yezu, harimwo n’akamo yateye ‘abaremerewe bose ngo baze kuri we kugira abaruhurire.’ (Matayo 11:28, 29) Kubera yuko yakozwe ku mutima n’amajambo ya Yezu hamwe n’ivyo akora, aramurondera gushika amutoye.

Azanana inyuma ya Yezu hama agapfukama imbere y’ibirenge vyiwe. Amosozi yiwe aguma atibagurikira ku birenge vya Yezu, agaca ayahanagura n’umushatsi wiwe. Arasomagura ibirenge vyiwe akongera akabisukako amavuta amota neza yaje yitwaje. Simoni aravyihweza bikamugwa nabi, akibwira ati: “Uyu muntu iyo aba ari umuhanuzi, yari kumenya uwu mugore ariko aramukorako uwo ari we be n’ingene ameze, yuko ari umucumuzi.”​—Luka 7:39.

Yezu aramenya ivyo Simoni yiyumvira, akamubwira ati: “Simoni, ndafise ico nkubwira.” Na we ati: “Mwigisha, kivuge!” Yezu arabandanya ati: “Abantu babiri bari bafitiye umwenda umuntu yari yarabaguranye; umwe yari afise umwenda w’idenariyo amajana atanu, mugabo uwundi akagira umwenda wa mirongo itanu. Aho baburiye ico bishura, arabababarira bompi ata gahigihigi. None ni nde muri bo azomukunda kuruta?” Simoni amwishura nk’uwutabinezwe, ati: “Nibaza ko ari uwo yababariye vyinshi.”​—Luka 7:40-43.

Yezu aravyemera. Aca ahindukira akaraba wa mugore, maze akabwira Simoni ati: “Urabona uyu mugore? Ninjiye mu nzu yawe; nta mazi wampaye yo kunyoza ibirenge. Mugabo uyu mugore yatotesheje amosozi yiwe ibirenge vyanje, hanyuma abihanaguza umushatsi wiwe. Ntiwansomye; mugabo uyu mugore, kuva isaha ninjiriyeko, ntiyaretse gusomagurana ikibabarwe ibirenge vyanje. Ntiwasize umutwe wanje amavuta; mugabo uyu mugore yasize ibirenge vyanje amavuta amota neza.” Yezu arabona ko uwo mugore atanze ikimenyamenya c’uko yigaye bivuye ku mutima ubuzima bw’ubuhumbu yahoramwo. Ni co gituma asozera ati: “Ndabikubwiye, ibicumuro vyiwe, naho ari vyinshi, birababariwe, kubera ko yagize urukundo rwinshi; mugabo uwubabariwe bike, agira urukundo ruke.”​—Luka 7:44-47.

Yezu ntariko arenza uruho rw’amazi ku buhumbu. Ahubwo ivyo vyerekana ko atahura be n’uko yumvira impuhwe abantu bakora ibicumuro bikomeye mugabo mu nyuma bakigaya maze bakaza kuri we kugira baruhurirwe. Ibaze nawe ukuntu uwo mugore yiruhutsa igihe Yezu amubwiye ati: “Ibicumuro vyawe birababariwe. . . . Ukwizera kwawe kuragukijije; niwigire amahoro.”​—Luka 7:48, 50.